Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Myandagaro: Abamamaji boshobora gukoresha agatabu ako ari ko kose k’impapuro 32 kari mu bubiko. Nyakanga: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Aho bishoboka hose, abamamaji bazokwihatira gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe bagendeye umuntu ari bwo bwa mbere bakamuha ico gitabu. Niwereke abanyamihana ukuntu bashobora kucungukirako mu kubereka muri make ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa. Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe hari abagaragaje ugushimishwa, nimuganire ku gapapuro nk’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? Nimba abanyamihana baramaze kuronka ako gapapuro nk’inkuru nziza, abamamaji bakwiye kwihatira gutanguza inyigisho ya Bibiliya.
◼ Abamamaji b’inkuru nziza bose bakwiye gutanga raporo yabo y’umurimo ukwezi kumwekumwe kwose kukimara kurangira. Kubigenza gutyo bizoshimwa cane n’abavukanyi bajejwe gutunganya raporo y’umurimo y’ishengero kugira ngo irungikwe ku biro vy’ishami ku gihe.