Amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro
1. Ni kubera twitwararika ivyo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro mu buryo burimwo urutonde?
1 Yezu yaradusigiye akarorero mu bijanye no kwitwararika igikorwa co kwamamaza Ubwami mu buryo burimwo urutonde kandi buvamwo ivyiza. No muri kino gihe, abahagarikiye isekeza ririko riragirwa ryo kwamamaza Ubwami kw’isi yose baripfuza cane kubona ico gikorwa citwararikwa muri ubwo buryo nyene. Mu buryo buhuye n’utwo twigoro bagira, kw’isi yose amashengero aragira amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro, ubwo bukaba ari uburyo bumwe akoresha mu gutunganya imigwi y’abamamaji b’Ubwami kugira ngo barangure umurimo wo mu ndimiro.—Mat. 24:45-47; 25:21; Luka 10:1-7.
2. Ni ibiki bikwiye kugirwa ku makoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro?
2 Ni indinganizo nziza: Amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro agenewe kuronsa indemesho n’ubuyobozi ngirakamaro ababa bagomba kuja mu busuku bwo mu ndimiro. Icanditswe c’umusi coshobora kuganirwako muri make igihe kiba kijanye mu buryo butomoye n’ubusuku bwo mu ndimiro. Rimwe na rimwe, ivyibutswa bikuwe mu Gikorwa dukorera Ubwami, mu gitabu Comment raisonner, canke kumbure mu gitabu Ishure ry’Ubusuku biraganirwako kugira ngo abari ng’aho bose bitegurire igikorwa c’uwo musi. Hoshobora kandi kugirwa umwerekano mugufi werekeye igisohokayandikiro kiriko kirashikirizwa. Imbere yuko isengesho risozera riturwa, umwe wese akwiye kuba azi uwo baza gukorana mu busuku be n’aho icibare baza gukoreramwo giherereye. Iryo koraniro ritarenza iminuta 15 rikimara kurangira, bose bakwiye guca bafata inzira bakagenda mu cibare.
3. Ni nde ajejwe gutunganya amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro?
3 Atunganywa gute? Umucungezi w’umurimo ni we ajejwe ivyo gutunganya neza ibijanye n’amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro, akaba ari we aja imbere mu bijanye n’ivyo. Abacungezi b’imigwi, canke abafasha babo, barafise ibanga ryo gukorana mu mpera z’imishamvu n’abagize imigwi bajejwe yo gusohoka mu murimo. Hari abacungezi canke abakozi b’ishengero wosanga bashoboye gukorana mu ndwi hagati n’abagize imigwi yo gusohoka mu murimo. Abacungezi b’imigwi barakorana cane n’umucungezi w’umurimo kugira ngo baronke ivyibare bihagije abagize imigwi yabo bashobora gukoreramwo igikorwa c’inzu ku nzu mu mpera z’imishamvu. Mu kiringo c’uwo mushamvu wose, umucungezi w’umurimo azoraba ko indinganizo zagizwe zijanye n’abahagarikira amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro mu migwi zigenda neza.
4-6. (a) Amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro afise intumbero iyihe mu bijanye n’icibare c’ishengero? (b) Ni ibiki dushobora kurimbura kugira ngo bidufashe kubona ibikenewe mu bijanye n’amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro?
4 Ayo makoraniro akwiye kugirirwa hehe kandi akagirwa ryari? Ishengero ryose ntirikwiye kugirira ikoraniro mu kibanza kimwe, ahubwo muri rusangi usanga ari vyiza kugirira ayo makoraniro mu bibanza bibereye, akenshi akabera mu mazu y’abantu hirya no hino mu cibare, intumbero ikaba iyo gukora icibare c’ishengero mu buryo bwiza. Ingoro z’Ubwami na zo nyene zoshobora gukoreshwa ku bw’iyo ntumbero. Amashengero menshi arakoresha Ingoro y’Ubwami mu kugira ikoraniro ryo gusohoka mu murimo haheze akanya gatoya arangije porogarama y’insiguro y’icese be n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi agira ku w’iyinga. Hakwiye kugirwa akigoro ko kugabanya urugendo rwo gushika mu cibare. Ku bw’ivyo rero, uko haciye ikiringo kinaka, indinganizo zagizwe zirashobora kuza zirasuzumwa ngo murabe neza ko ibibanza biriko birakoreshwa bikibereye kugira icibare gikorwe mu buryo bwiza kandi bushitse.
5 Igihe ciza ayo makoraniro yoberako be n’incuro yogirwa mu ndwi bivana n’ukuntu icibare kimeze. Ibibazo bikurikira vyoshobora kubayobora mu kumenya ibibanza vyiza gusumba ibindi canke umwanya mwiza gusumba uwundi amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro yoberako.
6 Ni akarere akahe gakeneye kurushiriza kwitwararikwa? Umwanya mwiza gusumba iyindi wo gukora inzu ku nzu, ni uwuhe? Twoba dukwiye gushira ku rutonde umwanya wo ku mugoroba kugira ngo dukore inzu ku nzu canke dusubire kuraba abantu bashimishijwe? Indinganizo zose zijanye n’umurimo wo mu ndimiro zikwiye kumanikwa ku kibaho c’amatangazo c’ishengero. Abamamaji b’Ubwami bose baripfuza guhetura icibare bahawe bimwe binogangije cane ku buryo na twebwe twoshobora kuvuga nka kumwe kw’intumwa Paulo, uwagize ati: “[Nta] cibare ngifise kitarakorwako.”—Rom. 15:23.
7. Uwuba yagenywe ngo ahagarikire ikoraniro ryo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro ry’umugwi munaka, afise ibanga irihe?
7 Ukuyobora amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro: Uwuba yagenywe ngo ayobore iryo koraniro arerekana ko yubaha cane iyo ndinganizo ya gitewokarasi mu kwitegura neza. Ayo makoraniro akwiye gutangura ku gihe kandi akwiye kuba ayigisha no kuba magufi, akayoborwa mu minuta iri hagati ya 10 na 15. Imbere yuko iryo koraniro ritangura, uwuriyobora akwiye kuba afise ivyibare uwo mugwi uza gukoreramwo. Naho bidakenewe ko iryo koraniro ryo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro rimaze kurangira muca murindira abacererwa, gusiga ubutumwa bwerekana aho uwo mugwi uza kuba uriko urakorera birashobora kuba ngirakamaro. Iryo koraniro rirangiye, bose bakwiye guca bafata akayira bakagenda mu cibare bahawe. Nta gukeka ko ikoraniro ryo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro ritunganijwe neza kandi ryigisha rizoronsa abari ng’aho bose ubuyobozi bakeneye kugira ngo barangure ubusuku bwabo kuri uwo musi.—Imig. 11:14.
8. Ni mu buryo ubuhe abitaba amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro bashobora gusenyera ku mugozi umwe n’ababaja imbere?
8 Kwitaba amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro: Birahambaye ko dusenyera ku mugozi umwe. (Heb. 13:17) Igihe bishoboka, uwutunganya ibijanye n’uwo mugwi azofasha uwo ari we wese akeneye uwo bokorana. Ni vyiza ko abamamaji babimenyereye boba ari ho bari kugira ngo bagire ico bafashije mu gusahiriza abamamaji bashasha n’abataramenya utuntu n’utundi. Abafise umutima ukunze wo kwemera rimwe na rimwe kuza barahabwa abo bakorana batandukanye boshobora kurangura ivyiza vyinshi. (Imig. 27:17; Rom. 15:1, 2) Bose bakwiye kwihatira cane gushika ku gihe. Icubahiro dufitiye iyo ndinganizo ya gitewokarasi be n’ukwitwararika abakozi bagenzi bacu bizotuvyurira umutima wo guhindura ibikenewe mu bijanye n’ivyo.—2 Kor. 6:3, 4; Flp. 2:4.
9. Ni mu buryo ngirakamaro ubuhe abatsimvyi bashobora gushigikira iyo ndinganizo?
9 Ukuntu abatsimvyi bashigikira ayo makoraniro: Ukuntu abatsimvyi bashigikira amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro ni ikintu c’agaciro kandi kituremesha twese. Birumvikana ko abatsimvyi bafise amabanga menshi. Uretse ukuyobora inyigisho za Bibiliya no gusubira kugendera abashimishijwe, urutonde rwabo rwa buri musi rwoshobora kuba rurimwo no kwitwararika amabanga yo mu muryango be no gukora akazi k’umubiri. Ku bw’ivyo, abatsimvyi ntibakwiye kwumva ko basabwa gushigikira ikoraniro rimwerimwe ryose ryo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro riba ryatunganijwe n’ishengero, na canecane igihe riba rigirwa buri musi. Ariko rero, hari aho vyoba bishoboka ko abatsimvyi bashigikira buri ndwi n’imiburiburi amakoraniro amwamwe yo gusohoka mu murimo. Ku rugero runaka, amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro aratumenyereza, kandi ubumenyi bwo mu vy’impwemu abatsimvyi bafise be n’ivyo baba bariboneye birashobora gufasha cane abandi. Kuba bama bagira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro vyaratumye bamenya utuntu n’utundi mu busuku. Ivyo barashobora kubisangira n’abandi. Umwete bagaragaza mu kugira uruhara mu busuku be no mu makoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro watumye babera abandi akarorero bokwigana. Kandi uruhara bagira muri ayo makoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro ni ikintu co gukenguruka cane.
10. Ni kubera iki bibereye ko abamamaji b’Ubwami bose bashigikira n’umutima wabo wose iyo ndinganizo?
10 Nk’uko Yezu n’abigishwa biwe babigize, igice kinini c’igikorwa turangura co kwamamaza Ubwami kirangurwa mu gushinga intahe inzu ku nzu. Amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro ni ayo kudufasha guhanahana indemesho no kwihatira kugira uruhara mu buryo ngirakamaro muri ico gikorwa. Abamamaji b’inkuru nziza bose bakwiye kwihatira gushigikira izo ndinganizo za gitewokarasi ku rugero rushoboka rwose. (Ibik. 5:42; 20:20) Ese twese twoshigikira n’umutima wacu wose iyo ndinganizo! Tubigenjeje gutyo, turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azoduhezagira cane kandi turashobora kunezereza umutima w’Indongozi yacu Yezu Kristu uko twamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.—Mat. 25:34-40; 28:19, 20.