Isubiramwo ry’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Isubiramwo rigirwa ibitabu bizinze ry’amayagwa yihwejwe mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, yo ku mushamvu wo ku wa 3 Nyakanga gushika ku wo ku wa 24 Kigarama 2001. Korera ku rundi rukaratasi mu kwishura ibibazo vyinshi ushoboye mu mwanya watanzwe.
[Ibimenyeshejwe: Mu gihe c’iryo subiramwo, ushobora gukoresha Bibiliya yonyene kugira ngo wishure ikibazo ico ari co cose. Amarabiro yatanzwe inyuma y’ibibazo agenewe kworohereza ubushakashatsi wewe wigirira. Ibitigiri biranga urupapuro n’ingingo bishobora kuterekanwa ku marabiro arungika ku Munara w’Inderetsi.]
Ishura Ni Vyo canke Si Vyo ku bivuzwe bikurikira:
1. Kubera abaragurisha inyenyeri bashoboye gushika iyo Yezu yari ari biciye kuri ya nyenyeri, ivyo vyerekana yuko bari barongowe koko na Yehova. [my-RU Inkuru ya 86]
2. Zaburi 58:4 irerekana neza yuko imamba ifise ‘amatwi’ adakora kuko mu bisanzwe itumva. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba Rbi8-F rup. 1711.]
3. “Ingabo nyinshi” z’abagore zivugwa muri Zaburi 68:11 bari abashumbakazi b’abanyamahanga barekuwe bava mu bunyagano, barekuwe n’abagabo b’Abisirayeli igihe batsinda amahanga y’abansi. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/10 rup. 30 ing. 6.]
4. Kwubaha rwose ivy’ubukuru uko barutarutana kujanye n’ugukunda Yehova, kwaribonekeje rwose mu bantu b’intadohoka kw’ibanga. Ntibabaye nka Eva yarenze akarimbi akarengēra ubukuru bw’umugabo wiwe. Ntibabaye kandi nka Adamu, uwirengagije itegeko rya Yehova. [uw-RU rup. 48 ing. 6]
5. Igihe Paulo yavuga ivyerekeye “inzavya z’ukuraka ziteguriwe guhona” mu Baroma 9:14-24, yari afise mu muzirikanyi abavukanyi bariko barahigisha ukuba intumwa kwiwe. [uw-RU rup. 58 ing. 9]
6. Nk’uko vyanditswe muri Zaburi 110:1, “umwami wanje” bishaka kuvuga Yezu [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w94-F 1/6 rup. 28 ing. 5.]
7. Naho twoba dukorana akazi n’abatizeye canke tukaba tujana na bo kw’ishure, turashobora kwerekana ko tutabagize abagenzi. (1 Pet. 4:3, 4) [uw-RU rup. 44 ing. 13]
8. Igihe Ivyabona vya Yehova batewe n’abanka ukuri, bama nantaryo babona ko ari vyiza kuguma bihoreye. [w98-RU 1/5 rup. 27 ing. 7]
9. Igihe Eva na Adamu bakurikira akosho ka Shetani mu vy’ukwifatira bo nyene ingingo y’iciza n’ikibi, ikintu ca mbere bagize cari ic’ugutwara ibitari ivyabo. Baciye baba ibisuma. [uw-RU rup. 53 ing. 13]
10. Impanuro yo muri Bibiliya dusanga mu Migani 21:17 yo kwirinda “kwishinga akayāgīriro” yerekana yuko kwinezereza ari bibi kubera bitwara umwanya w’ibintu bihambaye. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w97-F 1/10 rup. 27 ing. 7.]
Ishura ibibazo bikurikira:
11. Ni kuki ukwiyubara gukenewe kugira ngo twirinde kugwa mu mutego wo gushigikira isi ya Shetani? (Yohana 17:15, 16) [uw-RU rup. 64 ing. 5]
12. “Icubahiro” Yehova yakirana umwanditsi wa Zaburi ni ikihe? (Zab. 73:24) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/12 rup. 28 ing. 3.]
13. Umwanditsi wa Zaburi aserura ukubona ibintu ukuhe ku vyerekeye uduteka tw’umurimo, nk’uko vyanditse muri Zaburi 84:1-3? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w97-F 15/3 rup. 8 ing. 5-7.]
14. Igihe twihanganira amagume tubigiranye ukwigumya, abandi bashobora kuvyungukirako gute? [uw-RU rup. 61 ing. 15]
15. Ni kuki umwaka w’1914 wabaye ikigeragezo c’ukwizera ku Bakirisu basizwe? [w98-RU 1/6 rup. 14 ing. 16]
16. Igihe dushikiwe n’umubabaro, ni uturyo utuhe tuba turonse? [uw-RU rup. 60 ing. 13]
17. Twotahura gute Zaburi 128:3 ivuga ivyerekeye abahungu bameze nk’ “utugemwe twa elayo,” bakikije ameza y’umugabo? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w00-F 15/8 rup. 30 ing. 4.]
18. Igihe tubona ko igikorwa c’Imana giteye ubwoba, bigira ico bikoze gute kuri twebwe? (Zab. 139:14) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w-RU 10/93 rup. 6 ing. 18.]
19. Ni kuki mu Migani 5:3, 4 havuga ivyerekeye iherezo ry’imaraya ko “rirura nk’umururazi” kandi ko “rikarishe nk’ubugi bg’inkota”? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w00-F 15/7 rup. 29 ing. 2.]
20. Mu buryo buhuje n’Imigani 14:29, uguhengekera umutima wacu ku bukerebutsi kudufasha gute kwirinda ingaruka ziva ku kudakontorora ishavu tugira? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w97-RU 1/4 rup. 10 ing. 7-8.]
Tanga i(ama)jambo canke imvugo (b)ikenewe kugira wuzuze ibivuzwe bikurikira:
21. Shetani agerageza _________________________ mu gukwegera umubiri wacu w’umunyagasembwa, akarekereza imbere yacu _________________________ yizigiye ko tumiramitwa tukabifatako, tukagambararira Imana, hanyuma amaherezo ntidushimwe na _________________________. [w98-RU 1/6 rup. 11 ing. 8]
22. _________________________ Yezu hamwe n’ukugamburukira Se wiwe ata gahato, biragaragazwa n’ukwizera _________________________ hamwe n’ingingo za gitewokarasi zifatwa kugira ngo dukore ukugomba kwa Yehova duhuje Inama. [w98-RU 1/6 rup. 18 ing. 9]
23. “Mu bgigobeko bg’Isumba vyose” ni ahantu h’_________________________ ku bantu bari ku ruhande rw’Imana ku vyerekeye ca kibazo c’_________________________; ni “ubgigobeko,” canke ahatazwi, ku bantu _________________________. (Zab. 91:1) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/12 rup. 29 ing. 6.]
24. ‘Kutibagira ivyiza Yehova yakugiriye vyose’ biboneka ko bifitaniye isano no _________________________ ku bw’ “ivyiza yakugiriye,” ku bw’ibikorwa yakoze biranga ubuntu mvarukundo nk’uko bidondorwa muri Zaburi y’103. (Zaburi 103:2) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w99-F 15/5 rup. 21 ing. 5-6.]
25. Amasengesho yoshobora kudufasha kubona canecane _________________________ vyo mu buzima, bikatwibutsa ukuntu vy’ukuri twahezagiwe. [w98-RU 1/6 rup. 25 ing. 18]
Robanura inyishu y’ukuri muri kimwekimwe mu bivuzwe bikurikira:
26. Muri Bibiliya, impfizi y’inka ni ikimenyetso c’(urukundo rwa Yehova; ububasha bwa Yehova butagira umupaka; ukuntu Imana iharira abantu bagamburuka), intare na yo igakoreshwa nk’ikimenyetso c’(ukugamburuka; inkomezi; ubutungane burangwamwo uburindutsi). [w98-RU 1/7 rup. 6 ing. 17]
27. Bibiliya ivuga itomoye rwose ko hari igihe Musa yakora amakosa, ariko (Yehova ntiyigeze amuheba; Yehova yamye nantaryo amuhimbarirwa; Yehova yagomba kumusubiriza Aroni). [uw-RU rup. 51 ing. 10]
28. Abafarizayo bagiye inama y’ukwica Yezu bafatanije na Yuda Isikariyote uwaguze Kirisitu, bari abo muri abo (bagararije intwaro y’Abaroma; bifatanije na Shetani mu bugarariji; batashaka ukuri kandi (ntibari bazi iciza ico ari co; ntibari bazi ico bariko barakora; bari bazi iciza ico ari co mugabo baramwica n’ibigirankana). [uw-RU rup. 47 ing. 4]
29. Uwanditse Zaburi y’119 biboneka ko yashima cane (ijambo ry’Imana, canke amategeko y’Imana; ingabirano y’ubuzima; icizigiro c’ubukiriro), ibivugwa hafi mu mirongo yose ya Zaburi. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w99-RU 1/11 rup. 21 ing. 5; w87-F 15/3 rup. 24 ing. 2.]
30. Abasavyi ba Yehova bamenye imbere y’igihe rwose ukuri kwerekeye uko isi yobaye kandi abandi atavyo bari bazi kubera (bari abanyabwenge; bari bizeye ko ata jambo rya Yehova na rimwe ryobuze gushika; bari abatohoji ba Bibiliya b’abanyamwete). [w98-RU 1/5 rup. 10 ing. 11]
Huza ivyanditswe bikurikira n’ibivuzwe bitondetswe aha hepfo:
Ita. 34:1, 2, 18, 19; Imig. 14:15; Mat. 13:24-30, 36-43; Rom. 4:20, 21; Yak. 5:11
31. Kuba abantu bamwe bamwe basa n’uko bisoneye, si vyo vyerekana ko ari abagenzi beza. [uw-RU rup. 44 ing. 13]
32. Kubera ko Imana yatumye mu nda ha Sara hari harapfuye hasubira kuba hazima, Aburahamu yari azi rero ko Imana yari gusubira gusubiza ubuzima Isaka mu gihe bikenewe. [w98-RU 1/5 rup. 9 ing. 5]
33. Turazi neza ko Yehova afitiye igishika abasavyi biwe, kandi nk’uko yagiriye Yobu, igihe kigeze azoduha impera nyinshi tugumye turi intahemuka. [uw-RU rup. 60 ing. 13]
34. Umuntu w’inkerebutsi kandi atahura ibintu arashira ku munzane ingaruka z’ivyo akora, kandi ntapfa gukurikira ibintu bimwebimwe biharawe kubera gusa ko ari vyo bikundwa na benshi. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba g94-F 8/12 rup. 16 ing. 1.]
35. Intumwa zimaze gupfa, Isirayeli y’Imana yarapfukiriwe n’urwamfu, ari bwo Bukirisu bw’ikinyoma. Mugabo mu gihe c’iherezo, akaranga k’iryo hanga ryo mu vy’impwemu karasubiriye kugaragara. [w98-RU 1/5 rup. 20 ing. 6]