ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/01 rup. 3
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 10/01 rup. 3

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Aho abantu bashimishwa igihe dusubiye kubagendera, twoshobora kubasaba kugirisha abonema. Munyonyo: Ni Ibiki Imana Idusaba? canke Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Niba abantu baramaze kubironka, igitabu L’humanité à la recheche de Dieu canke ikindi ca kera birashobora gukoreshwa. Kigarama na Nzero: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité, Intwaro Izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie?—Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles.” Udutabu: Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kudufasha Canke Kudutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre? hamwe na Un livre pour tous, twoshobora gutangwa aho bibereye.

◼ Niba ku wa 1 Nzero ibihe vy’amakoraniro bizohinduka mw’ishengero ryanyu, umunyamabanga w’ishengero akwiye kumenyesha ibiro vy’ishami ayo mahinduka mu kurungika ya fomu y’Amamenyeshwa Yerekeye Amakoraniro y’Ishengero no Gusaba Udukaratasi tw’Ubutumire (S-5). Udukaratasi tw’ubutumire dukwiye gusabwa n’imiburiburi hasigaye amayinga 12 ngo igihe mwipfuza kuturonkerako gishike.

◼ Isekeza ryo gukorera mu vyibare biri ukwa vyonyene rigirwa ku mwaka ku mwaka, muri Tanzaniya rizoba mu kwezi kwa Kigarama 2001 gushika muri Ruhuhuma 2002. Abatsimvyi bo muri Tanzaniya bashimishwa n’ico gikorwa barashobora kwuzuza ifomu yo gusaba ubu ako gateka kadasanzwe.

◼ Amashengero arakwiye gutangura gusaba udutabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi—2002 kuri Komande y’ibisohokayandikiro yo muri Gitugutu. Utwo dutabu tuzoboneka muri izi ndimi: Amharike, Icarabu, Icongereza, Igifaransa, Igihindi, Igipunjabi, Igishinwa (coroheje), Igiswahili, Igitigirinya, Ikigujarati, Ikinyarwanda, Ikirundi na Urdu. Gushika aho utwo dutabu tuzobonekera kandi tukarungikwa, ku mpapuro ziherekeza ibirungitswe hazoguma handitsweko ko ‘biri mu nzira.’ Udutabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi ni udutabu dusabwa mu buryo budasanzwe.

◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:

A Satisfying Life—How to Attain It—mu Carabu, mu Congereza, mu Gifaransa, mu Gishinwa (Coroheje) no mu Giswahili

La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains II—mu Congereza, mu Gifaransa no mu Giswahili

Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa? (Itaragiti No. 25)—mu Carabu, mu Congereza, mu Gifaransa no mu Giswahili

Woba Ushaka Kumenya Vyinshi Ku Vyerekeye Bibiliya? (Itaragiti No. 26)—mu Congereza no mu Giswahili

◼ Amakaseti Mashasha yo Kwumviriza Aboneka:

Respect Jehovah’s Authority—On Audiocassette (Niwubahe Ubukuru bwa Yehova, Igikino c’ivya Bibiliya, ikaseti imwe)—mu Congereza

◼ Disques compacts Nshasha Ziboneka:

Respect Jehovah’s Authority—On Compact Disc (Niwubahe Ubukuru bwa Yehova, Igikino c’ivya Bibiliya, idisike imwe)—mu Congereza

◼ Amakaseti Videwo Mashasha Aboneka:

Faithful Under Trials—Jehovah’s Witnesses in the Soviet Union—mu Congereza

The Greatest Man Who Ever Lived—On Videocassette, Volume 2—mu Mvugo y’Ibimenyetso y’Abanyamerika

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika