Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 6 Ndamukiza
INDWI ITANGURA KU WA 6 NDAMUKIZA
Ururirimbo rwa 124 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 22 ing. 18-22, n’uruzitiro ruri ku rup. 228 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 16-18 (Imin. 8)
No. 1: 1 Samweli 18:17-24 (Imin. 3 canke idashika)
No. 2: Imana yoba ari yo yobazwa imibabaro ishikira abantu?—igw rup. 14 ing. 1-4 (Imin. 5)
No. 3: Baruzilayi—Umutwe: Numenye aho ubushobozi bwawe bugarukira—w07 15/7 rup. 13-15 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Icivugo c’uku kwezi: ‘Nube uwiteguriye igikorwa ciza cose.’—Tito 3:1.
Imin. 10: Gushikiriza ibinyamakuru muri Ndamukiza. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimuhere ku kugira umwerekano w’ingene ivyo binyamakuru vyoshikirizwa, mukoresheje uburyo bwo kubishikiriza bwatanzwe. Nimuce muca irya n’ino ubwo buryo bwo kubishikiriza bwose kuva mu ntango gushika ku mpera.
Imin. 10: Twakoze gute? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abamamaji bavuge ingene bungukiye ku gushira mu ngiro ivyiyumviro vyo mu kiganiro “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Niwame ushira abantu ibinyamakuru.” Nusabe abumviriza bigane ivyabonywe bishimishije.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Ururirimbo rwa 106 n’isengesho