Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 24 Myandagaro
INDWI ITANGURA KU WA 24 MYANDAGARO
Ururirimbo rwa 21 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 29 ing. 11-15 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 5-8 (Imin. 8)
No. 1: 2 Abami 6:20-31 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Ni ibiki biri mu bitabu bitandukanye bigize Ivyanditswe vy’igiheburayo?—igw rup. 30 (Imin. 5)
No. 3: Diyotirefe—Umutwe: Abacokoranyi bigana Shetani—w06 15/1 rup. 21-22 ing. 5-7 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: “Jewe n’urugo rwanje tuzokorera Yehova.”—Yos. 24:15.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 15: Ni gute woryohora ugusenga kwanyu kwo mu muryango? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2011 ku rup. 6. Niba aho iwanyu bishoboka, nubwire abumviriza udukorwa dutandukanye tugenewe ugusenga kwo mu muryango turi kuri jw.org. (Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > ABANA.) Nushimike ku vy’uko ugusenga kwo mu muryango gukwiye kuba guhuje n’ivyo umuryango ukeneye kandi kugafasha abagize umuryango kurushiriza kwizera Yehova n’imihango yiwe.
Ururirimbo rwa 130 n’isengesho