ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w26 Rusama rup. 2-7
  • Kubera iki ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ari ngirakamaro cane?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ari ngirakamaro cane?
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA NI IKI?
  • KUBERA IKI INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA ARI NGIRAKAMARO?
  • TWOMENYA GUTE INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA?
  • NIWIYEMEZE KUBAHO WISUNGA INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA
  • Numenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima wisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Nuyobore Intambuko Zawe Wishimikije Ingingo Ngenderwako z’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?
    Inkuru nziza iva ku Mana
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
w26 Rusama rup. 2-7

6-12 MUKAKARO 2026

URURIRIMBO RWA 98 Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana

Kubera iki ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ari ngirakamaro cane?

‘Mukorere Imana igikorwa ceranda mukoresheje ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.’—ROM. 12:1.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ingingo ngenderwako ico ari co be n’ingene twozimenya igihe tuba turiko turasoma Bibiliya.

1-2. (a) Kubera iki Bibiliya yoshobora kwitwa igitabu ca kera? (b) Kubera iki Bibiliya ari ngirakamaro no muri iki gihe?

BIBILIYA ni igitabu ca kera. Yatanguye kwandikwa nko mu myaka 3.500 iheze, ubu hakaba haheze hafi imyaka 2.000 ihejeje kwandikwa. Naho ari ukwo, ubutumwa buri yo burafise ububasha no muri kino gihe. (Heb. 4:12; 2 Tim. 3:​16, 17.) Abantu amamiliyoni baremeza ko Bibiliya yabafashije kuvyifatamwo neza mu buzima bwabo muri iki gihe.

2 Bishoboka gute none ngo igitabu ca kera nk’ico kibe ngirakamaro no muri iki gihe? Ni kubera imvo nyamukuru zibiri. Iya mbere, ubutumwa buri muri yo buva kuri ya «Mana nzima», wa Muremyi wacu afise ubukerebutsi ntangere. (1 Tim. 4:10; Rom. 16:​26, 27) Iya kabiri, Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako zitigera zihinduka bivanye n’igihe. Ni co gituma impanuro itanga usanga zifasha abantu mu ngorane zibashikira muri iki gihe, nk’uko nyene zabafasha mu bihe vya kera.

3. Ni ibibazo ibihe tuza kuronkera inyishu muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro tuza kuronka inyishu z’ibi bibazo: «Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni iki? Kubera iki ari ngirakamaro cane muri iki gihe? Twozimenya gute igihe turiko turasoma Bibiliya?» Turaza no kubona ingene inyigisho za Yezu zishira ahabona akamaro k’ingingo ngenderwako.

INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA NI IKI?

4. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni iki?

4 Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni ukuri kw’ishimikiro amategeko y’Imana ashingiyeko. Rimwe na rimwe, itegeko riraserura ingingo ngenderwako rishingiyeko. (Mat. 22:37) Naho ari ukwo, ingingo ngenderwako ziraruta amategeko. Amategeko usanga afise uturimbi. Arashobora gutangwa ku bw’igihe kanaka canke agatangwa bivanye n’ukuntu ibintu biba vyifashe. Ariko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zozo, zirerekana mu buryo bwagutse ingene Yehova abona ibintu. Twovuga ko ingingo ngenderwako ari imvo zituma amategeko ashingwa. Nta tegeko na rimwe Yehova atanga ata mvo. Ariko rero ingingo ngenderwako amategeko ashingiyeko, zirashobora gukora mu bihe bitandukanye kandi ntizita igihe. (Zab. 119:111) Amategeko arashobora guhinduka, mugabo ingingo ngenderwako zozo zamaho ibihe vyose.—Yes. 40:8.

5. Tanga akarorero kerekana itandukaniro riri hagati y’amategeko n’ingingo ngenderwako. (Raba n’amafoto.)

5 Raba akarorero kadufasha gutahura itandukaniro riri hagati y’amategeko n’ingingo ngenderwako. Inabibondo arashobora kubwira umwana wiwe mutoyi ati: «Ntukore ku mbabura.» Iryo ni itegeko. Mugabo ingingo ngenderwako iryo tegeko rishingiyeko ni iyi: Ntukore ku kintu gishushe kugira ngo ntushe. Iyo ngingo ngenderwako irakora no ku bindi uretse imbabura gusa. Irashobora no gukora ku bijanye n’ipasi yo kugorora, canke ku kindi kintu cose gishobora guturira umuntu. Vyongeye, iyo ngingo ngenderwako irashobora gukora n’ahandi atari muhira gusa. Ego ni ko, uko uwo mwana azogenda arakura, arashobora kuzokoresha iyo mbabura. Naho ari ukwo, azoguma akeneye kwiyubara kugira ngo ntimuturire. Itegeko rero rirashobora guhinduka, mugabo ingingo ngenderwako rishingiyeko yoyo iguma ari ya yindi.

Amafoto: Inabibondo ariko arateka ari kumwe n’agahungu kiwe. 1. Arabuza agahungu kiwe gukora kw’ishiga rishushe. 2. Wa muhungu amaze gukura, arafadikanya na nyina guteka.

Itegeko rirashobora guhinduka ariko ingingo ngenderwako rishingiyeko iguma ari ya yindi (Raba ingingo ya 5)


KUBERA IKI INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA ARI NGIRAKAMARO?

6. (a) Ni ibiki Yehova aturonsa mw’Ijambo ryiwe? (b) Yehova atwereka gute ko atwizigira?

6 Yehova abitumwe n’urukundo adukunda, araduha amategeko atuyobora kugira ngo twirinde akaga. (Yak. 2:11) Vyongeye, aradufasha gutahura ingingo ngenderwako ayo amategeko ashingiyeko. Abicishije kw’Ijambo ryiwe, araduha ubuyobozi twokwisunga mu mice myinshi y’ubuzima aho usanga ata mategeko adomako ahari. Ingingo ngenderwako ziradufasha gufata ingingo nziza mu buzima no gukora ikibereye. Kubona Yehova yipfuza ko tuyoborwa n’ingingo ngenderwako birerekana ko atwizigira, mu kuturekera uburenganzira bwo gufata ingingo zerekana ko tumukunda kandi ko twipfuza kumugamburukira.—Gal. 5:13.

7. Tanga akarorero kerekana ingene ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ari ngirakamaro. (Raba n’ifoto.)

7 Raba akarorero kerekana ingene ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora kudufasha: Mu bihugu bimwebimwe, usanga ku mabarabara hariho ivyapa. Vyinshi muri ivyo vyapa vyerekana amategeko umushoferi yokurikiza, kandi atayakurikije arahanwa. Bimwe muri vyo usanga vyerekana umuvuduko umushoferi adakwiye kurenza canke aho ategerezwa guhagarara. Ariko rero, hari n’ibindi vyapa usanga biburira abashoferi ku kaga gashobora gushika. Nk’akarorero, vyoshobora kuba vyerekana ko ibaraba rinyerera canke ko aho hantu hajabukira abanyeshure. Umushoferi mwiza iyo abonye mwene ivyo vyapa, aca yiyubara mu gutwara ingendeshwa yiwe. Nk’akarorero, igihe imvura iriko iragwa, aca agenda bukebuke. Muri ubwo buryo nyene, naho abakirisu birinda cane inyifato iyo ari yo yose Ijambo ry’Imana ryiyamiriza, baririnda n’ivyiyumviro canke ibikorwa vyohava bituma barenga ku mategeko y’Imana. Ivyo rero bisaba ko baba batahura ingene Yehova abona ibintu.

Imodoka iriko igendera mw’ibarabara ry’amakorosi rica mu misozi mu gihe c’ijoro. Amatara yayo amuritse ku vyapa biburira umushoferi.

Kurya nyene ivyapa vyinshi vyo ku mabarabara usanga biburira abashoferi ku kaga gashobora kuba, ni ko n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zituburira (Raba ingingo ya 7)


8. Twisunze ibivugwa mu Baroma 12:​1, 2, kurondera ingingo ngenderwako igihe dusoma Bibiliya bidufasha gute?

8 Igihe turiko turasoma Bibiliya, kurondera ingingo ngenderwako be no kubaho tuzisunga biratugirira akamaro mu bundi buryo. Nk’akarorero, biradufasha gutahura ukuntu Yehova abona ibintu. Igihe turiko turasoma inkuru zo muri Bibiliya, turiga kurondera ivyigwa ngirakamaro twohakura. Turibaza icatumye Yehova yandikisha izo nkuru mw’Ijambo ryiwe be n’ingene zotugirira akamaro. Kubigenza gutyo, biratumenyereza gukoresha ‘ububasha bwacu bwo kwiyumvira’ kugira ngo dukore ibihimbara Yehova. Ivyo rero bica bidufasha kumenya neza «ivyo Imana igomba, ni ukuvuga ibintu vyiza, vyemewe kandi bitagira akanenge.»—Soma Abaroma 12:​1, 2.a

9. Kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bitugirira akandi kamaro akahe? (Abaheburayo 5:​13, 14)

9 Kwiga kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya biratuma tuba abakirisu bahumuye. Igihe tubayeho tuzisunga, ubucuti dufitaniye na Yehova burarushiriza gukomera. (Soma Abaheburayo 5:​13, 14.) Abana batoyi boshobora gukenera urutonde rurerure rw’amategeko kugira bamenye ingene bovyifatamwo mu bihe bitandukanye. Barashobora gukurikiza ayo mategeko kubera gutinya igihano. Ariko rero Yehova adufata nk’abantu bakuze aho kudufata nk’abana bato. Arizigira ko dushobora gufata ingingo zihuye n’ivyo agomba, kandi iyo tubigize turanezereza umutima wiwe.—Zab. 147:11; Imig. 23:​15, 26; 27:11.

TWOMENYA GUTE INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA?

10. Ni ibiki vyodufasha kumenya ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

10 Igihe dusomye Bibiliya turondera ivyigwa twohakura biratuma tubona ingingo ngenderwako zodufasha gutahura ingene Yehova abona ibintu. Ikindi kintu kidufasha kumenya ingingo ngenderwako ni ukurondera kumenya imvo zatumye Yehova atanga amategeko kanaka. Uko turushiriza gutahura izo mvo, ni ko turushiriza kumenya neza Yehova. Ariko rero kugira ngo dutahure ukuntu Imana ibona ibintu, dutegerezwa kuyisenga tuyisaba ngo idufashe gutahura ivyo tugira dusome kandi tukabizirikanako. (Imig. 2:​10-12) Turashobora kwibaza ibibazo nk’ibi: «Kubera iki Imana yatanze iri tegeko? Nimba Yehova yanka iyi nyifato, yobona gute iyindi nyifato isa n’iyo? Ni icigwa ikihe nigira kuri iyi nkuru yo muri Bibiliya, kandi nogishira mu ngiro gute mu buzima bwanje?» Tumaze kumenya imvo zatumye amategeko kanaka atangwa be n’ivyigwa dukura mu nkuru zo muri Bibiliya, bica bituma dufata ingingo nziza mu buzima zituma tunezereza Yehova.

11. Muri ya nsiguro Yezu yashikiriza ari ku musozi, yatweretse gute ingene twomenya ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? (Raba n’amafoto.)

11 Muri ya nsiguro Yezu yashikiriza ari ku musozi, yaratweretse ingene twomenya ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Reka turimbure uburorero butatu. Muri kamwekamwe kose Yezu yabanza kuvuga itegeko, mu nyuma na ho agaca ashira ahabona ingingo ngenderwako iryo tegeko rishingiyeko. Kuzirikana ku vyo Yezu yavuze, biraza kudufasha kubona ingene twoshira mu ngiro izo ngingo ngenderwako muri iki gihe be n’ingene zitugirira akamaro.

Yezu ariko yigisha abishwa biwe yicaye munsi y’igiti.

Muri ya nsiguro yo ku musozi, Yezu yaratweretse ingene twomenya ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya amategeko y’Imana ashingiyeko (Raba ingingo ya 11)


12. Itegeko riri muri Matayo 5:​21, 22, rishingiye ku ngingo ngenderwako iyihe? (Raba n’ifoto.)

12 Soma Matayo 5:​21, 22. «Ntukice.» Iryo tegeko rishingiye ku ngingo ngenderwako iyihe? Yehova ntashaka ko twanka abandi haba mu mvugo canke mu ngiro, eka mbere no mu vyiyumviro. Yezu yarerekanye ko naho umuntu atokwica mugenziwe mugabo akaba amwanka, n’ico gihe nyene aba yarenze ku ngingo ngenderwako iryo tegeko rishingiyeko. Vyongeye, hamwe ‘yobandanya gushavurira mwenewabo’ canke akamutuka, na ho nyene «azobibazwa.» Kanatsinda, ivyo ni vyo bishikana ku kwica.—1 Yoh. 3:15

13. Twoshira mu ngiro gute ingingo ngenderwako dusanga muri Matayo 5:​21, 22? (Raba n’amafoto.)

13 Ingingo ngenderwako iri muri Matayo 5:​21, 22, twoyishira mu ngiro gute muri iki gihe? Turakwiye kwirinda kuguma dushavuriye umuntu canke kumubikira inzika. (Lew. 19:18; Yobu 36:13) Uti kubera iki? Kubera ko bishobora gutuma tumwankira mu mutima, maze ivyo bigatuma tumuvuga nabi canke tumukorera ikibi. (Imig. 10:12) Ivyo birimwo kumuvugako urusaku canke kumwambika ibara kugira ngo abandi bamubone nabi. (Imig. 20:19; 25:23) Urabona rero ko n’imbere yuko habaho amaterefone, internet, imbuga hwaniro, uduprograma two guhanahana amakuru, Yezu yari yaratanze ingingo ngenderwako yofashije abakirisu bahumuye kuba maso ngo ntibakoreshe nabi ivyo bintu vy’ubuhinga bwa none. Ariko rero, uko ibintu vyoba vyifashe kwose, turakwiye kwirinda amajambo y’urwanko yohava acafuza abandi.

Amafoto: 1. Agace kariko itegeko ryo muri Bibiliya igira iti: «Ntukice» 2. Bashiki bacu babiri bariko baravuga urusaku, uwundi na we akaba ariko arabumviriza ataryohewe.

(Raba ingingo ya 12-13)


14. Itegeko riri muri Matayo 5:​27, 28, rishingiye ku ngingo ngenderwako iyihe? (Raba n’ifoto.)

14 Soma Matayo 5:​27, 28. «Ntukarenge ibigo.» Iryo tegeko rishingiye ku ngingo ngenderwako iyihe? Yehova ntiyanka gusa ubusambanyi ariko kandi aranka n’ivyiyumviro bishobora gutuma umuntu agwa mu busambanyi. Yezu yavuze ko iyo umugabo agumye araba umugore w’abandi ku buryo amwipfuza, aba yamaze gucumura. Turakwiye rero kwamirira kure ivyiyumviro vy’ubuhumbu naho bidusaba kugira akigoro gakomeye. (Mat. 5:​29, 30) Iyo ngingo ngenderwako irerekeye kandi n’abakirisu batubatse.

15. Twoshira mu ngiro gute ingingo ngenderwako dusanga muri Matayo 5:​27, 28? (Raba n’amafoto.)

15 Ingingo ngenderwako iri muri Matayo 5:​27, 28, twoyishira mu ngiro gute muri iki gihe? Turakwiye kwirinda kuguma twiyumvira ibintu bijanye n’ubusambanyi. (2 Sam. 11:​2-4; Yobu 31:​1-3) Vyongeye, turakwiye kwirinda ubwoko bwose bw’amashusho y’ibiterasoni. Ntidukwiye kwiyumvira ko ata co bitwaye kuraba gusa ibintu vy’ubuhumbu ariko ntitubikore. Ntidukwiye no kwiyumvira ko ari ibisanzwe kuraba amashusho yerekana ibiterasoni mu buryo bwitwa ko buteruye, ayo abantu bamwebamwe babona ko ari ukwiryohera gusa. Mu gihe ca Yezu, nta twuma two mu buhinga bwa none, amasinema canke amafoto vyari bihari. Naho ari ukwo, Yezu yaraduhaye ingingo ngenderwako itwereka ingene Yehova abona ibintu bitabereye vyoshobora guca kuri utwo twuma. Ivyo biradufasha gutahura ingene Yehova yobabara cane hamwe twokwisuka mu ngeso yo kurungikira abandi amamesaje canke amafoto n’amavidewo y’ibiterasoni, canke hamwe twogira uruhara mu bindi bintu vy’ibiterasoni bikorerwa ku buhinga bwa none. Gukurikiza iyo ngingo ngenderwako biratuma kandi abubakanye birinda guhemukiranira. (Mal. 2:15) Vyongeye, iyo ngingo ngenderwako irafasha abakirisu bose, abubatse n’abatubatse, kwirinda ikintu cose cobashikana ku busambanyi.—Imig. 5:​3-14.

Amafoto: 1. Agace kariko itegeko ryo muri Bibiliya rigira riti: «Ntukarenge ibigo» 2. Umuvukanyi afuse muri terefone yiwe aga programe k’imbuga hwaniro.

(Raba ingingo ya 14-15)


16. Itegeko riri muri Matayo 5:​43, 44, rishingiye ku ngingo ngenderwako iyihe? (Raba n’ifoto.)

16 Soma Matayo 5:​43, 44. «Utegerezwa gukunda mugenzawe.» Iryo tegeko rishingiye ku ngingo ngenderwako iyihe? Yehova yipfuza ko tubona abantu bose nka bagenzi bacu kandi tukabakunda. Ikibabaje, Abayuda bo mu gihe ca Yezu batahuye nabi iryo tegeko, kuko bobo babona ko ryasigura yuko bari bakwiye kwanka abansi babo. Ariko Yezu yari azi ko iyo atari yo ntumbero y’iryo tegeko. Yari azi ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yiteze ko dufata abantu bose nka benewacu, tutaravye ubwoko bwabo canke igihugu bavamwo.—Mat. 5:​45-48.

17. Gukurikiza ingingo ngenderwako dusanga muri Matayo 5:​43, 44, bitugirira akamaro gute? (Raba n’amafoto.)

17 Ingingo ngenderwako iri muri Matayo 5:​43, 44, twoyishira mu ngiro gute muri iki gihe? Urukundo dukunda bagenzi bacu ruratuma tutisuka mu ntambara no mu matati vyo muri iyi si. (Yes. 2:4; Mika 4:3) Gushira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako biradufasha kandi kugaragariza ubuntu abo tudasangiye ubwoko, igihugu canke idini. (Ivyak. 10:​34, 35) Vyongeye, biradufasha kubabarira abadufata nabi canke abafata nabi incuti zacu.—Mat. 18:​21, 22; Mrk. 11:25; Luka 17:​3, 4.

Amafoto: 1. Agace kariko itegeko ryo muri Bibiliya rigira riti: «Utegerezwa gukunda mugenzawe» 2. Umugabo n’umugore wiwe bariko barereka agatabu «Kwiberaho ibihe bidahera» umugabo umwe w’umudandaza badasangiye ubwoko.

(Raba ingingo ya 16-17)


NIWIYEMEZE KUBAHO WISUNGA INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA

18. (a) Dukwiye kwiyemeza gukora iki? (b) Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

18 Ese ukuntu dukenguruka cane kuba Yehova adufata nk’abantu bakuze aho kudufata nk’abana batoyi. Yipfuza ko twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kugira ngo zidufashe kwama dufata ingingo nziza. (1 Kor. 14:20) Igihe rero tugomba gufata ingingo, nimuze twiyemeze ‘kubandanya gutahura ivyo Yehova agomba ivyo ari vyo.’ (Ef. 5:17) Twipfuza gufata ingingo zihuye n’ukugomba kwa Yehova kubera urukundo tumukunda atari kubera ko dutinya igihano. Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura ikindi kintu codufasha gufata ingingo zihimbara Yehova, na co akaba ari ijwi ryacu ryo mu mutima.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni iki?

  • Ingingo ngenderwako zitandukaniye he n’amategeko?

  • Ni ingingo ngenderwako zimwezimwe izihe Yezu yigishije muri ya nsiguro yiwe yo ku musozi?

URURIRIMBO RWA 95 Umuco urarushiriza gukayangana

a Abakirisu bararemeshwa kenshi gusuzuma bitonze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Turakeneye gutahura ingene ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zifitaniye isano hagati yazo be n’ingene twozisunga mu gufata ingingo. Dukoresheje ububasha bwo kwiyumvira Yehova yaduhaye, turashobora gufata ingingo nziza zituma adushima kandi akaduhezagira. Ivyo nyene ni vyo Abayuda benshi bacitse abakirisu mu kinjana ca mbere bize gukora. Imbere y’uko baba abakirisu, bakurikiza amategeko menshi yari yashinzwe n’abakuru b’amadini.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika