Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi.
1. Ni igiki dushobora kwigira kw’itegeko dusanga muri Kuvayo 23:19? [w06 1/4 rup. 31 ing. 1-5]
2. Ni kubera iki Aroni atahaniwe ukuba yaracuze ya masa y’inzahabu? (Kuv. 32:1-8, 25-35) [w04 15/3 rup. 27 ing. 4]
3. Yehova yaganiriye gute na Musa “imbonankubone”? (Kuv. 33:11, 20) [w04 15/3 rup. 27 ing. 5]
4. Impwemu nyeranda ya Yehova yaranguye uruhara uruhe mw’iyubakwa ry’itaberenakulo? (Kuv. 35:5, 30-34) [w08 15/2 rup. 6 ing. 17]
5. Igihuzu kivugwa muri Kuvayo 40:28 kigereranya iki mu rusengero ruhambaye rw’Imana rwo mu buryo bw’impwemu? [w00 1/2 rup. 10 ing. 7-8]
6. “Ikimazi coshejwe”, icatangwa cose uko cakabaye ku gicaniro, gituma twitwararika umuce uwuhe w’inkuka ya Yezu? (Lew. 1:13) [w04 15/5 rup. 21 ing. 3]
7. Kuba ‘ibinure vyose vyari ivya [Yehova]’ bigira ico bikoze gute kuri twebwe? (Lew. 3:16, 17) [w04 15/5 rup. 22 ing. 2]
8. Ni insobanuro ihambaye iyihe iri mu bijanye n’ugusesa amaraso hasi hambavu y’igicaniro be n’ukuyasīga ku bikoresho bitandukanye? (Lew. 9:9) [w04 15/5 rup. 22 ing. 5]
9. Icaha abahungu ba Aroni ari bo Nadabu na Abihu bakoze coshobora kuba cari nyabaki? (Lew. 10:1, 2) [w04 15/5 rup. 22 ing. 6]
10. Ikoreshwa ry’inkuka y’incungu Yezu yatanze ryagereranijwe gute ku Musi w’Impongano waba buri mwaka muri Isirayeli? (Lew. 16:11-16) [w98 1/3 rup. 11 ing. 2]