Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 31 Myandagaro
INDWI ITANGURA KU WA 31 MYANDAGARO
Ururirimbo rwa 42 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 29 ing. 16-21, n’uruzitiro ruri ku rup. 299 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 9-11 (Imin. 8)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Imin. 20)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: “Jewe n’urugo rwanje tuzokorera Yehova.”—Yos. 24:15.
Imin. 10: Gushikiriza ibinyamakuru muri Nyakanga. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimuhere ku kugira umwerekano w’ingene ivyo binyamakuru vyoshikirizwa, mukoresheje uburyo bwo kubishikiriza bwatanzwe. Nimuce muca irya n’ino ubwo buryo bwo kubishikiriza bwose.
Imin. 10: Woba uriko uraronka “ibifungurwa . . . ku gihe kibereye”? Insiguro ishingiye ku kiganiro co mu Munara wo ku wa 15 Myandagaro 2014, rup. 3-5. Nuremeshe bose kwungukira ku bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu baronka.
Imin. 10: Ni imigambi iyihe y’ivy’impwemu utegekanya mu mwaka w’umurimo wa 2016? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, rup. 118, ing. 3. Nimugire umwerekano aho umugabo n’umugore bubakanye baganira ku migambi bategekanya mu mwaka w’umurimo uza.
Ururirimbo rwa 10 n’isengesho