Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 29 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 29 RUHESHI
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 14-16
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Igituma kuboneka neza bihambaye. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 131-134.
Imin. 10: Nuhitemwo ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya ku bw’ “abantu b’uburyo bwose.” (1 Kor. 9:22) Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Igihe muganira ku bibazo bikurikira, abumviriza boshobora kwigana ibintu bo ubwabo biboneye. Ni ibiganiro ibihe mwasanze bishimisha abantu b’imyaka minaka, b’igitsina kinaka canke b’idini rinaka? Twokoresha gute agatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya mu guhitamwo ibiganiro vyoshimisha abantu batandukanye? Twoshobora gute guhuza n’uko ibintu vyifashe igihe uwo tuganira ashatse ko tuyaga ku kindi kintu gitandukanye n’ico twateguye?
Imin. 10: Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Mukakaro na Myandagaro. Nimwihweze ibiri muri ivyo bisohokayandikiro. Nimugire imyerekano ibiri canke itatu yerekana ukuntu mwobishikiriza mu buryo bwoba ngirakamaro mu cibare canyu.