Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 29 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 29 RUHESHI
Ururirimbo rwa 9 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 26 ing. 18-23, n’uruzitiro ruri ku rup. 269 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 3-6 (Imin. 8)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Imin. 20)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: “Ibuka imisi ya kera.”—Gus. 32:7.
Imin. 15: Ivyo tuzoshikiriza muri Mukakaro. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimuce irya n’ino ibiri mu bisohokayandikiro bizoshikirizwa, muce mugira umwerekano w’umwamamaji ariko arafasha umushasha gushikiriza kimwe muri ivyo bisohokayandikiro.
Imin. 15: Niwungukire ku Gitabu c’umwaka 2015. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze muri make “Ikete rivuye ku Nama Nyobozi.” Nusabe abumviriza bavuge ibintu babonye ko bidasanzwe muri raporo yo kw’isi yose. Nusozere uremesha bose kurangiza gusoma ico gitabu.
Ururirimbo rwa 108 n’isengesho