Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 22 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 22 RUHESHI
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
lv ikig. 6 ing. 10-15, uruzitiro ruri ku rup. 67
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 10-13
No. 1: Abalewi 11:29-45
No. 2: Igituma abantu barwara (lr ikig. 23)
No. 3: Imihezagiro abigishwa babatijwe baronka
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Nufashe abakwumviriza bakoreshe ugutahura. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 57, ingingo ya 3, gushika ku rupapuro rwa 58, ingingo ya 3.
Imin. 10: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama be na Réveillez-vous! yo muri Rusama. Umaze kuvuga mu ncamake ibiri muri ivyo binyamakuru, nusabe abumviriza bavuge ibiganiro bategekanya kuzokwerekana be n’igituma. Ni ibibazo be n’ivyanditswe ibihe bazokwihatira gukoresha imbere yo kwerekana ahari ivyo biganiro? Nimugire umwerekano w’ukuntu ikinyamakuru kimwekimwe cose coshikirizwa.
Imin. 10: Hoba hari ico bitwaye upfuye idini uhisemwo. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 2007 urupapuro rwa 3-4. Nimugire umwerekano w’ukuntu ayo mayagwa yokoreshwa mu busuku bwo mu ndimiro.