“Aya majambo . . . aze abe ku mutima wawe”
Abavyeyi bameze nk’abungere. Bategerezwa gushira umutima wabo ku bana babo, kuko bashobora kuzimira bitagoranye maze bagashikirwa n’ingorane. (Imig. 27:23) Abavyeyi boshitsa gute iryo banga? Buri musi, abavyeyi bategerezwa kumara umwanya bariko baraseruranira akari ku mutima n’abana babo kugira ngo bamenye ibiri mu mitima yabo be n’ivyo biyumvira. (Imig. 20:5) N’ikindi kandi, abavyeyi bategerezwa kwubakisha ibikoresho birinda umuriro kugira ngo batume ukwizera kw’abana babo gukomera. (1 Kor. 3:10-15) Ya videwo “Aya majambo . . . aze abe ku mutima wawe” irerekana akamaro ko kugira ugusenga kwo mu muryango ubudahorereza. Nimuyirabe uko mugize umuryango, muce muganira kuri ibi bibazo bikurikira.
(1) Ni igiki catumye umuryango wa Toma ureka kwitwararika ivy’impwemu? (2) Ni kubera iki igihe umuvukanyi Toma yagerageza gutanguza ugusenga kwo mu muryango ataroraniwe? (3) Kugira ngo umuntu aroranirwe mu kurera abana, Ivyanditswe bivuga iki? (Gus. 6:6, 7) (4) Ni igiki cotuma abagize umuryango barushiriza guseruranira akari ku mutima? (5) Ni utwigoro utuhe abana biteze ku bavyeyi babo? (6) Ni gute umuvukanyi Martin n’umukenyezi wiwe bagize ico baterereye ku muryango wa Toma? (Imig. 27:17) (7) Ni igiki umutwe w’umuryango akwiye kubanza gukora kugira atume ugusenga kwo mu muryango kugenda neza? (8) Ni ibiki umuvukanyi Toma yakoze kugira aryohore ibintu mu muryango wiwe? (9) Ni kubera iki bihambaye kudahindagura umusi n’isaha ugusenga kwo mu muryango kuberako? (Ef. 6:4) (10) Ni ibintu ibihe ngirakamaro bimwebimwe ibihe vyoshirwa mu gusenga kwo mu muryango? (11) Ni gute umuvukanyi Toma, atekanye ariko ashikamye, yafashije Marc kubona akamaro ko gukora ibigororotse? (Yer. 17:9) (12) Ni gute umuvukanyi Toma n’umukenyezi wiwe bafashije umukobwa wabo Rebeka kuzirikana kugira afate ingingo ibereye ku bijanye n’ugukundana na Justin? (Mrk. 12:30; 2 Tim. 2:22) (13) Ni gute umuvukanyi Toma n’umukenyezi wiwe berekanye ko bari n’ukwizera igihe bagira ivyo bahindura ku bijanye n’ukuntu bari babayeho? (Mat. 6:33) (14) Ni gute iyi videwo ishimika ku vy’uko bikenewe ko abahagarikiye imiryango baronsa imiryango yabo ivyo ikeneye mu vy’impwemu? (1 Tim. 5:8) (15) Bwa mutwe w’umuryango, wiyemeje gukora iki?
IBIMENYESHEJWE ABAHAGARIKIYE IMIRYANGO: Iki gikino cerekana ibishika mu gihe ca none, cakinywe kw’ihwaniro ry’akarere ryo mu 2011. Kuva ico gihe, woba warabonye ivyo woryohora mu gusenga kwo mu muryango kwanyu? Ubu ho vyifashe gute? Nimba hari ibindi woryohora, ubijanishije n’isengesho, turagusavye ugire ivyo uhinduye bizozanira umuryango wawe ivyiza biramba.—Ef. 5:15-17.