ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/15 rup. 3-4
  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2015
Igikorwa dukorera Ubwami—2015
km 6/15 rup. 3-4

Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 29 Ruheshi 2015. Harashizwemwo igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.

  1. Ni kubera iki ukuntu Mikali yavugishije Dawidi kwari kubi, kandi ni icigwa ikihe abubakanye bokwigira kuri iyo nkuru? (2 Sam. 6:20-23) [11 Rus., w11 1/8 rup. 12 ing. 1]

  2. Umuhanuzi Natani yavyakiriye gute igihe Yehova yamukosora kubera yari yashigikiye umugambi wa Dawidi wo kwubaka urusengero rwa Yehova? (2 Sam. 7:2, 3) [11 Rus., w12 15/2 rup. 24 ing. 6-7]

  3. Ni kubera iki Natani yiganiye Dawidi umugani uvugwa muri 2 Samweli 12:1-7 aho kumudomerako yuko yagirwa n’icaha gikomeye? Iyo nkuru yodufasha gute kurushiriza kuba abigisha beza? [18 Rus., w12 15/2 rup. 24 ing. 2-3]

  4. Ni kubera iki Abusalomu yashoboye guhenda Abisirayeli, kandi twokora iki kugira twikingire abo twokwita ba Abusalomu bo muri kino gihe? (2 Sam. 15:6) [25 Rus., w12 15/7 rup. 13 ing. 7]

  5. Yehova yaronkeje gute Dawidi ivyo yari akeneye cane, kandi ivyo bitwigisha iki? (2 Sam. 17:27-29) [1 Ruh., w08 15/9 rup. 5-6 ing. 15-16]

  6. Ukuntu Dawidi yafashe umunyamahanga umwe yitwa Itayi bitwigisha iki? (2 Sam. 18:2) [1 Ruh., w09 15/5 rup. 27 ing. 7]

  7. Abageze mu zabukuru bo mw’ishengero bokwigira iki ku karorero ka Baruzilayi? (2 Sam. 19:33-35) [8 Ruh., w07 15/7 rup. 15 ing. 1-2]

  8. Amajambo Dawidi yavuze yerekeye ukudahemuka aremesha gute abasavyi ba Yehova muri iki gihe? (2 Sam. 22:26) [15 Ruh., w10 1/6 rup. 26 ing. 6-7]

  9. Natani yerekanye gute ko yari intahemuka ku Mana, kandi twokwigana gute iyo kamere muri iki gihe? (1 Abm. 1:11-14) [22 Ruh., w12 15/2 rup. 25 ing. 1, 4-5]

  10. Ni mu mice iyihe y’ubuzima umusavyi wa Yehova yoshobora gukoresha ivyiyumviro bitabereye kugira ngo arenge ku mategeko y’Imana, nk’uko bishobora kuba vyarabaye kuri Salomo? (1 Abm. 3:1) [29 Ruh., w11 15/12 rup. 10 ing. 12-14]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika