Imisi itatu y’ukuruhurirwa mu vy’impwemu
1. Ni igiki dushobora kwitega kuzoronkera kw’ihwaniro ry’intara ryo muri uyu mwaka?
1 Muri iki gihugu kibabutse mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga iyi si ya Shetani, Yehova arabandanya kuruhurira abasavyi biwe. (Yes. 58:11) Imwe mu ntunganyo Yehova akoresha mu kutugarukanira ingoga ni amahwaniro y’intara aba uko umwaka utashe. Uko ihwaniro ryo muri uyu mwaka ryegereza, twokwitegurira gute kuruhurirwa no kuruhurira abandi mu vy’impwemu?—Imig. 21:5.
2. Ni imyiteguro iyihe dukeneye kurangiza kugira?
2 Nimba utarabigira, nufate umwanya ubu utunganye ivyawe hamwe n’ivyo ku kazi kugira ngo uzobe ari ho uri mu misi itatu yose iryo hwaniro rizomara. Woba waraharuye umwanya bizosaba ko umara buri musi uja aho iryo hwaniro rizobera kugira ushobore kuhashika no gufata ikibanza imbere y’uko ihwaniro ritangura? Nta gukeka ko tutoshima kugira ico duhomvye mu bifungurwa Yehova yaduteguriye bitugarukanira ingoga! (Yes. 65:13, 14) Woba wararangije gutunganya ibijanye n’uburaro n’ukwiyunguruza?
3. Ni inama izihe zizodufasha n’umuryango wacu kwungukira bimwe bishitse ku bizoshikirizwa?
3 Ni igiki kizogufasha kutangaza umuzirikanyi wawe mu biringo vy’ihwaniro? Nimba bishoboka, nuruhuke bihagije mw’ijoro mu kiringo c’iryo hwaniro. Nugumize amaso ku mushikirizansiguro. Nurabe muri Bibiliya yawe ivyanditswe vyose. Nugire utwo wiyandikiye. Biraba vyiza abagize umuryango bicaye hamwe kugira ngo abavyeyi bashobore gufasha abana babo gukurikira neza. (Imig. 29:15) Buri mugoroba, mwoshobora kuyaga uko mugize umuryango ku vyiyumviro bikurubikuru vyashikirijwe. Kugira ngo umuryango wanyu uzoshobore kubandanya uruhurirwa n’inyuma y’ihwaniro, mwoshobora gufata akanya mu kiringo c’umugoroba wahariwe Ugusenga kwo mu muryango mukarimbura ivyiyumviro kanaka umuryango wanyu woshira mu ngiro.
4. Dushobora gute gufasha abandi mw’ishengero iwacu kugira baze baruhurirwe mu vy’impwemu?
4 Nufashe abandi baruhurirwe: Turipfuza ko n’abandi baruhurirwa mu vy’impwemu. Mw’ishengero hoba hariho abamamaji bageze mu zabukuru canke abandi bakeneye gufashwa kugira bitabe iryo hwaniro? Woba ushobora kugira ico ubafashije? (1 Yoh. 3:17, 18) Abakurambere, na canecane abacungezi b’imigwi, bakwiye kuraba ko mwene abo bamamaji baronka imfashanyo bakeneye.
5. Tuzotanga gute ubutumire bw’ihwaniro? (Raba kandi uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 5.)
5 Nk’uko twabigize mu myaka iheze, hagisigaye indwi zitatu ngo ihwaniro tuzokwitaba ribe, tuzogira isekeza ryo gutumira abandi ngo baze baryitabe. Amashengero akwiye kwishingira umugambi wo gutanga ubutumire bwose azorungikirwa no guhetura icibare cabo uko bishoboka kwose. Ariko rero, nimba hari ubutumire umuryango wanyu uzoba usigaranye iryo sekeza riheze, turabasavye muzoze mubuzanye kw’ihwaniro. Buzokoreshwa mu gutumira abo tubwira inkuru nziza akaryo kizanye igihe turi mu karere kaberamwo ihwaniro. Ubutumire umuryango wanyu utiteze gukoresha igihe muzoba muri mu karere kaberamwo ihwaniro, mukwiye kuzoca mubuha umwe mu bakira abantu igihe mwinjiye mu kibanza c’ihwaniro ku wa gatanu. Amakuru ajanye n’uburyo bwo gukoresha ubwo butumire azotangwa kw’ihwaniro.
6. Dushobora gute kuruhurira abandi biciye ku mico myiza tugaragaza?
6 Imico myiza iraruhura: Mu gihe abantu benshi usanga “ari abikunda” n’abatitaho ukuntu abandi biyumva, ese ukuntu biruhura kuba turi kumwe n’abakirisu bagenzi bacu bihatira kugaragaza imico myiza! (2 Tim. 3:2) Turagaragaza imico myiza mu kwinjira mu kibanza c’ihwaniro dutekanye kandi ku rutonde igihe buguruye ico kibanza no mu gufatira ibibanza gusa abo tubana mu nzu canke twafatanije urugendo kibure abo twigana Bibiliya. Turakurikiza ubuyobozi butangwa n’umuhagarikizi w’ikiringo igihe adusavye gufata ivyicaro kugira twumvirize umuziki wugurura ikiringo kimwekimwe cose. Turagaragaza kandi imico myiza mu kuregera telefone zacu canke utundi twuma two guhanahana amakuru kugira ngo ntibisamaze abandi mu gihe c’ihwaniro. Tuba kandi tugaragaje imico myiza igihe twirinze kuyaga, kwandikiranira kuri telefone, gufungura utuntu canke gutembera mu kibanza c’ihwaniro bidakenewe mu gihe c’ihwaniro.
7. Twoshobora gute kuruhurirwa no kuruhurira abandi igihe twifatanya n’abavukanyi bacu?
7 Turuhurire abandi mu kwifatanya na bo: Amahwaniro araturonsa uturyo twiyongereye two kuruhurirwa mu kwifatanya n’abavukanyi bacu twunze ubumwe. (Zab. 133:1-3) Ubona gute wibwirije ‘kwaguka’ ukayaga n’abavukanyi na bashiki bacu bo mu yandi mashengero bazoba bari ng’aho? (2 Kor. 6:13) Woshobora kwishingira umugambi wo kumenyana n’imiburiburi n’umuntu umwe canke umuryango umwe buri musi. Akaruhuko ka sasita karaturonsa akaryo keza ko kugira ico kintu. Nuze rero wibangikanije udufungurwa tworoshe uheze usangire wongere wifatanye n’abandi mu kibanza c’ihwaniro aho kuhava ukaja gufungura mw’iresitora ya hafi. Ivyo vyoshobora gutuma wironkera n’abandi mugiranira ubugenzi buramba.
8. Kubera iki dukwiye kwitanga tugafasha kw’ihwaniro, kandi twobigenza gute?
8 Ese ukuntu biruhura gukorana umurimo mweranda n’abo dusangiye ugusenga! Woba wokwitanga ugafasha mu rwego runaka canke ugafasha ishengero ryanyu mu bikorwa vy’isuku ryahawe gukora? (Zab. 110:3) Nimba utarahabwa igikorwa uzorangura, turakwinginze wegere Urwego rw’abitanga bavyishakiye kw’ihwaniro. Iyo abantu ari benshi igikorwa kiraryoha kandi kikoroha.
9. Kubera iki dukwiye kwitwararika cane ukuntu twigenza n’ukuntu tuboneka mu gihe c’ihwaniro?
9 Ukuntu twigenza biraruhurira abatwihweza: Dukwiye kwigenza neza imisi yose y’ihwaniro uko ari itatu, atari gusa mu kiringo ca porogarama. Abatwihweza igihe turi mu karere ihwaniro riberamwo bakwiye kubona ko dutandukanye n’abatari Ivyabona bigatuma bakorwa ku mutima. (1 Pet. 2:12) Ukuntu twambaye n’ukuntu twitunganije igihe turi aho tugirira ihwaniro, aho turara no mu maresitora, bikwiye gutera iteka Yehova. (1 Tim. 2:9, 10) Kwambara twa dukarata karanzi twacu bizotuma abatubona bamenya abo turi, biduhe kumbure n’akaryo ko kubabwira ibijanye n’ihwaniro ryacu no gushinga intahe.
10. Ni ivyabonywe ibihe vyerekana ukuntu inyifato yacu ya gikirisu ishinga intahe nziza?
10 Inyifato nziza tugaragaza mu gihe c’ihwaniro igira ico ikoze gute ku bandi? Nk’uko ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe cabivuze, umuyobozi w’inyubakwa imwe ikoreshwa ku bw’amahwaniro yavuze ati: “Ni abantu b’urupfasoni koko. Turaryoherwa no kubakira uko umwaka utashe.” Mu mwaka uheze, hari umuntu atari Icabona yatakaje ikotomoni yiwe kw’ihoteli abitavye ihwaniro bashikiyemwo. Igihe bazanira iyo kotomoni umuyobozi w’iyo hoteli ata na kimwe kibuzemwo, yabwiye nyeneyo ati: “Sha, wagize amahirwe kubona Ivyabona vya Yehova bagiriye ihwaniro hafi yo ng’aha kandi bakaba bari buzuye iyi hoteli. Ahandiho sinzi ko wari kuronka ikotomoni yawe.”
11. Uko ihwaniro ryegereza, umugambi wacu ukwiye kuba uwuhe kandi kubera iki?
11 Amahwaniro yo muri uyu mwaka aregereje cane. Abavukanyi baramaze gukoresha umwanya munini n’utwigoro twinshi kugira batume iryo hwaniro be n’ibizoshikirizwa biba ibiruhura. Niwishingire umugambi wo kuzoba ari ho uri muri irya misi itatu yose kandi witegurire kwakira ivyo Yehova n’ishirahamwe ryiwe baguteguriye. Niwiyemeze kuzoruhurira abandi mu kugaragaza imico myiza, mu kwifatanya na bo ubigiranye umunezero no mu kwigenza neza. Gutyo, mwe n’abandi mwoshobora kuzokwiyumva nk’uko umwe mu bari bitavye ihwaniro ryo mu mwaka uheze yumvise amerewe, akaba yanditse ati: “Emwe, nta kindi kintu gihimbaye kuruta iki nari bwabone!”
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
Nk’uko twabigize mu myaka iheze, hagisigaye indwi zitatu ngo ihwaniro tuzokwitaba ribe, tuzogira isekeza ryo gutumira abandi ngo baze baryitabe
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 6]
Ukuntu twambaye n’ukuntu twitunganije igihe turi aho tugirira ihwaniro, aho turara no mu maresitora, bikwiye gutera iteka Yehova
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 7]
Niwiyemeze kuzoruhurira abandi mu kugaragaza imico myiza, mu kwifatanya na bo ubigiranye umunezero no mu kwigenza neza
[Uruzitiro ku rup. 6, 7]
Ivyibukijwe ku vyerekeye Ihwaniro ry’intara ryo mu 2011
◼ Ibihe porogarama izoberako: Ku wa gatanu no ku w’iyinga, porogarama izotangura isaha 2:30 zo mu gitondo, ku musi wa gatandatu na ho izotangura isaha 4:30 zo mu gitondo. Igihe umuziki w’Ubwami wugurura utanguye, twese dukwiye gufata ivyicaro kugira ngo porogarama itangure mu buryo buteye iteka. Ku wa gatanu porogarama izorangira isaha 10:15 zo ku muhingamo, ku wa gatandatu irangire isaha 11:30 zo ku mugoroba, ku w’iyinga na ho irangire isaha 8:50 zo ku muhingamo.
◼ Ugufatira abandi ibibanza: Dukwiye gufatira ibibanza gusa abo tubana mu nzu, abo twazananye mu muduga canke abo dusanzwe twigana Bibiliya.—1 Kor. 13:5.
◼ Imfungurwa za sasita: Turabinginze muzoze mwitekereye impamba, aho kuva mu kibanza c’ihwaniro mugiye kurondera ibifungurwa mu karuhuko ka sasita.
◼ Intererano: Turashobora kwerekana ko dukenguruka intunganyo zagizwe ku bw’ihwaniro mu gutanga intererano zivuye ku mutima ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, haba ku Ngoro y’Ubwami iwacu canke kw’ihwaniro. Amasheki yoba atanzwe bwa ntererano kw’ihwaniro akwiye kuba yanditseko yuko ayo mahera ahabwa ishirahamwe “Les Témoins de Jéhovah.”
◼ Amasanganya hamwe no gutabarwa vyihutirwa: Mu gihe mu kibanza c’ihwaniro habaye ibintu bisaba gutabarwa vyihutirwa, turagusavye uce ubimenyesha uwakira abantu akwegereye na we azoce ubwo nyene abimenyesha Urwego rujejwe gutabara abarwaye, kugira ngo abantu bajejwe ico gikorwa babimenyereye bari ng’aho bashobore kuraba nimba bikomeye canke bidakomeye maze bagire ico bafashije.
◼ Ugufata amajwi n’amasanamu: Ivyuma bifata amajwi n’amasanamu vy’ubwoko ubwo ari bwo bwose ntibikwiye gucomekwa ku vyuma biduza amajwi canke ku muyagankuba vy’aho hantu, kandi vyoshobora gukoreshwa gusa mu buryo budatuma abandi basamara.
◼ Udupapuro two kwuzuza hasabwa gukurikirana umuntu yashimishijwe: Agapapuro ko kwuzuza kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) gakwiye gukoreshwa mu gutanga amakuru yerekeye umuntu uwo ari we wese ashimishijwe igihe dushinze intahe akaryo kizanye mu gihe c’ihwaniro. Abamamaji bakwiye kugenda kw’ihwaniro bitwaje mwene ako gapapuro kamwe canke tubiri. Udupapuro twujujwe woshobora kuduha abo mu Rwego rujejwe ibitabu canke ukaduha umunyamabanga w’ishengero ryanyu umaze gutaha. Utwo dupapuro tutabonetse, turagusavye wandike ayo makuru ku rupapuro rusanzwe uheze urushikirize. Turagusavye wandike n’izina ryawe be n’izina ry’ishengero urimwo kuri urwo rupapuro.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2009, urupapuro rwa 4.
◼ Amaresitora: Nutere iteka izina rya Yehova biciye ku nyifato nziza ugira uri mw’iresitora.
◼ Uburaro: Hazoboneka amasomero yo kuraramwo. Akenshi bizokenerwa ko umwe wese yizanira ibisaswa hamwe n’ibikoresho vyo guteka. Turabasavye mutashe, muzosige aho hantu hasukuye. Ivyo bizoshingira intahe ikomeye izina rya Yehova be n’abasavyi biwe.
◼ Abitanga bavyishakiye: Umunezero turonkera kw’ihwaniro uzorushiriza kwongerekana nitwitanga kugira ngo dufashe mu dukorwa tuzoba dukenewe. (Ivyak. 20:35) Uwo wese yipfuza gufasha akwiye gushikira Urwego rw’abitanga bavyishakiye kw’ihwaniro. Abana batarakwiza imyaka 16 barashobora na bo nyene kugira ico baterereye mu gukora bahagarikiwe n’umuvyeyi canke umurezi, canke uwundi muntu akuze yavyemerewe n’uwo muvyeyi canke uwo murezi.
[Uruzitiro ku rup. 5]
Tuzotanga gute ubutumire?
Kugira ngo duheture icibare cacu, dukwiye guca make. Twoshobora gusa kwivugira duti: “Ndabaramukije. Turiko turashikiriza kw’isi yose ubu butumire. Ubwanyu ng’ubu. Amakuru yiyongereye murayasangamwo.” Uruhande rw’imbere rw’ubwo butumire ruravyura ugushimishwa. Nubushikirize rero nya muntu ku buryo ari rwo aca abona. Nubushikirize n’igishika. Igihe utanga ubwo butumire ku mpera z’imishamvu, woshobora gutanga n’ibinyamakuru igihe bibereye.