ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/3 rup. 18
  • Nuhozwe hanyuma uhoze abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuhozwe hanyuma uhoze abandi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NIWITWARARIKE CANE ABARI MU MIBABARO
  • ‘Duhoze abagandaye bose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Niwizigire Yehova, we “Mana y’uruhoza rwose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • “Imana y’uruhoza rwose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Niwigane ya «Mana y’uruhoza rwose»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/3 rup. 18

Nuhozwe hanyuma uhoze abandi

Kubera ko twese turi abanyagasembwa, birashika tukarwara, bamwebamwe mbere bakarwara bimwe bikomeye. Igihe turi mu ngorane nk’izo, ni igiki kidufasha kwihangana?

Ikintu kimwe gihambaye kidufasha kwihangana ni uguhozwa n’umuryango, abagenzi be n’abo dusangiye ukwemera.

Amajambo aranga ubuntu n’urukundo tubwiwe n’umugenzi arashobora kumera nk’amavuta agabanya ububabare atuvura akongera akaturuhurira. (Imig. 16:24; 18:24; 25:11) Mugabo abakirisu b’ukuri ntibarazwa ishinga gusa no guhozwa. Baribwiriza “guhoza abari mu makuba y’ubwoko bwose, biciye ku ruhoza Imana i[ba]horesha.” (2 Kor. 1:4; Luka 6:31) Uwitwa Antonio, akaba ari umucungezi w’intara muri Megizike, yariboneye ico kintu.

Igihe Antonio yatorwa ubwoko bwa kanseri yo mu maraso yitwa lymphome, yararengewe n’umubabaro. Naho vyari ukwo, yarihatiye gucungera inyiyumvo zica intege yari afise. Uti gute? Yaragerageza kwibuka indirimbo z’Ubwami maze akaziririmba kugira ngo yumve amajambo yazo yongere ayazirikane. Gusenga n’ijwi ryumvikana no gusoma Bibiliya na vyo nyene vyaramuhojeje rwose.

Ariko rero, ubu Antonio aratahura yuko imwe mu mfashanyo zihambaye kuruta izindi yaronse yavuye ku bo basangiye ukwemera. Avuga ati: “Igihe twe n’umukenyezi wanje twaba twumva twacitse intege, twarasaba incuti imwe akaba ari umukurambere mw’ishengero kuza maze agasenga turi kumwe. Ivyo vyaraduhoza kandi bigatuma dutekana.” Yongerako ati: “Nkako, bivuye ku gufatwa mu mugongo n’umuryango wacu be n’abavukanyi bacu bo mu vy’impwemu, twarashoboye kwikuramwo mu gihe gito za nyiyumvo zica intege twari dufise.” Ese ukuntu yakengurutse kuba afise abagenzi bakundana kandi bitwararikana nk’abo!

Iyindi mfashanyo umuntu aronka mu bihe vy’amarushwa ni ya mpwemu nyeranda twasezeranirwa. Intumwa Petero yavuze ko impwemu nyeranda y’Imana ari “ingabirano ya gusa.” (Ivyak. 2:38) Ivyo vyarigaragaje koko igihe abantu benshi barobanurwa kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. Mugabo natwe twese turashobora kuronka impwemu nyeranda. Ko iyo ngabirano itigera ihera, ubona gute usavye kuyironka ku bwinshi?—Yes. 40:28-31.

NIWITWARARIKE CANE ABARI MU MIBABARO

Intumwa Paulo yarihanganiye ingorane nyinshi, bikaba mbere vyarashika akagarukira ku cobo. (2 Kor. 1:8-10) Yamara, Paulo ntiyatinyira ubuzima bwiwe birenze urugero. Yarahozwa no kumenya ko yari ashigikiwe n’Imana. Yanditse ati: “Hahezagirwe Imana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose, iyiduhoza mu makuba yacu yose.” (2 Kor. 1:3, 4) Paulo ntiyaguma yiganyira. Ahubwo nyabuna, ibigeragezo yihanganira vyaramufashije gutsimbataza impuhwe, ku buryo yarushirije kuba uwushoboye guhoza abandi mu gihe babikeneye.

Antonio amaze gutora mitende, yarashoboye gusubira mu gikorwa co kugendera imizunguruko. Yahora yitwararika abo basangiye ukwemera, mugabo ico gihe we n’umukenyezi wiwe baragira akigoro kadasanzwe ko kugendera abarwaye no kubaremesha. Nk’akarorero, Antonio amaze kugendera umukirisu umwe yariko aranyinyana n’indwara ikomeye, yaramenye ko uwo muvukanyi atashaka kuja ku makoraniro. Antonio asigura ati: “Ntikwari uko atakunda Yehova canke abavukanyi, mugabo iyo ndwara yari yaragize ikintu gikomeye ikoze ku nyiyumvo ziwe gushika n’aho yiyumvamwo ko ata co amaze.”

Ikintu kimwe Antonio yagize kugira ngo aremeshe uwo muvukanyi yari arwaye kwabaye ukumusaba ngo ature isengesho ku mutororokano ujanye no kwisamaza uheruka kuba. Naho uwo muvukanyi yiyumvamwo yuko atabereye, yaravyemeye. Antonio yigana ati: “Yaratuye isengesho rikora ku mutima, kandi mu nyuma, yarabaye nk’abandi. Yarasubiye kwiyumvamwo ko hari ico amaze.”

Egome, ku rugero ruto canke runini kuruta, twese turazi ibijanye no kwihanganira imibabaro y’ubwoko bunaka. Mugabo nk’uko Paulo yabivuze, ivyo birashobora gutuma tuba abashoboye guhoza abandi igihe babikeneye. Ku bw’ivyo, nimuze twitwararike imibabaro abakirisu bagenzi bacu barimwo maze twigane Imana yacu Yehova mu guhoza abandi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika