13-19 MUKAKARO 2026
URURIRIMBO RWA 127 Umuntu nkwiye kuba
Numenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima wisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya
«Umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.»—GAL. 6:5.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingene kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima twisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bidufasha gufata ingingo nziza.
1-2. (a) Ni ingabire iyihe Yehova yahaye Adamu na Eva? (b) Bari kwerekana gute ko bakenguruka iyo ngabire?
IBIKOKO bikora ibintu bitabanje kwiyumvira. Imashini nyinshi na zo usanga zarashizwemwo ubuhinga butuma zikora ibintu kanaka. Ariko twebwe abantu turatandukanye n’ivyo bikoko be n’izo mashini. Twaremanywe ingabire idasanzwe twese duha agaciro. Iyo ngabire ni ubushobozi bwo kwihitiramwo butuma twifatira ingingo mu buzima. Bibiliya ivuga yuko umuntu wa mbere Adamu yaremwe mw’ishusho y’Imana. (Ita. 1:26, 27) Kubera ko Adamu na Eva bari ibiremwa bifise ubwenge, Imana yarabahaye ubushobozi bwo kwifatira ingingo.
2 Yehova ntiyahaye Adamu na Eva urutonde rurerure rw’amategeko. Yababwiye gusa ngo barondoke, bitwararike isi bongere bubahirize uburenganzira yari afise bwo kubashingira uturimbi. (Ita. 1:28; 2:16, 17) None Adamu na Eva bari kwerekana gute ko bakengurukira uwari yabahaye iyo ngabire yo kwihitiramwo? Uravye ivyiza vyose Yehova yari yarabaronkeje, bari bakwiye kugamburuka ayo mategeko asanzwe yari yarabahaye, gutyo bakaba berekanye ko bamukunda be n’uko bipfuza kumunezereza.—Imig. 23:15.
3. Adamu na Eva bakoresheje gute ubushobozi bwabo bwo kwihitiramwo?
3 Nk’uko Bibiliya ibivuga, Adamu na Eva ntibakoresheje neza ububasha bwabo bwo kwihitiramwo. Ahubwo bahisemwo kugarariza Yehova. Iyo ngingo bafashe iranga ubwikunzi, irerekana ko batakunda Yehova be n’uko batamukengurukira. (Ita. 3:1-7) Gushika n’ubu, turashikirwa n’ingaruka z’iyo ngingo mbi bafashe.—Rom. 5:12.
4. (a) Twisunze Abagalatiya 6:5, umwe wese ategerezwa gukora iki? (b) Ni iyindi ngabire iyihe Imana yaduhaye tuza kurimbura muri iki kiganiro?
4 Ubuzima bwo muri iki gihe burashobora kugora cane, kubera ko usanga buri musi dutegerezwa gufata ingingo zitari nke. (Soma Abagalatiya 6:5.) Zimwe muri zo usanga ari izisanzwe, izindi na zo zihambaye. Ni igiki none codufasha gufata ingingo zihimbara Yehova? Ica mbere coco, dutegerezwa kubanza kwemera ko dukeneye gufashwa na Yehova. (Imig. 16:3; Yer. 10:23) Na Yezu ubwiwe, naho yari atunganye yarabona ko yari akeneye gufashwa n’Imana. (Heb. 5:7) Wumva none twebwe abantu b’abanyagasembwa tutabikeneye kurusha Yezu? Nimuze ubu na ho twihweze iyindi ngabire Imana yaduhaye idufasha gufata ingingo nziza, na yo akaba ari ijwi ryacu ryo mu mutima.
IJWI RYO MU MUTIMA NI IKI?
5. (a) Ijwi ryo mu mutima ni iki? (b) Ijwi ryo mu mutima ridufasha gute? (Abaroma 2:14, 15)
5 Ijwi ryo mu mutima ni ubushobozi dufise imbere muri twebwe budufasha kumenya iciza n’ikibi. Umuntu wese arafise ijwi ryo mu mutima, mbere n’uwutazi ikintu na kimwe ku bijanye n’amategeko y’Imana. (2 Kor. 4:2) Ijwi ryacu ryo mu mutima rimeze nk’umucamanza ari imbere muri twebwe atwagiriza canke akatwambika izera ku bijanye n’ivyo twiyumvira be n’ivyo dukora. (Soma Abaroma 2:14, 15.) Rirashobora kutuburira igihe tugomba gukora ikintu tuzi ko ari kibi. (1 Sam. 26:8-11) Canke na ho rirashobora kudusunikira gukora ico tuzi ko ari ciza. Kuba dufise ubushobozi bwo kwihitiramwo vyonyene, ntibica bituma ingingo yose dufata ihimbara Yehova. Ijwi ryacu ryo mu mutima rirakwiye kudufasha gutandukanya ingingo nziza n’ingingo mbi.
6. Ijwi ryacu ryo mu mutima rifise ingorane iyihe?
6 Ariko ntiwumve, ijwi ryacu ryo mu mutima rirafise ingorane. Ntiritunganye, nk’uko nyene natwe tudatunganye. Ku bw’ivyo rero, hariho ibintu bishobora kurigirako ingaruka mbi. Aho twovuga nk’ivyo twakuriyemwo, imico kama yacu be n’ivyipfuzo bibi vyacu. Bibiliya iravuga ko ijwi ryo mu mutima rishobora ‘kugoyagoya’, ‘guhumana’, kumera «nk’iryaturijwe icuma gishushe cane» canke mbere rikaba «ribi.» (1 Kor. 8:12; Tito 1:15; 1 Tim. 4:2; Heb. 10:22) Igihe ijwi ryo mu mutima rimeze gutyo, ntiriba rikituyobora neza. Riba rimeze nk’umunzane watiriganye ukeneye gusubira kuregerwa neza. Ku bw’ivyo rero, dutegerezwa kwitwararika cane ijwi ryacu ryo mu mutima kugira ngo rigume rikora neza. (1 Pet. 3:16) None ivyo twobikora gute?
INGENE TWOMENYEREZA IJWI RYACU RYO MU MUTIMA
7-8. (a) Ni ibiki vyodufasha kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima? (b) Tanga akarorero kerekana ingene ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zituyobora. (Raba n’ifoto.)
7 Twomenyereza gute ijwi ryacu ryo mu mutima? Dutegerezwa kwama dusoma Bibiliya kugira ngo tumenye ivyo Yehova abona ko bibereye canke bitabereye. Gutahura amategeko y’Imana bizodufasha kumenya ingene ibona ibintu. Ariko nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, amategeko usanga afise uturimbi. Ni co gituma rero dukwiye no kurondera ingingo ngenderwako, kubera ko zozo zituma turushiriza gutahura ukuntu Yehova abona ibintu.—Yes. 55:9.
8 Ubuzima bwacu twobugereranya no gufata urugendo duca mu bugaragwa butagira utuyira, amabarabara canke ivyapa vyo ku mabarabara. Ico gihe duca twisunga izuba n’inyenyeri kugira ngo tumenye inzira yodushikana iyo twipfuza kuja. Ariko rero vyotworohera cane nka hamwe twoba dufise ikarata iriko ibimenyetso biranga ako karere, nk’inzuzi n’imisozi. Mwene iyo ikarata yoca idufasha kumenya ko turiko duca mu nzira yo canke ko twazimiye. Muri urwo rugendo rwacu, iyo turiko turaja hagereranya icipfuzo dufise co kunezereza Yehova. Bibiliya na yo imeze nk’ikarata idufasha kumenya inzira twojana. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya na zo zimeze nk’ibimenyetso tugenda turisunga muri urwo rugendo. Nitwisunga izo ngingo ngenderwako, nta nkeka ko tuzoshika kuri iyo ntumbero yacu.
Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zimeze nk’ibimenyetso umuntu ari ku rugendo yisunga kugira ngo ntazimire (Raba ingingo ya 8)
9. Ni ikindi kintu ikihe kivugwa mu Baroma 9:1 kidufasha kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima?
9 Kugira ngo tumenyereze neza ijwi ryacu ryo mu mutima, turakeneye gufashwa n’impwemu nyeranda y’Imana. (Soma Abaroma 9:1.) Impwemu nyeranda iradufasha kubona ibintu nk’uko Imana ibibona. Irashobora no gutuma tugira icipfuzo co gukora ivyo Imana igomba kandi ikaturonsa n’ububasha bwo kubikora. (Flp. 2:13) None tworonka gute iyo mpwemu nyeranda ya Yehova?
10. Tworonka gute impwemu nyeranda? (Luka 11:10, 13)
10 Nusenge usaba impwemu nyeranda. (Soma Luka 11:10, 13.) Iyo Yehova atanze impwemu yiwe nyeranda, nta nkeka ko ayitanga ku bwinshi. (Yoh. 3:34) Azokwama ayironsa abamuyobokera. (Imig. 1:23; Yak. 1:5) None ni ikindi kintu ikihe codufasha kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima?
11. (a) Ihangiro nyamukuru dufise mu buzima ni irihe? (b) Kubera iki dukwiye kwitwararika ko ijwi ryacu ryo mu mutima rimenyerezwa neza kandi rigakora neza?
11 Niwame urondera gushimwa na Yehova. (Imig. 8:34, 35) Iryo ni ryo hangiro nyamukuru dufise mu buzima. Iyo tugumije mu bwenge iryo hangiro mu bintu vyose bidushikira mu buzima, biradufasha kumenyereza jwi ryacu ryo mu mutima. Kwama twihatira kwiyumvira nk’uko Yehova yiyumvira kandi tukirinda gukora ivyomubabaza, biratuma ijwi ryacu ryo mu mutima rikora neza. Turavye ukuntu ubuzima bugoye cane muri iki gihe, duca tubona igituma bihambaye ko tugira ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza. Akenshi biraba ngombwa ko dufata ingingo zijanye n’ibintu Bibiliya itavuga mu buryo budomako. Bimwe muri ivyo usanga vyerekeye ukwinezereza, akazi twokora, amashure twokwiga canke abo twogira abagenzi. Twomenya gute none ko ingingo dufata muri iyo mice zihimbara Yehova?—2 Kor. 1:12.
12. Ni giki kizodufasha kumenya ko ijwi ryacu ryo mu mutima ririko rituyobora neza? (Abanyefeso 5:10)
12 Nuzirikane ku vyo usoma mw’ijambo ry’Imana. (Zab. 49:3) Igihe uriko urasoma Bibiliya, nurondere ivyigwa vyogufasha gutahura ingene Yehova abona ibintu. (Soma Abanyefeso 5:10.) Igihe turiko turashikirwa n’ingorane zikomeye, turakwiye kurondera muri Bibiliya ingingo ngenderwako zodufasha kumenya nimba ijwi ryacu ryo mu mutima ririko riradufasha gufata ingingo nziza. (Imig. 2:4-9, 11-13) Izo ngingo ngenderwako zirashobora kudufasha kubogora ijwi ryacu ryo mu mutima igihe bikenewe, kugira ngo tugume dukora ivyo Yehova ashaka.—Heb. 5:14.
13. Ni igiki dukwiye kwirinda gukora? Tanga akarorero.
13 Ntubanze gufata ingingo imbere yo kumenya ingene Yehova abona ibintu. Ntitwipfuza kumera nk’Abisirayeli bagumye mu Buyuda inyuma y’isangagurwa rya Yeruzalemu ryabaye mu 607 imbere ya Kristu. Babwiye Yeremiya bati: «Yehova Imana yawe adufashe atubwire inzira dukwiye kujana n’ico dukwiye gukora.» (Yer. 42:3-6) Naho bavuze ukwo, bari baramaze guhitamwo ico bari gukora. Igihe Yehova yababwira ivyo bokora, baranse kubikora bahitamwo gukora bimwe nyene bari bariyumviriye. Ivyo vyarabakwegeye akarambaraye. (Yer. 42:19-22; 43:1, 2, 4) Imbere rero yo gufata ingingo, turakwiye kubanza kurondera ingingo ngenderwako zerekana ingene Yehova abona ibintu, hanyuma tugafata ingingo tuzisunze.
14. Kubera iki dukwiye kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu gufata ingingo?
14 Nufate ingingo wisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Mat. 7:24-29; Yak. 1:23-25) Igihe dufashe ingingo twisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, tuba twemeye kuyoborwa n’impwemu nyeranda. Ivyo bica bituma Yehova abandanya kuduha impwemu yiwe. (Ivyak. 5:32) Ariko iyo twanse kuyoborwa n’impwemu ya Yehova, turashobora ‘kuyituntuza.’ (Ef. 4:30; Yes. 63:10; Ivyak. 7:5) Vyoshobora gutuma mbere Yehova adasubira no kuyiduha. (Zab. 51:11; 1 Tes. 5:19) Uca wumva ko koba katubanye kubera ko twama dukeneye inkomezi ziva ku mpwemu nyeranda.—Ef. 3:16.
INGENE TWORONKA INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA ZODUFASHA
15-16. (a) Tworonka gute ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zodufasha? (b) Ni ingingo ngenderwako izihe zofasha uwuriko ariga Bibiliya kuronka inkomezi zo guheba kunywa itabi?
15 Niwifashishe ibikoresho vy’ubushakashatsi. Ntidushobora gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya tutabanje kuzimenya. Nk’akarorero, uwo wigisha Bibiliya yoshobora kudatahura igituma yohagarika kunywa itabi. Yokwibwira ati: «Ko kunywa itabi bitavugwa muri Bibiliya, ni igiki kitwemeza ko ari bibi?» Womufasha gute none kubona ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zomufasha gutahura ko kunywa itabi ari bibi? Kimwe mu bikoresho wokwikorako, ni ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova. Urashobora kumwerekeza ku ciyumviro kivuga ngo «itabi.» Munsi y’ico ciyumviro, aca abona ikiganiro kivuga ngo «Imana ibona gute itabi?» (Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2014.) None asomye ico kiganiro, ni ivyanditswe ibihe be n’ingingo ngenderwako izihe aca abona?
16 Raba ingingo ngenderwako zitanu dusanga muri ico kiganiro. (1) Ntidukwiye kwemera kwizizirwa n’ikintu coduteza urupfu. (Rom. 6:16) (2) Turakwiye kwirinda ikintu ico ari co cose cokwonona umubiri wacu. (2 Kor. 7:1) (3) Yehova yipfuza ko tumukorera n’ubuzima bwacu bwose. (Mat. 22:37) (4) Turakwiye kwirinda gukora ivyogirira nabi abandi. (Mat. 22:39; 1 Kor. 10:24) (5) Yehova arashobora kuduha inkomezi zo gukora ikibereye. (Flp. 4:13) Naho rero Bibiliya itadomako ko kunywa itabi ari bibi, ingingo ngenderwako ziri muri yo zirashobora gufasha uwo wigisha kumenya ingene Yehova abona ibijanye no kunywa itabi.
17. Abariko barategura urubanza rw’ubugeni bokura he ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zobafasha?
17 Abariko barategura urubanza rw’ubugeni na bo, boronka gute ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zobafasha gufata ingingo nziza? Na bo nyene ca Gitabu c’ubushakashatsi kirashobora kubafasha. Munsi y’iciyumviro kivuga ngo «Ubugeni n’agatutu», hariho urutonde rw’ibiganiro birimwo ingingo ngenderwako nyamukuru bokwisunga. Raba ingingo ngenderwako zitandatu zishobora kubafasha. (1) Ibigirwa ku bugeni vyose, bikwiye gutera iteka Yehova. (1 Kor. 10:31, 32) (2) Dukwiye kwambara impuzu zibereye, ziranga urupfasoni kandi zidatsitaza abandi. (1 Tim. 2:9; 1 Pet. 3:3, 4) (3) Dukwiye kwirinda agatima ko kugira ibintu vyo kwiyerekana karanga iyi si ya shetani. (Yoh. 17:14; Yak. 1:27; 1 Yoh. 2:15, 16) (4) Urubanza be n’ibirori bikwiye kurangwa n’urutonde. (1 Kor. 14:40) (5) Agatutu ntigakwiye kurangwa no kunywa inzoga nyinshi. (Gal. 5:21) (6) Harakwiye kugenwa umuhagarikizi w’urubanza.—Yoh. 2:8, 9.
18-19. (a) Ni ikindi gikoresho ikihe codufasha? (b) Ni ingingo ngenderwako izihe dusanga muri ico gikoresho zodufasha gufata ingingo nziza ku bijanye n’imisi mikuru? (Raba uruzitiro ruvuga ngo «Woba ubona ingingo ngenderwako zokuyobora?»)
18 Ikindi gikoresho gifasha abantu benshi ni ca gitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima. Munsi y’ivyiyumviro bitandukanye biri muri ico gitabu, urahasanga urutonde rw’Ivyanditswe. Umaze guhitamwo iciyumviro wipfuza, uca ubona urutonde rw’ibibazo hamwe n’ivyanditswe vyogufasha kumenya ingingo ngenderwako wokwisunga. Nk’akarorero, umukirisu yoshobora kwibaza nimba yokwitaba umusi mukuru kanaka canke atowitaba. Agiye ku ciyumviro kivuga ngo «Imisi mikuru», aca abona agatwe gatoyi kavuga ngo «Imisi mikuru abakirisu birinda.»
19 Raba bimwebimwe mu bivugwa munsi y’ako gatwe gatoyi: «Kubera iki ari bibi kugira uruhara mu misi mikuru ifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma? (1 Kor. 10:21; 2 Kor. 6:14-18; Ef. 5:10, 11).» Baca baduha uburorero bw’imisi mikuru twokwirinda. Munsi y’ahavuga ngo «Imisi mikuru y’igihugu», turahasanga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zofasha umukirisu kumenya nimba yohimbaza imisi mikuru ijanye na kahise k’igihugu, amasabukuru ajanye n’intambara z’ibihugu canke nimba yogira uruhara mu birori vyo guha abantu icubahiro kirenze kibereye Yehova wenyene. Ese ingene dukenguruka kuba ishirahamwe rya Yehova rituronsa ibikoresho nk’ivyo bidufasha kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima.
NIWITWARARIKE KUGIRA IJWI RYO MU MUTIMA RYAMENYEREJWE NEZA
20. Twomenya gute ko dufise ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza?
20 Turakenguruka cane kubona Yehova yaraduhaye ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ku rundi ruhande, turatahura ko dutegerezwa kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima kugira ngo dukoreshe neza ubwo bushobozi bwacu bwo kwihitiramwo. Ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza rizodufasha gufata ingingo zitera iteka Yehova kandi zihuye n’ukugomba kwiwe. Ivyo ntitwobishobora tudafashijwe n’impwemu nyeranda ya Yehova. Ni co gituma dukwiye kuguma tuyisaba kandi tukemera kuyoborwa na yo. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya na zo nyene zizodufasha kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima. Nitwakoresha neza izo ngabire, tuzokwibonera ububasha bw’Ijambo ry’Imana mu buzima bwacu.—2 Tim. 3:16, 17; Heb. 4:12.
URURIRIMBO RWA 135 ‘Ca ubwenge mwananje’