ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/08 rup. 2
  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Udutwe
  • Indwi itangura ku wa 10 Munyonyo
  • Indwi itangura ku wa 17 Munyonyo
  • Indwi itangura ku wa 24 Munyonyo
  • Indwi itangura ku wa 1 Kigarama
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 11/08 rup. 2

Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Indwi itangura ku wa 10 Munyonyo

Ururirimbo rwa 205

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Shiramwo insasanuro zitangwa n’umucungezi w’umurimo, zerekana aho ishengero rigejeje mu guhetura icibare ritanga ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya Ukuri? Kubera yuko abamamaji batari bake bazoba bamaze gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu na Réveillez-vous! yo muri Gitugutu, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu bashikirije ivyo binyamakuru bikavamwo ivyiza.

Imin. 15: Dutsimbataze agatima ko gukundana no gutanga tutitangiriye itama. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2008, urupapuro rwa 6-7. Nimba iyo nomero y’Umunara w’Inderetsi itaraboneka, nushingire iyo nsiguro ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2007, urupapuro rwa 17-21.

Imin. 20: “Turafise itunga ry’agaciro twosangira n’abandi.”a Igihe mwihweza ingingo ya 2, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku bintu vyo muri Bibiliya vyabakwegereye kw’ishirahamwe rya Yehova canke ibintu barushirije gutahura bimwe bishitse kuva aho bamariye kubatizwa.

Ururirimbo rwa 71

Indwi itangura ku wa 17 Munyonyo

Ururirimbo rwa 80

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami.

Imin. 15: Inyishu ku bibazo vyanyu.b

Imin. 20: “Urashobora kuba umwigisha!”c Nubaze ibibazo umwamamaji canke umutsimvyi yigeze kuba yibaza yuko adashoboye kurongora inyigisho ya Bibiliya. Ni gute yihetse kuri Yehova kugira ngo amufashe? Ishirahamwe ryamufashije kuba uwubishoboye mu mice itandukanye iyihe? Ni ivyiza ibihe yiboneye biciye ku kugira uruhara mu gikorwa co kurongora inyigisho za Bibiliya?

Ururirimbo rwa 143

Indwi itangura ku wa 24 Munyonyo

Ururirimbo rwa 217

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Nuvuge ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Kigarama maze mugire umwerekano umwe canke ibiri w’ingene vyoshikirizwa.

Imin. 20: Ibikenewe iwanyu.

Imin. 15: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu na Réveillez-vous! yo muri Gitugutu. Nuvuge muri make ibiri muri ivyo binyamakuru, maze ubaze abumviriza ibiganiro vyoshimisha cane abantu bo mu cibare canyu. Ni ibibazo ibihe be n’ivyanditswe ibihe vyoshobora gukoreshwa mu gutanguza ibiyago bishingiye kuri ivyo biganiro? Nimugire umwerekano werekana ukuntu uburyo bwo gutanguza ibiyago bwo kurabirako dusanga mu Gikorwa dukorera Ubwami bwokoreshwa. Nusabe umwe mu bakurambere agire umwerekano mugufi yateguye afatiye ku kiganiro kinaka co muri ivyo binyamakuru abona ko kibereye mu cibare canyu.

Ururirimbo rwa 208

Indwi itangura ku wa 1 Kigarama

Ururirimbo rwa 84

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Munyonyo.

Imin. 15: Ivyabonywe ngaho iwanyu. Numenyeshe ishengero urugero mwashikanyeko mu guhetura icibare igihe hariko haratangwa ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya Ukuri? Nusabe abumviriza bigane ivyo babonye igihe bariko baratanga ako gapapuro canke igihe bariko baragakoresha mu gutanguza inyigisho za Bibiliya. Nuvuge kandi ivyabonywe biremesha bijanye n’igihe igitabu Ivyo Bibiliya yigisha cariko kirashikirizwa muri Munyonyo. Icabonywe kimwe canke bibiri bidasanzwe vyoshobora gusubirwamwo mu buryo bw’agakino gasubiramwo ivyabaye.

Imin. 20: “Nutegure abashasha guhangana n’ukurwanywa.”d Igihe murimbura ingingo ya 2, nimwihweze muri make ukuntu amakuru ari mu gitabu Comment raisonner munsi y’umutwe uvuga ngo “ Témoins de Jéhovah ” (Ivyabona vya Yehova) yoshobora gufasha abatohoji ba Bibiliya kwishura ibibazo bibazwa n’incuti zabo be n’abagenzi babo barajwe ishinga n’ibiberekeye.

Ururirimbo rwa 105

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika