ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/12 rup. 3
  • Uraba maso ku gukoresha Bibiliya mu buryo bw’ibintazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uraba maso ku gukoresha Bibiliya mu buryo bw’ibintazi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Woba uvyibuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Amageza n’Ubupfumu Ni Bibi
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • ‘Ijambo ry’Imana rirafise ububasha’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • “Ijambo ry’Imana . . . Rifise Ubukuba”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/12 rup. 3

Uraba maso ku gukoresha Bibiliya mu buryo bw’ibintazi

“IJAMBO ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.” (Heb. 4:12) Intumwa Paulo akoresheje ayo majambo yarashize ahabona ububasha ijambo ry’Imana rifise bwo gukora ku mutima no guhindura ubuzima.

Ariko rero, ubwo bubasha ubutumwa bwo muri Bibiliya bufise bwaratanguye kubonwa mu buryo butari bwo igihe bwa buhuni bwari bwaravuzwe bwashinga imizi inyuma y’urupfu rw’intumwa. (2 Pet. 2:1-3) Mu nyuma, indongozi z’amadini zaratanguye kuvuga ko Ijambo ry’Imana rifise ububasha bw’amageza. Porofeseri Harry Y. Gamble yaranditse ku bijanye n’ukuntu “ivyanditswe vya gikirisu vyakoreshwa mu buryo bw’amageza.” Yavuze yuko mu kinjana ca gatatu, umwe mu batanguje Ekleziya yitwa Orijeni yashikirije iciyumviro c’uko “kwumva gusa amajambo meranda hari ukuntu bigirira akamaro umuntu: nimba amajambo agira ububasha mu bintu vy’amageza vya gipagani, ese ukuntu amajambo yo mu vyanditswe ava ku Mana ategerezwa kuba afise ububasha kuruta.” Uwitwa John Chrysostom wo mu mpera z’ikinjana ca kane yanditse yuko “Shetani atazokwubahuka kwegera inzu irimwo Injili.” Yavuze kandi yuko hari abambara nk’igiheko mu mazosi yabo ibintu biriko amajambo yo mu Njili. Porofeseri Gamble yavuze kandi yuko umunyatewolojiya w’Umugatolika Augustino “yabona ko vyemewe yuko umuntu aryama Injili ya Yohani iri munsi y’umusego wiwe mu gihe yumva amenetse umutwe.” Gutyo, ivyanditswe vyo muri Bibiliya vyarakoreshwa ku bw’amageza. Woba ubona ko Bibiliya ari igiheko gishobora kugukingira ivyokugirira nabi?

Kumbure uburyo abantu benshi bakunda gukoresha nabi Bibiliya ni ugupfa kuyizingurura, maze bagasoma icanditswe bashikiyeko bizigiye ko ayo majambo azobaronsa ubuyobozi bakeneye. Nk’akarorero, nk’uko Porofeseri Gamble abivuga, igihe Augustino yumva ijwi ry’umwana mu nzu y’umubanyi rivuga ngo “Tora usome, tora usome,” yabifashe ko ari Imana yari imutegetse kuzingurura Bibiliya agasoma icanditswe ca mbere ashikiyeko.

Woba umaze kwumva abantu igihe bari bari mu ngorane basenze Imana maze bagapfa kuzingurura Bibiliya, bizigiye ko umurongo wa mbere bashikiyeko wobafashije kwihanganira iyo ngorane? Naho boba bafise intumbero nziza, ukwo si ko abakirisu bakwiye kurondera ubuyobozi mu Vyanditswe.

Yezu yakuye amazinda abigishwa biwe yuko yobarungikiye “umufasha, ya mpwemu nyeranda.” Yabandanije ati: “Uwo ni we azobigisha vyose yongere abibutse ibintu vyose nababwiye.” (Yoh. 14:26) Ivyo birahushanye n’ubwo buryo twavuze bwo gukoresha nabi Bibiliya, kuko budasaba yuko umuntu aba afise ubumenyi bwo mu Vyanditswe.

Ubwo buryo be n’ubundi abantu bayikoresha mu bijanye no kwemera ibintazi, buriraye. Ariko rero, Ijambo ry’Imana ririyamiriza ivyo kurondera ibimenyetso bitara ibizoba. (Lew. 19:26; Gus. 18:9-12; Ivyak. 19:19) “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha,” mugabo dutegerezwa kurikoresha n’ubuhanga. Ubumenyi butagira amakosa bwo muri Bibiliya ni bwo buryohora ubuzima bw’abantu, si ugukoresha ico gitabu mu buryo bw’ibintazi. Kwironsa ubwo bumenyi vyarafashije benshi gutsimbataza inyifato runtu, guheba uburyo bwo kubaho bwonona, gukomeza imiryango no kugiranira ubucuti bwiza n’uwandikishije Bibiliya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika