ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w24 Mukakaro rup. 14-19
  • Guma uri maso, wirinde inyosha mbi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Guma uri maso, wirinde inyosha mbi
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NI IBIKI DUKWIYE KUGUMA TUBAKO MASO?
  • INGENE TWOKWIRINDA KUGWA MU GICUMURO
  • NUGUME URI MASO
  • KUGUMA URI MASO BIRAVAMWO IVYIZA
  • Ingene tworwanya ivyipfuzo bibi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Dutsinde Ubugoyagoye bwa Muntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Wonanira gute inyosha mbi?
    Be maso!—2014
  • ‘Nugume ukurikira’ Yezu n’inyuma y’ibatisimu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
w24 Mukakaro rup. 14-19

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 29

URURIRIMBO RWA 121 Turakeneye ukwigumya

Guma uri maso, wirinde inyosha mbi

«Gume muri maso kandi mugume musenga, kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo.»—MAT. 26:41.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Iki kiganiro kiradufasha kubona igituma bihambaye ko twirinda gukora igicumuro no gutera intambwe iyo ari yo yose yodushikana ku gukora igicumuro.

1-2. (a) Ni imburi iyihe Yezu yahaye abigishwa biwe? (b) Kubera iki abo bigishwa bataye Yezu? (Raba n’amafoto.)

«UMUTIMA urashashaye ariko umubiri uragoyagoya.»a (Mat. 26:41b) Ayo majambo Yezu yavuze arerekana ko atahura neza ko turi abantu badatunganye. Ariko kandi arimwo n’ingabisho, na yo ikaba ari iyi: Turakwiye kwirinda kwiyizigira birenze. Imbere y’uko Yezu avuga ayo majambo, abigishwa biwe bari barahiye bararengwa yuko batokwigeze bata uwo Shebuja wabo. (Mat. 26:35) Ico cari icipfuzo ciza. Ariko rero ntibari bazi yuko ibintu bimaze gukomera bocitse intege bitagoranye. Ni co gituma Yezu yababuriye ati: «Gume muri maso kandi mugume musenga, kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo.»—Mat. 26:41a.

2 Ikibabaje ni uko abo bigishwa batagumye bari maso. None igihe Yezu yafatwa boba bagumye bamwumiyeko, canke baratekewe n’ubwoba barahunga? Kubera ko batagumye bari maso, bakoze ivyo nyene bavuze ko batokwigeze bakora, barata Yezu.—Mat. 26:56.

Amafoto: Yezu n’intumwa ziwe bari mw’itongo ry’i Getsemani mw’ijoro. 1. Yezu ariko araganira n’intumwa ziwe. 2. Izo ntumwa zirasinziriye. 3. Yezu arafashwe, izo ntumwa zica ziriruka.

Yezu yasavye abigishwa biwe kuguma bari maso kugira birinde inyosha mbi, ariko baramutaye (Raba ingingo ya 1-2)


3. (a) Kubera iki dukwiye kwirinda kwiyizigira birenze, nimba twipfuza kuguma turi intahemuka kuri Yehova? (b) Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

3 Turakwiye kwirinda agatima ko kwiyemera. Naho twiyemeje kudakora ikintu na kimwe codutandukanya na Yehova, turi abantu badatunganye. Biroroshe rero ko tugwa mu nyosha mbi. (Rom. 5:12; 7:​21-23) Tutabiciye n’ikanda, twoshobora gushikirwa n’ibintu bitwosha nabi maze tugakora ikintu kitabereye. Kugira ngo tugume turi intahemuka kuri Yehova no ku Mwana wiwe, turakwiye gukurikiza impanuro ya Yezu idusaba kuba maso ku nyosha mbi zotuma dukora icaha. Iki kiganiro kirashobora kudufasha kuba maso. Tugiye kubanza kwihweza ibintu canecane dukwiye kubako maso. Ubukurikira turihweza ingene twokwirinda gutwarwa n’inyosha mbi. Tuza gusozera turaba ivyodufasha kuguma turi maso.

NI IBIKI DUKWIYE KUGUMA TUBAKO MASO?

4-5. Kubera iki dukwiye kuba maso mbere no ku bicumuro womengo ni bitobito?

4 N’ibicumuro womengo ni bitobito birashobora kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova. Birashobora no kudushikana ku gukora ibicumuro bikomeye.

5 Twese turoshwa gukora igicumuro. Ariko rero umwe wese muri twebwe arafise aho agoyagoya, nko kwoshwa gukora igicumuro gikomeye, kwisuka mu ngeso zihumanye canke gutwarwa n’ivyiyumviro vy’iyi si. Nk’akarorero, umwe yoshobora kuba ariko ararwanya icipfuzo co gukora igicumuro gikomeye, nk’ubusambanyi. Uwundi yoshobora kuba ariko ararwana urugamba rwo kwirinda gukora ibintu bihumanye, nko kwimara inambu y’umubiri ari wenyene canke kuraba amashusho y’ibiterasoni. Uwundi na we woshobora gusanga ariko ararwana n’ingorane yo gutinya abantu, kwiyemera, gutwarwa n’ishavu canke ikindi kintu. Nk’uko Yakobo yabivuze, «umwe wese arageragezwa iyo icipfuzo ciwe bwite kimukwegakweze, kikamuryosharyosha.»—Yak. 1:14.

6. Ni igiki dukwiye kwemanga?

6 Wewe woba uzi ibikubangamira cane? Guhakana ubugoyagoye dufise canke kwiyumvira ko dukomeye ku buryo tutogwa mu gicumuro, vyotugirira nabi. (1 Yoh. 1:8) Kanatsinda, Pawulo arerekana ko mbere «[n’aba]kwije ibisabwa mu vy’impwemu» boshobora gutwarwa n’inyosha mbi batabaye maso. (Gal. 6:1) Turakwiye rero kwemanga ko bishobora kudushikira kandi tukemera aho dufise ubugoyagoye.—2 Kor. 13:5.

7. Ni ibiki dukwiye kubako maso cane? Tanga akarorero.

7 None tumaze kumenya aho tugoyagoya, dukwiye guca dukora iki? Dukwiye guca turushiriza kumera magabo. Tubitangire akarorero. Mu bihe vya kera, mu marembo y’igisagara ni ho vyari vyoroshe cane ko umwansi amenera. Ni co gituma yarindwa cane. Na twebwe rero, turakwiye kuba maso cane, na canecane ku bintu tuzi ko dufisemwo ubugoyagoye.—1 Kor. 9:27.

INGENE TWOKWIRINDA KUGWA MU GICUMURO

8-9. Wa musore avugwa mu Migani ikigabane ca 7, yari kwirinda gute gukora igicumuro gikomeye? (Imigani 7:​8, 9, 13, 14, 21)

8 None twokwirinda gute kugwa mu gicumuro? Raba ivyo twokwigira ku musore avugwa mu Migani ikigabane ca 7. Yarasambanye n’umugore w’igihumbu. Umurongo wa 22 utubwira ko uwo musore yakurikiye uwo mugore «ubwo nyene.» Ariko rero nk’uko imirongo y’imbere y’uwo ivyerekana, hari ibindi bintu bitari bike uyo musore yari yabanje gukora, vyamushikanye buhorobuhoro kuri ico gicumuro.

9 None ivyo bintu yakoze ni ibihe? Ubwa mbere «[yaciye] iruhande y’ikorosi ry’ibarabara uwo mugore abako», ku mugoroba buhwibiriye. Mu nyuma na ho yaciye agenda atumbereye inzu uwo mugore abamwo. (Soma Imigani 7:​8, 9.) Ubukurikira, uwo musore amaze kubona uwo mugore, ntiyaciye asubira inyuma. Ahubwo yaremeye ko amusoma yongera arumviriza ivyo amubwira ko yari yatanze ibimazi vyo gusangira. Uwo mugore ashobora kuba yabivuze mu ntumbero yo kumwereka ko atari umuntu mubi. (Soma Imigani 7:​13, 14, 21.) Iyo uwo musore yirinda ivyo bintu vyose ntiyari kugwa muri ico caha.

10. Muri iki gihe, umuntu yokora gute ikosa nk’iryo uwo musore yakoze?

10 Iyo nkuru y’uwo musore irerekana ibintu vyoshobora gushikira umusavyi wa Yehova uwo ari we wese. Yoshobora kugwa mu gicumuro gikomeye hanyuma akavuga ko yakiguyemwo bukwi na bukwi. Ariko rero asubije ubwenge inyuma akaraba ingene ibintu vyagenze, hari aho yosanga hariho intambwe zitabereye yabanje gutera zamushikanye kuri ico gicumuro. Izo ntambwe zoshobora kuba ari ukwifatanya n’abagenzi babi, ukwisamaza mu buryo butabereye, kuja ahantu hateye amakenga, canke kuja ku mbuga zo kuri internet ziteye amakenga. Hari n’aho yosanga yari yarahevye gusenga, gusoma Bibiliya, kwitaba amakoraniro canke kuja mu ndimiro. Cokimwe na wa musore avugwa mu Migani, yoshobora gusanga ico gicumuro atakiguyemwo bukwi na bukwi nk’uko avyiyumvira.

11. Twokora iki kugira ngo twirinde kugwa mu gicumuro?

11 None icigwa ni ikihe? Ntidukwiye kwirinda igicumuro gusa, ahubwo turakwiye no kwirinda gutera intambwe zodushikana kuri co. Ico ciyumviro ni co nyene Salomo ashira ahabona, ahejeje kuvuga inkuru ya wa musore na wa mugore w’igihumbu. Ku bijanye n’uwo mugore, avuga ati: «Ntimwiyerereze mu nzira ziwe.» (Imig. 7:25) Ku mugore nk’uwo w’igitandero, Salomo aduhanura kandi ati: «Numuce kure, kandi ntiwegere umuryango w’inzu yiwe.» (Imig. 5:​3, 8) Ego cane, kugira ngo twirinde gukora igicumuro, dutegerezwa guca kure ibintu vyose vyodushikana kuri co.b Muri ivyo hoshobora kubamwo ibintu muri rusangi bitabujijwe ku bakirisu, ariko vyoshobora kutwosha gukora igicumuro.—Mat. 5:​29, 30.

12. Ni umwiyemezo uwuhe Yobu yagize, kandi wari kumufasha gute kwirinda inyosha mbi? (Yobu 31:1)

12 Kugira ngo twirinde ibintu vyodushikana ku kugora icaha, turakwiye kugira umwiyemezo ukomeye. Ivyo nyene ni vyo Yobu yakoze. ‘Yagiraniye isezerano n’amaso yiwe’ ryo kutigera araba umugore w’abandi ku buryo amwipfuza. (Soma Yobu 31:1.) Kwumira kuri uwo mwiyemezo vyomufashije kutarenga ibigo. Natwe turakwiye kugira umwiyemezo wo kwirinda ikintu ico ari co cose cohava kitujana mu nyosha mbi.

13. Kubera iki dukwiye kuba maso ku vyo twiyumvira? (Raba n’amafoto.)

13 Turakwiye no kuba maso ku vyo twiyumvira. (Kuv. 20:17) Hari ababona ko kuguma biyumvira ibintu bibi ata co bitwaye, magingo batabishize mu ngiro. Ariko rero ukwo ni ukwihenda. Uko umuntu aguma yiyumvira ibintu bibi, ni ko n’icipfuzo co kubikora kiguma kirushiriza gukomera. Ni nk’aho uwo muntu aba yikwegeye inyosha mbi izomugora kurwanya. Ego ni ko birashika twese tukagira ivyiyumviro bibi. Bishitse, igihambaye ni uguca tuvyikuramwo tukabisubiriza ivyiyumviro vyiza. Tubigenjeje gutyo, tuba tubujije ivyo vyiyumviro kudutsimbataramwo ku buryo bitugora kurwanya, bigahava bidushikana ku gukora igicumuro gikomeye.—Flp. 4:8; Kol. 3:2; Yak. 1:​13-15.

Amafoto: 1. Umuvukanyi ariko araraba televiziyo mw’ijoro. 2. Ariko araraba umugore bakorana ku buryo amwipfuza. 3. We na nya mugore basohokanye gufata akantu mu kabare.

Turakwiye kwirinda ikintu cose coshobora kutujana mu nyosha mbi (Raba ingingo ya 13)


14. Ni ikindi kintu ikihe codufasha kwirinda inyosha mbi?

14 None ni ikindi kintu ikihe codufasha kwirinda inyosha mbi? Ni ukwemera tudakeka ko kugamburuka amategeko ya Yehova vyama bitugirira akamaro. Rimwe na rimwe usanga bitatworohera kwiyumvira no gukora ibintu nk’uko Yehova abishaka. Ariko iyo twihatiye kubigira, turironkera amahoro yo mu mutima.

15. Gutsimbataza ivyiyumviro vyiza bidufasha gute kwirinda inyosha mbi?

15 Turakwiye no gutsimbataza ivyiyumviro vyiza. Iyo twimenyereje ‘kwanka ikibi tugakunda iciza’, biratuma turushiriza gukomeza umwiyemezo dufise wo gukora iciza, no kwirinda ibintu vyohava bituma dukora igicumuro. (Am. 5:15) Kugira ivyiyumviro vyiza, bizotuma kandi tuguma dushikamye nitwahura n’inyosha mbi tutari tuvyiteze.

16. Ibikorwa vy’impwemu bidufasha gute kuguma turi maso? (Raba n’amafoto.)

16 None twotsimbataza gute ivyiyumviro vyiza? Twobigira mu kwitaho cane ivy’impwemu. Igihe turi mu makoraniro canke mu ndimiro usanga bitoroshe ko twoshwa nabi. Ahubwo tuba turiko turakomeza umwiyemezo dufise wo guhimbara Yehova. (Mat. 28:​19, 20; Heb. 10:​24, 25) Gusoma Ijambo ry’Imana, kuryiga no kurizirikanako biratuma turushiriza gukunda iciza no kwanka ikibi. (Yos. 1:8; Zab. 1:​2, 3; 119:​97, 101) Niwibuke ko Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugume musenga, kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo.» (Mat. 26:41) Kwitura Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru mw’isengesho, biratuma adufasha bikongera bigakomeza umwiyemezo wacu wo kumuhimbara.—Yak. 4:8.

Kugumana urutonde rwiza rw’ivy’impwemu biradufasha kwirinda inyosha mbi (Raba ingingo ya 16)c


NUGUME URI MASO

17. Ni ubugoyagoye ubuhe Petero yagaragaje akatari gake?

17 Hariho ubugoyagoye bumwebumwe usanga dushobora gutsinda burundu. Ariko rero hariho n’ubundi usanga butubera rutarara. Raba akarorero k’intumwa Petero. Yarihakanye Yezu incuro zitatu zose, kubera gutinya abantu. (Mat. 26:​69-75) Mu nyuma, igihe Petero yarengutswa imbere y’Inama nkuru maze agashinga intahe ikomeye, wamengo yari yaratsinze iyo ngorane yo gutinya abantu. (Ivyak. 5:​27-29) Ariko rero imyaka mikeyi inyuma y’aho, yarahagaritse gatoyi gusangira n’abakirisu b’abanyamahanga «kubera [gu]tinya abagenyerewe.» (Gal. 2:​11, 12) Bwa bwoba bwa Petero bwari bwagarutse. Birashoboka ko atigeze abutsinda burundu.

18. Ni ibiki vyoshobora gushika ku bijanye n’ingeso mbi zimwezimwe twigeze kuba dufise?

18 Natwe twoshobora gushikirwa n’ikintu nk’ico. Uti gute? Ingeso zimwezimwe twibaza ko twamaze gutsinda, zoshobora gusubira kuvyura umutwe. Nk’akarorero, umuvukanyi umwe avuga ati: «Naramaze imyaka cumi narahevye kuraba amashusho y’ibiterasoni, kandi nabona ko iyo ngorane namaze kuyitsinda. Ariko rero nahavuye nsanga iyo ngeso yari yirabitse gusa, irindiriye akaryo kotuma ica isubira kuvyura umutwe.» Igishimishije, ntiyaciye atana n’akabando. Yahavuye asanga ari urugamba yotegerejwe kurwana buri musi, kumbure ubuzima bwiwe bwose. Abifashijwemwo n’umugore wiwe be n’abakurambere, yarafashe ingingo ruhasha zotuma yirinda kuraba amashusho y’ibiterasoni.

19. Tworwanya gute ingeso iguma ivyura umutwe?

19 None tworwanya gute ingeso iguma ivyura umutwe. Ni mu gukurikiza impanuro Yezu yatanze yo ‘kuguma turi maso’ ku bijanye n’inyosha mbi. N’igihe uba wumva ko ufise ukwizera gukomeye, nubandanye kwirinda ibintu vyotuma ugwa mu nyosha mbi. (1 Kor. 10:12) Nubandanye gukora ibintu vyagufashije gutsinda ubugoyagoye wari ufise. Mu Migani 28:14 hagira hati: «Hahiriwe umuntu yama yiyubara.»—2 Pet. 3:14.

KUGUMA URI MASO BIRAVAMWO IVYIZA

20-21. (a) Ni ivyiza ibihe tuzokwironkera nitwaguma twirinda inyosha mbi? (b) Nitwarangura uruhara rutwega, Yehova na we azoheza adukorere iki? (2 Abakorinto 4:7)

20 Turemera tudakeka ko nitwaguma twirinze inyosha mbi tuzokwironkera ivyiza. Naho igicumuro coshobora kuzana ‘umunezero w’akanya gato’, kubaho twisunga ingingo ngenderwako za Yehova ni vyo bituma tugira umunezero mwinshi. (Heb. 11:25; Zab. 19:8) Ivyo ni ko biri kubera ko twaremwe kugira ngo tubeho twisunga inzira ziwe. (Ita. 1:27) Tubigenjeje gutyo turagira ijwi ryiza ryo mu mutima kandi tukaba ababereye kuronka ubuzima budahera.—1 Tim. 6:12; 2 Tim. 1:3; Yuda 20, 21.

21 Ego ni ko «umubiri uragoyagoya.» Ariko ivyo ntibisobanura ko tutorwanya ubugoyagoye dufise. Yehova yama yiteguriye kuduha ububasha dukeneye. (Soma 2 Abakorinto 4:7.) Urabona ko Yehova aduha ububasha burengeye ubusanzwe. Tubanza rero gukoresha ububasha dusanzwe dufise, ni ukuvuga ko tugira akigoro buri musi kugira ngo twirinde inyosha mbi. Turanguye uruhara rutwega, turashobora kwizigira ko Yehova azokwishura amasengesho tumutura tumusaba ko yotwongera inkomezi. (1 Kor. 10:13) Ego cane, Yehova adufashije turashobora kuguma turi maso tukirinda inyosha mbi.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni ibintu ibihe dukwiye kubako maso kugira twirinde inyosha mbi?

  • Twokwirinda gute inyosha mbi?

  • Kubera iki dukwiye kuguma turi maso?

URURIRIMBO RWA 47 Senga Yehova buri musi

a INSOBANURO Y’AMAJAMBO: «Umutima» uvugwa muri Matayo 26:​41, ni inguvu iri imbere muri twebwe ituma twiyumvira ukunaka canke dukora ukunaka. «Umubiri» na wo werekeza ku kuba turi abanyagasembwa. Twoshobora rero kuba twipfuza gukora ibibereye, ariko tutabaye maso vyoshika tukwoshwa gukora ivyo Bibiliya yiyamiriza.

b Umuntu yakoze igicumuro gikomeye yoshobora gufashwa n’ibivugwa mu cigwa ca 57, iciyumviro ca 1-3 mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera, be n’ibivugwa mu kiganiro kivuga ngo «Nugumize amaso kuri kazoza», kiri mu Munara wo muri Munyonyo 2020, rup. 27-29, ing. 12-17.

c INSOBANURO Y’IFOTO: Umuvukanyi ariko arasoma icanditswe c’umusi mu gitondo, mu karuhuko ka sasita ariko arasoma Bibiliya, ku mugoroba na ho yitavye ikoraniro ry’ubuzima bwacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika