Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 31 Myandagaro 2015.
Ni ukuri gukomeza ukwizera ukuhe kwerekeye Yehova Imana dusanga mw’isengesho rya Salomo, kandi kuzirikana kuri ukwo kuri bizotugirira akamaro gute? (1 Abm. 8:22-24, 28) [6 Muk., w05 1/7 rup. 30 ing. 3]
Kuba Dawidi yagendana “ugutungana kw’umutima” bituremesha gute kumwigana? (1 Abm. 9:4) [13 Muk., w12 15/11 rup. 7 ing. 18-19]
Ni icigwa gihambaye ikihe twigira ku kuba Yehova yararungitse Eliya kuri wa mupfakazi w’i Zarefati? (1 Abm. 17:8-14) [27 Muk., w14 15/2 rup. 14]
Kuzirikana ku nkuru iri mu 1 Abami 17:10-16 bikomeza gute umwiyemezo dufise wo kwizigira Yehova duherejeko? [27 Muk., w14 15/2 rup. 13-15]
Twokwungukira gute ku karorero Eliya yadusigiye ku bijanye no kwihanganira umwiheburo? (1 Abm. 19:4) [3 Myand., ia rup. 102 ing. 10-12; w14 15/3 rup. 15 ing. 15-16]
Yehova yakoze iki igihe yabona ko umuhanuzi wiwe w’umwizigirwa Eliya yari yihebuye, kandi twokwigana gute iyo Mana yacu y’inyarukundo? (1 Abm. 19:7, 8) [3 Myand., w14 15/6 rup. 27 ing. 15-16]
Ni gute Umwami Ahabu yabona ibintu ukutari kwo, kandi muri iki gihe abakirisu bokwirinda gute kugwa muri iryo kosa? [10 Myand., lv rup. 164-165, uruzitiro; w14 1/2 rup. 14 ing. 3-4]
Twokwigira iki ku kintu Elisha yasavye Eliya, kandi ivyo vyodufasha gute igihe dushinzwe ibanga rishasha mu murimo w’Ubwami? (2 Abm. 2:9, 10) [17 Myand., w03 1/11 rup. 31 ing. 5-6]
Abana bokwigira iki ku kwizera n’umutima rugabo vya ka Kisirayelikazi kavugwa mu 2 Abami 5:1-3? [24 Myand., w12 15/2 rup. 12 ing. 11]
Ni kamere izihe za Yehu abasavyi ba Yehova bose bakwiye kwihatira kwigana muri iki gihe c’iherezo? (2 Abm. 10:16) [31 Myand., w11 15/11 rup. 5 ing. 4]