Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 22 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 22 RUHESHI
Ururirimbo rwa 67 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 26 ing. 10-17 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 1-2 (Imin. 8)
No. 1: 1 Abami 1:15-27 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Igituma abakirisu b’ukuri babumbwa n’ivyo bafise kandi bahimbawe—igw rup. 23 ing. 1-3 (Imin. 5)
No. 3: Kalebu—Umutwe: Yehova araha inkomezi abamukorera badahemuka—w13 15/8 rup. 14 ing. 22 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: “Ibuka imisi ya kera.”—Gus. 32:7.
Imin. 15: Ni ibiki twaranguye? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umunyamabanga. Nuvuge ivyaranguwe mu kiringo c’Icibutso wongere ukeze ishengero ku gikorwa ryaranguye. Saba abumviriza bigane ivyo biboneye igihe bariko baratanga ubutumire bw’Icibutso.
Imin. 15: Yagufashe ukuboko gute? (Yes. 41:13) Nubaze ibibazo umwamamaji umwe canke babiri bo mw’ishengero iwanyu bamaze igihe bakorera Yehova badahemuka, bigane ukuntu Yehova yabafashije gutsinda ingorane zabashikiye mu busuku bwabo.
Ururirimbo rwa 107 n’isengesho