ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w26 Ruhuhuma rup. 14-19
  • Guma utera imbere ugana kw’ibatisimu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Guma utera imbere ugana kw’ibatisimu
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BAMWEBAMWE BAGONANWA KUBATIZWA
  • IGITUMA DUKWIYE KWAMIZA MU BWENGE UMUSI WA YEHOVA
  • IVYIZA UZOKWIRONKERA NIWABATIZWA UDATEBAGANYE
  • Ico ibatisimu isobanura be n’igituma ihambaye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Woba witeguriye kwiyegurira Yehova?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • ‘Nugume ukurikira’ Yezu n’inyuma y’ibatisimu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ntutebagane kubatizwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
w26 Ruhuhuma rup. 14-19

20-26 NDAMUKIZA 2026

URURIRIMBO RWA 49 Tunezereze umutima wa Yehova

Guma utera imbere ugana kw’ibatisimu

«Ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa.»—2 KOR. 6:2.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ubu ni co gihe co kugiranira ubucuti somambike na Yehova maze ukabatizwa.

1. (a) Ni ivyiza ibihe twironkera iyo tubatijwe? (b) Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

WOBA wariyeguriye Yehova wongera uravyerekana mu kubatizwa? Nimba warabigize, vyerekana ko wasavye Imana ijwi ryo mu mutima ryiza. (1 Pet. 3:21) Vyerekana kandi ko wabereye akarorero keza abakiri bato be n’abashasha bari mw’ishengero iwanyu. Vy’ukuri warafashe ingingo nziza. Bite ho nimba utarabatizwa? Nta gukeka ko ukunda Yehova kandi ko wipfuza gukora ivyo agomba. Urazi ko ibatisimu ihambaye cane kugira ngo ubabarirwe ibicumuro vyawe no kugira ngo ushimwe n’Imana. (Ivyak. 2:​38-40) Naho ari ukwo, ushobora kuba ukigonanwa. Ni igiki none cogufasha? Muri iki kiganiro turaza kwihweza (1) igituma bamwebamwe bagonanwa kubatizwa, (2) igituma biranga ubukerebutsi kwamiza mu bwenge umusi wa Yehova, (3) be n’ivyiza uzokwironkera niwaguma utera imbere ugana kw’ibatisimu ata gutebagana.

IGITUMA BAMWEBAMWE BAGONANWA KUBATIZWA

2. Kubera iki hari abagonanwa kubatizwa?

2 Hari abagonanwa kubatizwa kubera ubwoba. Nk’akarorero, naho baba bipfuza gukorera Yehova, baratinya ko batazopfa bashoboye kumuhimbara. Nimba ari uko wiyumva, nusuzume ivyanditswe vyo muri Bibiliya vyogukura amazinda ko Yehova atiteze yuko uba umweranda, be n’uko ashima ivyo ushoboye kumukorera vyose. (Zab. 103:​13, 14; Kol. 3:23) Nimba na ho utinya guhamwa, nusabe Yehova agufashe kubona ibintu nk’umwanditsi w’amazaburi uwanditse ati: «Yehova ari ku ruhande rwanje, nta co nzotinya. Mbega umuntu yongira iki?»—Zab. 118:6.

3. Ni ikindi kintu ikihe gishobora gutuma bamwebamwe bagonanwa kubatizwa? (Raba n’ifoto yo ku gipfukisho.)

3 Hari abandi usanga bakunda Yehova mugabo bakagonanwa kubatizwa kubera ko biyumvira yuko badafise ubumenyi bukwiye. None burya ukwiye kuba uzi ibingana gute kugira ngo ubatizwe? Raba akarorero kamwe ko muri Bibiliya. Igihe nyamugigima yanyiganyiza ibohero Pawulo na Silasi barimwo, barabwiye inkuru nziza umurinzi w’ibohero be n’umuryango wiwe. Uwo mugabo n’umuryango wiwe bashobora kuba baratahuye ko Imana ari yo yari yateje iyo nyamugigima kugira ngo ibohoze abasavyi bayo. Vyongeye, muri iryo joro nyene barize n’ibindi vyinshi ku bijanye na Yehova na Yezu. Ivyo vyaciye bibavyurira umutima wo kubatizwa «badatebaganye.» (Ivyak. 16:​25-33) Nimba na wewe umaze kumenya Yehova, ukaba umukunda n’umutima wawe wose, ukaba uzi inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya, ukaba warigaye ivyaha vyawe kandi ukaba wiyemeje gukurikiza ingingo ngenderwako ziwe, harageze ko ubatizwa.—Mrk. 12:30.

Pawulo na Silasi bariko barabwira inkuru nziza umurinzi w’ibohero n’umuryango wiwe mw’ijoro. Bose bariko barabumviriza bitonze.

Pawulo na Silasi baramamaje ku murinzi w’ibohero be n’umuryango wiwe, bica bituma ‘babatizwa badatebaganye’ (Raba ingingo ya 3)


4. Ni iyindi mvo iyihe ituma abantu bamwebamwe bagonanwa kubatizwa? (Raba n’ifoto.)

4 Abantu bamwebamwe usanga bipfuza guhimbara Imana mugabo bagatinya ico bizobasaba. Mu bisanzwe, biraranga ubukerebutsi kuzirikana ku co ingingo iyo ari yo yose tugomba dufate yodusaba. (Luka 14:​27-30) Ariko rero hari abahagarika umutima iyo biyumviriye ico bizobasaba kugira ngo bakorere Imana. Nk’akarorero, uwitwa Candace yize Bibiliya akiri muto mugabo ntiyatera imbere. Igihe yasubira kwiga Bibiliya amaze gukura, yarabona ko gufata ingingo yo gukorera Yehova bitazomworohera. Yavuze ati: «Nari nzi ivyo nari nkwiye gukora kugira mpimbare Yehova ariko numva ntoheba ubuzima nari mbayemwo. Nabona ko vyongoye cane kugira ivyo mpinduye.» Abandi na bo usanga biyumvira ko batazoshobora gukurikiza ivyo Yehova asaba abamaze kubatizwa. Batinya ko nibamara kubatizwa bazohava bakora icaha gikomeye bagaca bakurwa mw’ishengero. Nimba nawe ivyo ari vyo biguhagaritse umutima, wokora iki?

Mushiki wacu ariko arigisha Bibiliya umugore umwe. Muri uwo mwanya, uwo mugore ariko ariha ishusho ariko aranywa inzoga yongera atamba ari kumwe n’abagenzi biwe mu butambiro bw’ijoro.

Bamwebamwe usanga bipfuza guhimbara Imana, ariko bagahagarika umutima iyo biyumviriye ico bizobasaba kugira bakorere Imana (Raba ingingo ya 4)


5. Ni igiki ahanini dukwiye kuzirikanako nimba tugonanwa kubatizwa? (Matayo 13:​44-46)

5 Igihe tugomba kugura ikintu ntituraba gusa igiciro batubwiye ahubwo turazirikana no ku gaciro kaco. Dusanze ico kintu ari ic’agaciro cane duca tukigura tutaravye amahera baduciriye. Muri ubwo buryo nyene, igihe tugonanwa kubatizwa ntidukwiye kuzirikana gusa ku co bizodusaba kugira ngo dushikire iyo ntambwe, ahubwo turakwiye no kuzirikana ku kuntu kugiranira ubucuti na Yehova ari ivy’agaciro kanini. Yezu yarakoresheje ibigereranyo bibiri kugira ashire ahabona ico ciyumviro. (Soma Matayo 13:​44-46.) Muri kimwekimwe cose aravugamwo umugabo atagonanwe kugurisha ivyo yari afise vyose kugira agure ikintu c’agaciro yari yubuye. Na wewe wararonse ikintu c’agaciro cane na co akaba ari ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana. Nimba rero ugonanwa kugira ivyo uhevye kugira utere intambwe yo kubatizwa, nuzirikane kuri ivyo bigereranyo Yezu yatanze. Niwibaze uti: «Noba mbona ko ukuri namenye ari ukw’agaciro? Noba mpa agaciro ubucuti mfitaniye na Yehova, icizigiro yampaye be n’umuryango w’abavukanyi urangwa urukundo?» Inyishu utanga kuri ivyo bibazo zirashobora kugufasha kubona ingene worushiriza guha agaciro ukuri wamenye canke zikagufasha kubona ibikubuza gutera intambwe yo kubatizwa.

6. Ni igiki cogufasha kugira umutima witeguriye gushira mu ngiro ivyo wiga?

6 Mu kigereranyo Yezu yatanze c’umubivyi, yaravuze ibintu vyotuma imitima y’abantu itakira neza ukuri. Ariko ntiwumve, yaranavuze ko hari abokwakiriye inkuru nziza n’umutima mwiza kandi bagashira mu ngiro ivyo biga. (Luka 8:​5-15) Nimba ubona ko umutima wawe utiteguriye gushira mu ngiro ivyo wiga, ntucike intege. Yehova arashobora kugufasha kugira «umutima mushasha» witeguriye kumugamburukira. Numusenge rero umusaba ko yogufasha kworosha umutima kugira ushire mu ngiro ivyo wiga.—Ezk. 18:31; 36:26.

7-8. Ni igiki gishobora gutuma abakiri bato bamwebamwe bibagora gutera intambwe yo kubatizwa? (Raba n’ifoto.)

7 Abakiri bato bamwebamwe usanga bakunda Yehova ariko bikabagora gutera intambwe yo kubatizwa kubera akosho k’abandi. Nk’akarorero, abigisha bamwebamwe baragerageza kwereka abanyeshure ko ingeso zimwezimwe ataco zitwaye naho zoba zirenga ku mategeko y’Imana. Mugabo kwumviriza impanuro nk’izo birashobora kuguta mu kaga. (Zab. 1:​1, 2; Imig. 7:​1-5) Ariko rero urashobora kwirinda ako kaga mu kwigana umwanditsi umwe w’amazaburi uwavuze ati: «Nsigaye ndusha ugutahura abigisha banje bose, kuko nzirikana ivyibutswa vyawe. »—Zab. 119:99.

8 Biboneka ko hari abavyeyi bamwebamwe b’Ivyabona batuma abana babo bateba kubatizwa. Abo bavyeyi usanga barazwa ishinga cane n’uko abana babo biga amashure ahanitse be n’uko boronka akazi keza, canke na ho ntibabaremeshe kwishingira imigambi y’ivyimpwemu. Woba nawe ubona ko abavyeyi bawe bari bakwiye kurushiriza kugufasha kugira utere intambwe yo kubatizwa? Nimba ari ukwo biri, ubona gute mubiyaze? Nuhere amazinda ko imyaka iyo ari yo yose woba ufise ushobora kugiranira ubugenzi somambike na Yehova.—Imig. 20:11.

Umuhungu w’umuyabaga ariko arayaga n’abavyeyi biwe, akaba ariko abereka ibivugwa mu cigwa ca 23 mu gitabu «Kwiberaho ibihe bidahera.»

Nuganire n’abavyeyi bawe ibijanye no kubatizwa (Raba ingingo ya 8)


9. Ni igiki gishobora gutuma bamwebamwe bateba kubatizwa?

9 Hari abantu bamwebamwe usanga bakwije ibisabwa vyo kubatizwa mugabo bagateba gutera iyo ntambwe kubera akosho k’urunganwe. Nk’akarorero, umugenzi canke incuti yoshobora kubasaba ngo bamurindire kugira bazobatirizwe rimwe. Ego ni ko urashobora kubatirizwa rimwe n’incuti zawe. Mugabo none ivyo vyoba bikwiye gutuma uteba gufata iyo ngingo? Niwibuke ko umuntu yiyegurira Imana ku giti ciwe. Ibatisimu yawe rero nta co ipfana n’abandi.—Rom. 14:12.

IGITUMA DUKWIYE KWAMIZA MU BWENGE UMUSI WA YEHOVA

10. Ni ikindi kintu ikihe gishobora gutuma abantu bamwebamwe bateba kubatizwa?

10 Uretse imvo duhejeje kuvuga, hari abandi bashobora guteba kubatizwa biyumvira ko iherezo rikiri kure. None ico ciyumviro coba kiranga ubukerebutsi? Yezu yagabishije abigishwa biwe ati: «Mugume mwiteguye, kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.»—Luka 12:40.

11. Kumenya vyinshi ku vyerekeye Yehova bituvyurira umutima wo gukora iki, kandi kubera iki? (Zaburi 119:60)

11 Dukwiye kwiyegurira Yehova tubitumwe n’urukundo tumukunda. Uko turushiriza kumenya vyinshi ku vyerekeye Imana yacu yuzuye urukundo, ni ko birushiriza kutuvyurira umutima wo gukunda amabwirizwa yayo kandi tukayakurikiza tudatebaganye, narirya ahari ku neza yacu. (Soma Zaburi 119:60.) Umwigishwa Yakobo yarerekanye iyindi mvo ihambaye ikwiye gutuma dukurikiza amabwirizwa ya Yehova tudatebaganye, na yo akaba ari iy’uko ata n’umwe azi ico buca bucana. Ku bw’ivyo rero, dukwiye kubona ko umusi uwo ari wo wose turonse ari akaryo ka nyuma ko gukora ibigororotse, ni ukuvuga ivyo Yehova yipfuza ko dukora.— Yak. 4:​13-17.

12. Twigira iki ku kigereranyo Yezu yatanze cerekeye umurima w’imizabibu?

12 Zirikana ku kigereranyo ca Yezu cerekeye umurima w’imizabibu. Yavuze ko hari abakoze isaha imwe gusa baca bahembwa cokimwe n’abakoze umusi wose. Ariko none kubera iki abo bakoze isaha imwe batatanguriye rimwe n’abandi? Bishuye bati: «Ni uko ata waduhaye akazi.» Mu bisanzwe abo bakozi ntibari abanebwe. Bari gushobora gukora umusi wose, ni uko gusa ata wari yabahaye akazi. N’ikivyemeza, igihe babahamagara baciye baja ku bikorwa badatebaganye. (Mat. 20:​1-16) No muri iki gihe, Yezu aradutera akamo ko kuba abigishwa biwe no kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Tumaze kumenya rero ivyo Yezu adusaba dukwiye guca tubishira mu ngiro tudatebaganye.

13. Twigira iki kuri muka Loti?

13 Abateba gutera intambwe yo kubatizwa birashobora kuzorushiriza kubagora kugira ivyo bahinduye uko iherezo ryegereza. Yezu yari azi ico kintu, akaba ari co gituma yaburiye abigishwa biwe ati: «Mwibuke muka Loti.» (Luka 17:​31-35) Muka Loti yari azi neza ko Imana yari igiye gutikiza Sodomu na Gomora, ariko biboneka ko vyamunaniye guheba ivyo yari yasize inyuma. (Ita. 19:​23-26) Iyo nkuru iratwibutsa kandi ko akaryo ko kuronka ubukiriro katazokwamaho ibihe vyose. Igihe Imana yashinze nicagera ntibizoba bigishoboka ko umuntu agira ivyo ahinduye.—Luka 13:​24, 25.

14. Kwibonera iranguka ry’ubuhanuzi bwerekeye iherezo ry’ivy’iyi si bikwiye gutuma ukora iki?

14 Uko umusi urengana ibintu biba kw’iyi si birashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekeye iherezo ry’ivy’iyi si. Naho bimwebimwe muri ivyo bintu vyoba bitarakugirako ingaruka mu buryo bwibonekeza, kubona gusa ibiba hirya no hino kw’isi bikwiye gutuma urushiriza kubona ko kubatizwa vyihutirwa cane. Raba akarorero ko mu kinjana ca mbere. Intumwa Petero yahimirije abakirisu kuguma bari maso kubera ko ‘iherezo ry’ibintu vyose ryari ryegereje.’ (1 Pet. 4:7; akajambo k’epfo) Iherezo Petero yariko aravuga ryerekeza kw’isangangurwa rya Yeruzalemu n’urusengero rwaho. Abo Petero yandikiye iryo kete baba kure y’i Yeruzalemu, isangangurwa ry’ico gisagara rero ntiryobagizeko ingaruka cokimwe n’ababa muri co. (1 Pet. 1:1) Naho ari ukwo, bamaze kwibonera iranguka ry’ubwo buhanuzi bociye barushiriza kwizigira ibintu vyose Yehova yasezeranye. Muri ubwo buryo nyene, niwibonera irangura ry’ubuhanuzi bwerekeye iherezo ry’ivy’iyi si, bizotuma uba maso gutyo utere intambwe yo kubatizwa.

15. Twokwitegurira gute ukuza kw’umusi wa Yehova? (2 Petero 3:​10-13)

15 Mw’ikete rya kabiri Petero yanditse ahumekewe, yaravuze ingene dukwiye kwitegurira ukuza kw’umusi wa Yehova. Igihe Petero yandika iryo kete hari hagisigaye igihe kinini kugira ngo iherezo rishike. Naho ari ukwo yabwiye abo bakirisu kwamiza mu bwenge canke kwumva ‘bashashaye’ uwo musi. (Soma 2 Petero 3:​10-13; akajambo k’epfo) Turashobora kwamiza mu bwenge uwo musi mu kuwitegurira no mu kuguma tuwushashaye. Turerekana ko twiteguriye uwo musi mu kugaragaza ‘ingeso nyeranda kandi tugakora ibikorwa vyerekana ko twihebeye Imana.’ Iyumvire ingene Yehova azohimbarwa niyabona uriko urakora ibikorwa vyerekana ko wamwihebeye. Nta nkeka ko azonezerwa cane niwamwiyegurira kandi ukabatizwa.

IVYIZA UZOKWIRONKERA NIWABATIZWA UDATEBAGANYE

16. Igihe kibereye co kubatizwa ni ikihe? (2 Abakorinto 6:​1, 2) (Raba n’amafoto.)

16 Ubu ni co gihe kibereye co kubatizwa. (Soma 2 Abakorinto 6:​1, 2.) Igihe ya nkone y’Umunyetiyopiya yahura na Filipo, yaciye ibona ko ikwiye kubatizwa idatebaganye. Imaze gutahura inkuru nziza ikabona n’ahantu yobatirizwa, ntiyibwiye iti: «Reka mbanze nige n’ibindi vyinshi, nitwagera imbere turaza kubona n’ahandi hari amazi.» Ahubwo yaciye ibaza Filipo iti: «Ni igiki kimbuza kubatizwa?» (Ivyak. 8:​26, 27, 35-39) Mbega ukuntu ari karorero keza! Iyo nkone imaze kubatizwa yaciye «ibandanya urugendo inezerewe.»

Amafoto: 1. Ya nkone y’Umunyetiyopiya iriko irinjira mu mazi, Filipo akaba agira ayibatize. 2. Wa mutohoji wa Bibiliya be na mushiki wacu bo kw’ifoto iheruka bariko barayaga n’abakurambere ku Ngoro y’Ubwami bahimbawe.

Akarorero ka ya nkone y’Umunyetiyopiya karatwigisha ko ubu ari co gihe ciza co kubatizwa (Raba ingingo ya 16)a


17. Ni igiki twoherako amazinda?

17 Nimba uriko uragonanwa kubatizwa nuhere amazinda ko Yehova yiteguriye kugufasha kuba umugenzi wiwe somambike. (Rom. 2:4) Azogufasha nimba ufise ubwoba, nimba ubona ko utobishobora, canke nimba abandi batariko barakuremesha gutera intambwe yo kubatizwa. Niwabatizwa uzokwironkera ijwi ryo mu mutima ryiza wongere wibonere ko ivyo wahevye ata co bikikumariye. (Flp. 3:​8, 13) Rero urashobora kwitegana umushasharo ibiri imbere, ni ukuvuga iranguka ry’ivyo Yehova asezeranira abo bose bamwiyegurira kandi bakabatizwa.— Ivyak. 3:19.

WOKWISHURA GUTE?

  • Kubera iki hari bamwebamwe bagonanwa kubatizwa?

  • Kubera iki guteba gufata ingingo yo kubatizwa bitaranga ubukerebutsi?

  • Igihe kibereye co kubatizwa ni ikihe?

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

a INSOBANURO Y’AMAFOTO: Cokimwe na ya nkone y’Umunyetiyopiya yabwiye Filipo ko yipfuza kubatizwa, umutohoji wa Bibiliya ariko arabwira abakurambere ko yipfuza kubatizwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika