Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza muri Ntwarante na Ndamukiza: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Rusama na Ruheshi: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? canke Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?, Imibabaro yoba izoteba igahera?, Ni igiki cotuma mu rugo harangwa agahimbare?, Ni nde vy’ukuri aganza isi?, Ubona gute Bibiliya?, Ubona gute kazoza?, na Woba ushaka kumenya ukuri?
◼ Icibutso kizoba ku wa gatanu igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2015. Nimba ishengero ryanyu risanzwe rigira ikoraniro ku wa gatanu, iryo koraniro rikwiye kwimurirwa ku wundi musi nimba Ingoro y’Ubwami izoba ishobora kuboneka. Nimba Ikoraniro ry’umurimo ribwirizwa guhebwa, umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere yogira ivyo ahinduye kugira ngo ibiganiro vyaryo vyerekeye canecane ishengero ryanyu bishobore kuzorimburwa ku rindi Koraniro ry’umurimo muri ukwo kwezi.
◼ Beteli izoba yugaye ku wa gatanu igenekerezo rya 8 Rusama 2015 kubera ko kuri uwo musi abanyabeteli bazoba bariko baragira isuku ridasanzwe bama bagira mu mpeshi. N’ikindi kandi, nta bantu bazotemberezwa ku musi w’Icibutso ku wa gatanu igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2015.
◼ Kubera ko ukwezi kwa Rusama gufise impera z’imishamvu zitanu, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.