ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Ntwarante rup. 2-7
  • Ntutebagane kubatizwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntutebagane kubatizwa
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ABASAMARIYA BARABATIJWE
  • SAWULI W’I TARUSO YARABATIJWE
  • KORUNELIYO YARABATIJWE
  • ABAKORINTO BARABATIJWE
  • UKWIZERA KWAWE KURASHOBORA KWIMURA IMISOZI
  • Guma utera imbere ugana kw’ibatisimu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Ico ibatisimu isobanura be n’igituma ihambaye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • ‘Nugume ukurikira’ Yezu n’inyuma y’ibatisimu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Yarahinduye cane uburyo yiyumvira
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Ntwarante rup. 2-7

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 9

URURIRIMBO RWA 51 Twariyeguriye Imana!

Ntutebagane kubatizwa

«Utebejwe n’iki? Haguruka ubatizwe.»—IVYAK. 22:16.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turihweza uburorero bwogufasha gutera imbere ukabatizwa. Turaza kubona akarorero k’Abasamariya, aka Sawuli w’i Taruso, aka Koruneliyo be n’ak’Abakorinto.

1. Ni imvo zimwezimwe izihe zotuma ubatizwa?

WOBA ukunda Yehova we yaguhaye ivyiza vyose ufise, ushizemwo n’ubuzima bwawe? Woba wipfuza kumwereka ko umukunda? Uburyo bwiza kuruta wovyerekana ni ukumwiyegurira maze ukabatizwa. Ivyo ubigize uca uba mu bagize umuryango wa Yehova. Umaze kuba uwiwe, bica bituma uwo Muvyeyi wawe akaba n’Umugenzi wawe, akuyobora akongera akakwitwararika. (Zab. 73:24; Yes. 43:​1, 2) Kwiyegurira Imana no kubatizwa biratuma kandi ugira icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera.—1 Pet. 3:21.

2. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

2 Hoba hari ikikubuza kubatizwa? Nimba kiriho, uri mu bandi. Hariho abantu amamiliyoni bakwitangiye imbere vyabaye ngombwa ko bahindura ingeso zabo be n’ivyiyumviro vyabo kugira bashobore kubatizwa. Ubu bakorera Yehova n’umwete kandi bahimbawe. Ni ibiki wokwigira ku bantu bamwebamwe babatijwe mu kinjana ca mbere? Reka turabe ivyari kubabuza kubatizwa be n’ivyigwa twobigirako.

ABASAMARIYA BARABATIJWE

3. Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyari kubuza Abasamariya kubatizwa?

3 Mu gihe ca Yezu, Abasamariya kari akadumbi k’idini kari gaherereye mu micungararo y’igisagara ca Shekemu na Samariya, mu buraruko bw’i Yudaya. Kugira ngo Abasamariya babatizwe, bategerezwa kwemera Ijambo ry’Imana ryose uko ryakabaye kandi bakarushiriza kumenya vyinshi. Abasamariya bemera ko ibitabu bitanu vya mbere vyo muri Bibiliya, ni ukuvuga kuva mw’Itanguriro gushika mu Gusubira mu Vyagezwe, kumbure ushizeko n’igitabu ca Yosuwa, ari vyo gusa vyahumetswe n’Imana. Naho batemera ibindi bitabu, bari biteze ko Mesiya yoje bishimikije umuhango Imana yatanze mu Gusubira mu Vyagezwe 18:​18, 19. (Yoh. 4:25) Kugira babatizwe bategerezwa kubanza kwemera ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe, kandi «Abasamariya benshi» baramwizeye. (Yoh. 4:39) Abandi Basamariya vyabaye ngombwa ko bikuramwo agatima ko kwinubana kari karashinze imizi hagati y’Abasamariya n’Abayuda.—Luka 9:​52-54.

4. Twisunze Ivyakozwe 8:​5, 6, 14, Abasamariya bamwebamwe bakiriye gute inkuru nziza Filipo yababwiye?

4 Ni ibiki vyafashije Abasamariya kubatizwa? Igihe umwigisha w’inkuru nziza yitwa Filipo yabamenyesha «ivyerekeye Kristu», Abasamariya bamwebamwe ‘baremeye ijambo ry’Imana.’ (Soma Ivyakozwe 8:​5, 6, 14.) Naho Filipo yari Umuyuda baramwumvirije. Ivyo bishobora kuba vyatumwe n’uko bibutse imirongo yo muri vya bitabu bitanu yerekana ko Imana itagira nkunzi. (Gus. 10:​17-19) Icoba carabitumye caba ikihe, ‘barateze yompi ivyo Filipo yavuga’ ku vyerekeye Kristu bongera baremera ibimenyamenya bitomoye vyerekana ko Filipo yari ashigikiwe n’Imana. Filipo kandi yarakoze ibitangaro vyinshi, ushizemwo no gukiza abarwaye hamwe no kwirukana amadayimoni.—Ivyak. 8:7.

5. Wigira iki ku Basamariya?

5 Agatima abo Basamariya bari bafise ko kwinuba Abayuda be no kuba ata bumenyi bwinshi bari bafise, vyari gushobora gutuma badatera imbere. Ariko rero ntibaretse ngo bibabuze gutera imbere. Abasamariya bamaze kujijuka ko ivyo Filipo yabigishije kwari ukuri, ntibatevye kubatizwa. Bibiliya ivuga iti: «Aho Filipo ababwiriye inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana n’izina rya Yezu Kristu, baciye bizera ivyo avuga maze barabatizwa, abagabo n’abagore bose hamwe.» (Ivyak. 8:12) Woba nawe warajijutse ko Ijambo ry’Imana ari ukuri? Woba ubona neza ko Ivyabona vya Yehova batsinze agatima ko kwinubana kandi ko bihatira kugaragarizanya urukundo nyakuri, rwo ruranga abakirisu b’ukuri? (Yoh. 13:35) Nimba ari ko biri, ntutinye gufata ingingo yo kubatizwa. Niwizigire ko Yehova azogufasha.

6. Akarorero ka Ruben kogufasha gute?

6 Uwitwa Ruben wo mu Budagi yakuriye mu muryango w’Ivyabona vya Yehova. Ariko igihe yari akiri muto yarakekeranya ko Yehova abaho. None yakoze iki kugira izo nkeka zihere? Amaze kubona ko afise ubumenyi buke yaciye afata ingingo yo kugira ico akoze. Yavuze ati: «Nariyigishije kugira ngo ndonke ibimenyamenya vyotuma izo nkeka zihera. Narasuzumye kenshi gashoboka ibijanye na ya nyigisho ijanye n’ivy’ihindagurika.» Ruben yarasomye igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous ? Ico gitabu caramufashije cane. Yaciye avuga ati: «Erega bwa bundi Yehova arabaho!» Igihe na ho Ruben yatembera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, yararushirije gukorwa ku mutima n’ubumwe budasanzwe burangwa mu bavukanyi kw’isi yose. Ruben amaze gusubira mu Budagi, yaciye abatizwa afise imyaka 17. Nimba nawe ukekeranya ku vyo wize, nugire ubushakashatsi mu bitabu vyacu kugira ubone ivyogufasha guhera amazinda. Inkeka ufise zirashobora guhera wironkeje «ubumenyi butagira amakosa.» (Ef. 4:​13, 14) Vyongeye, kwumva ivyerekeye urukundo n’ubumwe birangwa mu basavyi ba Yehova hirya no hino kw’isi no kuvyibonera mw’ishengero urimwo, bizotuma urushiriza gukunda umuryango wacu w’abavukanyi.

SAWULI W’I TARUSO YARABATIJWE

7. Kubera iki Sawuli yategerezwa guhindura ivyiyumviro?

7 Raba akarorero ka Sawuli w’i Taruso. Yaguma atera imbere mw’idini ry’Abayuda kandi yari azi neza amategeko yabo. Ivyo vyatuma aba umuntu akomeye. (Gal. 1:​13, 14; Flp. 3:5) Kubera ko ico gihe Abayuda benshi babona abakirisu nk’abarwanya Imana, Sawuli yarabatoteza yivuye inyuma. Ivyo yabikora yiyumvira ko yariko akorera Imana. (Ivyak. 8:3; 9:​1, 2; 26:​9-11) Kugira ngo Sawuli yizere Yezu maze abatizwe, yategerezwa kwemera guhamwa cokimwe n’abandi bakirisu.

8. (a) Ni ibiki vyafashije Sawuli kubatizwa? (b) Twisunze Ivyakozwe 22:​12-16, Ananiya yafashije gute Sawuli? (Raba n’ifoto.)

8 Ni ibiki vyafashije Sawuli kubatizwa? Umukama Yezu amaze kuzuka akaja mw’ijuru, yarabonekeye Sawuli. Ico gihe Sawuli yaciye ahuma. (Ivyak. 9:​3-9) Yamaze imisi itatu yisonzesha, kandi biboneka ko ico gihe yagumye azirikana ku vyari vyabaye. Ivyo vyatumye ajijuka ko Yezu ari we Mesiya be n’uko abigishwa biwe bari mw’idini ry’ukuri. Sawuli ategerezwa kuba yaratuntujwe cane no kuba yaragize uruhara mw’iyicwa rya Sitefano. (Ivyak. 22:20) Iyo misi itatu iheze, umwigishwa Ananiya yaregereye Sawuli n’umutima mwiza aramukiza urwo ruhumyi, yongera aramuremesha kubatizwa adatebaganye. (Soma Ivyakozwe 22:​12-16.) Sawuli yaricishije bugufi aremera gufashwa maze aca arabatizwa.—Ivyak. 9:​17, 18.

Sawuli yinjiye mu mazi kugira ngo abatizwe. Abantu bakeya bahari bariko barabiraba baryohewe.

Woba nawe uzokwemera indemesho yo kubatizwa nka Sawuli? (Raba ingingo ya 8)


9. Wokwigira iki kuri Sawuli?

9 Hariho ivyigwa dushobora kwigira kuri Sawuli. Yari gushobora kureka ubwishime canke ugutinya abantu bikamubuza kubatizwa. Ariko si ko yabigenjeje. Sawuli amaze kumenya ukuri kwerekeye Kristu, yaricishije bugufi aremera guhindura ingendo. (Ivyak. 26:​14, 19) Sawuli yaremeye kuba umukirisu naho yari azi ko vyotumye ahamwa. (Ivyak. 9:​15, 16; 20:​22, 23) N’inyuma yo kubatizwa, yagumye yiheka kuri Yehova kugira ngo amufashe kwihanganira ingorane zitandukanye. (2 Kor. 4:​7-10) Ubatijwe ukaba Icabona ca Yehova, vyoshobora gutuma ushikirwa n’ingorane canke ibigerageza ukwizera kwawe. Ariko ntuzoba uri wenyene. Imana na Kristu bazokwama bari hafi yawe kugira bagushigikire.—Flp. 4:13.

10. Akarorero ka Anna kagufasha gute?

10 Anna yakuriye mu muryango w’Abakirde mu buseruko bw’Uburaya. Nyina wiwe amaze kubatizwa, se wa Anna yaramuhaye uburenganzira bwo gutangura kwiga Bibiliya, ico gihe akaba yari afise imyaka 9. Ariko rero, ivyo vyarateye ingorane mu zindi ncuti zabana n’umuryango wabo. Izo ncuti zabona ko ari akamaramaza kubona umwe mu bagize umuryango aheba idini rya ba sekuruza. Igihe Anna yari afise imyaka 12 yarasavye se uruhusha rwo kubatizwa. Se yaramubajije nimba ari we yifatiye iyo ngingo canke nimba hari uwariko aramuhata. Anna yamwishuye ati: «Ni kubera ko nkunda Yehova.» Se yaciye amwemerera kubatizwa. Anna amaze kubatizwa, za ncuti ziwe zagumye zimucokora zongera zimufata nabi. Umwe muri bo yabwiye Anna ati: «Wopfuma uba imaraya canke umunywi w’itabi hako uba Icabona ca Yehova.» None ivyo vyose Anna yavyihanganiye gute? Yavuze ati: «Yehova yarankomeje, papa na mama na bo baranshigikira cane.» Anna aguma yandika ibiringo bitandukanye aho yiboneye ukuboko kwa Yehova mu buzima bwiwe. Arakunda kuza araraba ivyo biringo yanditse kugira ntiyibagire ukuntu Yehova yamufashije. Nimba na wewe utinya guhamwa, uribuka ko Yehova azogufasha.—Heb. 13:6.

KORUNELIYO YARABATIJWE

11. Ni ibiki vyari kubuza Koruneliyo kubatizwa?

11 Bibiliya iratubwira kandi akarorero ka Koruneliyo. Yari intwazangabo mu gisoda c’Uburoma, yagaba abasoda 100. (Ivyak. 10:​1, akajambo k’epfo.) Ico giti gishobora kuba caratuma aba umuntu yubahitse mu kibano no mu gisoda. «Yarafasha cane aboro.» (Ivyak. 10:2) Yehova yararungitse intumwa Petero ngo aje kumubwira inkuru nziza. None ico giti Koruneliyo yari afise coba caratumye agonanwa kubatizwa?

12. Ni ibiki vyafashije Koruneliyo kubatizwa?

12 Ni ibiki vyafashije Koruneliyo kubatizwa? Bibiliya ivuga ko yari umuntu ‘atinya Imana we n’urugo rwiwe rwose’, kandi ko yama atakambira Imana. (Ivyak. 10:2) Igihe Petero yabwira inkuru nziza Koruneliyo, we n’abo mu rugo rwiwe baciye bizera Kristu maze barabatizwa. (Ivyak. 10:​47, 48) Koruneliyo yari yiteguriye guhindura ibikenewe vyose kugira we n’umuryango wiwe bakorere Yehova bari kumwe.—Yos. 24:15; Ivyak. 10:​24, 33.

13. Wigira iki kuri Koruneliyo?

13 Cokimwe na Sawuli, Koruneliyo na we nyene yari gushobora kureka igiti yari afise kikamubuza kubatizwa. Ariko si ko vyagenze. Weho bite? Hoba hari ihinduka rikomeye ukeneye kugira mu buzima kugira ngo ubatizwe? Nimba ari ko biri, Yehova azogufasha. Azoguhezagira kubera uzoba wiyemeje kumukorera wisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

14. Akarorero ka Tsuyoshi kogufasha gute?

14 Tsuyoshi wo mu Buyapani, yategerezwa kugira ivyo ahinduye mu kazi yakora kugira abatizwe. Yari icegera c’umuyobozi w’ishure ryitwa Ikenobo, ryigisha ivyo gutunganya amashurwe. Igihe uwo muyobozi yaba afatiriwe ntiyitabe amaziko kanaka, akenshi Tsuyoshi ni we yaca amuserukira mu migirwa y’Ababuda. Ariko igihe Tsuyoshi yamenya ukuri ku bijanye n’abapfuye, yaciye abona ko atoshobora kubatizwa agikurikiza mwene iyo migirwa. Yaciye rero afata ingingo yo kudasubira kuyigiramwo uruhara. (2 Kor. 6:​15, 16) Tsuyoshi yaraganiriye ivy’ico kibazo na wa muyobozi. None vyavuyemwo iki? Tsuyoshi yaragumye muri ako kazi, mugabo iyo migirwa ntiyasubira kuyigiramwo uruhara. Yabatijwe haheze nk’umwaka atanguye kwiga Bibiliya.a Nimba hari ivyo ukeneye guhindura ku bijanye n’akazi ukora kugira uhimbare Imana, numenye neza ko izokuronsa ivyo wewe n’umuryango wawe mukenera.—Zab. 127:2; Mat. 6:33.

ABAKORINTO BARABATIJWE

15. Ni ibiki vyari gushobora gutuma Abakorinto batabatizwa?

15 Abantu baba mu gisagara ca kera c’i Korinto, bari bazwi ko bakunda amaronko kandi ko bataye ubuntu. Benshi muri bo bakora ibintu bidahimbara Imana. Birumvikana rero ko umuntu wese yaba yipfuza gukorera Imana bitamworohera. Yamara igihe intumwa Pawulo yaza muri ico gisagara akabamenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu, ‘benshi mu Bakorinto bumvise ubutumwa baciye batangura kwizera maze barabatizwa.’ (Ivyak. 18:​7-11) Mu nyuma, Umukama Yezu Kristu yariyeretse Pawulo amubwira ati: «Mfise abantu benshi muri iki gisagara.» Pawulo rero yaciye aguma ng’aho umwaka n’amezi atandatu abigisha Ijambo ry’Imana.

16. Ni ibiki vyafashije Abakorinto bamwebamwe kubatizwa? (2 Abakorinto 10:​4, 5)

16 Ni ibiki vyafashije Abakorinto kubatizwa? (Soma 2 Abakorinto 10:​4, 5.) Ijambo ry’Imana be n’impwemu yayo nyeranda y’ububasha, ni vyo vyabafashije guhinduka cane. (Heb. 4:12) Abakorinto bemeye inkuru nziza yerekeye Kristu barashoboye guheba ingeso mbi bari bafise, nk’akaborerwe, ubusuma, n’uguhuza ibitsina kw’ababisangiye.—1 Kor. 6:​9-11.b

17. Wokwigira iki ku Bakorinto?

17 Turabona yuko naho Abakorinto bamwebamwe hari ingeso zari zarabiziziye bategerezwa guheba, ntibaciye bashika ku ciyumviro c’uko batazopfa bashoboye gutera intambwe yo kubatizwa. Barakoze uko bashoboye kwose kugira bace mw’irembo ryaga rijana mu buzima. (Mat. 7:​13, 14) Woba uriko urarwana urugamba rwo guheba ingeso mbi kanaka kugira ubatizwe? Ntutane n’akabando. Nutakambire Yehova umusaba impwemu yiwe nyeranda kugira igufashe kurwanya icipfuzo co gukora ikibi.

18. Akarorero ka Monika kogufasha gute?

18 Monika wo muri Jeworojiya yarakoze uko ashoboye kwose ngo ahebe kuvuga ibijambo bibi no kwinezereza mu buryo butabereye, kugira ashobore gutera intambwe yo kubatizwa. Yavuze ati: «Igihe nari nkiri umuyabaga, isengesho ryaramfasha cane. Yehova yari azi ko nshaka gukora ikibereye kandi yama amfasha, akanyobora.» Monika yabatijwe afise imyaka 16. Woba nawe hari ingeso wipfuza guheba kugira ukorere Yehova mu buryo ashima? Nubandanye rero kumusaba inkomezi kugira ugire ivyo uhinduye. Yehova aratanga impwemu yiwe nyeranda atitangiriye itama.—Yoh. 3:34.

UKWIZERA KWAWE KURASHOBORA KWIMURA IMISOZI

19. Ni ibiki vyogufasha gutsinda intambamyi zimeze nk’imisozi? (Raba n’ifoto.)

19 Numenye neza ko Yehova agukunda kandi ko yipfuza ko uba mu bagize umuryango wiwe. Ukwo ni ko biri naho woba uhanganye n’intambamyi zimeze gute zokubuza kubatizwa. Yezu yabwiye umugwi w’abigishwa biwe ati: «Hamwe mwoba mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwira uyu musozi muti: “Va ng’aha uje hariya”, kandi wogenda. Nta kintu na kimwe cobananira.» (Mat. 17:20) Abariko baramwumviriza bari bamaze imyaka mike gusa bagendana na Yezu, ukwizera kwabo rero kukaba kwari kugikura. Yezu yarabasubirije umutima mu nda, arababwira ko hamwe boguma bakomeza ukwizera kwabo, Yehova yobafasha gukuraho intambamyi zimeze nk’imisozi. Kandi na wewe Yehova azogufasha kubigira.

Umugwi w’abavukanyi na bashiki bacu baryohewe, bariko barakomera amashi abahejeje kubatizwa kw’ihwaniro.

Numenye neza ko Yehova agukunda kandi ko yipfuza ko uba mu bagize umuryango wiwe (Raba ingingo ya 19)c


20. Uburorero bw’abakirisu bo mu gihe ca kera n’abo muri iki gihe twabonye muri iki kiganiro bwagufashije gute?

20 Nimba ubona hari intambamyi zikubuza gutera intambwe yo kubatizwa, nuce ugira ico ukoze udatebaganye kugira uzikure mu nzira. Nuremeshwe n’uburorero bw’abakirisu bo mu gihe ca kera be n’abo muri iki gihe. Ese akarorero kabo kogukomeza, kagatuma wiyegurira Yehova maze ukabatizwa. Emwe, nta yindi ngingo nziza yoza iruta iyo!

WOKWISHURA GUTE?

  • Abasamariya batsinze gute intambamyi zari kubabuza kubatizwa?

  • Sawuli w’i Taruso na Koruneliyo batsinze gute intambamyi zari kubabuza kubatizwa?

  • Abakorinto batsinze gute intambamyi zari kubabuza kubatizwa?

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

a Inkuru y’ubuzima y’umuvukanyi Tsuyoshi Fujii, iraboneka muri Be Maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Myandagaro 2005, rup. 20-23.

b Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo ‘Ni igiki kigutevya kubatizwa?’

c INSOBANURO Y’IFOTO : Umugwi w’abavukanyi na bashiki bacu bariko baraha ikaze n’igishika abahejeje kubatizwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika