20-26 MUKAKARO 2026
URURIRIMBO RWA 133 Senga Yehova mu buto bwawe
Nufate ingingo nziza ku bijanye n’amashure yiyongereye
«Umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe.»—IMIG. 14:15.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya hamwe n’ibindi bintu wozirikana mu guhitamwo nimba wokwiga amashure yiyongereye.
1-2. (a) Ni ingingo izihe abakiri bato babwirizwa gufata? (b) Imvugo ngo «amashure yiyongereye» yerekeza ku ki? (Raba «Insiguro y’amajambo.»)
NIMBA ukiri muto, hashobora kuba hari abantu bamaze kukubaza bati: «Uzokora iki niwakura?» Ikintu kiruta ibindi wohitamwo ni ugukorera Yehova umurimo w’igihe cose. Ariko kandi urakeneye kwibeshaho. (2 Tes. 3:10) Nta gukeka ko umaze kwiyumvira akazi uzokora muri kazoza.
2 Kugira abakiri bato bamwebamwe bashobore kuronka akazi, bahitamwo kwiga amashure yiyongereye bahejeje amashure yisumbuye.a Akenshi ivyo babigira babifashijwemwo n’abavyeyi babo. Ushobora kuba umaze kwiyumvira nimba wokwiga amashure yiyongereye. Nimba uhisemwo kuyiga wokwiga ibiki? Iki kiganiro kiraca irya n’ino ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zogufasha kuzirikana ubigiranye ubukerebutsi ibintu wokwiga. Uzirikanye ubigiranye ubukerebutsi, ufata ingingo ziranga ubukerebutsi. Naho iki kiganiro cerekeye ahanini abakiri bato, kirashobora gufasha umukirisu uwo ari we wese ariko ariyumvira ivyo kwiga amashure yiyongereye. Ingingo ngenderwako tuza kubona zirashobora no gufasha abavyeyi igihe bafasha abana babo.
WOBA UKWIYE KWIGA AMASHURE YIYONGEREYE?
3. Kubera iki abakirisu bamwebamwe bahitamwo kwiga amashure yiyongereye?
3 Mu turere tumwetumwe, umuntu arashobora kwibeshaho atarinze kwiga amashure yiyongereye. Mu tundi turere na ho, bisaba ko umuntu yiga amashure yiyongereye kugira aronke akazi gahemba neza canke akazi katamutwara umwanya munini. Akazi bene ako karashobora gutuma umukirisu aronka umwanya munini wo kwamamaza canke gukora ibindi bikorwa vy’Ubwami. Ariko rero, abiga amashure yiyongereye bisaba ko bagira ibintu vyinshi bahevye kandi barahura n’ibibazo bitari bike bisaba ko bafata ingingo zikomakomeye.
4. Ni nde afata ingingo y’uko umukirisu yokwiga amashure yiyongereye canke atoyiga? (Raba n’akajambo k’epfo.)
4 Bibiliya ivuga ko umuntu wese «azokwikorera umutwaro wiwe bwite.» (Gal. 6:5) Rero, umukirisu wese akuze arifatira ingingo yo kwiga amashure yiyongereye canke kutayiga.b Vyongeye, abavyeyi ni bo bajejwe guhitiramwo abana babo bakiri bato amashure bokwiga. (Ef. 6:1) Barashobora kandi gufasha abana babo bamaze gukura guhitamwo babigiranye ubukerebutsi kwiga amashure yiyongereye canke kutayiga.—Imig. 22:6.
5. Ni ryari umuntu yotangura kwiyumvira ivyo kwiga amashure yiyongereye, kandi kubera iki? (Raba n’ifoto.)
5 Abakiri bato bakeneye kuzirikana nimba bazokwiga canke batazokwiga amashure yiyongereye imbere y’uko barangiza amashure yisumbuye. Ariko rero, ni vyiza ko uwukiri muto aganira ico kibazo n’abavyeyi biwe imbere y’igihe. Ivyo bizotuma baronka akanya ko kugira ubushakashatsi bari kumwe kugira barabe amashure bohitamwo. Boshobora kubona ko vyoba vyiza umwana yize igisata kanaka kugira ashobore kuronka akazi canke kugira kimutegure ku bw’amashure yiyongereye. None vyoba ari ngombwa ko bafata ingingo imbere y’uko umwana arangiza amashure yisumbuye? Si ngombwa. (Imig. 21:5) Hari abakiri bato bahisemwo guheza amashure yisumbuye, barakora akazi, baratangura ubutsimvyi bakiriko bararimbura nimba bokwiga amashure yiyongereye canke batoyiga. Naho hoba haheze imyaka, umuntu arashobora gufata iyo ngingo.
Abavyeyi b’abakirisu bariko barafasha umwana wabo gufata ingingo nziza ku bijanye n’amashure yiyongereye (Raba ingingo ya 5)
6. Ni igiki cofasha umuntu gufata ingingo iranga ubukerebutsi ku bijanye n’amashure yiyongereye?
6 Ni igiki cogufasha gufata ingingo iranga ubukerebutsi ku bijanye n’amashure yiyongereye? Nusenge Yehova agufashe gufata ingingo nziza. (Yak. 1:5) Nuce ukora ibi bintu bibiri. Ica mbere, nusuzume utibesha igituma ushaka kwiga amashure yiyongereye. (Zab. 26:2) Ica kabiri, nusuzume witonze ivyiza n’ibibi vy’ayo mashure ushaka kwiga. (Imig. 14:15) Reka duce irya n’ino ivyo bintu kimwekimwe ukwaco.
NUSUZUME IGITUMA USHAKA KWIGA AMASHURE YIYONGEREYE
7. Igihe umukirisu yiyumvira kwiga amashure yiyongereye, ni igiki akwiye kwibaza?
7 Nimba uriko uriyumvira kwiga amashure yiyongereye, ikibazo gihambaye ukwiye kwibaza ni iki: «Kubera iki nshaka kwiga ayo mashure?» Abantu benshi biga kugira baronke akazi kabaryohera canke gahemba neza. None ivyo vyoba ari bibi? Si ngombwa. (1 Tim. 5:8) Ariko Bibiliya iratugabisha ku kaga ko gukunda amaronko canke kwiyumvira ko amahera ari yo atuma umuntu atekanirwa. (Imig. 23:4, 5; 1 Tim. 6:8-10; 1 Yoh. 2:17) Nimba ushaka kwiga amashure yiyongereye kugira uzobe umutunzi canke umuntu akomeye, ayo mashure ntazotuma uhimbarwa kandi n’ubucuti ufitaniye na Yehova burashobora kuhabonera.
8-9. (a) Abakirisu bakwiye kubona gute amashure? (Matayo 6:33) (b) Wigira iki ku vyavuzwe na Josefina, Morine, na Iris?
8 None ukwiye kubona gute amashure? Nta kindi kintu na kimwe gikwiye kuturutira gukorera Yehova. (Mat. 22:37, 38; Flp. 3:8) Rero, nubone amashure nk’ikintu gusa cogufasha kwibeshaho igihe uriko urakorera Yehova n’umutima wawe wose.—Soma Matayo 6:33.
9 Raba ivyafashije abakirisu bamwebamwe kuguma babona amashure mu buryo bwiza. Uwitwa Josefina wo muri Shili avuga ati: «Nize amashure yiyongereye kugira nshobore kuronka akazi komfasha kumara umwanya munini mu gikorwa ca Yehova. Naritwararitse ko ayo mashure atari yo nshira imbere mu buzima. Icari gihambaye cane bwari ubucuti mfitaniye na Yehova.» Mushiki wacu yitwa Morine yahisemwo kumara umwaka ariko ariga umwuga wo gutunganya imishatsi. Kubera iki yahisemwo uwo mwuga? Avuga ati: «Nari mfise umugambi wo kuja gukorera ahakenewe abamamaji. Nahisemwo rero umwuga womfasha gushikira uwo mugambi. Mpejeje ivyo vyigwa, naciye nza ndakora ivyo gutunganya imishatsi kugira ndonke amahera nzokoresha mu kwimukira ahari inkenero. Maze gushikayo uwo mwuga nari narize waramfashije kwibeshaho.» Uwitwa Iris wewe yamaze igihe kirekire ariko ariga ivyo kuvura amenyo. Avuga ati: «Kwiga amashure yiyongereye birashobora gufasha, ariko ntivyigera bituma umuntu ahimbarwa vy’ukuri. Kugira duhimbarwe vy’ukuri, turakwiye kwibuka iki kintu: Nitwashira Yehova imbere mu buzima bwacu, azotuma duhimbarwa vy’ukuri yongere aturonse ivyo dukeneye vyose.» Nitwabona ko ubucuti dufitaniye na Yehova ari co kintu gihambaye kuruta ibindi mu buzima bwacu, tuzofata ingingo zituma duhimbarwa ibihe bidahera.
NUSUZUME IVYIZA N’IBIBI VYO KWIGA AMASHURE YIYONGEREYE
10. Ingingo ngenderwako iri mu Gusubira mu vyagezwe 32:29 yodufasha gute kumenya nimba twokwiga amashure yiyongereye canke tutoyiga?
10 Ushobora kuba ufise mu bwenge ikintu kanaka ushaka kwiga. Ariko rero, aho kwumira gusa ku kintu kimwe, vyoba vyiza wiyumviriye n’ibindi bintu vyoshoboka wokwiga, vyaba bifitaniye isano n’ico kintu wipfuza kwiga canke bitandukanye. (Gereranya na Imigani 18:17.) Muri iki gihe, hariho uburyo bwinshi bwo kwiga amashure yiyongereye butariho kera, nko kwiga biciye ku buhinga bwa none. Urashobora kandi kuraba nimba utoshobora kwibeshaho utarinze kwiga amashure yiyongereye. Nk’akarorero, uwitwa Johanna wo muri Finlande ntiyize amashure yiyongereye. Avuga ati: «Mpejeje amashure yisumbuye naciye ntangura gukora akazi, ngakora n’ubutsimvyi. Nagiye ndakora ubuzi butandukanye kandi nariboneye ko Yehova atigeze areka kundonsa ivyo nkeneye nk’uko yabisezeranye.» Urama wibuka ko kwiga amashure yiyongereye birimwo ivyiza n’ibibi, kandi ni ko bimeze ku co wohitamwo kwiga cose. Niwibaze rero uti: «Nize aya mashure, ivyiza bizovamwo vyoba bizoba vyinshi kurusha ibibi?» (Soma Gusubira mu vyagezwe 32:29; 1 Kor. 10:23) Reka turabe ibintu bimwebimwe vyogufasha kwishura ico kibazo.
11. Kubera iki ari vyiza kuraba urutonde rw’ivyigwa? (Raba n’amafoto.)
11 Urutonde rw’ivyigwa. Raba amasaha uzoza uramara buri ndwi uri kw’ishure, uri muri staje canke uriko urakorera muhira udukorwa two kw’ishure. Woba uzoguma uronka umwanya wo gukora ibikorwa vy’impwemu canke ibikorwa vyo muhira? (Flp. 1:10) Ubwo ayo mashure ntazokuruhisha cane ku buryo utaronka inguvu zo gutegura ikoraniro, gusoma Bibiliya canke kwiyigisha? Ivyo ni vyo vyashikiye uwitwa Jeroz wo mu Buhindi. Avuga ati: «Vyarangora cane kuguma namamaza ntahorereza no gutega yompi kw’ikoraniro. Vyaranashika ngasiba ikoraniro. Nsubije amaso inyuma, mbona ko nataye umwanya munini n’inguvu nyinshi muri ayo mashure.» Ariko rero, hariho amashure adatwara umwanya munini. Hari ayo usanga umuntu adatonda kw’ishure imisi yose canke ngo agire udukorwa twinshi two gukorera muhira. Nk’akarorero, Rabeca wo muri Mozambike arashima ishure yahisemwo kwiga. Avuga ati: «Twiga amasaha abiri gusa ku musi. Ivyo vyaratumye mbandanya ubutsimvyi busanzwe.»
Nimba uriko uriyumvira ibijanye no kwiga amashure yiyongereye, nurabe neza ko uzoronka umwanya wo kwitwararika ibintu bihambaye ujejwe (Raba ingingo ya 11)
12. Ni ibibazo ibihe wokwibaza ku bijanye no gukoresha neza umwanya wawe? (Umusiguzi 12:1)
12 Ikiringo uzokwiga. Zirikana amezi canke imyaka uzomara uriko uriga. Kwiga ayo mashure vyoba bizotuma ukoresha neza umwanya wawe? (Ef. 5:15-17) Nimba ukiri muto, kwiga ayo mashure vyoba bizotuma uha Yehova ivyiza kuruta ibindi mu buto bwawe, kumbure ugakora ubutsimvyi? (Soma Umusiguzi 12:1.) Ivyo ushaka kwiga nta ho bavyigisha mu kiringo kigufi? Nk’akarorero, hariho ahantu usanga bigisha imyuga mu kiringo gito kandi ukariha amahera make kuruta kuja mu makaminuza. Uwitwa Mario wo muri Shili avuga ati: «Nahisemwo ivyigwa vy’imyuga bimara imyaka ibiri kandi bizimbutse kuruta kaminuza. Twiga imisi ine gusa mu ndwi, ivyo bikaba vyaratumye nshobora gutangura ubutsimvyi nkiri kw’ishure.»
13. Vyogenda gute hamwe vyosaba ko umuntu aja kwiga kure yo muhira?
13 Aho uzokwiga. Woshobora kuronka ishure hafi yo muhira. Ariko vyogenda gute hamwe worironka kure? Bite ho hamwe vyosaba ko uja kuba mu bigo vy’ishure? Numenye neza ko kuja kuba kure y’umuryango birimwo akaga gakomeye mu vy’impwemu, canecane nimba uzobana n’abantu mudasangiye ukwemera. (Imig. 22:3; 1 Kor. 15:33) Matias wo muri Mozambike yakurikiranye ivyigwa bitazimvye vyamaze umwaka umwe gusa. Mugabo aricuza. Uti kubera iki? Avuga ati: «Niga mba kw’ishure. Buri musi nama ngeragezwa gukora ibintu bitabereye. Uwo nohanura yokurikirana ivyigwa bidatuma aja kuba ahandi hantu atari muhira.» Mushiki wacu umwe wo mu Burusiya avuga ati: «Kubera ko nagumye mbana n’abavyeyi muhira aho kuja kubana n’abandi banyeshure, vyaratumye nirinda ingorane nyinshi.» Woshobora no kuronka ivyigwa wiga biciye ku buhinga bwa none.
14. Ingingo ngenderwako yo muri Luka 14:28 yofasha gute umuntu yiyumvira kwiga amashure yiyongereye?
14 Amahera bizotwara. Amashure amwamwe usanga atazimvye canke ugasanga abanyeshure barihirwa na leta. Mu bihe nk’ivyo, umuntu arashobora kwiga amashure yiyongereye atarinze gusohora amahera menshi. Ariko hari igihe usanga kwiga amashure yiyongereye bizimvye cane. Hari n’ibindi bintu usanga bitwara amahera mu buryo budashoka bwibonekeza, nko kuriha uwukwigisha kugira uzokwemererwe kwiga ishure kanaka. Hari amashure usanga asiga abanyeshure mu madeni bazoriha imyaka myinshi. Uwitwa Adilson wo muri Mozambike aricuza kubera amashure yahisemwo. Avuga ati: «Umuryango wanje waremera guheba ibifungurwa bimwebimwe be n’ibindi bintu vya nkenerwa kugira bashobore kundihira ishure mu myaka ine namaze niga.» Igihe uzirikana ibijanye n’amashure kanaka canke kwiga umwuga kanaka, niwibaze uti: «Bizontwara amahera angana gute? Jewe canke umuryango wanje twoba tuzoshobora kuyaronka? Nta rindi shure rizimbutse nokwiga?» (Soma Luka 14:28.) «Hamwe noja mw’ideni, bizontwara igihe kingana gute kugira ndaririhe? Akazi nzoronka ninaheza ishure koba kazondonsa amahera ahagije yo kuntunga no kuriha iryo deni?»—Imig. 22:7.
15. Kubera iki ukwiye kuraba nimba uzoronka akazi imbere yo guhitamwo ivyo wokwiga?
15 Icizere co kuronka akazi. Nurabe ubuzi buboneka aho uba canke aho utegekanya kuzoba. Ayo mashure uzokwiga yoba azogufasha kuronka akazi? Amashure amwamwe usanga adatanga ubumenyi buhagije bwotuma umuntu aronka akazi. Usanga batanga ubumenyi bwo muri rusangi gusa aho kwigisha ubuhinga bwotuma umuntu ashobora kwibeshaho. (Kol. 2:8) Mushiki wacu umwe wo mu Buhindi avuga ati: «Ishure nize ntiryandonkeje ubuhanga abakoresha bari bakeneye. Ivyo vyatumye ntashobora kuronka akazi gahuye n’ivyo nize.» Hari n’igihe usanga ata buzi bwinshi buhari buhuye n’ivyo umuntu yize. Uwitwa Sublime wo muri Centrafrique yize ivyo gukora ivyuma bitanga ubukanye vyapfuye. Ariko avuga ati: «Mu karere mbamwo, abantu nka bose barikorera ibintu. Ntivyoroshe rero ko ndonka akazi.»
16. Kubera iki ari vyiza kuzirikana akazi uzoronka niwaheza ishure?
16 Zirikana kandi akazi uzoronka niwaheza ishure. Koba kazokuryohera? (Umus. 3:12, 13) Uzokorera ahantu hameze gute canke uzokorana n’abantu bameze gute? Woba uzokorera mu bintu biteye akaga, ukorane n’abantu bafise agatima ko guhiganwa canke ukore ibintu bishusha umutwe? Gahemba gute? Koba kazoshobora kugutunga? Vyoba bizosaba ko uza uriyongeza amashure kugira ushobore kuguma muri ako kazi? N’igihambaye kuruta, ako kazi koba kazotuma ugumiza ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere? (Umus. 12:13) Ariko ntiwumve, igihe ata buzi bwinshi buhari, usanga bitama bikunda ko umuntu aronka akazi yipfuza. Naho biri ukwo, urashobora guhitamwo neza amashure wokwiga kugira bizokworohere kuronka akazi. Tabitha wo mu Buhindi yahisemwo kumara amezi atandatu yiga gushona. Avuga ati: «Narabona ko umwuga wo gushona womfasha gukora ubutsimvyi. Ni akazi katigera kabura abakiriya. Ndipangira umwanya ndagakorerako kandi ntigasaba umutahe munini.» Uwo mwuga wo gushona waratumye Tabitha aguma akora ubutsimvyi.
17. (a) Umuntu yokura hehe amakuru yomufasha gufata ingingo nziza ku bijanye n’amashure? (b) Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zogufasha gufata ingingo nziza? (Raba uruzitiro ruvuga ngo «Ingingo ngenderwako wozirikanako.»)
17 Twabonye ibintu bitari bike umuntu yorimbura ku bijanye n’amashure yiyongereye. None wokura hehe amakuru yogufasha gufata ingingo nziza? Nuje kuri iryo shure ushaka kwigako kugira uronke amakuru yiyongereye canke uyarondere ku rubuga rw’iryo shure. Nurondere kumenya nimba uzoronka akazi muri ico gisata ushaka kwiga. Urashobora kandi kubaza abantu bize ico gisata canke bakora ako kazi wipfuza. (Imig. 13:10) Nubabaze ivyiza n’ibibi vy’ayo mashure canke ako kazi. Nuganire n’abandi bariko barakorera Yehova bahimbawe. (Imig. 15:22) Boguhanura kwiga amashure ayahe canke gukora akazi akahe? Barashobora kukubwira akazi utari bwigere wiyumvira.
18. Ni igiki ukwiye kwibuka?
18 Nk’uko twabibonye, kwiga amashure yiyongereye birimwo ivyiza n’ibibi. Nusenge rero wongere uzirikane ku ngingo wofata. Naho amashure yiyongereye yoshobora gutuma uronka akazi kakubeshaho, urama wibuka ko ikintu conyene cotuma ugira umunezero nyakuri ari ukugiranira ubucuti bwiza na Yehova. (Zab. 16:9, 11) Yehova azokwama yitwararika abasavyi biwe ataravye amashure bize. (Heb. 13:5) Bite hoho hamwe woba wafashe ingingo yo kwiga amashure yiyongereye? Ni ibiki vyogufasha kuguma wiyegereje Yehova mu kiringo c’ayo mashure? Tuzobibona mu kiganiro gikurikira.
URURIRIMBO RWA 45 Ivyo umutima wanje uzirikana
a INSIGURO Y’AMAJAMBO: Muri iki kiganiro no mu gikurikira, imvugo ngo «amashure yiyongereye» yerekeza ku mashure yose canke ku vyigwa vyose umuntu yokurikirana ahejeje amashure yisumbuye. Aho harimwo kwiga kaminuza, kwiga imyuga, ivy’ubudandaji, ivy’utugenegene, kwiga indimi, canke ibindi vyigwa umuntu yokwiga haba mu kiringo kinini canke gitoyi.
b Kera, ibitabu vyacu vyahanura abakirisu kutiga amashure yiyongereye. Nk’akarorero, ikiganiro kivuga ngo «Bavyeyi, mushaka ko abana banyu bogira kazoza kameze gute?» casohotse mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2005 caravuze akaga kari mu kwiga amashure yiyongereye. Naho ako kaga kakihari, umuntu ni we yifatira ingingo yo kwiga amashure yiyongereye canke kutayiga. Umukirisu akuze wese canke umukuru w’umuryango wese (ku bana bakiri bato) akwiye kuzirikana yitonze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kandi akazirikana yitonze ku co vyomusaba kugira yige amashure kanaka. Arakwiye no kwitura Yehova mw’isengesho kugira amufashe imbere yo gufata ingingo. Nta muntu n’umwe, naho boba abakurambere, akwiye kunegura umukirisu yahisemwo kwiga amashure yiyongereye.—Yak. 4:12.