Nutegure abashasha guhangana n’ukurwanywa
1 Iyo abantu batanguye kwiga Bibiliya kandi bakaba “bipfuza kubaho mu kwihebera Imana,” Shetani aca atangura kubarondera cane. (2 Tim. 3:12) Ukurwanywa kurashobora kuva ku bo bakorana, abo bigana canke ababanyi babo. Birashobora kuba urugamba na canecane igihe hari incuti zirwanya abashasha zibaza ko zibashakira ineza.—Mat. 10:21; Mrk. 3:21.
2 Ukurwanywa kwari kwaravuzwe imbere y’igihe: Abashasha bakwiye gutahura yuko uruhamo ari ikintu bakwiye kwitega kandi ko ari ikimenyamenya c’uko bacitse abigishwa b’ukuri ba Kristu. (Yoh. 15:20) Rimwe na rimwe, abandi boshobora kubarwanya bivuye ku kuba bafise ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova. Niwamize mu muzirikanyi yuko umunezero mwinshi uva ku guteterezwa umuntu azira kuba ari umuyoboke wa Yezu be no kuba agamburukira Imana. (Ibik. 5:27-29, 40, 41) Nukure amazinda abashasha yuko Yehova azobashigikira mu buryo buranga urukundo. (Zab. 27:10; Mrk. 10:29, 30) Bagumye ari intadohoka bituma baja ku ruhande rwa Yehova ku bijanye na ca kibazo c’uwukwiye kuba Segaba w’ibiriho vyose.—Imig. 27:11.
3 Uruhara rw’ubumenyi butagira amakosa: Nufashe abo mwigana Bibiliya gutahura akamaro ko kubandanya bironsa ubumenyi butagira amakosa naho boba bari mu ngorane. Biciye ku kurwanywa, Shetani aragerageza kubuza yuko ivyo bize bishinga imizi mu mitima yabo y’ikigereranyo. (Imig. 4:23; Luka 8:13) Bakwiye kubandanya bironsa ubumenyi butagira amakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana kugira ngo bashinge imizi mu kwizera batanyiganyiga.—Zab. 1:2, 3; Kol. 2:6, 7.
4 Ukwihangana kurakenewe: Mu gihe kitoroshe ico ari co cose, ukwihangana ni ntahara kandi kurashobora kuvamwo ivyiza. (Luka 21:16-19) Igihe abashasha bihanganiye ukurwanywa, bo ubwabo baravyungukirako, n’abandi bakongera bakavyungukirako. Baribonera ukuntu Yehova ashoboye guhezagira cane abihangana badahemuka.—Yak. 1:12.
5 Intumwa Paulo yarahimbawe n’iterambere ryo mu vy’impwemu ry’abavukanyi biwe b’i Tesalonika. Yarakengurukiye Imana ku bwabo, benshi muri bo bakaba bari abo yafashije kuza mu kuri. (2 Tes. 1:3-5) Na twebwe nyene turashobora kwironkera umunezero n’ugushira akanyota nk’ukwo, nimba dutegura abatohoji ba Bibiliya guhangana n’ukurwanywa be no kukwihanganira.