Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Kigarama no muri Nzero: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro Izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles.” Udutabu Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes;—qui nous aidera à les résoudre? hamwe na Un livre pour tous, twoshobora gutangwa aho bibereye. Ruhuhuma: La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création?, La Révélation: le grand dénouement est proche!, L’humanité à la recherche de Dieu canke ikindi gitabu cose ca kera c’impapuro 192 coba kiri mu bubiko bw’ishengero. Ntwarante: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Akigoro kadasanzwe kazogirwa kugira hatanguzwe inyigisho za Bibiliya zo ku mihana.
◼ Amashengero akwiye gutangura kugira komande z’imbumbe z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyo mu 2001 akayigirira kimwe na komande y’ibisohokayandikiro muri Kigarama. Izo mbumbe zizoboneka mu Congereza, mu Gifaransa be no mu Gishinwa. Imbere yuko izo mbumbe ziboneka n’imbere yuko muzirungikirwa, kuri komande y’ishengero hazokwandikwako ngo “Ibikirindiye.” Imbumbe zisabwa mu buryo budasanzwe.
◼ Hazorungikwa ubutumire bwo ku Cibutso co mu 2002 mu rurimi rukoreshwa n’ishengero rimwerimwe ryose. Nimba hari izindi ndimi zivugwa mu cibare canyu kandi mukaba mwipfuza kuronswa ubwo butumire muri izo ndimi, mukwiye kubusaba ubu bwa jisho kw’Ifomu y’Ugusabirako Ibisohokayandikiro (S-14). Ubutumire bwo ku Cibutso buboneka mu Carabu, mu Congereza, mu Gifaransa, mu Gihindi, mu Gipunjabi, mu Gishinwa (Coroheje), mu Giswahili, mu Kiganda, mu Kigujarati no mu Kirundi. Turabasavye ko mwogira komande y’indimi zivugwa mu cibare canyu zonyene.
◼ Turabamenyesheje yuko Icibutso co mu mwaka w’2003 kizoba ku wa Gatatu, 16 Ndamukiza, izuba rirenze. Ivyo bimenyeshejwe hakiri kare kugira abavukanyi bashobore gutegekanya ibikenewe mu vyo gukota ibibanza igihe hoba hariho amashengero menshi akoresha Ingoro y’Ubwami imwe bikaba ngombwa yuko haronderwa izindi nyubakwa. Abakurambere bakwiye kuja inama ku kuntu bizogenda kugira barabe neza ntihagire ibindi bikorerwa muri iyo nyubakwa bizodurumbanya kugira ihimbazwa ry’Icibutso ribe mu buryo burangwa amahoro n’urutonde. Kubera urwo rubanza ruhambaye, inama y’abakurambere ikwiye guhitamwo umwe mu bakurambere abishoboye kuruta kugira ngo bamushinge gushikiriza insiguro y’Icibutso aho gupfa kuja baratana imbu gusa canke bakoresha umuvukanyi umwe wenyene uko umwaka utashe. Nimba hariho umukurambere abishoboye ari mu basizwe abasha gutanga iyo nsiguro, akwiye gutorwa.
◼ Itondanuzwa ry’ibisohokayandikiro vyose rigirwa ku mwaka ku mwaka be n’ibinyamakuru mufise rikwiye kugirwa bishobotse ku wa 31 Kigarama 2001 canke inyuma y’aho gato. Iryo tondanuzwa rirasa n’iharura rigirwa ku kwezi ku kwezi n’umuhuzabikorwa mu vy’ibisohokayandikiro, kandi ibitigiri vya vyose bikwiye kwandikwa kuri fomu y’Itondanuzwa ry’Ibisohokayandikiro (S-18). Igitigiri c’ibinyamakuru vyose musigaranye mushobora kukironswa n’abajejwe ibinyamakuru mw’ishengero ryose rigize umugwi w’ibisohokayandikiro. Ishengero mpuzabikorwa ryose rizoheza rironke amafomu atatu y’Itondanuzwa ry’ibisohokayandikiro (S-18). Turabasavye murungike iyo hejuru ku biro hatarenze ku wa 6 Nzero. Nimugumane ikopi yandikishijwe karubone muri dosiye yanyu. Ikopi ya gatatu mushobora kuja murayifashisha. Umunyamabanga w’ishengero mpuzabikorwa akwiye gusuzuma ukuntu iryo tondanuzwa rigenda. Umunyamabanga be n’umucungenzi muhagarikizi bo mw’ishengero mpuzabikorwa bazoheza batere igikumu kuri nya fomu.
◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera—mu Ndome Nininini—mu Congereza
Louons Jéhovah par nos Chants (Indirimbo 29)—mu Kiganda