Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 9 Rusama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimukoreshe inama tugirwa ku rupapuro rwa 8 (niba zibereye mu cibare canyu), kugira mugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza be na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ndamukiza. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa. Muri umwe muri iyo myerekano, nimwerekane ingene umwamamaji yoshikiriza ibinyamakuru akaryo kizanye mu muduga utwara abantu.
Imin. 15: Nukoreshe Ijambo ry’Imana kugira ushikire umutima. Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2005, urupapuro rwa 28-31. Nimwihweze ingene Yezu yakoresheje Ivyanditswe mu gufasha Petero. Mwihweze ingene twokurikiza akarorero ka Yezu igihe bikenewe ko duhindura ivyiyumviro be n’inyiyumvo vy’abana bacu, vy’abo twigana Bibiliya, mbere n’ivyacu bwite.
Imin. 20: “Nimugire urutonde rubereye rw’ibikorwa vyo mu muryango”. Mu nsiguro y’intangamarara idashitsa iminuta ibiri, nushimike ku kamaro ko kugira urutonde rwanditse wongere uvuge ingene hokwuzuzwa urutonde rugaragara ruri ku rupapuro rwa 6. Inyuma y’ivyo, nihakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu gishingiye ku kiganiro kigira ngo “Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango—Amakoraniro y’ishengero”. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kugene batuma ibindi bikorwa bitababuza kwitaba amakoraniro y’ishengero. Ibindi vyerekeye urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango bizorimburwa mu ndwi zikurikira.
Ururirimbo rwa 176 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 16 Rusama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: “Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango—Umurimo wo mu ndimiro w’abo mu muryango”.a Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyiza biva ku gukorana mu ndimiro badahorereza uko bagize umuryango.
Imin. 20: “Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere—Igice ca 9”.b Igihe muganira ku ngingo ya 2, nushimike ku ciyumviro kimwe canke bibiri bivuye mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Kigarama 2004 ku rupapuro rwa 8. Nushiremwo umwerekano mugufi werekana ingene inyigisho ya Bibiliya yorongorwa. Bahejeje icigwa ca 2 c’agatabu Ni ibiki Imana idusaba?, uwurongora iyo nyigisho ya Bibiliya abaze iki kibazo uwo mutohoji: “Woshobora gute kumenyesha umugenzi izina ry’Imana?”. Uwo mutohoji niyigane ingene yokoresha Yesaya 12:2, maze uwurongora iyo nyigisho ace amushimira.
Ururirimbo rwa 134 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 23 Rusama
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Nimusome raporo y’ivy’amakonte be n’amakete yarungitswe n’ishami yo gukenguruka intererano zatanzwe. Mukoresheje inama tugirwa ku rupapuro rwa 8 (nimba zibereye mu cibare canyu), nimugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ndamukiza. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa.
Imin. 18: “Umusi wa Yehova uri hafi”.c Igihe utegura iki gice, nusuzume igitabu La prophétie de Daniel urupapuro rwa 59, ingingo ya 28.
Imin. 15: “Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango— Inyigisho y’umuryango”.d Nutegekanye imbere y’igihe ivy’uko umuntu umwe canke babiri bagira ico bavuze ku kungene bagira urutonde rw’inyigisho y’abo y’umuryango be n’akigoro gakenerwa kugirango barugumeko.
Ururirimbo rwa 152 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 30 Rusama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo z’umurimo wo mu ndimiro zo muri Rusama. Nuvuge ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ruheshi. Nimugire umwerekano umwe canke ibiri y’ukuntu vyoshikirizwa mukoresheje uburyo bumwe canke bubiri bwatanzwe mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2005 (niba bubereye mu cibare canyu). Ubundi buryo ngirakamaro bwo gutanguza ibiyago bwoshobora gukoreshwa.
Imin. 20: “Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango— Icanditswe c’umusi”.e Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kungene imiryango yabo yungukiye ku kurimbura icanditswe c’umusi bari hamwe be n’urutonde basanze ruborohereza kubigira.
Imin. 15: Nimwigane ibintu bishimishije vyabaye mu murimo wo mu ndimiro vyabonywe mu kwezi kwa Ntwarante, Ndamukiza na Rusama canke mubikine mu gakino kabisubiramwo. Nutegekanye imbere y’igihe ivy’uko hagira umuntu umwe canke babiri bavuga ku bijanye n’akigoro bagize mu vyo kurushiriza kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro mu kiringo c’Icibutso, bongere bavuge imihezagiro baharonkeye.
Ururirimbo rwa 115 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 6 Ruheshi
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: “Nutsimbataze ugushimishwa kw’abantu wama ushira ibinyamakuru”.f Igihe muganira ku ngingo ya 3, nukwegere ubwenge ku gitabu Comment raisonner, urupapuro rwa 337-341. Ayo mayagwa arashobora gukoreshwa mu gutegura urukurikirane rw’ibiganiro bishingiye ku canditswe kimwe bivuga ivyo Ubwami bw’Imana buzorangura. Nushiremwo umwerekano w’ingene umwamamaji yobigenza mu kiganiro gishingiye ku canditswe kimwe agiranira n’uwo yama ashira ibinyamakuru. Uwo mwamamaji akwiye kumubwira muri make ingene ico canditswe coshirwa mu ngiro kugira ngo afashe uyo yasanze ku muhana gutahura neza ico canditswe no kubona agaciro gifise mu buzima bwiwe.
Ururirimbo rwa 107 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
f Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.