INKURU Y’UBUZIMA
Naho nari umunyamasoni narabaye umumisiyonari
NKIRI umwana, nari umunyamasoni cane kandi naratinya abantu. Ariko mu nyuma Yehova yaramfashije kuba umuntu akunda abantu no kuba umumisiyonari. Uti gute? Ubwa mbere, yabicishije kuri papa yanyigishije ibijanye na Yehova. Ubwa kabiri, yabicishije ku karorero keza nahawe n’umudada umwe w’umuyabaga. Ubwa nyuma na ho, yabicishije ku ndemesho nahabwa n’umugabo wanje abigiranye ukwihangana. Reka ndabiganire iyo nkuru mw’ido n’ido.
Navukiye i Vienne muri Otrishe mu 1951. Abavyeyi banje bari abagatolika. Naho nakuze ndi umunyamasoni, naremera Imana kandi narayisenga kenshi. Papa yatanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova mfise imyaka icenda, nyuma yaho gato mama na we arakurikira.
Ndi kumwe na murumuna wanje Elisabeth (ibubamfu)
Twaciye dutangura kwifatanya n’ishengero ryitwa Döbling, ry’i Vienne. Uko tugize umuryango twarakorera hamwe ibintu vyinshi. Twarasoma Bibiliya tukongera tukayiga, tukitaba amakoraniro, tukongera tukitanga mu bikorwa vyo ku materaniro. Papa yamfashije gukunda cane Yehova kuva nkiri umwana mutoyi. Washima, yama asenga asaba ko jewe na murumuna wanje twoba abatsimvyi. Mugabo ico gihe uwo si wo mugambi nari mfise.
NTANGURA UMURIMO W’IGIHE COSE
Nabatijwe mu 1965 mfise imyaka 14. Ariko rero igihe naba ngiye mu ndimiro, ntivyanyorohera kuyagisha abantu tutazinanye. Narakunda no kwisuzugura nigereranije n’abandi bakiri bato kandi naripfuza cane kwemerwa na bo. Ivyo vyatumye gatoyi inyuma y’aho mbatirijwe, ntangura kwifatanya n’abadasenga Yehova. Naho naryoherwa no kuba kumwe na bo, ijwi ryanje ryo mu mutima ryarambuza amahoro kubera ko namarana umwanya munini n’abatari Ivyabona. Naho ari ukwo, vyarananiye kubaheba. None ni igiki cahavuye kimfasha?
Dorothée naramwigiyeko vyinshi (ibubamfu)
Muri ico kiringo, hari umudada w’imyaka 16 yitwa Dorothée yimukiye mw’ishengero iwacu. Umwete yari afise mu kwamamaza inzu ku nzu warantangaza cane. Naho namuruta gato, sinari umunyamwete cane nka we mu ndimiro. Nariyumvira nti: «Abavyeyi banje ni Ivyabona, ariko Dorothée wewe nta n’umwe wo mu muryango wiwe ari Icabona. Naho yitwararika mama wiwe arwaye, ntikibuza ko yama aja mu ndimiro.» Akarorero kiwe katumye nipfuza gukora vyinshi mu murimo wa Yehova. Twe na Dorothée ntitwatevye kuba abatsimvyi. Twahereye ku gukora ubutsimvyi bwo gufasha, ico gihe bukaba bwitwa ubutsimvyi bwo mu gihe c’akaruhuko, mu nyuma na ho duca dufata ubutsimvyi busanzwe. Dorothée yaranyandukije umwete wiwe. Yaramfashije gutanguza inyigisho yanje ya mbere ya Bibiliya. Uko hagiye haraca igihe, ni ko nagiye ndoroherwa kuyagisha abantu ku nzu n’inzu, ku mabarabara be no mu bindi bibanza.
Mu mwaka wa mbere ndi umutsimvyi asanzwe, hari umuvukanyi w’umunya Otrishe yitwa Heinz yimukiye mw’ishengero iwacu. Yari yamenyeye ukuri muri Kanada igihe yari yagiye kuramutsa mukuru we w’Icabona. Heinz yari yarungitswe kuba umutsimvyi adasanzwe mw’ishengero iwacu. Kuva nkimubona numvise ndamukunze. Gusa wewe yipfuza kuba umumisiyonari, ariko jewe nta vyo nipfuza. Mu ntango rero, sinashotse ndamwereka ko ndamwiyumvamwo. Ariko mu nyuma twe na Heinz twaratanguye kureshanya maze turubakana, duca dutangura gukorana ubutsimvyi aho nyene muri Otrishe.
NTANGURA KUGIRA ICIPFUZO CO KUBA UMUMISIYONARI
Heinz yarakunda kumbwira icipfuzo afise co kuba umumisiyonari. Naho atigera ampatira kuba umumisiyonari, yarakunda kumbaza utubazo dutuma nzirikana. Nk’akarorero, yarambaza ati: «Ko tudafise abana, ubona twokora vyinshi mu murimo wa Yehova?» Kubera ko nari umunyamasoni, naratinya kuba umumisiyonari. Naho nari umutsimvyi, iciyumviro co kuba umumisiyonari coco numva kindengeye. Yamara Heinz abigiranye ukwihangana, yaramfashije kuguma nzirikana kuri uwo mugambi. Yaranandemesheje kutaguma niyumvira ibinyerekeye, ahubwo niyumvire ukuntu nofasha abandi. Kandi iyo ndemesho yaramfashije cane.
Heinz ariko arayobora Umunara w’Inderetsi mw’ishengero ritoyi ry’i Salzburg muri Otrishe mu 1974, rikaba ryakoresha ururimi rwitwa serbo-croate
Buhorobuhoro naratanguye kugira icipfuzo co kuba umumisiyonari, duca dusaba kwitaba ishure rya Gileyadi. Ariko umuvukanyi yari ahagarikiye ishami ico gihe, yandemesheje kubanza kumenya neza icongereza. Inyuma y’imyaka itatu ngerageza kuryohora icongereza canje, twaratangaye cane tubonye badusavye kuja gukorera mw’ishengero ry’i Salzburg muri Otrishe nyene, rikoresha ururimi rwitwa serbo-croate. Twahamaze imyaka indwi, ushizemwo n’umwaka umwe twamaze mu gikorwa co kugendera amashengero. Naho urwo rurimi rwari rugoye, twararonse inyigisho nyinshi za Bibiliya.
Mu 1979, abahagarikiye ishami badusavye kuja muri Bilgariya. Mugabo kubera ko igikorwa cacu cari kibujijwe muri ico gihugu, badusavye kujayo twigize nk’abagiye mu karuhuko. Ico gihe ntitwigeze twamamazayo. Naho ari ukwo, twarashoboye kwinjizayo udutabu tunzwinya twari dushiriye abadada batanu baba i Sofia, ku murwa mukuru w’ico gihugu. Naho nari mfise ubwoba bwinshi, Yehova yaramfashije kurangura ico gikorwa bari badutumye. Kwibonera umutima rugabo be n’umunezero mwinshi abo badada bari bifitiye, naho ivyo bakora vyashobora gutuma bapfungwa, vyaratumye na jewe ngira umutima rugabo wo kwemera gukora igikora ico ari co cose ishirahamwe rya Yehova ryonshinga.
Haciye igihe gito, twarasubiye gusaba ko twokwitaba ishure rya Gileyadi, kandi twaremerewe. Twiyumvira ko twokwitavye iryo mu congereza ribera muri Amerika. Ariko muri Munyonyo 1981, ishirahamwe ryacu ryaciye ritanguza iryo shure kw’ishami ryo mu Budagi, mu gisagara ca Wiesbaden. Twaciye rero turyitaba mu kidagi, ivyo bikaba vyatumye ivyo vyigwa binyorohera gutahura. None twarungitswe gukorera he?
KWAMAMAZA MU GIHUGU CATABAGUWE N’INTAMBARA
Muzi n’inkuru? Twarungitswe kuja gukorera muri Kenya. Ariko dushitseyo, ishami ryo muri Kenya ryadusavye nimba twoshima kuja gukorera mu gihugu kibanyi c’Ubuganda. Hari haheze imyaka irenga cumi leta y’Ubuganda itembagajwe n’umugwi w’abasirikare wari uyobowe n’umujenerali yitwa Idi Amin. Mu myaka yakurikiye, intwaro yiwe y’agahotoro yarishe abantu ibihumbi n’ibihumbi, abandi amamiliyoni na bo barashikirwa n’amahano atagira izina. Mu 1979, leta ya Idi Amin na yo yaciye itembagazwa. Ni co gituma igihe badusaba kwimukira muri ico gihugu cari caratabaguwe n’intambara, vyanteye ubwoba cane. Ariko kubera ko ishure rya Gileyadi ryari ryaraduteguye kwizigira Yehova, twaremeye kujayo.
Mu Buganda ibintu vyari akajagari. Mu Gitabu c’umwaka co mu 2010, Heinz yabidondoye muri ubu buryo: «Ibintu vyinshi abanyagihugu bakenera vyari vyaraparanganye. Ntibaronka amazi yo kunywa n’ingene bahanahana amakuru. . . . Amasase n’ubusuma vyari vyiraye, canecane mw’ijoro. . . . Abantu benshi baguma muhira, kandi akenshi baguma basenga bizigiye ko Imana yobafasha ntihagire abaza kubagirira nabi mw’ijoro.» Naho mu gihugu hari izo ngorane zose, abavukanyi baguma bakorera Yehova bahimbawe.
Turiko turateka mu rugo kwa Waiswa
Mu 1982, ni ho twe na Heinz twashika i Kampala mu Buganda. Amezi atanu ya mbere twayamaze tuba mu muryango w’umuvukanyi Sam Waiswa n’umugore wiwe Christina. Bari bafise abana batanu be n’izindi ncuti zine bari batunze. Umuryango w’umuvukanyi Waiswa akenshi wafungura rimwe ku musi, uca wumva rero ko kuba baremeye kutwakira cari ikintu kidasanzwe. Mu kiringo twamaranye n’uwo muryango, twe n’umugabo wanje twarahigiye ibintu vyinshi vyadufashije mu gikorwa cacu c’ubumisiyonari. Nk’akarorero, twarize kwoga dukoresheje amazi make, maze ayo mazi nyene twaba duhejeje kwoga tugaca tuyakoresha mu kumanura imyanda yo muri twarete. Mu 1983, twararonse inzu twimukiramwo mu gace k’i Kampala kasa n’agatekanye.
Kwamamaza i Kampala vyaratunezera cane. Ndibuka ko mu kwezi kumwe twatanze ibinyamakuru birenga 4.000. Ariko icatunezera kuruta kwari ukuntu abantu bakira inkuru nziza. Barubaha Imana bagakunda n’ibiyago bishingiye kuri Bibiliya. Kenshi wasanga twe na Heinz umwumwe afise abantu bari hagati ya 10 na 15 yigisha Bibiliya, kandi twarabigiyeko ibintu vyinshi. Nk’akarorero, twarakorwa ku mutima n’ingene batigera bidogera urugendo bagira buri ndwi bagiye ku makoraniro canke bavuyeyo, ahubwo bakaguma bitwengera.
Mu 1985 no mu 1986, harabaye izindi ntambara zibiri mu Buganda. Twarakunda kubona abana binjijwe mu gisoda bafise inkoho, bacunze n’amabariyeri. Ico gihe, twarakunda gusenga Yehova tumusaba ubukerebutsi n’umutima rugabo igihe twaba turiko turamamaza, kandi Yehova yarishura amasengesho yacu. Turonse umuntu yakira neza inkuru nziza, akenshi ubwoba twaba dufise ntitwamenya iyo buciye.
Jewe na Heinz na Tatjana (ari hagati)
Twarakunda no kubwira inkuru nziza abanyamahanga baba mu Buganda. Nk’akarorero, twarigishije Bibiliya umugabo umwe yitwa Murat Ibatullin n’umugore wiwe Dilbar, bava muri leta imwe y’Uburusiya yitwa Tatarstan. Murat yari umuganga. We n’umugore wiwe bahavuye baba Ivyabona vya Yehova kandi n’ubu baracari abizigirwa. Mu nyuma, narahuye n’umukenyezi umwe ava muri Ukraine yitwa Tatjana Vileyska, ico gihe akaba yariko yiyumvira ivyo kwiyahura. Tatjana amaze kubatizwa yahavuye asubira muri Ukraine, mu nyuma na ho arafasha mu gikorwa co guhindura ibitabu vyacu mu kinya Ukraine.a
IBINTU BIHINDUKA
Mu 1991, igihe twe n’umugabo wanje twari mu karuhuko muri Otrishe, ishami ryaho ryaratumenyesheje ko tugiye guhindurirwa igikorwa tukaja muri Bilgariya. Intwaro y’Abakomunisita i Buraya imaze gusenyuka, igikorwa c’Ivyabona caciye cemerwa n’amategeko muri Bilgariya. Nk’uko nari nabivuze, twarigeze gutwara ibinyamakuru muri ico gihugu mu mpisho igihe igikorwa cacu cari kikibujijwe. Ariko ubu hoho twari tugiyeyo kwamamaza.
Twasabwe guca tujayo tutarinze gusubira mu Buganda. Twaciye rero tuja kuri Beteli yo mu Budagi, baturonsa imodoka itujana muri Bilgariya, tutiriwe turasubira mu Buganda gutora ibintu vyacu no gusezera abagenzi. Twarungitswe gukorana n’umugwi w’abamamaji nka 20 wari ku murwa mukuru Sofia.
Muri Bilgariya twarahuye n’ingorane zitari nke. Ica mbere coco, ntitwari tuzi ururimi rwaho. Ikindi na co, ibitabu bibiri gusa ni vyo vyaboneka mu rurimi rwaho, ni ukuvuga Ukuri kujana mu buzima budahera be n’Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Vyongeye, ntivyari vyoroshe gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ariko izo ngorane zose ntizabujije ko wa mugwi mutoyi w’abamamaji b’abanyamwete ubandanya utera imbere. Aba orotodogisi babibonye, ishavu ryaciye riniga.
Mu 1994, leta yaratse Ivyabona uburenganzira bwo kwemerwa n’amategeko, dusigara tubonwa nk’akadumbi k’idini katemewe. Hari mbere abavukanyi bamwebamwe bapfunzwe. Ibimenyeshamakuru vyarakwiragiza ibinyoma bivuga yuko Ivyabona vya Yehova bica abana babo, bakanaremesha ibindi Vyabona kwiyahura. Twe na Heinz ntivyari bikitworohera kwamamaza. Akenshi twarahura n’abantu bashangashiwe bakadutuka, bagahamagara abapolisi ngo badufate, canke mbere bakadutera ibintu. Ntivyari bigishoboka ko ibitabu vyacu vyinjira mu gihugu, kandi ntivyari vyoroshe ko turonka ahantu dukota twogirira amakoraniro. Igihe kimwe mbere abapolisi barahagaritse ihwaniro twarimwo. Emwe naho twakagendeye, twe na Heinz ntitwari bwabone urwanko nk’urwo. Ese ukuntu hari hatandukanye no mu Buganda, aho abantu baho bari bafise umutima mwiza kandi bakumviriza inkuru nziza! Ni ibiki none vyadufashije kugumana umunezero?
Kimwe mu vyadufashije kugumana umunezero, ni ukumarana umwanya n’abavukanyi bacu. Barakunda cane ukuri kandi barakenguruka kubona twaremeye kuza kubafasha igikorwa. Twese twaguma dufatanye mu nda tukongera tugafashanya. Ivyo bintu twaciyemwo vyaratwigishije ko gukunda abantu bituma tugumana umunezero aho tworungikwa gukorera hose.
Turi kw’ishami ryo muri Bilgariya, mu 2007
Ariko haciye igihe, ibintu vyarahindutse bimera neza. Mu 1998, twarasubiye kwemerwa n’amategeko, haca haratangura kuboneka n’ibitabu vyinshi mu kinyabilgariya. Mu 2004 na ho, inyubakwa nshasha z’ishami zareguriwe Yehova. Muri iki gihe, muri Bilgariya dufise amashengero 57 agizwe n’abamamaji 2.953. Muri uyu mwaka w’umurimo uheze, abitavye Icibutso bari 6.475. Hamwe i Sofia hahoze hari abadada batanu gusa, ubu hari amashengero icenda. Emwe twariboneye vy’ukuri ingene ‘umuntu mutoyi acika igihumbi!’—Yes. 60:22.
INGORANE ZANSHIKIYE
Mu buzima bwanje nararwaye akatari gake. Mu bihe bitandukanye, nagiye ndarwara ibivyimba, ushizemwo n’ico narwaye mu mutwe. Naravuwe hakoreshejwe uburyo bwitwa radiothérapie, mu nyuma na ho nja mu Buhindi aho namaze amasaha 12 ndiko ndabagwa ca kivyimba co mu mutwe. Twagumye kw’ishami ryo mu Buhindi gushika ntoye mitende, maze duca dusubira muri Bilgariya.
Ico gihe, Heinz na we nyene yaciye afatwa n’indwara itamenyerewe cane yonona ubwonko (maladie de Huntington). Ntivyari bikimworohera gutambuka, kuvuga, no kugira ibindi bimenyetso vy’umubiri. Uko yarushiriza kuremba ni ko narushiriza kumwitwararika cane. Vyarashika nkarengerwa n’amaganya nibaza uko bizohava bigenda. Ariko rero, hari umuvukanyi akiri muto yitwa Bobi yakunda kujana na Heinz mu ndimiro. Ntiyaterwa isoni n’ingene Heinz vyamugora kuvuga canke kugira ibindi bimenyetso vy’umubiri. Bobi yama ari hafi kugira ngo amfashe igihe cose ntaba nshoboye kwitwararika umugabo wanje. Naho twe na Heinz twabangiriye ivyo kuvyara kugira ngo dukore vyinshi mu murimo wa Yehova, twabona ko Bobi ari umwana Yehova yaduhaye.—Mrk. 10:29, 30.
Umugabo wanje nikundira yari arwaye na kanseri. Ikibabaje, yahavuye apfa mu 2015. Amaze gupfa, nasigaye numva ko ndi inyakamwe itagira gitabara. Birangora kwemera ko atakiriho. Mu bwenge bwanje ni nk’aho n’ubu akiri muzima. (Luka 20:38) Buri musi, ndakunda kuzirikana ku mpanuro nziza no ku majambo aranga ubuntu yahora ambwira. Ndashimira cane Yehova ku myaka yose twafadikanije kumukorera tudahemuka.
NDAKENGURUKA CANE INGENE YEHOVA YAMFASHIJE
Mu vy’ukuri, Yehova yaranshigikiye cane mu ngorane zose naciyemwo. Yaramfashije kandi kuba umumisiyonari akunda abantu naho nahoze ndi umunyamasoni. (2 Tim. 1:7) Ndakengurukira cane Yehova kubona twe na murumuna wanje ubu turi mu gikorwa c’igihe cose. We n’umugabo wiwe bagendera amashengero y’i Buraya akoresha ururimi rw’igiserbe. Emwe, ya masengesho papa yatura mu myaka myinshi iheze yahavuye yishurwa!
Kwiyigisha Bibiliya biratuma ngira amahoro yo mu mutima. Nka kumwe kwa Yezu, narize «gusenga cane» mu bihe bigoye. (Luka 22:44) Urukundo n’umutima mwiza ngaragarizwa n’abavukanyi bo mw’ishengero ndimwo i Sofia, ni bumwe mu buryo Yehova akoresha mu kwishura amasengesho yanje. Barakunda kuntumira kandi bakambwira ko bankunda, ivyo bikaba bituma ngira umunezero mwinshi.
Ndakunda kuzirikana kw’izuka. Mpora niha ishusho abavyeyi banje bahagaze iruhande y’inzu yacu, batagase nko ku musi w’ubugeni bwabo. Ndiha n’ishusho ya murumuna wanje ariko arateka. Ndiha kandi ishusho y’umugabo wanje ahagaze iruhande y’ifarasi yiwe. Kwiha ishusho y’ivyo bintu vyose, biramfasha kwikuramwo ivyiyumviro bica intege maze ngaca ndushiriza gukengurukira Yehova.
Nzirikanye ku buzima naciyemwo be no ku vyo niteze muri kazoza, ndemera n’umutima wanje wose ivyo Dawidi yavuze muri Zaburi 27:13, 14, ahagira hati: «Mbega nobaye uwa nde iyo ntaba nizigiye kubona ubuntu bwa Yehova mu gihugu c’abazima? Niwizigire Yehova. Gira umutima rugabo kandi ukomere. Egome, niwizigire Yehova.»
a Raba inkuru y’ubuzima ya Tatjana Vileyska muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Kigarama 2000, rup. 20-24.