Ibirimwo
15 Kigarama 2012
© 2012 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Uburenganzira bwose ni ubw’abagisohoye.
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA
28 NZERO 2013–3 RUHUHUMA 2013
Nurondere ukuroranirwa nyakuri
URUPAPURO 4 • INDIRIMBO: 115, 45
4-10 RUHUHUMA 2013
URUPAPURO 9 • INDIRIMBO: 62, 125
11-17 RUHUHUMA 2013
URUPAPURO 19 • INDIRIMBO: 107, 40
18-24 RUHUHUMA 2013
“Ingenzi” zunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri
URUPAPURO 24 • INDIRIMBO: 124, 121
INTUMBERO Y’IBIGANIRO VY’UKWIGA
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1, 2 URUPAPURO 4-13
Bisobanura iki kuroranirwa vy’ukuri? Ivyo biganiro vyerekana yuko inyishu nyayo itandukanye n’ukuntu isi ibona ico kintu. Tuzobona kandi ko kugira ngo tube abaroraniwe vy’ukuri, dutegerezwa kuguma turi abizigirwa ku Mana tukongera tukemera amabanga twajejwe.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3, 4 URUPAPURO 19-28
Ni mu buryo ki abakirisu barobanuwe ari “ingenzi”? Mu buryo bunaka, ni gute na bagenzi babo bagize “izindi ntama” ari ingenzi? (Yoh. 10:16; 1 Pet. 2:11) Ivyo biganiro bizoturonsa inyishu vyongere bikomeze umwiyemezo dufise wo kuguma turi ingenzi, tukamamaza twunze ubumwe uko tugize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 Uraba maso ku gukoresha Bibiliya mu buryo bw’ibintazi
29 Umunara w’Inderetsi woroheje—Kubera iki watanguye gusohorwa?
32 Ironderero ry’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi wo mu 2012
KU GIPFUKISHO: Hari Ivyabona barenga 100.000 muri Koreya y’Epfo. Kubera ko batagira aho bahengamiye mu vya politike kandi bakaba banka kwitwaza ibirwanisho kugira barwanye abantu nka bo, benshi bari mw’ibohero. Mbere no ng’aho barihatira kubwira abandi inkuru nziza, nko mu kubandikira amakete
KOREYA Y’EPFO
ABANYAGIHUGU
48.184.000
ABAMAMAJI
100.059
ABAVUKANYI BARI MW’IBOHERO MU MWAKA UHEZE
731
AMASAHA BAMAZE MU BUSUKU BURI KWEZI
9.000
[Ifoto ku rup. 2]