Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura ku wa 8 Gitugutu
Ururirimbo rwa 17 (187)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Nimuremeshe umwe wese kwihweza ikigabane ca 1 c’igitabu Abahurikiye Hamwe mu Gusenga Imana Imwe Nsa y’Ukuri, canke aho amavidewo aboneka barabe ya videwo Unis grâce à l’enseignement divin (Bafatanye mu Nda Bivuye ku Nyigisho Iva ku Mana) mu kwitegurira ikiganiro co kw’Ikoraniro ry’Umurimo ryo ku ndwi itangura ku wa 22 Gitugutu. Mukoresheje inama tugirwa ku rupapuro rwa 4, nimugire imyerekano ibiri migufimigufi y’uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru, muri umwe hakoreshwe Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo, mu wundi hakoreshwe Réveillez-vous! yo ku wa 22 Gitugutu. Niba ico gihe izo nomero ataziriho mw’ishengero, nimukoreshe izindi nomero zibiri ziherutse gusohoka.
Imin. 35: “Woba Uriko Urashira mu Ngiro Ivyo Wigiye Kuri rya Hwaniro ry’Intara Ryataziriwe ngo ‘Abigisha b’Ijambo ry’Imana’?” Umurongozi w’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi ahane ijambo n’abumviriji kuri porogarama y’iryo hwaniro. Umaze kugira intangamarara y’umunuta umwe, nukoreshe iminuta 10-12 kuri porogarama y’umusi umwumwe. Nushikirize muri make ivyiyumviro bikurubikuru biri munsi y’agatwe gatoyi kose, hanyuma usabe abumviriji bagire ico bavuze ku kuntu (1) bihatiye gushira mu ngiro iyo nyigisho, (2) bungukiye ku kubigira, hamwe (3) n’ico bumva bakeneye kurushiriza gukora. Nukoreshe ibibazo bituma umuntu azirikana kugira ngo uremeshe ikiganiro gikabura. Nufashe bose kwumva ko bakeneye gukoresha ivyo bize.
Ururirimbo rwa 18 (162) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 15 Gitugutu
Ururirimbo rwa 12 (113)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 15: Woba ufise ‘Umutima wo Kugamburuka’? (1 Abm. 3:9) Insiguro ishikirizwa n’umukurambere, ishingiye ku Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Mukakaro 1998, urupapuro rwa 29-31. Nimuganire uburyo butandukanye dushobora kugaragarizamwo ukugamburuka mu vyo dukora mw’ishengero.
Imin. 20: Dukoreshe Neza Ibinyamakuru Vyacu. Umucungezi w’umurimo hamwe n’uwujejwe ibinyamakuru baganire ku kuntu barajwe ishinga n’ukuntu ibinyamakuru bishikirizwa aho iwanyu. Baravuga igitigiri c’ibinyamakuru ishengero rironka ku kwezi ku kwezi babigereranije n’igitigiri c’ibitangwa mu ndimiro bashira kuri raporo. Biraboneka ko hari ibinyamakuru bitari bike bikunda kurundana mu bubiko canke bigatabwa. Abamamaji bashobora gute gukoresha neza ibinyamakuru vyacu? Abo bavukanyi baraganira ku vyiyumviro indwi biri mu gihimba c’Ikoraniro ry’Umurimo kivuga ngo “Niwame Wibuka Ibinyamakuru!” ryo ku ndwi Itangura ku wa 4 Gitugutu 1999. Barihweza ivyabonywe vyo mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1998, urupapuro rwa 28-29, hanyuma barimbure uburyo bumwebumwe izo nama zokurikizwa aho iwanyu. Umuntu wese araremeshejwe kugerageza uburyo bwo gutanguza ibiyago bw’akarorero bwerekanwa ku kwezi ku kwezi mu Gikorwa Dukorera Ubwami.
Ururirimbo rwa 25 (204) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 22 Gitugutu
Ururirimbo rwa 16 (143)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama zatanzwe ku rupapuro rw’8, nimugire imyerekano ibiri migufimigufi y’ugushikiriza ibinyamakuru, muri umwe hakoreshwe Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo, mu wundi hakoreshwe Réveillez-vous! yo ku wa 8 Munyonyo canke inomero ziherutse gusohoka ziboneka mw’ishengero.
Imin. 10: Wokwishura Gute? Nuvuge muri make ko mu gitabu Comment raisonner, urupapuro rwa 339 hatanzwe inyishu itomoye y’iki kibazo “Comment les Témoins de Jéhovah arrivent-ils à leur explication des Écritures?” (Ivyabona vya Yehova bashika gute ku buryo basigura Ivyanditswe?) Nimugire umwerekano wateguwe neza w’ukuntu wokwishura ico kibazo igihe usubira kugendera umuntu, ugaca umutumira n’igishika kwitaba amakoraniro y’ishengero.
Imin. 25: Ukuganira ku vyerekeye ikigabane ca mbere c’igitabu Abahurikiye Hamwe mu Gusenga Imana Imwe Nsa y’Ukuri. Nushimangire ku kuntu twozigama ubumwe bwacu mu kwirinda utwosho tuzana amacakubiri. Aho amavidewo aboneka, nimukoreshe igihimba kivuga ngo “Ikaseti Videwo Unis grâce à l’enseignement divin” (Barafatanye mu Nda Bivuye ku Nyigisho Iva ku Mana): Ni Ikintu cerekana Ubumwe Nyakuri Burangwa mu Bavukanyi.” Kuganira n’abumviriji. Nukoreshe ingingo ya mbere mu ntangamarara n’iya nyuma mu gusozera ico gihimba. Kugira ngo uvyure ikiganiro gikabura c’iyo videwo, nubaze ikibazo cose catanzwe. Nimba mw’ishengero hariho abitavye amahwaniro mu bindi bihugu, nubasabe bavuge inyiyumvo bagize babonye ari bwo bwa mbere ukuntu ishirahamwe ryacu rihuza abantu bo mu mahanga atandukanye be n’ubumwe buhibereye. Canke na ho, niwigane ivyabonywe bimwebimwe bikora ku mutima bivugwa muri Annuaire 1994, ku rupapuro rwa 7-9 no muri Annuaire 1995, ku rupapuro rwa 8-11. Muri Kigarama, aho amavidewo aboneka, tuzokwihweza ya videwo ivuga ngo “Jusqu’aux extrémités de la terre (Gushika ku Mpera z’Isi).
Ururirimbo rwa 11 (85) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 29 Gitugutu
Ururirimbo rwa 19 (164)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’ukwezi kwa Gitugutu. Ibisohokayandikiro vyo gutanga muri Munyonyo ni agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi. Nugire umwerekano w’iyi nshikirizo ngufi: “Muri ibi bihe vy’ingorane mu vy’ubutunzi, abantu benshi basanga ari urugamba kuronka ibibatunga. Woba wibaza ko intwaro z’abantu zizotorera umuti iyo ngorane mu buryo bushimisha umuntu wese? [Nureke yishure.] Uwu muhango wo muri Bibiliya nasanze uremesha cane.” Nusome muri Zaburi 72:12-14. Hanyuma numuhe agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi, umubwira amajambo abereye avuye muri ico gisohokayandikiro.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 18: “Woba Ufungura Neza mu Buryo bw’Impwemu?”a Nusabe abumviriji batange izindi nsasanuro zo mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1997, urupapuro 28-31 kugira ngo basigure igituma n’ukuntu dutegerezwa kwihata kugira ngo tugumane utumenyero two gufungura neza mu vy’impwemu.
Ururirimbo rwa 2 (15) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 5 Munyonyo
Ururirimbo rwa 26 (212)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa Gitewokarasi.
Imin. 18: Umuryango Witegurira Amakoraniro. Sebibondo aganire n’umuryango wiwe ingene bose bashobora gutegura kugira bagire uruhara neza mu makoraniro. Bakoresheje inyobozo zatanzwe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 1999, urupapuro rwa 29, ingingo 9, barategura insasanuro zo gutanga mu gihe c’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi yo kuri iyo ndwi. (1) Umwumwe mu bagize umuryango aratora ikibazo kimwe canke bibiri ashobora gutangako insasanuro. (2) Bahejeje kwihweza ingingo bahisemwo, barategura inyishu zabo mu majambo yabo bwite. (3) Baratora ivyanditswe nyamukuru mu vyatanzwe, bakaganira ingene kimwekimwe cose kijanye n’uwo mutwe, hanyuma bagategekanya ico bazovuga kugira ngo babihuze n’ico cigwa. Bose barashashaye kugira uruhara muri iryo koraniro.
Imin. 17: “Intumbero Ni Iyihe?”b Nushimike ku kamaro ko gufasha abatohoji kubona agaciro ko kwitaba amakoraniro y’ishengero. Nushiremwo umwerekano wateguwe neza werekana ingene ivyo twobigira, ukoresheje ikigabane ca 17, ingingo ya 6-8, mu gitabu Ubumenyi.
Ururirimbo rwa 29 (222) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.