Woba Uriko Urashira mu Ngiro Ivyo Wigiye Kuri rya Hwaniro ry’Intara Ryataziriwe ngo: “Abigisha b’Ijambo ry’Imana”?
1 Umuntu wese yitavye ihwaniro ry’intara ry’uyu mwaka yarashoboye kwibonera ko abasavyi ba Yehova bafise intumbero yo kurangura ibanga bashinzwe ryo kuba abigisha b’Ijambo ry’Imana. (Mat. 28:19, 20) Igihe wasubira i muhira, ni ibihe vyiyumviro bitomoye vy’iyo nyigisho wiyemeje gukurikiza mu buzima bwawe bwite no mu murimo wo mu ndimiro?
2 Ivyanditswe Vyahumetswe Ni Ngirakamaro ku Kwigisha: Umutwe shimikiro wo ku musi wa mbere w’iryo hwaniro washimikiye kuri 2 Timoteyo 3:16. Ijambo nyamukuru ryarerekanye ko kugira ngo “[Tugire] Ibikwiye Vyose Kugira Tube Abigisha b’Ijambo ry’Imana,” dutegerezwa guha agaciro kanini Ijambo ry’Imana, tukaryubaha kuruta ivyiyumviro ivyo ari vyo vyose vy’abantu canke imigenzo iyo ari yo yose yabo, kandi akaba ari ryo tuguma dukoresha. Dutegerezwa kandi gusenga ku musi ku musi dusaba impwemu yera ngo idufashe mu busuku bwacu no gukora kugira ngo dutsimbataze icamwa cayo nyamukuru, na co akaba ari urukundo. Kandi dutegerezwa kureka ishirahamwe ryo kw’isi rya Yehova ngo ritumenyereze kuba abasuku biciye ku makoraniro yose y’ishengero.
3 Uruhererekane rw’insiguro rwo ku wa gatanu rwari rufise umutwe uvuga ngo “Nitwiyigishe Ubwacu Twongera Twigisha Abandi,” rwarasiguye ko dutegerezwa kuba intangakarorero mu (1) kwumira ku mabwirizwa y’Imana mu mice yose y’inyifato runtu ya gikirisu, (2) mu gutsimbataza utumenyero tw’ukwiga dushirutse ubute, no mu (3) kurandurana n’imizi inyifato be n’ibintu biri mu mutima no mu muzirikanyi Shetani ashobora gufatirako. Ubukwirikira, twaramenye uburyo ngirakimazi bwo gukingira imiryango yacu ibintu vyerekana ubushegabo vyateye nk’ikiza mw’isi. Abavyeyi barahimirijwe gutanga akarorero mu vy’ukwirinda gutereza akajisho n’akanya na gatoyi ku vyerekana uguhuza ibitsina, no gusuzuma ukuntu abana babo bakoresha Internet bakongera bagasuzuma ivyo baraba kuri televiziyo. Ni ivyiyumviro ibihe vyo muri porogarama yo ku wa Gatanu woba umaze gutangura gushira mu ngiro?
4 Insiguro ya nyuma yo kuri uwo musi yarakomeje umwiyemezo wacu wo gukunda umuco wa Yehova, kuguma twiyegereje umugwi ugizwe n’abasizwe b’abizerwa b’Imana, hamwe no gutuma amahoro y’abasavyi ba Yehova yongerekana. Woba umaze gusoma ca gitabu gishasha casohorwa, La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains II (Ubuhanuzi bwa Yesaya, Umuco ku Bantu Bose, imbumbe ya 2)?
5 Abakwije Neza Ibisabwa Kugira ngo Bigishe Abandi: Icanditswe c’ishimikiro c’umusi ugira kabiri w’iryo hwaniro cari muri 2 Timoteyo 2:2. Nk’uko wavyumvise mu ruhererekane rw’insiguro rwo ku wa Gatandatu mu gitondo, woba waragize utwo wandika kuri za nama twagirwa z’ukuntu (1) tworondera ababereye, (2) ukuntu twobatsimbatariza ugushimishwa, be n’ ukuntu (3) twobigisha kwitondera ivyo Kirisitu yatugeze vyose? Woba uriko urashira mu ngiro ivyo wize—mu kwereka abo usanga ku mihana n’imiburiburi iciyumviro kimwe co mu Vyanditswe no gushiraho ishingiro ryo gusubira kubagendera?
6 Porogarama yo ku muhingamo yashimikiye ku kamaro ko kwigana wa Mwigisha Ahambaye, Yezu. Ni mu buryo ubuhe uriko wihatira kuba nka we? Ufatiye ku vyo wigiye muri rwa ruhererekane rw’insiguro rugira kabiri rw’uwo musi, wumva ari gute ushobora “[K]wungukira Bimwe Vyuzuye ku Nyigisho ya Gitewokarasi”? Ni inama izihe uriko urashira mu ngiro kugira ngo wongerereze ubushobozi bwawe bwo gukurikira mu gihe wiyigisha no mu gihe c’amakoraniro y’ishengero?
7 Nta gukeka ko ya ntunganyo yegereje y’igitabu gifise umutwe uvuga ngo Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi izodufasha gutsimbataza ububasha bwacu bwo kuvuga no kwigisha Ijambo ry’Imana. Hazokwitwararikwa cane kamere z’ukuvuga zaranga abasavyi b’Imana b’abizerwa bo mu bihe vya Bibiliya. Icigwa ico ari co cose co muri ico gitabu gishasha kirafise utwumba twerekana muri make ivyo dukeneye gukora, igituma bihambaye, be n’ingene twobikora. Harimwo imyimenyerezo y’ukuntu bigenda. Abavukanyikazi bazoba bafise uburyo 29 bazohitamwo gukoresha igihe bashikiriza ibigabu vyabo. Mu nyuma, amahinduka yamenyeshejwe azogirwa ku bijanye n’ukuntu iryo shure ritunganywa. Woba ufise akamenyero keza ko kwiyigisha no gutegura kugira ngo wungukire bimwe vyuzuye kuri iryo Shure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ku ndwi ku ndwi?
8 Nimube Abigisha ku bw’Igihe Kihaciye: Abaheburayo 5:12 ni co canditswe categura imizirikanyi y’abaje ku w’Iyinga. Uruhererekane rw’insiguro rwo mu gitondo rwari rufise umutwe uvuga ngo: “Ubuhanuzi bwa Malaki Buradutegura ku bw’Umusi wa Yehova,” rwaraduhimirije guha Imana ibintu vyiza dufise kuruta ibindi no kwanka urunuka ingendo zose z’ukuryarukana, tubone kuzorokoka wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova. Ca gikino c’ivya Bibiliya gifise umutwe uvuga ngo “Niwubahe Ubukuru bwa Yehova,” carerekanye gishimitse ingene ubwibone, uguhahamira ubukuru, inzigo y’akazikira n’uguhemuka kwa Kora n’abagenzi biwe vyabashikanye ku kugarariza Yehova ubwiwe. Insiguro yakurikiye yarashimitse ku vyo umuryango n’ishengero vyo muri iyi misi ya none bikeneye kugira ngo tugamburuke ubukuru bw’Imana tudahemuka. Insiguro y’icese yari ifise umutwe uvuga ngo “Ni Bande Bariko Barigisha Ukuri Amahanga Yose?,” yaratanze icemeza ko ari Ivyabona vya Yehova bariko barabigira, ko atari abo mu Biyita Abakirisu bivugisha gusa ko bigisha ukuri kwa Bibiliya.
9 Biragaragara ko Yehova ariko aratumenyereza kugira ngo turushirize kuba abigisha beza b’Ijambo ryiwe. Nimuze dushire mu ngiro ivyo twize, ‘twirinde ubwacu no ku vyo twigisha, kuko nitwagira dutyo tuzokwikizanya n’abatwumva.’—1 Tim. 4:16.