Igice ca 9: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Gufasha umutohoji kwitegurira gushinga intahe akaryo kizanye
1 Igihe Andereya na Filipo bamenya ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe, ntibashoboye kwigumya ngo bareke kubwira abandi iyo nkuru yeza umutima (Yoh. 1:40-45). No muri iki gihe, igihe abatohoji ba Bibiliya batanguye kugaragaza ukwizera bafitiye ivyo bariko bariga, baravyurirwa umutima wo kubiyagira abandi (2 Kor. 4:13). Twoshobora gute kubaremesha gushinga intahe akaryo kizanye no kubafasha kwitegurira kuzobigira mu buryo ngirakamaro?
2 Urashobora gusa kubaza umutohoji nimba yarabwiye abandi ivyerekeye ivyo amaze kwiga muri Bibiliya. Kumbure hariho abagenzi hamwe n’abo mu muryango ashobora gusaba nimba boza kwifatanya na we mu nyigisho. Mubaze nimba ata we bakorana, bigana, canke uwundi muntu bazinanye yashimishijwe n’inkuru nziza. Muri ubwo buryo, arashobora gutangura gushinga intahe. Mufashe gutegera ko igihe abwira abandi ivyerekeye Yehova Imana n’imigambi yiwe, akeneye kugira ubukerebutsi, kugaragaza icubahiro no kuba umugwaneza.—Kol. 4:6; 2 Tim. 2:24, 25.
3Kubwira abandi ivyo bemera: Ni ngirakamaro ko umenyereza abatohoji ba Bibiliya gukoresha Ijambo ry’Imana igihe bariko babwira abandi ivyo bemera. Muri mu nyigisho ukagera ahantu wahisemwo imbere y’igihe, baza umutohoji uti: “Ubona wokoresha gute Bibiliya mu gusigurira umuryango wawe uku kuri?”, canke uti: “Ni icanditswe ikihe co muri Bibiliya wokoresha kugira wereke umugenzi ko ibi ari ivy’ukuri?”. Raba ingene yishura hanyuma umwereke ingene yoshingira inyigisho ziwe ku Vyanditswe (2 Tim. 2:15). Ubigenjeje gutyo, uzoba uriko urafasha umutohoji kwitegurira gushinga intahe akaryo kizanye no kuzobigira ari kumwe n’ishengero mu gikorwa gitunganijwe, niyamara gukwiza ibisabwa.
4 Vyoba biranga ubukerebutsi gufasha abatohoji ba Bibiliya kwitegurira uruhamo (Mat. 10:36; Luka 8:13; 2 Tim. 3:12). Igihe abandi bavyuye ibibazo canke bakagira ico bavuze ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova, vyoshobora guha abatohoji bashasha akaryo ko gushinga intahe. Agatabu Ivyabona vya Yehova Ni Bande? Bemera iki? karashobora kubafasha kuba ‘abiteguriye kwishura’ (1 Pet. 3:15). Karatanga amakuru y’ukuri abashasha bashobora gukoresha mu gufasha abagenzi n’incuti babarwanya bibaza ko babashakira ineza, gutahura ivyo twemera n’ivyo dukora bishingiye kuri Bibiliya.