Isekeza ridasanzwe ryagizwe muri Biligariya ryaravuyemwo ivyiza
“Ivyimburwa ni vyinshi mugabo abakozi ni bake. Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.”—MAT. 9:37, 38.
ESE ukuntu ayo majambo Yezu yavuze ahuye n’ukuntu ibintu vyifashe muri Biligariya, kino kikaba ari igihugu ciza cane kiri mu karere kitwa Balkans mu Bumanuko bushira Ubuseruko bw’Uburaya! Harakenewe vy’ukuri abakozi biyongereye kugira ngo babwire inkuru nziza abantu barenga imiliyoni indwi bahaba. Muri Biligariya hari abamamaji bashika 1.700, ariko ntibashobora guhetura ako karere kose. Ku bw’ivyo, Inama Nyobozi yaremeye ko hatumirwa Ivyabona bavuga ururimi rwo muri Biligariya bavuye mu bihugu bitari bike vy’i Buraya kugira ngo baje kugira uruhara mw’isekeza ridasanzwe ryabaye mu 2009. Vyari bitegekanijwe ko iryo sekeza rimara amayinga indwi mu ci, rikarangirana n’Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Mugume muri maso!” ryabereye i Sofia, ku wa 14 gushika ku wa 16 Myandagaro 2009.
Abantu benshi cane baritabiriye ako kamo
Abavukanyi bo ku biro vy’ishami i Sofia baribajije ukuntu abokwitabiriye ako kamo bavuye mu Budagi, mu Bufaransa, mu Bugiriki, mu Butaliyano, muri Esupanye, no muri Polonye bobaye bangana. Vyobasavye ko bafata urugendo bakaja muri Biligariya bakoresheje amahera yabo maze bagakoresha umwanya wabo w’akaruhuko mu kwamamaza. Ese ukuntu vyari biteye akamwemwe uko igitigiri c’abasaba kugira uruhara muri iryo sekeza caguma congerekana ku ndwi ku ndwi, gushika gishitse ku bantu 292! Kubera ko abantu bitabiriye ako kamo bari benshi gutyo, vyoshobotse ko abo bitanze barungikwa mu bisagara bitatu bitandukanye vyo muri Biligariya, ari vyo Kazanlak, Sandanski, na Silistra. Abacungezi b’imizunguruko bo muri Biligariya barateye akamo abatsimvyi be n’abamamaji baho ngo na bo nyene bashigikire iryo sekeza. Amaherezo, abitanze 382 baramamaje babigiranye umwete mu vyibare vyari bimaze kuvugwamwo inkuru nziza gake cane.
Abavukanyi bo mu mashengero yo mu micungararo bararungitswe imbere y’igihe kugira ngo batunganye ivyerekeye uburaro. Barakose amazu bongera barabikisha ivyumba mu mahoteli atazimvye. Abo bavukanyi bo muri ako karere barakoze bivuye inyuma kugira bafashe abitanze bariko barashika ngo bafate ibibanza vyabo hanyuma bagaca babaronsa ivyo bakeneye. Muri ivyo bisagara vyose uko ari bitatu, harakoswe ibibanza vyo kugiriramwo amakoraniro. Hararinganijwe ivy’uko amakoraniro y’ishengero arongorwa n’abavukanyi b’abashitsi. Vyari bihimbaye cane kubona muri ivyo bibanza ata n’Icabona n’umwe yabamwo, abamamaji 50 barakoranira hamwe kugira ngo bashemeze Yehova.
Umwete abaje bava mu bindi bihugu bagaragaje muri iryo sekeza wari mwinshi cane. Mu ci, muri Biligariya ubushuhe burashobora kurenga dogere 40. Ariko rero, nta kintu na kimwe cashobora guhagarika abo bavukanyi n’abavukanyikazi b’abanyamwete. I Silistra, kino kikaba ari igisagara kiri ku Ruzi Danube kibamwo abantu barenga 50.000, harashinzwe intahe inogangije mu ndwi zitatu za mbere. Ivyo vyatumye abavukanyi bakorera no mu bisagara vyo mu micungararo y’aho, mbere barashika n’i Tutrakan, ku bilometero 55 mu Burengero bwa Silistra. Akenshi batangura ubusuku isaha zitatu n’igice zo mu gitondo. Bamaze kwivuna umusase, akenshi barabandanya gushika isaha imwe z’ijoro canke bakayirenza. Muri ubwo buryo nyene, bivuye ku mwete mwinshi cane abo bitanze bagaragaje, isekeza ryabereye i Kazanlak n’i Sandanski ryarashitse mu bigwati no mu bisagara bibanyi.
Ni ibiki vyaranguwe?
Harashinzwe intahe idasanzwe mu kiringo c’ayo mayinga indwi. Nk’uko vyavuzwe mu gihe c’intumwa, abantu baba muri ivyo bisagara barashobora kuvuga bati: ‘Mwujuje igisagara cacu inyigisho zanyu.’ (Ivyak. 5:28) Ivyabona bagize uruhara muri iryo sekeza baratanze ibinyamakuru bishika ku 50.000 bongera baratanguza inyigisho za Bibiliya 482. Birashimishije kubona ku wa 1 Nyakanga 2009 harashinzwe ishengero i Silistra, kandi i Kazanlak be n’i Sandanski harashinzwe imigwi. Bireza umutima kubona abantu bumvise inkuru nziza ari bwo bwa mbere muri iryo sekeza bariko baratera imbere neza mu vy’impwemu.
Mu ndwi ya mbere y’iryo sekeza, hari mushiki wacu w’umutsimvyi adasanzwe avuga ururimi rwo muri Biligariya yaje ava muri Esupanye yabwiye inkuru nziza uwitwa Karina, uno akaba ari umukenyezi w’i Silistra yariko aragurisha ibinyamakuru mw’ibarabara. Karina yarashimishijwe hanyuma araza kw’ikoraniro. Yaremeye n’umutima ukunze kwiga Bibiliya. Kubera ko umugabo wiwe atemera ko Imana ibaho, Karina yaciye asaba yuko boza barigira Bibiliya muri mwene bwa busitani bwo kwisamarizamwo. N’abakobwa biwe babiri barifatanya na we mu kwiga Bibiliya. Umukuru, ari we Daniela, yaragaragaje ko ashimishwa bimwe bidasanzwe n’ukuri kwo muri Bibiliya. Yarasomye igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu ndwi imwe aca ubwo nyene arashira mu ngiro ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no kudakoresha ibishushanyo mu gusenga. Yaciye atangura kubwira abagenzi biwe ivyerekeye ukuri. Haciye indwi zitatu gusa yitavye ari bwo bwa mbere ikoraniro ry’ishengero, yabwiye wa mushiki wacu yamwigisha Bibiliya ati: “Numva ndi nkamwe. Nokora iki kugira ngo na jewe ntangure kwamamaza?” Daniela arabandanya gutera imbere neza, ari kumwe na nyina wiwe be na murumunawe.
I Kazanlak, umuvukanyi umwe aturuka muri Biligariya yitwa Orlin, uno akaba yari yavuye mu Butaliyano kugira ngo agire uruhara muri iryo sekeza, yari atashe aho yari yashikiye avuye mu murimo wo mu ndimiro. Orlin ari mu nzira, yarabwiye inkuru nziza imisore ibiri yari yicaye ku ntebe yo muri mwene bwa busitani bwo kwisamarizamwo. Yarabahaye igitabu Ivyo Bibiliya yigisha maze aratunganya ivyo gusubira kubaraba bukeye. Igihe Orlin yasubirayo, yaratanguye kwigana Bibiliya na Svetomir, iyo nyigisho ikaba yarabandanije ku musi wakurikiye. Mu misi icenda, Orlin yiganye na Svetomir incuro umunani. Svetomir yavuze ati: “Imisi ibiri imbere y’uko ndakubona, narasenze Imana ndayisaba ngo imfashe kuyimenya. Kandi narayisezeraniye yuko hamwe yomfasha, nociye ndayegurira ubuzima bwanje.” Orlin amaze gusubira mu Butaliyano, abavukanyi bo muri Biligariya barabandanije kwigana na Svetomir, kandi ubu ariko arihatira kubaho yisunga ukuri.
Abagira ivyo bahevye bararonka imihezagiro myinshi
None abakoresheje babikunze akaruhuko kabo bakongera bagafata ingendo bakoresheje amahera yabo bakaja mu kindi gihugu kwamamaza inkuru nziza bumva bamerewe gute? Umukurambere umwe asukurira muri Esupanye yanditse ati: “Iryo sekeza ryatumye abavukanyi bo muri Esupanye bamamaza mu cibare kivugwamwo ururimi rwo muri Biligariya barushiriza kwiyegerezanya. Ryaragize ikintu kinini rikoze ku bavukanyi barigizemwo uruhara.” Hari umugabo umwe n’umugore wiwe baje bava mu Butaliyano banditse bati: “Ukwo ni kwo kwabaye ukwezi kwiza kuruta ayandi yose mu buzima bwacu!” Bongeyeko bati: “Iryo sekeza ryarahinduye ubuzima bwacu! Ubu ntitukiri ba bandi.” Uwo mugabo n’umugore baciye batangura kuzirikana ata gufyina ibijanye n’uko boshobora kwimukira burundu muri Biligariya kugira ngo baje gusukurira aho bikenewe kuruta ahandi. Carina ni mushiki wacu w’umwirebange w’umutsimvyi asanzwe yaje ava muri Esupanye yashigikiye iryo sekeza i Silistra. Inyuma y’aho, yarahevye akazi yakora muri Esupanye aca yimukira muri Biligariya kugira ngo ashigikire rya shengero ryari riherutse kuvuka muri ico gisagara. Yari yaraziganije amahera ahagije yotuma ashobora kumara umwaka muri Biligariya. Carina avuga ku bijanye n’ingingo yafashe ati: “Ndahimbawe cane kuba Yehova anyemerera gukorera ino muri Biligariya, kandi ndizigiye ko nzoshobora kuguma ino igihe kirekire. Ndamaze kugira inyigisho za Bibiliya zitanu, kandi zitatu muri zo ziritaba amakoraniro.”
Mushiki wacu umwe w’Umutaliyanokazi yaripfuza kugira uruhara muri iryo sekeza, mugabo kubera ko ari ho yari agitangura akazi, nta musi n’umwe w’akaruhuko yari bwagire. Ata gucika intege, yarasavye ko yoronka ikonji atazohemberwa ry’ukwezi kumwe kandi yari yiteguriye guheba ako kazi yakora bishitse ntibamwemerere ivyo asavye. Yaratangaye igihe umukoresha wiwe yamubwira ati: “Nta kibazo, mugabo ndagusavye ikintu kimwe: Niwashika muri Biligariya utegerezwa kuzondungikira agakarata.” Nta gukeka ko uwo mushiki wacu yabonye ko Yehova yari yishuye amasengesho yiwe.
Uwitwa Stanislava, uno akaba ari mushiki wacu akiri muto wo mu gisagara co muri Biligariya citwa Varna yakora imisi yose ku kazi yahembwa amahera menshi, yarafashe ikonje kugira ngo agire uruhara mw’isekeza ryabereye i Silistra. Igihe yabona umunezero abatsimvyi benshi bari bazanywe no kwamamaza gusa inkuru nziza mu gihugu ciwe c’amavukiro bari bafise, yarakoroye amosozi. Yaciye atangura kuzirikana ku bijanye n’ukuntu yariko arakoresha ubuzima bwiwe, yitwararika ivy’akazi k’umubiri. Igihe yasubira iwabo inyuma y’indwi zibiri, yaciye aheba akazi yakora maze aba umutsimvyi asanzwe. Ubu arumva vy’ukuri ahimbawe, akaba ariko aribuka Umuremyi wiwe mu buto bwiwe.—Umus. 12:1.
Ese ukuntu ari umuhezagiro kugira umwete mu murimo wa Yehova! Nta kintu na kimwe ciza wokora coruta gutanga umwanya wawe n’inguvu zawe muri ca gikorwa gihambaye co kwigisha no kwamamaza inkuru nziza. Hoba hari uburyo butandukanye wewe ubwawe worushiriza kugira uruhara muri ubwo busuku burokora ubuzima? Mu gihugu iwanyu hoshobora kuba hariho uturere turimwo inkenero kuruta utundi. Woba ushobora kwimukira mu karere nk’ako? Canke na ho woshobora kurimbura ibijanye no kwiga urundi rurimi kugira ngo ufashe abantu bo mu gihugu iwanyu banyotewe ukuri kwo muri Bibiliya. Ivyo wohindura vyose kugira ngo urushirize kugira uruhara mu busuku, urashobora guhera amazinda yuko Yehova azoguhezagira cane.—Imig. 10:22.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 32]
Umusi w’intibagirwa
Benshi mu bari baje bavuye mu bindi bihugu vy’i Buraya kugira ngo bashigikire iryo sekeza ridasanzwe ryabereye muri Biligariya, baratunganije ivy’uko bokwitaba rya Hwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Mugume muri maso!” ryabereye i Sofia. Abavukanyi na bashiki bacu bo muri ico gihugu bararemeshejwe rwose no kubonana n’abashitsi benshi cane baje bava mu bihugu bitandukanye. Ese ukuntu abantu 2.039 bari bitavye iryo hwaniro bagize umunezero igihe umuvukanyi Geoffrey Jackson wo mu bagize Inama Nyobozi yamenyesha ko hasohotse Bibiliya y’isi nshasha yuzuye mu rurimi rwo muri Biligariya! Abari ng’aho bose kuri uwo musi wa gatanu baraseruye ugukenguruka kwabo kuvuye ku mutima mu kumara umwanya muremure bakoma amashi babigiranye umunezero. Mbere benshi barakoroye amosozi y’umunezero. Iyo Bibiliya itagiramwo amakosa iri mu mvugo yoroshe gutahura, izofasha Abanyabiligariya b’umutima nziraburyarya kumenya Yehova.
[Ikarata ku rup. 30, 31]
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
BILIGARIYA
Silistra
Kazanlak
Sandanski
SOFIA
[Amafoto ku rup. page 31]
Muri ayo mayinga indwi harashinzwe intahe ikomeye