IKIGANIRO C’UKWIGA CA 35
URURIRIMBO RWA 121 Turakeneye ukwigumya
Ingene tworwanya ivyipfuzo bibi
«Ntimureke rero ngo igicumuro kibandanye kuganza mu mibiri yanyu ipfa, ngo mugamburukire ivyipfuzo vyayo.»—ROM. 6:12.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Iki kiganiro kiraza kudufasha (1) kurwanya ugucika intege, (2) kwirinda inyosha mbi.
1. Abantu bose badatunganye bahuriye ku ki?
VYOBA birashika ukipfuza cane gukora ikintu uzi ko Yehova yanka? Nimba bimaze kugushikira ntiwibaze ko uri wenyene. Bibiliya ivuga iti: «Nta kigeragezo cabashikiye kidasanzwe gishikira abandi.» (1 Kor. 10:13)a Ivyo bisobanura ko ivyipfuzo bibi woba ufise hari n’abandi babifise. Uri mu bandi rero. Ariko ubifashijwemwo na Yehova, urashobora kubirwanya kandi ukabitsinda.
2. Ni inyosha mbi izihe zishikira abavukanyi bamwebamwe be n’abakiriko bariga Bibiliya? (Raba n’amafoto.)
2 Bibiliya kandi ivuga iti: «Umwe wese arageragezwa iyo icipfuzo ciwe bwite kimukwegakweze, kikamuryosharyosha.» (Yak. 1:14) Ibiryosharyosha umuntu umwe usanga atari vyo biryosharyosha uwundi. Nk’akarorero, hari abakirisu bashobora gutwarwa n’icipfuzo co gukorana ibintu vy’ubushegabo n’abo badasangiye igitsina, abandi na bo bakipfuza kubikorana n’abo basangiye igitsina. Abahevye kuraba amashusho y’ibiterasoni boshobora kwipfuza cane gusubira kuyaraba. Abenshi mu bahevye kunywa ibiyayuramutwe canke inzoga zirenze, na bo nyene usanga bahanganye n’ingorane yo gusubira muri izo ngeso. Izo ni zimwe mu nyosha mbi zishikira abavukanyi bamwebamwe be n’abakiriko bariga Bibiliya. Bishobora kuba vyarashitse twese tukumva tumerewe nk’intumwa Pawulo, uwanditse ati: «Iyo nshatse gukora ikibereye, ikibi kiba kiri muri jewe.»—Rom. 7:21.
Inyosha mbi irashobora kwaduka umwanya uwo ari wo wose n’ahantu aho ari ho hose (Raba ingingo ya 2)d
3. Igihe umuntu aguma anyinyana n’icipfuzo kibi, bishobora kumugirako ingaruka izihe?
3 Igihe uguma unyinyana n’icipfuzo kibi, hari aho woca wiyumvira ko udashoboye kukirwanya ngo ugitsinde. Woshobora no guca utakaza icizere, ukabona ko Yehova atakikwerekwa kubera ko gusa ufise ico cipfuzo kibi. Ariko rero numenye neza ko ivyo vyiyumviro vyose atari vyo. Iki kiganiro, kiraza kudufasha kubona igituma ivyo vyiyumviro atari vyo, mu kwishura ibi bibazo bibiri: (1) Ni nde atuma wumva ko ata co ushoboye, kandi ugatakaza icizere? (2) Wokora iki kugira ngo urwanye ivyipfuzo bibi?
INGENE «WA MUBISHA» YIPFUZA KO TWIYUMVIRA
4. (a) Kubera iki Shetani yipfuza ko twiyumvira yuko tudashoboye kurwanya ivyipfuzo bibi? (b) Kubera iki dukwiye kwemera ko dushoboye kurwanya ivyipfuzo bibi?
4 Igihe duhuye n’inyosha mbi, Shetani yipfuza ko twiyumvira yuko tudashobora kuyirwanya ngo tuyitsinde. Na Yezu ivyo yari abizi, akaba ari co gituma yigishije abayoboke biwe gusenga bati: «Ntureke ngo dutsindwe n’ibigeragezo, ahubwo dukize wa mubisha.» (Mat. 6:13) Shetani avuga ko abantu badashobora kugamburukira Yehova igihe bahuye n’ibigeragezo. (Yobu 2:4, 5) Umve ntuze ingene acurika ibintu! Uwo Shetani nyene, ni we yakwegakwezwe n’icipfuzo ciwe bica bituma ahemukira Yehova. Biboneka rero ko yiyumvira yuko tumeze nka we, yuko hamwe twohura n’ibigeragezo twoca duhitamwo guhemukira Yehova. Shetani yarageze naho yiyumvira yuko n’Umwana w’Imana atunganye ahuye n’ikigeragezo yoca ahemuka. (Mat. 4:8, 9) Ariko uvyiyumviriye, ubwo vy’ukuri twoba tudashobora kurwanya ivyipfuzo bibi? Habe namba. Tubona ibintu nk’intumwa Pawulo, uwavuze ati: «Muri vyose, ndonka inkomezi biciye kuri umwe ampa ububasha.»—Flp. 4:13.
5. Twemezwa n’iki ko Yehova yizigira adakeka ko dushobora kurwanya ivyipfuzo bibi kandi tukabitsinda?
5 Yehova wewe aratandukanye na Shetani, kuko yizigira adakeka yuko dushobora kurwanya ivyipfuzo bibi. None tuvyemezwa n’iki? Tuvyemezwa n’ivyo Yehova yamenyesheje yuko isinzi rinini rigizwe n’abantu b’intahemuka, bazorokoka amakuba akomeye. Zirikana ku co ivyo bisobanura. Yehova ya Mana idashobora kubesha, avuga ko abantu isinzi bazokwinjira mw’isi nshasha badahumanye, ibigereranywa n’ukuba ‘bambaye amakanzu yera bamesuye mu maraso ya wa Mwagazi w’intama.’ (Ivyah. 7:9, 13, 14) Biragaragara rero ko Yehova abona ko dushoboye kurwanya ivyipfuzo bibi.
6-7. Kubera iki Shetani yipfuza ko dutakaza icizere mu rugamba turimwo rwo kurwanya ivyipfuzo bibi?
6 Shetani ntiyipfuza gusa ko twiyumvira yuko tudashoboye kurwanya ikibi. Ashaka ko dutakaza n’icizere, tubone ko Yehova atakitwerekwa kubera ko gusa dufise ivyipfuzo bibi. Umve kandi ukwo gucurika ibintu! Shetani ni we yatakaje icizere kubera ko Yehova yamaze kumucira urubanza rw’uko atabereye kubaho ibihe bidahera. (Ita. 3:15; Ivyah. 20:10) Shetani rero ashaka ko natwe dutakaza icizere, na canecane kubera ko twizigiye kuronka bwa buzima budahera yitesheje. Ntitwipfuza rero gutakaza icizere nk’uko kwa Shetani. Nakare Bibiliya itubwira ko Yehova yipfuza kudufasha, atipfuza kuduhonya. «[Nta]shaka yuko hagira n’umwe ahona, ahubwo ashaka ko bose baronka akaryo ko kwigaya.»—2 Pet. 3:9.
7 Birumvikana rero ko nka hamwe twokwiyumvira yuko tudashoboye kurwanya ivyipfuzo bibi canke tugatakaza icizere, twoba turiko turashirira Shetani aho ashaka. Gutahura ico kintu, bizodufasha kuguma tumurwanya twivuye inyuma.—1 Pet. 5:8, 9.
INGENE AGASEMBWA KACU GATUMA TWIYUMVIRA
8. Uretse ibintu bibi abantu bakora, ijambo «igicumuro» ryerekeza kandi kuki? (Zaburi 51:5) (Raba n’«Insiguro y’amajambo.»)
8 Uretse Shetani, hariho ikindi kintu gishobora gutuma twiyumvira ko tudashoboye kurwanya ivyipfuzo bibi, tukanatakaza icizere. None ico kintu ni ikihe? Ni ukuba tuvuka turi abacumuzi bivuye ku bavyeyi bacu ba mbere.b—Yobu 14:4; soma Zaburi 51:5.
9-10. (a) Igicumuro Adamu na Eva bakoze cabagizeko ingaruka izihe? (Raba n’ifoto.) (b) Kuba turi abacumuzi bitugirako ingaruka izihe?
9 Raba ingene Adamu na Eva bumvise bamerewe bamaze gucumura. Bamaze kugambararira Yehova baciye baja kwinyegeza maze bapfundikanya utubabi baradukenyera. Ku bijanye n’ico kintu, igitabu Étude Perspicace kivuga giti: «Igicumuro rero catumye biyagiriza, baragira amaganya, barabura amahoro, bumva n’ibimaramare.» Ivyo bintu bine twobigereranya n’ivyumba vy’inzu. Ni nk’aho rero Adamu na Eva bari bugaraniwe mu nzu ifise ivyo vyumba bine gusa. Bari gushobora kuva mu cumba kimwe bakaja mu kindi, ariko ntibari gushobora gusohoka iyo nzu. Ntivyari bigishoboka ko basubira kuba abatunganye.
10 Ariko rero, ivyacu ntibimeze neza na neza nk’ivya Adamu na Eva. Twebwe twaracunguwe, ariko bobo ntibacunguwe. Iyo ncungu rero iratuma tubabarirwa ibicumuro vyacu maze tukagira ijwi ryo mu mutima ryiza. (1 Kor. 6:11) Naho ari ukwo, tuvuka turi abanyabicumuro. Ni co gituma na twebwe duhora twiyagiriza, tukagira amaganya, tukabura amahoro, tukumva n’ibimaramare. Kanatsinda, Bibiliya ivuga ko igicumuro kikibandanya kuganza abantu, ‘mbere n’abatakoze igicumuro gisa n’ica Adamu.’ (Rom. 5:14) Ariko naho ukwo kuntu ivyacu vyifashe bibabaje, ntibikwiye gutuma twiyumvira ko tudashoboye kurwanya ivyipfuzo bibi canke ngo dutakaze icizere. None tworwanya gute ivyo vyiyumviro bica intege?
Igicumuro catumye Adamu na Eva biyagiriza, baragira amaganya, barabura amahoro, baragira n’ibimaramare (Raba ingingo ya 9)
11. Dukwiye gukora iki bishitse tukiyumvira ko tudashoboye kurwanya ivyipfuzo bibi, kandi kubera iki? (Abaroma 6:12)
11 Bishitse tukiyumvira yuko tudashoboye kurwanya ivyipfuzo bibi, turakwiye guca twamirira kure iryo jwi rituvugiramwo, tukaryima amatwi. Uti kubera iki? Kubera ko Bibiliya ivuga yuko tudakwiye kureka ngo igicumuro kibandanye ‘kutuganza.’ (Soma Abaroma 6:12.) Ivyo bisobanura ko dushobora guhitamwo kudashitsa ivyipfuzo bibi tuba dufise. (Gal. 5:16) Yehova arazi neza ko dushoboye kurwanya ivyipfuzo bibi, ahandi ho ntiyodusaba kubirwanya. (Gus. 30:11-14; Rom. 6:6; 1 Tes. 4:3) Birumvikana rero ko dushobora kurwanya ivyipfuzo bibi kandi tukabitsinda.
12. Dukwiye gukora iki bishitse tugatakaza icizere, kandi kubera iki??
12 Bishitse na ho tugatakaza icizere, tukiyumvira ko Yehova azoduhana kubera ko gusa vyashitse tukagira ivyipfuzo bibi, no muri ico gihe nyene turakwiye kwamirira kure iryo jwi rituvugiramwo, tukaryima amatwi. Uti kubera iki? Kubera ko Bibiliya itubwira ko Yehova atahura ko turi abacumuzi. (Zab. 103:13, 14) ‘Arazi ibintu vyose’ bitwerekeye, ushizemwo n’ukuntu agasembwa twarazwe gatuma twipfuza gukora ibibi. (1 Yoh. 3:19, 20) Dukoze uko dushoboye kwose tukirinda gukora ibibi twitwaje ko turi abanyagasembwa, biratuma tuguma tudahumanye imbere ya Yehova. Ivyo tuvyemezwa n’iki?
13-14. Kugira gusa ivyipfuzo bibi, vyoba bica bituma tutaba ababereye imbere ya Yehova?
13 Bibiliya irerekana ko hariho itandukaniro hagati yo gukora ikibi (ico kikaba ari ikintu dushoboye gukontorora) be no kwipfuza gukora ikibi (ico kikaba ari ikintu gipfa kwizana). Nk’akarorero, mu kinjana ca mbere hari abakirisu bo mw’ishengero ry’i Korinto bahora baryamana n’abo basangiye igitsina. Ku bijanye na bo, Pawulo yanditse ati: «Ukwo ni ko bamwe muri mwebwe mwari mumeze.» Ivyo none vyoba bisobanura ko batigeze basubira kwipfuza kubikora? Umuntu yiyumviriye gutyo yoba yihenze, kubera ko mwene ivyo vyipfuzo usanga vyizizira cane umuntu. Mugabo abakirisu bigumije maze bakirinda gushitsa ivyipfuzo vyabo, Yehova yarabashimye. Yabona ko ‘bogejwe.’ (1 Kor. 6:9-11) Na wewe rero wobishobora.
14 Ivyipfuzo bibi vyose woba ufise, urashobora kubirwanya ukabitsinda. Naho bitokunda ko uvyikuramwo burundu, urashobora kwigumya ukirinda ‘gukora ivyo umubiri ugomba be n’ibihuye n’ivyiyumviro vyawe.’ (Ef. 2:3) None ni ibiki vyogufasha kurwanya ivyipfuzo bibi kandi ukabitsinda?
IVYOGUFASHA GUTAHUKANA INTSINZI
15. Nimba dushaka kurwanya ivyipfuzo bibi, kubera iki dukwiye kwemera ubugoyagoye bwacu?
15 Nimba dushaka kurwanya ivyipfuzo bibi kandi tukabitsinda, turakwiye kwemera ubugoyagoye dufise. Uraba maso ntiwibeshe ngo ukurikire ‘ivyiyumviro bitari vyo.’ (Yak. 1:22) Gufatira mu rwara ingorane ufise, ugatangura kwiyumvira nk’akarorero ngo «hariho n’abandi bansumvya kunywa», canke ugatangura guta ikosa ku bandi mu kuvuga ngo «sinari kuraba mashusho y’ibiterasoni iyo umugore wanje aza kuba anyitwararika cane.» Kwiyumvira gutyo nta kindi vyogufasha atari ugutuma ugwa mu nyosha mbi. Ntugerageze rero kurondera ivyitwazo vyo gukora ikibi, mbere naho hoba mu vyiyumviro. Uramenya ko ico ubiba ari co wimbura.—Gal. 6:7.
16. Ni igiki cogufasha kuguma wumiye ku gukora ibigororotse?
16 Hambavu yo kwemera ubugoyagoye ufise, urakwiye no kuguma wihatira gukora ibigororotse, ntutwarwe n’ubugoyagoye bwawe. (1 Kor. 9:26, 27; 1 Tes. 4:4; 1 Pet. 1:15, 16) Nugerageze kwiyumvira ibikunda kukwosha nabi be n’igihe bikunda kugushikira. Hari aho wosanga ari ikintu kanaka canke ugasanga bigushikira mu kiringo kanaka c’umusi. Nk’akarorero, vyoba bikunda kugushikira igihe uba urushe canke igihe ijoro riba ryitereye? Gerageza kwiyumvira imbere y’igihe icokwosha nabi, uce uba urategura ingene wovyifatamwo kigushikiye. Ivyo vyose ukwiye kubigira imbere y’uko uhura n’iyo nyosha mbi.—Imig. 22:3.
17. Twigira iki ku karorero ka Yozefu? (Itanguriro 39:7-9) (Raba n’amafoto.)
17 Raba ingene Yozefu yavyifashemwo igihe muka Potifari yagerageza kumuryosharyosha. Igihe uwo mugore yamusaba ko boryamana, yaciye abimwankira ashimitse. (Soma Itanguriro 39:7-9.) None ivyo bitwigisha iki? Yozefu yari azi neza ukuntu akwiye gufata umugore w’uwundi mugabo, n’imbere y’uko muka Potifari amuryosharyosha ngo baryamane. Na wewe, urakwiye kurushiriza kwiyemeza gukora ibigororotse imbere y’uko uhura n’inyosha mbi. Ivyo bizotuma ufata ingingo ibereye kuko uzoba witeguye.
Niwamirire kure inyosha mbi udatebaganye, nka kumwe kwa Yozefu (Raba ingingo ya 17)
‘GUMA WISUZUMA’
18. Ni ikindi kintu ikihe cogufasha kurwanya ivyipfuzo bibi kandi ukabitsinda? (2 Abakorinto 13:5)
18 Kugira ngo urwanye ivyipfuzo bibi kandi ubitsinde, urakwiye ‘kuguma wisuzuma’, kugira ngo urabe ukuntu uhagaze. (Soma 2 Abakorinto 13:5.) Uko haca igihe, nuze urasuzuma ivyiyumviro vyawe be n’ivyo ukora, uce ukosora ivyo ubona bikenewe. Nk’akarorero, n’igihe wotsinda inyosha mbi, niwibaze uti: «Vyamfashe umwanya ungana iki kugira ndayiyamirize?» Usanze vyagufashe umwanya munini, ntuce witako umwikomo. Ahubwo nuce uzirikana ku vyo wokora kugira ngo ubutaha uzovyifatemwo neza kuruta. Niwibaze utubazo nk’utu: «Norushiriza gute kwikuramwo ivyiyumviro bibi ntatebaganye? Uburyo nisamazamwo, bwoba butuma bitanyorohera kurwanya inyosha mbi? Bishitse hakaza amasanamu atabereye, noba nca ndeka kuyaraba? Noba ntahura ko igihe cose nkurikije ingingo ngenderwako za Yehova bingirira akamaro, naho biba vyasavye ko nigumya cane?»—Zab. 101:3.
19. Ni mu buryo ki ingingo ntonto dufata zitaranga ubukerebutsi, zishobora gutuma bitatworohera kurwanya ivyipfuzo bibi?
19 Urakwiye kandi kwirinda gufatira ibintu mu rwara. Bibiliya ivuga iti: «Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane.» (Yer. 17:9) Yezu yavuze ko mu mutima hava «ivyiyumviro bibi.» (Mat. 15:19) Nk’akarorero, umuntu yahevye ingeso yo kuraba amashusho y’ibiterasoni, haciye igihe yoshobora kwiyumvira ko ata co bitwaye kuraba amashusho akabura inambu y’umubiri, yitwaje ko aterekana abantu bari gusa. Canke na ho, yoshobora kwiyumvira ati: «Kuguma nishiramwo ivyiyumviro bibi nta co bitwaye kazima ntaba nabishize mu ngiro.» Ni nk’aho umutima w’umuhemu w’uwo muntu uba uriko «[ura]tegekanya guhaza ivyipfuzo vy’umubiri.» (Rom. 13:14) None wokwirinda gute kugwa muri uwo mutego? Uraba maso wirinde gufata ingingo ntonto zitaranga ubukerebutsi, zotuma mu nyuma ufata ingingo zikomeye zitaranga ubukerebutsi, nko kwirekerana ugakora ikibi.c Niwirinde rero «ivyiyumviro bibi» vyose vyotuma wishigikira mu mafuti.
20. Twiteze iki muri kazoza, kandi mu kurindira ni igiki kidufasha?
20 Nk’uko twabibonye, Yehova araduha inkomezi zo kurwanya inyosha mbi. Vyongeye, kubera imbabazi ziwe, turiteze kuzobaho ibihe bidahera mw’isi nshasha. Ese ukuntu ico gihe bizoba bihimbaye gukorera Yehova dufise umutima utyoroye utarimwo ivyipfuzo bibi! Mu kurindira, turakwiye kwemera tudakeka ko dushoboye kurwanya ivyipfuzo bibi, kandi ntidutakaze icizere. Tugize akigoro ko kurwanya ivyipfuzo bibi, Yehova aradufasha kubitsinda.
URURIRIMBO RWA 122 Dushikame, ntitunyiganyige!
a Uyu murongo Bibiliya Yera iwuvuga iti: «Nta cabagerageje kitari ico umuntu yoshobora kwihanganira.»
b INSIGURO Y’AMAJAMBO: Muri Bibiliya ijambo «igicumuro», akenshi ryerekeza ku kintu kibi umuntu akora, nko kwiba, gusambana, canke kwica. (Kuv. 20:13-15; 1 Kor. 6:18) Ariko rero mu vyanditswe bimwebimwe, ijambo «igicumuro» ryerekeza ku kuba tuvuka turi abacumuzi naho ata kintu kibi na kimwe tuba turakora.
c Niwibuke ko wa musore avugwa mu Migani 7:7-23, yagiye arafata ingingo ntonto zitaranga ubukerebutsi imbere y’uko afata ya ngingo ikomeye itaranga ubukerebutsi yo kwisuka mu busambanyi.
d INSOBANURO Y’AMAFOTO: Ibubamfu: Umuvukanyi akiri muto yiyicariye mw’iresitora, agiye abona abagabo babiri bariko baragaragarizanya ibimenyetso vy’urukundo. Iburyo: Mushiki wacu abonye abantu babiri bariko baranywa itabi.