Niwiyegereze Imana
“Imana y’uruhoza rwose”
IBINTU vyinshi bishika mu buzima, nk’ugucumukura, ukuvunika umutima be n’irungu, birashobora gutuma umuntu agira umubabaro, mbere n’ukwihebura akihebura. Mu bihe nk’ivyo woshobora kwibaza uti: ‘Ni hehe noshobora gukura imfashanyo?’ Amajambo y’intumwa Paulo ari mu 2 Abakorinto 1:3, 4 aradoma urutoke kw’isôko ridakama ry’uruhoza, ari ryo Yehova Imana.
Mu murongo wa 3, Imana yitwa “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe.” Ivyo bisobanura iki? Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “imbabazi zuzuye ikibabarwe,” rishobora gutanga iciyumviro co kugirira impuhwe abariko baracumukura.a Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivuga yuko iryo jambo ry’ikigiriki rishobora guhindurwa ngo “guterwa ikigongwe” canke “kwitwararika cane.” “Imbabazi zuzuye ikibabarwe” z’Imana ziratuma igira ico ikoze. Kumenya iyo kamere y’Imana biratuma twipfuza kuyiyegereza, si vyo none?
Paulo avuga kandi ko Yehova ari “Imana y’uruhoza rwose.” Ngaha Paulo akoresha ijambo rivugwa mu kwerekana “iciyumviro co guhoza umuntu atuntuye, be n’iciyumviro co kumufasha canke kumuremesha.” Bibiliya imwe (The Interpreter’s Bible) isigura iti: “Turahoza uwuriko aracumukura igihe tumuremesha kugira ngo ashobore kwihanganira umubabaro aba afise.”
Woshobora kwibaza uti: ‘Imana iduhoza gute kandi ituremesha gute kwihanganira umubabaro tuba dufise?’ Ahanini ibigira biciye kw’Ijambo ryayo Bibiliya, no ku ngabirano yaduhaye yo kuyitura isengesho. Paulo atubwira yuko Imana iduha Ijambo ryayo ibigiranye urukundo kugira ngo “biciye . . . ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” N’ikindi kandi, biciye ku masengesho avuye ku mutima dutura, turashobora kuronka “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.”—Abaroma 15:4; Abafilipi 4:7.
Yehova ahoza abasavyi biwe ku rugero rungana iki? Paulo avuga yuko Imana “[iduhoza] mu makuba yacu yose.” (2 Abakorinto 1:4) Naho twoja mu mukazo ungana iki, canke tugatuntura ukungana iki, cabure tugacumukura ukungana iki, Imana irashobora kuduha umutima rugabo dukeneye, ikongera ikadukomeza kugira ngo dushobore kuvyihanganira. None ivyo ntibihumuriza?
Uruhoza Imana itanga ntirugarukira gusa kuri nyene kururonka. Paulo abandanya avuga yuko Imana iduhoza kugira ngo “dushobore guhoza abari mu makuba y’ubwoko bwose biciye ku ruhoza twebwe ubwacu turiko turahoreshwa n’Imana.” Duhojejwe mu makuba yacu, tuba dufashijwe mu bijanye no kugirira abandi impuhwe, maze bikatuvyurira umutima wo gufasha abari n’ivyo bakeneye.
Kubera ko Yehova ari “Imana y’uruhoza rwose,” si ngombwa ngo akureho ingorane canke umubabaro tuba turimwo. Yamara, ico twomenya tudakeka coco ni iki: Turamutse tumusavye ko aduhoza, arashobora kudukomeza kugira ngo dushobore kwihanganira intuntu iyo ari yo yose twogira mu buzima. Imana y’imbabazi nk’iyo irabereye vy’ukuri ko tuyisenga tukongera tukayishemeza.
[Akajambo k’epfo]
a Imana yitwa “Se w’imbabazi [canke isôko ry’imbabazi] zuzuye ikibabarwe” kubera ko impuhwe ziva kuri yo, kandi iyo kamere ikaba ari imwe muri kamere zigize Imana.