Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 7 Nyakanga
INDWI ITANGURA KU WA 7 NYAKANGA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
lv ikig. 9 ing. 22-26, uruzitiro ruri ku rup. 109, amayagwa y’inyongera ari ku rup. 218-219
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 22-25
No. 1: Guharūra 22:20-35
No. 2: Ingene Yezu yakingiwe (lr ikig. 32)
No. 3: Umuntu ntiyandikiwe ibimushikira (td 21A)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: “Ibintu vyavuzwe ko vyobaye muri iki gihe cacu.” Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2008, urupapuro rwa 6-7. Nimugire umwerekano w’ingene ayo mayagwa yoshobora gukoreshwa kugira ngo tujijure umunyamuhana ko turi mu misi ya nyuma.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu. Woshobora kuganira n’abumviriza ku kiganiro kivuga ngo “Amaziko ya gikirisu ateye iteka, aciye bugufi kandi ahimbara Imana” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2009, ku rup. 29-32.
Imin. 10: Uburyo bwo kurondera ababereye bwagaragaye ko ari ngirakamaro. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 95, ingingo ya 2, gushika ku rupapuro rwa 96, ingingo ya 3. Nihagire umuntu umwe canke babiri bigana canke bagire umwerekano w’ibintu bishimishije gusumba ibindi biboneye aho iwanyu igihe bariko barakoresha uburyo butari bumwe bwo gushinga intahe.