Ya Materaniro y’Intara yo mu 1999 Yataziriwe ngo “Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana”
1 Igihe Abisirayeli bari begereje kwinjira muri ca Gihugu c’Isezerano, Musa yabahimirije gukenguruka amabwirizwa y’Imana. Yababwiye ati: “Ivyo ntimubigire ivyoroshe; kukw ari vyo bu[zima] bganyu.” (Gus. 32:45-47) Ntidukengurukira Yehova none kubona ubuzima bwacu bufise agaciro cane kuri we ku buryo abandanya kuturongora abicishije kw’Ijambo ryiwe rifise agaciro ntangere? Ni co gituma turindiranye igishika rya Teraniro ry’Intara ry’imisi itatu ryataziriwe ngo “Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana,” hamwe n’ivyo Yehova atubikiye.
2 Muri uyu mwaka, amateraniro y’intara ategekanijwe kuzobera mu bibanza bibereye 22 hirya no hino muri Afirika yo mu Buseruko. Turetse Icongereza n’Igiswahiri, porogarama y’iryo teraniro izohindurwa mu Mvugo y’Ibimenyetso y’Ikinyamerika yongere igirwe mu Gifaransa, mu Kiganda, mu Kinyarwanda, no mu Kirundi.
3 Ngirango uramaze kugira ivyo utunganya kugira ngo uzoshobore kwitaba iryo teraniro imisi yose rizomara, kubera yuko wemera ko Yehova yiteze yuko uryitaba. Numenye ko abona utwigoro be n’ukwibabaza umwe wese mu basavyi biwe agira kugira ngo aryitabe, kandi ivyo bintu avyibuka ashima. (Heb. 6:10) Mu gihe twitaba imisi yose y’iteraniro kuva ku ruririmbo rwo kwugurura gushika kw’isengesho ryo gusozera, tuba tugaragarije Yehova yuko duha agaciro amajambo atubwira. (Gus. 4:10) Tuba kandi twerekanye ko dukenguruka igikorwa gikomeye abavukanyi bacu benshi bari mu bateguye iryo teraniro baba bakoze.
4 Kuringaniza ivy’uko abasavyi b’Imana ibihumbi n’ibihumbi bakoranira ku kibanza cose c’iteraniro bisaba gutunganya ibintu imbere y’igihe no kwiyungunganya neza. Kumenya yuko indinganizo zerekeye iteraniro zagiranwe urukundo birakwiye gutuma dufashanya kugira ngo ibintu “vyose bitungane neza, birorane.” (1 Kor. 14:40) Ibimenyeshejwe n’ivyibukijwe bikurikira bishikirijwe kugira ngo ushobore gushika kw’iteraniro ry’intara mwatumiweko witeguye neza kugira winovore ibifungurwa vy’impwemu wongere winovore ukuba uri kumwe n’Abakirisu bagenzawe.
Imbere y’Iryo Teraniro
5 Abo urongorera inyigisho ya Bibiliya be n’abandi bashimishwa boba bakeneye gusahirizwa mu vy’ugutunganya kuzokwitaba iryo teraniro? Ivyo babona n’ivyo bumva igihe bariyo birashobora kumbure kubavyurira umutima wo kuba abasavyi ba Yehova. (1 Kor. 14:25) Abakurambere bakwiye kuba bazi umuntu wese akeneye gusahirizwa mu vy’uburaro canke mu vy’ukwunguruzwa, canecane abageze mu zabukuru bari mw’ishengero, bakanaraba babigiranye urukundo yuko ivyo bintu bakeneye babifashwamwo.—Gal. 6:10.
6 Woba waramaze gutunganya ivy’aho uzocumbika? Niba uzoba mw’ihoteri, woba umaze kubironkera icemezo ukaba kandi wararungitse kuri iyo hoteri amahera yo gufatisha ico kibanza? Amafomu yose yo Gusaba Icumba Gikenewe Bidasanzwe yemejwe na Komite y’Umurimo y’Ishengero, umunyamabanga waryo akwiye kuyarungika kuri aderese ibereye y’iteraniro. Niba warahawe uburaro biciye kuri ya ndinganizo yerekeye ababukeneye bidasanzwe hanyuma ukaba utegerejwe kubuheba, turagusavye ubimenyeshe mu maguru masha Urwego Rujejwe ivy’Uburaro rw’aho iwanyu kugira ngo ubwo buraro bushobore guhabwa abandi.
7 Niba hari ivyo ukeneye kumenya ku vyerekeye iteraniro, urashobora kubaza ibiro. Turagusavye ntuzoterefone canke ngo wandikire abajejwe ibibanza vy’iteraniro batari Ivyabona.
8 Kubera ko Urwego rwo Gutabara Abarwaye rwo kw’iteraniro rushingwa kugira ngo rufashe gusa mu gihe ibintu biba bikomeye, dusavye ko mwoza kw’iteraniro mwitwaje utunini twa asipirine, udupansuma, n’udukoresho two guhumekeramwo imiti, uduti two gufasha mu nda n’ibindi bikoresho nk’ivyo niba mwibaza ko utuntu nk’utwo twokenerwa. Niba wewe canke umwe mu bawe asanzwe afise indwara ikomeye, nk’iy’umutima, diyabete, canke intandara, tugusavye kuzoza kw’iteraniro witwaje imiti ikenewe kugira ngo ishobore kumufasha nk’aho mwoba muri i muhira canke mu buruhuko. Vyoba biranga ubukerebutsi uwo mu muryango w’uwo muntu canke umugenzi wiwe amugumye hafi, kubera yuko uwo ari we aba ashoboye kuruta abandi kumusahiriza igihe bikenewe.
9 Uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye kumbure tuzokwibonekeza mu gihe uri ku rugendo uja kuri iryo teraniro canke uvayo. Mbega uzoba witeguriye kubwira abandi ukuri? Twese, tutibagiye n’abana bato, turashobora kujamwo mu gushikiriza amataragiti abakora ku manywesherezo y’ibitoro, abatoza amahera mu mabisi, canke abandi muhurira mu ngendo. Uturyo two gushikiriza ibinyamakuru abashimishwa, udutabu, canke ibindi bisohokayandikiro, tuzokwizana. Niwitegurire gushinga intahe akaryo kizanye ku bantu batobonetse dukoresheje uburyo dusanzwe dukoresha mu kwamamaza inkuru nziza.
Mu Gihe c’Iryo Teraniro
10 Imisi yose ku kibanza c’iteraniro imiryango izokwugururwa isaha 2. Ushobora kubikira gusa ibibanza abo mu rugo rwawe canke umugwi w’abo mwazananye mu muduga. Ivyicaro bibereye bizobikirwa abavukanyi n’abavukanyikazi bageze mu zabukuru, kandi hari ibibanza bizobikirwa abamugaye n’abakenera aho bacisha ya makinga y’ibimuga. Ntibizoshoboka ko abahuganirwa canke abakikwa n’amagara bivuye ku hantu kanaka babikirwa ivyumba bidasanzwe. Imisi yose mu gihe co kuva aho wari wicaye, tugusavye utohoze neza ko ufise utwawe twose.
11 Kugira ngo dukoranire hamwe turi benshi mu materaniro yacu y’intara, dusabwa gukurikiza amategeko y’aho hantu n’ibindi bintu tworaba vyerekeye umutekano. Turagusavye ukurikize amabwirizwa yo kudatekera mu buraro bw’abantu benshi canke ahandi hantu ivyo bibujijwe.
12 Woba uzobatizwa kuri iryo teraniro ry’intara? Ku kiringo co ku wa Gatandatu mu gitondo, hari igice kirimwo intebe zizobikirwa abaza kubatizwa, kandi abashinzwe kwakira abantu bazokuyobora bagushikane muri ico kibanza. Niba bishoboka, turagusavye uzobe wicaye muri ico kibanza imbere y’uko ikiringo gitangura. Uraza witwaje Bibiliya yawe, igitabu c’indirimbo, iswime be n’impuzu zo kwinjirana mu mazi ziranga urupfasoni. Ya mabutura usanga atabereye, udupira turiko ivyivugo n’ivyambarwa nk’ivyo, ntibibereye ku bw’ico kiringo c’iteka. Igihe abakurambere basubiramwo vya bibazo vyo mu gitabu Huduma Yetu kumwe n’abitegurira kubatizwa, bakwiye kuraba neza ko umwe wese atahura ivyo bintu. Kubera yuko ibatisimu ari ikimenyetso c’uko umuntu ubwiwe yiyeguriye Yehova Imana, ntivyoba bibereye ko ababatizwa bafatana iminwe mu gihe bariko barabatizwa.
13 Urashobora gukoresha ivyuma vyo gufata amasanamu n’ivyo gufata amajwi kw’iteraniro. Yamara ukwiye kubitereka canke ukabikoreshereza aho bitazibira utuyira canke ngo bikingire abandi, cabure bigasamaza abantu ntibabe bagikurikira neza iporogarama. Bikwiye kuba ibikora bitarinze gucomekwa ku muyagankuba canke ku vyuma bikuza amajwi.
14 Abatumva neza hari ibizotunganywa ku bwabo kugira ngo bicare aho bashobora kwungukira kuri iyo porogarama. Turagusavye usabe abashinzwe kwakira abantu bagusahirize ku biraba izo ndinganizo.
15 Kubera ko twa duterefone tutagira urutsinga be na twa twuma two guhanahana amakuru bisigaye bikoreshwa n’abantu benshi, turagusavye ube maso ivyo bikoresho ntibigusamaze ngo ureke gukurikira porogarama canke ngo bitume abicaye iruhande yawe badakurikira neza. Ivyo bikoresho ntukwiye kubireka ngo bijwire mu buryo bwumvikana igihe uzoba wicaye mu bumviriza. Niba bikenewe ko ukoresha agaterefone katagira urutsinga mu gihe ca porogarama, turagusavye uzobigirire inyuma y’ahabera iteraniro.
16 Kugira ngo ducungure umwanya kandi ibintu vyorohe, Ishirahamwe ryaradusavye kwitekerera impamba kw’iteraniro iyo misi yose. Abavukanyi benshi barakurikije ubwo buyobozi maze basanga iyo bamaze kurungikwa mu karuhuko ka sasita, bashobora kwicarana n’imiryango yabo bagafungurira hamwe utwo ku mutaga batekeye. Benshi bavuze yuko akaryo ko gufata akayaga mu gihe c’akaruhuko ka sasita no kumarana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi babo umwanya munini gusumba vyari bihimbaye. Ivyo bisaba kugura ibifungurwa n’ibinyobwa imbere y’igihe maze tukabitekera mu dusaho canke mu dukanyisho dutoduto dushobora gukwira munsi y’intebe. Dusavye ko abitaba iteraniro bose bakurikiza iryo bwirizwa. Ejobundi, abajejwe aho tugirira amateraniro be n’abahacururiza udufungurwa barabonye abavukanyi bamwebamwe bava mu kibanza c’iteraniro bakaja kugura utwo barya kuri ba bandi batembereza utuntu no ku madandarizo y’udufungurwa yo mu micungararo yaho. Bamwe mu badandariza ibifungurwa aho tugirira amateraniro bariko barasaba ko bokwemererwa kwugurura utuzu twabo tw’idandarizo ry’ibifungurwa kugira ngo baronse udufungurwa abaza kw’iteraniro ryacu. Ivyo biramutse vyemewe, abantu benshi b’isi bokwivangavanga natwe kuri uwo musi. Ikindi ni uko vya bindi vyo kugundanira ku tuzu tw’idandarizo be no gutonda umurongo imbere yatwo vyohava bikonona ka kayaga keza karanga amateraniro yacu. Ni co gituma dusavye ko umwe wese yokwihata akitekerera agahamba kiwe bwite kw’iteraniro imisi yose. Abashimishijwe muzanana kw’iteraniro bakwiye na bo nyene kwitekerera impamba. Ntibirekuwe ko umuntu azana amacupa ameneka n’ibinyobwa biboreza mu nyubakwa ziberamwo amateraniro.
17 Woba imisi yose inyuma y’ibiringo vy’iteraniro woshima gufasha uvyishakiye mu vy’ugusukura iyo nyubakwa? Canke woba ushobora gukorera muri rumwe mu zindi nzego zo kw’iteraniro? Niba ushobora kugira ico usahirije, turagusavye ushike ku Rwego Rujejwe Abakora Bavyishakiye kuri iryo teraniro. Abana bafise imyaka iri munsi ya 16 barahawe ikaze ryo gukorana n’abavyeyi babo canke n’uwundi muntu akuze. Ariko ntiwumve, umwe wese arashobora gufasha mu vy’ugusukura iyo nyubakwa mu kuraba yuko umwavu wose wandurwa ukongera ugatabwa aho wagenewe.
18 Twarahawe inyobozo nziza ku vyerekeye inyambaro n’uburyo bwo kwiryohora bibereye amateraniro yacu. Nk’akarorero: Inyobozo muri ivyo turazifise mu nyongera z’Igikorwa Dukorera Ubwami, turafise amasanamu n’amafoto mu bisohokayandikiro vyacu, kandi igihambaye kuruta vyose tukaba dufise ivyo Yehova avuga muri Bibiliya. (Rom. 12:2; 1 Tim. 2:9, 10) Abantu baba bazi abo turi n’igituma twatororokaniye mu gisagara iwabo. Ni co gituma inyambaro n’uburyo bwo kwiryohora ubwavyo ari intahe ikomeye. Muri ivyo benshi mu gisata ca Yehova baratanga akarorero keza. Yamara rimwe na rimwe turabona agatima k’iyi si kagaragarira mu nyambaro no mu buryo bwo kwiryohora bwa bamwebamwe bitaba amateraniro yacu. Ivyambarwa bibonerana vy’uburyo ubwo ari bwo bwose biratuma abantu bagirira amakenga ivyo umuntu avuga vy’uko akomeye mu vy’impwemu. Kwifata rupfasoni, kugira isuku no kwikwiza ni vyo bikwegera kuruta. Baserugo rero bakwiye kumenya ivyo abagize umuryango wabo bategekanya kuzokwambara. Ivyo turakwiye kubigira n’igihe nyene tuba tutari ahabereye iteraniro. Kwambara ka gakarata bambara kw’iteraniro imbere n’inyuma y’ibiringo vy’uwo musi biratuma turushiriza kwitirirwa Yehova be n’igisata ciwe gityoroye.—Gereranya na Mariko 8:38.
19 Wa Mwami w’umunyabwenge Salomo yarahumekewe ngo avuge yuko “ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana” n’uko “umwana bapfa kurekera aho atētereza nyina.” (Imig. 22:15; 29:15) Bavyeyi mwe, turabakeje kubera uburyo mubandanya gucungera abana banyu. Turahimbarwa no kubona ko benshi mu rwaruka rwacu batega yompi kugira bungukire kuri iyo porogarama y’iteraniro. Twarumvise ukuntu abitavye amateraniro y’intara yacu bavuye mu mahanga bayaze neza urwaruka rwacu.
20 Kubera ko dutumira abantu bo hanze ku materaniro yacu, kwiyubara ku biraba abana bacu be no ku bintu vyacu ni ikintu kiranga ubukerebutsi. Abana bacu ni ingabirano y’agaciro iva kuri Yehova. Mugabo turazi ko isi igaragaza ububisha nka Shetani. Ni co gituma rero igihe cose ukwiye kumenya aho abana bawe bari. Ikindi, ivyuma vyo gufata amasanamu, udusakoshi be n’ibindi bintu vy’agaciro bikwiye kuguma iruhande yawe igihe cose kandi ntubisige aho wari wicaye. Uraraba neza ko umuduga wawe wugaye n’urupfunguzo, ibintu vyawe na vyo ubishire mu muduga ahagenewe imizigo, canke uvyitwaze. Ivyo bituma ata muntu amiramitirwa kwinjira mu muduga wawe.
21 Ivyibukijwe Vyerekeye Iteraniro ry’Intara:
▪ Twa Dukarata Bambara kw’Iteraniro: Turagusavye kwambara agakarata ko mu 1999 igihe cose uri mu gisagara kiberamwo iteraniro n’igihe ufata urugendo ujayo canke utahuka. Ivyo kenshi bituma turonka uturyo two gushinga intahe nziza. Udukarata bambara kw’iteraniro n’utumwanya tujamwo ushobora kubironka biciye kw’ishengero ukukira, kubera yuko kw’iteraniro tutazoboneka. Nturindire hasigaye imisi mikeyi imbere y’uko iteraniro ritangura ngo abe ari ho wisabira utwo dukarata ukadusabira n’umuryango wawe. Uribuka kwitwaza ka gakarata ka vuba kitwa Instructions médicales—Pas de sang (Amabwirizwa y’ivy’Ubuvuzi—Ntimuntere Amaraso).
▪ Uburaro: Abakenera gucumbika mu masomero canke mu buraro bw’amashure cabure mu zindi nyubakwa ata buriri n’ivyo kwisasira bihari bakwiye kwibuka kwitwaza ivyo bararako. Mu mihingo imwimwe mw’ijoro harakanya cane. Mu tundi turere na ho, abavukanyi basanze biranga ubukerebutsi kwitwaza uburyo bwo kwikingira imibu. Turagusavye ube maso igihe unywa amazi canecane ushinge ijisho abana kugira ngo banywe amazi meza. Abanyamabanga b’ishengero bakwiye kuraba neza ko ya mafomu yo Gusaba Icumba Gikenewe Bidasanzwe arungikwa mu maguru masha kuri aderese ibereye y’iteraniro ry’intara. Niba utegerezwa guheba icumbi ryabonetse biciye kuri ya ndinganizo y’abayakeneye bidasanzwe, ukwiye kubimenyesha mu maguru masha nyeneho canke nyene iyo hoteli be n’Urwego Rujejwe ivy’Uburaro kw’iteraniro kugira ngo ico cumba gishobore guhabwa uwundi.
▪ Indirimbo: Indirimbo zikurikira zararobanuwe ngo zizoririmbwe kw’iteraniro ry’intara ry’uyu mwaka: 3, 13, 15, 19, 53, 59, 72, 91, 111, 113, 129, 155, 174, 177, 180, 181, 187 na 191. Imigwi y’abantu canke iy’imiryango irashobora gushima kuringaniza ibiringo vyo kwimenyereza kugira ngo bazogire uruhara mu buryo bwuzuye mu kuririmba indirimbo zose mu gihe ca porogarama y’iteraniro.
▪ Dukwiye kandi kwiyubara kugira ngo twirinde gupakira imiduga tukarenza, yaba ari iyo ishengero ryafatiye hamwe canke ryakodesheje ku bw’urugendo rwo kuja kw’iteraniro. Vyoba vyiza kuruta mutegekanije gukoresha ayandi mahera y’urugendo aho kurenga amategeko ya Kayisari canke, ikirushirije, mugashira ubuzima bw’abavukanyi mu kaga bagahava bashikirwa n’isanganya bagashobora no gutakaza ubuzima bivuye ku gupakira umuduga mukarenza canke ku guhimiriza umushoferi kunyaruka cane kugira ngo mushike iyo muja kare. (Rom. 13:1-7; Gus. 21:1-9) Abavukanyi b’abahagarikizi bafashe urugendo muri iyo miduga bakwiye kutitinya gutanga impanuro ziranga urukundo igihe bibaye ngombwa.
22 Biraremesha igihe tubona hari abavukanyi n’abavukanyikazi bagira utwo bandika mu gihe c’ibiringo vy’iteraniro. Ugize utwo wandika muri make bizogufasha kudasamara no kwibuka ivyiyumviro vyinshi. Mu nyuma usubiyemwo utwo wanditse uri kumwe n’umuryango canke n’abagenzi bituma ushobora kuzirikana ku bintu bikurubikuru vyavuzwe mw’iteraniro kugira ngo ntuvyibagire.
23 Abasavyi ba Yehova bamye nantaryo baterera batitangiriye itama mu vyungura tewokarasi. (Kuv. 36:5-7; 2 Ngo. 31:10; Rom. 15:26, 27) Intererano utanga uvyishakiye ku bw’igikorwa kirangurwa kw’isi yose zikoreshwa mu bijanye no gukotesha inyubakwa nininini zigirirwamwo amateraniro. Mu gihe intererano yawe uyitanze ukoresheje isheki, turagusavye uyitange kw’izina rya “I.B.S.A.” canke kw’izina Ishirahamwe rizwiko aho iwanyu. Niba iryo zina utarizi urashobora kubaririkiza ku bahagarikizi izina ishirahamwe rizwiko aho iwanyu.
24 Nk’uko vyanditswe muri Amosi 3:7, Yehova yavuze yuko “[a]tazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.” Kubera ko Yehova “[a]hishura amabanga,” yarandikishije muri Bibiliya ubuhanuzi amajana n’amajana usanga bwararangutse ata gakosa kandi ata gahaze. (Dan. 2:28, 47) Ivyasezeranywe bihambaye biracari mu nzira. Amateraniro y’Intara yo mu 1999 yataziriwe ngo “Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana” azokomeza ukwizera ivyo Imana yasezeranye kwawe. Nutege yompi ijambo Yehova akubwira. Ivyo uzobona n’ivyo uzokwumva urabishira mu ngiro—ubikoreshe mu gikenurwa, mw’ishengero no mu buzima bwawe bwite. Turasaba Yehova ngo ahezagire cane ivyo utunganya vyose kugira ngo uzokwitabe imisi yose y’ayo mazimano anuze yo mu vy’impwemu!
[Blurb on page 3]
Tegekanya kuzokwitaba iteraniro ry’intara umusi wose wo ku wa Gatanu, ku wa Gatandatu, no ku w’Iyinga!