ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Ntwarante rup. 8-13
  • Niwige kwiyumvira nka Yehova na Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwige kwiyumvira nka Yehova na Yezu
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NIWIGE KWIYUMVIRA NKA YEHOVA
  • NIWICISHE BUGUFI
  • ‘NIWIYUMVIRE NEZA’
  • «Ndi umucumuzi»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Yarabaye igitandara
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Yarigiye kuri Shebuja ibijanye no guharira abandi
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Niwigane ukwicisha bugufi kwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Ntwarante rup. 8-13

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 10

URURIRIMBO RWA 31 Gendana n’Imana!

Niwige kwiyumvira nka Yehova na Yezu

«Ko Kristu yababajwe mu mubiri, namwe nyene mwambare uwo mutima nyene nk’ikirwanisho.»—1 PET. 4:1.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ingene intumwa Petero yize kwiyumvira nka Yezu be n’ingene natwe twobigira.

1-2. Dukwiye gukunda Yehova gute, kandi Yezu yerekanye gute ko yamukunda n’ubwenge bwiwe bwose?

«UTEGEREZWA gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’inkomezi zawe zose n’ubwenge bwawe bwose.» (Luka 10:27) Yezu yarerekanye neza ko mu mategeko ya Musa, iryo ari ryo ryari rihambaye kuruta ayandi yose. Urabona ko dukwiye gukunda Yehova n’umutima wacu, aho hakaba harimwo n’ivyipfuzo vyacu be n’ukuntu twiyumva. Dukwiye kandi kumwihebera n’ubuzima bwacu bwose be n’inkomezi zacu, ari zo nguvu zacu. Ariko ntiwumve, turakwiye gukunda Yehova n’ubwenge bwacu, aho hakaba harimwo n’ukuntu twiyumvira. Ego ni ko, ntidushobora gutahura ijana kw’ijana ingene Yehova yiyumvira. Naho ari ukwo, gusuzuma ivyiyumviro vya Kristu birashobora kudufasha gutahura neza ivyiyumviro vy’Imana, kubera ko Yezu yiyumvira neza na neza nka Se.—1 Kor. 2:16.

2 Yezu yarakunda Yehova n’ubwenge bwiwe bwose. Yari azi ivyo Imana imwitezeko kandi yari yiteguriye kubikora, mbere n’igihe vyosavye ko ashikirwa n’imibabaro. Kubera ko Yezu yagumiza ubwenge bwiwe ku gukora ivyo Se wiwe agomba, ntiyigeze yemera ko hagira ikintu na kimwe kimutesha iyo ntumbero.

3. Ni igiki intumwa Petero yigiye kuri Yezu, kandi Petero yaremesheje abakirisu bagenziwe gukora iki? (1 Petero 4:1)

3 Petero n’izindi ntumwa baratewe iteka ryo kuba kumwe na Yezu no kwiga kwiyumvira nka we. Igihe Petero yandika ikete ryiwe rya mbere, yaremesheje abakirisu kwambara nk’ikirwanisho umutima nk’uwa Kristu.a (Soma 1 Petero 4:1.) Petero yakoresheje imvugo yerekeza ku basirikare igihe yavuga ngo: «Mwambare uwo mutima nyene nk’ikirwanisho.» Igihe rero abakirisu bambaye umutima nk’uwa Yezu, ni ukuvuga bakagerageza kwiyumvira nka we, baba baronse ikirwanisho gikomeye kibafasha mu ntambara barimwo yo kurwanya ivyipfuzo bibi be n’iyi si itwarwa na Shetani.—2 Kor. 10:​3-5; Ef. 6:12.

4. Iki kiganiro kiza kudufasha gute gukurikiza impanuro ya Petero?

4 Tugiye gusuzuma ingene Yezu yiyumvira, turabe n’ingene twomwigana. Turaza kubona (1) ingene twokwiga kwiyumvira nka Yehova, bikaba bidufasha kwiyumvira duhuza na bagenzi bacu, (2) ingene twokwicisha bugufi, (3) n’ingene kwama twitura Yehova mw’isengesho bituma twiyumvira neza.

NIWIGE KWIYUMVIRA NKA YEHOVA

5. Igihe kimwe Petero vyamugoye gute kwiyumvira nka Yehova?

5 Raba ivyabaye igihe kimwe aho Petero vyamugoye kwiyumvira nka Yehova. Yezu yari yabwiye intumwa ziwe ko yogiye i Yeruzalemu, agatangwa ku ndongozi z’idini, akababazwa, mu nyuma na ho akicwa. (Mat. 16:21) Petero bishobora kuba vyaramugoye gutahura ingene Yehova yoretse Yezu akicwa, kandi ari we yari Mesiya yasezeranywe be n’umwizero wa Isirayeli. (Mat. 16:16) Petero rero yaciye ashira Yezu ku ruhande amubwira ati: «Ibabarire Mukama! Ivyo bintu ntibizogenda bigushikiye.» (Mat. 16:​22, akajambo k’epfo.) Kuba Petero na Yezu batabona kumwe ico kibazo, vyerekana ko Petero atariko yiyumvira nka Yehova.

6. Yezu yerekanye gute ko yiyumvira nka Yehova?

6 Yezu yiyumvira neza na neza nka Se wiwe wo mw’ijuru. Yabwiye Petero ati: «Ja inyuma yanje Shetani! Uri igitsitaza kuri jewe, kuko utiyumvira ivyiyumviro vy’Imana, ahubwo wiyumvira ivy’abantu.» (Mat. 16:23) Petero ashobora kuba yatanze iyo mpanuro abigiranye imvo nziza, ariko Yezu yayamiriye kure. Ehe raba icigwa twohakura: Kurondera kwiyorohereza mu buzima si vyo Yehova yari yiteze kuri Yezu. Ico gihe Petero yarahakuye icigwa gihambaye c’uko akwiye kuza ariyumvira nka Yehova.

7. Mu nyuma Petero yerekanye gute ko yipfuza kwiyumvira nka Yehova? (Raba yo ku gipfukisho.)

7 Amaherezo Petero yarerekanye ko yipfuza kwiyumvira nka Yehova. Harageze igihe aho abanyamahanga batagenyerewe bemererwa kuba abasavyi b’Imana. Petero yarungitswe kubwira inkuru nziza umunyamahanga yitwa Koruneliyo, akaba ari we munyamahanga wa mbere yabaye umusavyi w’Imana. Abayuda ntibifatanya n’abanyamahanga. Ni co gituma Petero yari akeneye guhindura ivyiyumviro vyiwe kugira ashobore kubabwira inkuru nziza. Igihe Petero yatahura ivyiyumviro Imana ifise ku banyamahanga, yaciye ahindura uko abona ibintu. Ni co gituma igihe Koruneliyo yamutumako, yaciye agenda «ata guhigimanga.» (Ivyak. 10:​28, 29) Yarabwiye inkuru nziza Koruneliyo n’urugo rwiwe maze barabatizwa.—Ivyak. 10:​21-23, 34, 35, 44-48.

Koruneliyo ariko adugana Petero na bagenziwe ku ngazi zija mu nzu iwe.

Petero ariko arinjira mu nzu kwa Koruneliyo (Raba ingingo ya 7)


8. Twokwerekana gute ko twiyumvira nka Yehova? (1 Petero 3:8)

8 Haciye imyaka, Petero yaremesheje abakirisu bagenziwe ‘kwiyumvira bahuza.’ (Soma 1 Petero 3:8.) Turashobora kwiyumvira duhuza n’abavukanyi bacu mu kwigana ukuntu Yehova yiyumvira, tukaba tubimenya biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Nk’akarorero, Yezu yahimirije abigishwa biwe gushira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo. (Mat. 6:33) Ivyo vyoshobora gutuma nk’akarorero mw’ishengero iwanyu hagira umwamamaji ahitamwo gutangura umurimo kanaka w’igihe cose. Aho kumuremesha ngo yibabarire, dukwiye nyabuna kumukeza ku bw’iyo ngingo yafashe, tukarondera n’ingene twomushigikira.

NIWICISHE BUGUFI

9-10. Yezu yerekanye gute ukwicisha bugufi kudasanzwe?

9 Buca Yezu apfa, yarigishije Petero n’izindi ntumwa icigwa gihambaye mu bijanye n’ukwicisha bugufi. Kuri uwo musi, Yezu yari yarungitse Petero na Yohani gutegura ibikenewe vyose, kugira ngo baze gusangirira hamwe imfungurwa za nyuma imbere y’uko apfa. Mu vyo bari gutegura, hashobora kuba harimwo no kwitwararika ko haboneka ibesani n’ibitambara kugira ngo abashitsi baze kwozwa ibirenge imbere yo gufungura. None ni nde yari kwitwararika ico gikorwa giciye bugufi?

10 Ata no kwijijanya imitima, Yezu yaciye akora ico gikorwa, aba yerekanye ukwicisha bugufi kudasanzwe. Abigishwa ba Yezu baratangaye cane babonye akoze igikorwa gisanzwe gikorwa n’umusuku wo hasi. Yezu yashize ku ruhande impuzu ziwe zo hejuru maze atora igitambara aragikenyera, aca ashira amazi mw’ibesani atangura kuboza ibirenge. (Yoh. 13:​4, 5) Bitegerezwa kuba vyaramutwaye umwanya kwoza ibirenge vy’intumwa 12 zose, ushizemwo na Yuda uwari agiye kumugurisha. Naho ari ukwo, yaricishije bugufi arakirangiza. Yezu yaciye ababwira ati: «Muratahuye ico ndabakoreye? Mwebwe munyita “Mwigisha” na “Mukama”, kandi ni vyo kuko ndi we. Nimba rero jewe ndabogeje ibirenge kandi ndi Umukama n’Umwigisha, na mwebwe mukwiye kwozanya ibirenge.»—Yoh. 13:​12-14.

Ukwicisha bugufi nyakuri kurajamwo . . . n’ivyiyumviro vyacu

11. Petero yerekanye gute ko yize kwicisha bugufi? (1 Petero 5:5) (Raba n’ifoto.)

11 Petero yarigiye kuri Yezu ibijanye no kwicisha bugufi. Yezu amaze kuduga mw’ijuru, Petero yarakoze igitangaro co gukiza umugabo umwe yavutse amugaye. (Ivyak. 1:​8, 9; 3:​2, 6-8) Abantu isinzi babonye ico gitangaro baciye barundana kuri Petero. (Ivyak. 3:11) None Petero yoba yararondeye gushimagizwa, narirya yari yakuriye aho abantu bakunda ivyubahiro cane? Habe namba. Petero abigiranye ukwicisha bugufi yaranse kwininahaza, ubuninahazwa bwose abwerekeza kuri Yehova na Yezu. Yavuze ati: «Izina [rya Yezu] no kuba turyizera ni vyo vyatumye uwo mugabo mubona kandi muzi akomera.» (Ivyak. 3:​12-16) Mw’ikete Petero yandikiye abakirisu abibutsa akamaro ko kwicisha bugufi, yakoresheje imvugo itwibutsa ca gihe Yezu yakenyera igitambara akoza ibirenge intumwa ziwe.—Soma 1 Petero 5:5.

Petero na Yohani bahagaze mu rusengero. Petero yerekeje ukuboko mw’ijuru, wa mugabo yavuka amugaye na we yakize, akaba ahagararanye na bo.

Petero amaze gukora igitangaro, ubuninahazwa bwose yabwerekeje kuri Yehova na Yezu aho kubwiyerekezako. Igihe na twebwe dukoze iciza tutiteze gushimirwa canke kumenyekana, tuba twerekanye ko twicisha bugufi (Raba ingingo ya 11-12)


12. Cokimwe na Petero, twobandanya gute kugaragaza ukwicisha bugufi?

12 Turashobora kwigana akarorero ka Petero tukabandanya kwiga kwicisha bugufi. Uribuka ko ukwicisha bugufi nyakuri kujamwo n’ibindi uretse gusa kuvuga amajambo abereye. Imvugo Petero yakoresheje mu kuvuga ukwicisha bugufi isobanura kandi ngo «ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi», ikaba yerekeza no ku vyiyumviro vyacu. Turafasha abandi kubera ko dukunda Yehova n’abantu, atari kubera ko dushaka gushemagizwa. Turerekana ko twicisha bugufi vy’ukuri igihe dukorera Yehova n’abavukanyi bacu duhimbawe uko dushoboye kwose, naho ivyo tubakorera vyomenyekana canke ntibimenyekane.—Mat. 6:​1-4.

‘NIWIYUMVIRE NEZA’

13. ‘Kwiyumvira neza’ bisobanura iki?

13 ‘Kwiyumvira neza’ bisobanura iki? (1 Pet. 4:7) Umukirisu yiyumvira neza, arakora uko ashoboye kugira afate ingingo nziza zigaragaza ko yiyumvira nka Yehova. Umukirisu nk’uyo, aba azi yuko mu buzima ata kintu gihambaye kuruta ubucuti afitaniye na Yehova. Aca abona rero ko atari agahambaye kandi ko atazi vyose. Arerekana ko yiheka kuri Yehova mu kwama amwitura mw’isengesho kugira ngo amuyobore.b

14. Igihe kimwe Petero yananiwe gute kwiheka kuri Yehova?

14 Mw’ijoro rya buca Yezu yicwa, yabwiye abigishwa biwe ati: «Mwese ivyanje birabatsitaza muri iri joro.» Kubera ko Petero yari yiyizigiye, yishuye ati: «Naho abandi bose botsitazwa n’ivyawe, jewe sinzokwigera ntsitara!» Muri iryo joro, Yezu yahimirije bamwe mu bigishwa biwe ati: «Gume muri maso kandi mugume musenga.» (Mat. 26:​31, 33, 41) Iyo Petero aza kuba yarakurikije iyo mpanuro imbere y’igihe, yari kurinduka akemanga ubucuti afitaniye na Yezu. Yamara Petero yarihakanye Shebuja, kandi yaricujije cane.—Mat. 26:​69-75.

15. Ni igiki cafashije Yezu kuguma yiyumvira neza mw’ijoro rya nyuma yamaze kw’isi?

15 Yezu yariheka kuri Yehova aherejeko. Naho yari atunganye yagumye asenga. Ivyo vyatumye agira umutima rugabo wo gukora ivyo Yehova yari amwitezeko. (Mat. 26:​39, 42, 44; Yoh. 18:​4, 5) Nta nkeka ko Petero atigeze yibagira ingene Yezu yaguma asenga muri iryo joro rya nyuma.

16. Petero yerekanye gute ko yari asigaye yiyumvira neza? (1 Petero 4:7)

16 Mu nyuma, Petero na we nyene yahavuye arushiriza kwiheka kuri Yehova mw’isengesho. Yezu amaze kuzuka, yarakuye amazinda Petero be n’izindi ntumwa ko boronse impwemu nyeranda, kugira ngo bashobore kurangura igikorwa bashinzwe co kwamamaza. Ariko rero yabasavye kurindirira i Yeruzalemu gushika bayironse. (Luka 24:49; Ivyak. 1:​4, 5) None Petero yakoze iki mu kurindira? We n’abakirisu bagenziwe ‘bariko barasenga bakobeje.’ (Ivyak. 1:​13, 14) Mu nyuma, mw’ikete rya mbere Petero yanditse, yaremesheje abakirisu bagenziwe kwiyumvira neza no kwiheka kuri Yehova mw’isengesho. (Soma 1 Petero 4:7.) Kuba Petero yarize kwiheka kuri Yehova, vyatumye aba inkingi mw’ishengero.—Gal. 2:9.

17. Ni igiki dukwiye kwama dukora tutaravye ububangukirwe twoba dufise? (Raba n’ifoto.)

17 Kugira ngo tube abantu biyumvira neza, dutegerezwa kwama twiyegereza Yehova mw’isengesho. Turatahura ko ico kintu dukwiye kwama tugikora tutaravye ububangukirwe twoba dufise. Ku bw’ivyo rero, turakwiye gusenga Yehova tumusaba ngo atuyobore, canecane igihe tugomba gufata ingingo zihambaye, twizigiye ko ari we azi icotubera ciza.

Petero yarize kwiheka kuri Yehova mw’isengesho. Na twebwe turashobora kwerekana ko turi abantu biyumvira neza mu gusenga Yehova kugira ngo adufashe, canecane igihe tuba tugomba gufata ingingo zihambaye (Raba ingingo ya 17)c


18. Ni ibiki vyodufasha kurushiriza kwiyumvira nka Yehova?

18 Ntiworaba ingene dukenguruka kubona Yehova yaturemye mu buryo dushobora kumwigana. (Ita. 1:26) Ego ni ko ntidushobora kwigana Yehova ijana kw’ijana. (Yes. 55:9) Naho ari ukwo, cokimwe na Petero turashobora kurushiriza kwiyumvira nka Yehova. Ivyo twobigira mu kubandaya twiga kwiyumvira nka Yehova, mu kwicisha bugufi no mu kwiyumvira neza.

DUSHOBORA GUTE . . .

  • kwiga kwiyumvira nka Yehova?

  • kwicisha bugufi?

  • kwiyumvira neza?

URURIRIMBO RWA 30 Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje

a Imvugo «umutima» dusanga muri 1 Petero 4:​1, ishobora kandi gusobanura ngo «agatima, inyifato, ivyiyumviro.»

b Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’ico bisobanura kwiyumvira neza canke kugira ubwenge buroranye, raba kuri jw.org canke kuri JW Library® ikiganiro kivuga ngo «Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya», agace kavuga ngo «2 Timoteyo 1:7: ‘Imana [ntiya]duhaye umutima upfana isoni n’ubwoba’», munsi y’iciyumviro kivuga ngo «Ukurorana kw’umuzirikanyi.»

c INSOBANURO Y’AMAFOTO: Umudada ariko arasengera ku mutima imbere y’uko yinjira kubazwa ibibazo aho yagiye gusaba akazi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika