Nukoreshe agatabu Numenye ibiri mw’Ijambo ry’Imana mu gutanguza ikiyago
1. Ni igikoresho gishasha ikihe twaronse twokoresha mu busuku?
1 Twokoresha gute agatabu gashasha Numenye ibiri mw’Ijambo ry’Imana igihe dutegura uburyo bwo gutanguza ikiyago mu busuku? Kubera ko ako gatabu gatanga ivyanditswe bitari bike bivuga ibijanye n’iciyumviro kanaka co muri Bibiliya, koshobora gufasha cane mu gutanguza ibiyago.
2. Twokoresha gute agatabu Numenye ibiri mw’Ijambo ry’Imana mu busuku?
2 Ukoresheje ikibazo ca 8, woshobora kuvuga uti: “Turiko turagendera ababanyi bacu gatoyi kubera ko hari abantu benshi bibaza ko Imana ari yo yobazwa imibabaro ishikira abantu. [Mu vyibare bimwebimwe, usanga ari ngirakamaro cane tweretse umunyamuhana ico kibazo.] Weho uvyiyumvirako iki? [Rindira yishure.] Bibiliya iratanga inyishu itomoye kuri ico kibazo.” Nusome muri Bibiliya kimwe (canke ikirenga kimwe) mu vyanditswe vyatanzwe wongere ugisigure. Nimba umunyamuhana ashimishijwe, urashobora kumwereka vya bibazo 20 biri mu ntango y’ako gatabu maze ugaca umusaba guhitamwo ico muzoganirako ugarutse. Canke urashobora kumuha kimwe mu bisohokayandikiro vyacu vy’ukwiga gisigura mu buryo bwimbitse iciyumviro mwariko muraganirako.
3. Twokoresha gute agatabu Numenye ibiri mw’Ijambo ry’Imana mu gutanguza ikiyago mu vyibare abantu baho batari mu madini ya gikirisu?
3 Ikibazo ca 4, ica 13 gushika ku ca 17 vyoshobora gukoreshwa canecane igihe twamamaza mu vyibare abantu baho bari mu madini atari aya gikirisu. Nk’akarorero, woshobora gukoresha amakuru yo mu kibazo ca 17 mu kuvuga uti: “Twari tubagendeye gatoyi kugira ngo tuyage ku kibazo gihanze imiryango. Woba wemera ko imiryango yugarijwe n’ingorane nyinshi muri iki gihe? [Rindira yishure.] Hari abagabo n’abagore bubakanye benshi bafashijwe n’aya majambo aranga ubukerebutsi: “Umugore . . . ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.” [Si ngombwa ko uvuga yuko ayo majambo ari mu Banyefeso 5:33. Nimba uriko uraganira n’umugore, woca uvuga amajambo ari mu Banyefeso 5:28.] Woba ubona ko gushira mu ngiro iyo mpanuro bishobora kugirira akamaro abubakanye?”
4. Ni igiki wokora mu gusozera ikiyago wagiraniye n’umuntu atari mw’idini rya gikirisu?
4 Mu gusozera, womubwira ko wipfuza kuzogaruka kugira mubandanye ico kiyago. Kumbure wotegekanya ivyo kuzoganira ku kindi canditswe kiri munsi y’ikibazo mwaganiriyeko. Ku gihe kibereye, numenyeshe uwo munyamuhana ko amajambo aranga ubukerebutsi muhora muyaga ava muri Bibiliya. Wisunze ivyo mumaze kuganira n’uwo muntu hamwe n’ukuntu abona Bibiliya, numuhe igisohokayandikiro ubona ko comushimisha.—Raba inyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Kigarama 2013.