Gushinga Intahe—Gushika ku Mpera z’Isi
Ni nka bande boba boshobora kurorera ya videwo Jusqu’aux extrémités de la terre bakaja barisubiriza kuyiraba? Ni abo bafise umugambi wo kuzoba abamisiyonari. Kubera iki? Kugira bamenye neza ibijanye na rya Shure ry’Ivya Bibiliya ry’i Gileyadi ry’Ivyabona vya Yehova. Iyo videwo irerekana ihimbazwa ry’imyaka 50 iryo shure ridasanzwe rimaze ryuguruwe kugira ngo igikorwa c’ugushinga intahe gikwire “ku mpera zose z’isi.” (Zab. 22:27) Kuyirorera bizotuma urushiriza guha agaciro ico gikorwa gihambaye kuruta ibindi c’ukwamamaza inkuru nziza kandi bitume wagura umurimo wawe. Rimbura ibi: (1) Mu ntango y’imyaka y’1940, ni igiki ishirahamwe rya Yehova ryitwararitse kuruta? (Ivyak. 1:8) (2) Mu 1942, ni ubuhe buhanuzi butangaje bwo muri Bibiliya bwariko buraranguka, kandi ivyo twari duhanze amaso vyari binyuranye gute n’ivyo isi yari yiteze muri rusangi? (Ivyah. 17:8; w89-F 15/4 rup. 14 ing. 12) (3) Ni ibiki vyaringanijwe kugira ngo bungukire ku kiringo c’agahengwe cari citezwe inyuma y’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose? (jv-F rup. 522 ing. 1-2) (4) Ni izihe kamere z’abigishwa bo mw’Ishure rya mbere ry’i Gileyadi ushima? (5) Ni abigishwa bangahe bize mw’ishure ry’i Gileyadi mu myaka 50 ya mbere baronse impapuro z’umutsindo, kandi barungitswe mu bihugu bingana iki? (6) Mu vy’ukuri abigishwa baronka ubumenyi bwo muri Bibiliya bungana iki? (7) Ni igiki kiranga umumisiyonari n’umwigisha mwiza w’Ijambo ry’Imana? (8) Ubuzima bw’umumisiyonari bumeze gute, kandi ni izihe ngorane ahura na zo? (9) Abamisiyonari bumva bamerewe gute ku biraba uburyo babayeho, kandi ni iminezero iyihe idasanzwe baronkera mu buzima bwabo burangwa n’ukwitanga? (10) Ni ibiki abamisiyonari ibihumbi n’ibihumbi bamaze kurangura gushika ubu? Nutange uturorero. (11) Abavukanyi n’abavukanyikazi bagiye “ku mpera z’isi” kwamamaza wewe ubabona gute? (12) Akarorero abamisiyonari batanga koba kakuremesha gukora iki kandi kubera iki?