ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/10 rup. 3-6
  • Baritanze babikunze muri Brezile

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baritanze babikunze muri Brezile
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “NARATANGAYE CANE”
  • YARAVYURIWE UMUTIMA WO GUSUBIRA GUSUZUMA UBUSUKU BWIWE
  • UMUHANGA MU VY’UMUZIKI CANKE UMUSUKU?
  • “VYABAYE NGOMBWA KO NDAHAGUMA”
  • Baritanze babikunze muri Équateur
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Uravye ingene yari ameze kera n’ingene ameze ubu, yararonse ububasha bwo guhinduka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Bariko Barabwirwa Ubutumwa bw’Ubwami Muri Berezile
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Baritanze babikunze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/10 rup. 3-6

Baritanze babikunze muri Brezile

MU MYAKA nk’ingahe iheze, mushiki wacu yitwa Rúbia (1), ubu akaba afise imyaka 30, yarafashe urugendo aja kuramutsa Sandra (2), uno akaba ari umutsimvyi akorera mw’ishengero ritoyi riri mu bumanuko bwa Brezile. Ico gihe, hari ikintu cashitse cakoze ku mutima cane Rúbia ku buryo gituma ahindura ubuzima bwiwe. None cari igiki? Reka Rúbia ubwiwe akitwiganire.

“NARATANGAYE CANE”

“Twarajanye na Sandra kuraba umugore bigana Bibiliya. Igihe bariko bariga, uwo mugore yacishijemwo ati: ‘Sandra, hari abakobwa batatu dukorana bipfuza kwiga Bibiliya, mugabo nababwiye yuko bazobwirizwa kurindira gushika bashikiriwe. Ndazi yuko ata mwanya woronka kubera wigisha abantu benshi.’ Naratangaye cane. Abantu bipfuza kumenya Yehova băbwirizwa kuba bararindiriye! Mw’ishengero narimwo, vyarangora kuronka n’inyigisho imwe. Uwo mwanya nyene, mu nzu y’uwo mutohoji wa Bibiliya, nariyumvisemwo icipfuzo gikomeye co gufasha abantu bo muri ako gasagara yabamwo. Gatoyi inyuma y’aho, naravuye mu gisagara kinini nabamwo nimukira muri ico gisagara Sandra yakoreramwo ubutsimvyi.”

None Rúbia vyahavuye bimugendera gute? Yigana ati: “Haciye amezi abiri gusa nimukiye ng’aho, nari nsigaye ndongora inyigisho za Bibiliya 15, kandi naho vyoshobora kubatangaza, na jewe nyene sinatevye kuza ndarindiriza abantu nka kumwe kwa Sandra!”

YARAVYURIWE UMUTIMA WO GUSUBIRA GUSUZUMA UBUSUKU BWIWE

Umuvukanyi yitwa Diego (3), ubu akaba afise imyaka 20 irenga gatoyi, yaragiye kuramutsa abatsimvyi nka bangahe bakorera mu gasagara ko mu bumanuko bwa Brezile kitwa Prudentópolis. Kuba yaragiye kubaramutsa vyaramukoze ku mutima cane; nkako, vyatumye asubira gusuzuma ubusuku yarangura. Asigura ati: “Nakora ibintu mu buryo bwo guheza umwuga mw’ishengero narimwo, nkaba namara amasaha nk’angahe buri kwezi mu busuku. Mugabo igihe naja kuramutsa abo batsimvyi maze bakanyiganira ivyo biboneye mu busuku, naciye ngereranya agatima k’urweze bari bafise n’agatima nari mfise ko kutitwararika ubusuku. Igihe nabona ukuntu banezerewe, naripfuje kugira ubuzima bufise intumbero nk’ubwabo.” Inyuma y’aho, Diego yaratanguye gukora ubutsimvyi.

Nk’ukwo kwa Diego, woba uri Icabona akiri muto agira uruhara mu gikorwa co kwamamaza kandi yitaba amakoraniro ya gikirisu mugabo ukaba ubona ko ubusuku ari ikintu ukora mu buryo bwo guheza umwuga, ata munezero ugira? Nimba ari ukwo biri, ubona gute ugize ivyo uhinduye mu buzima bwawe ku buryo uronka akaryo ko guhonja ku munezero uva ku gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta? Ego ni ko, iciyumviro co guheba ubuzima bwo kwidibamira coshobora gusa n’ikiguhagarika umutima. Yamara, ivyo nyene ni vyo abakiri bato benshi bahisemwo kugira. Barariye umutima amenyo barahindura imigambi n’ivyipfuzo bari bafise kugira ngo bakorere Yehova ku rugero runini kuruta. Rimbura akandi karorero k’uwitwa Bruno.

UMUHANGA MU VY’UMUZIKI CANKE UMUSUKU?

Mu myaka nk’ingahe iheze, Bruno (4), ubu akaba afise imyaka 28, yiga kw’ishure rikomeye ry’ivy’umuziki, akaba yari afise intumbero yo kuba uwuririmbisha umugwi w’abaririmvyi. Nkako, yariko aratera imbere neza muri ivyo vyigwa ku buryo akatari gake yasabwe kuririmbisha umugwi w’abaririmvyi uririmba amajwi atandukanye. Yari yiteze kuzogira umwuga umutungisha cane. Bruno yigana ati: “Naho vyari ukwo, nariyumvamwo ko hari ico mbuze mu buzima. Nari nariyeguriye Yehova, mugabo nari nzi yuko ntariko nditanga wese, ivyo bikaba vyarambuza amahoro. Narabwiye Yehova mw’isengesho ukuntu niyumva, nongera ndayaga n’abavukanyi baciye uruma mw’ishengero. Maze kubirimbura ata gufyina, narafashe ingingo yo gushira ubusuku bwanje imbere y’umuziki, ndaheba rya shure ry’ivy’umuziki, maze ntangura gukora igikorwa kitoroshe co gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe cane.” None iyo ngingo yafashe yavuyemwo iki?

Bruno yarimukiye mu gisagara ca Guapiara (kibamwo abantu nka 7.000) kiri nko ku bilometero 260 uvuye mu gisagara ca São Paulo. Ryari ihinduka rikomeye. Yigana ati: “Nimukiye mu kazu gatoyi katagiramwo firigo, televiziyo canke Internet. Ariko rero, iyo nzu yatumye ndonka ibintu ntari bwigere ndonka, ivyo na vyo bikaba vyari umurima w’imboga n’uw’ivyamwa!” Igihe Bruno yariko arakorera ng’aho ari mw’ishengero ritoyi, rimwe mu ndwi yaratekera mw’isakoshi yiwe ibifungurwa, amazi be n’ibisohokayandikiro maze akabishira ku gapikipiki kiwe akaja kwamamaza mu karere ko hagati mu gihugu. Abantu benshi bo muri ako karere ntibari bwigere bumva inkuru nziza. Avuga ati: “Narigishije Bibiliya abantu bashika 18. Kwibonera ukuntu abo batohoji bagira ivyo bahinduye mu buzima bwabo vyaranezereza cane!” Yongerako ati: “Ico gihe, narabonye yuko nari naronse icari kibuze mu buzima bwanje, na co kikaba cari ugushira akanyota bimwe bigera kure kuva ku gushira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere. Sinokwigeze nshira ako kanyota iyo nkurikirana imigambi y’ivy’umubiri.” None Bruno yaronka gute amahera yo kwibeshaho i Guapiara? Avuga yimwenyurira ati: “Mu kwigisha abantu igitari.” Yari akiri umuhanga mu vy’umuziki mu bundi buryo.

“VYABAYE NGOMBWA KO NDAHAGUMA”

Mariana (5), ubu akaba ari mu gushikana imyaka 30, ivyiwe vyari vyifashe nk’ivya Bruno. Yari umucamanza, mugabo naho ako kazi kamuronsa amahera menshi, ntiyumva vy’ukuri ko ashize akanyota. Avuga ati: “Numva ari nk’aho ndiko ‘ndiyahagura nkurikira umuyaga.’” (Umus. 1:17) Abavukanyi na bashiki bacu batari bake baramuremesheje kwiyumvira ibijanye no gukora ubutsimvyi. Mariana hamwe n’abagenzi biwe ari bo Bianca (6), Caroline (7) na Juliana (8), bamaze kubizirikana, barafashe ingingo yo gushigikira ishengero ry’i Barra do Bugres, kino kikaba ari igisagara kiri iyo catawe hafi ya Boliviya, ku bilometero ibihumbi uvuye iwabo. Ni ibiki vyakurikiye?

Mariana avuga ati: “Nari mfise intumbero yo kumarayo amezi atatu. Mugabo ico kiringo giheze, nigana Bibiliya n’abantu 15! Birumvikana ko abo batohoji bari bakeneye kubandanya gufashwa kugira ngo batere imbere mu kuri. Sinashobora rero kwubahuka kubabwira yuko ngira ngende. Vyabaye ngombwa ko ndahaguma.” Kandi ivyo nyene ni vyo abo bashiki bacu bose uko ari bane bagize. None ico gikorwa Mariana yari asigaye akora coba caratumye ubuzima bwiwe burushiriza kugira intumbero? Avuga ati: “Kuba Yehova ankoresha mu gufasha abantu guhindura ubuzima bwabo bukarushiriza kumera neza birantera umunezero. Mbona yuko ari umuhezagiro kumenya yuko ubu ndiko ndakoresha umwanya wanje n’inguvu zanje mu gukora ikintu c’ingirakamaro vy’ukuri.” Caroline aravuga muri make ukuntu abo bashiki bacu bose uko ari bane biyumva, ati: “Igihe ndyamye mw’ijoro, ndumva nshize akanyota bimwe bigera kure kubera yuko mba nitanze mu gukora ivyungura Ubwami. Nta kindi kindaza ishinga mu buzima atari ukumenya ingene nofasha abo twigana Bibiliya. Birahimbaye cane kubabona bariko baratera imbere. Ndiko ndibonera ko aya majambo avuga ngo ‘Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe’ ari ay’ukuri.”​—Zab. 34:8.

Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa no kwibonera igitigiri kibandanya kwongerekana c’abavukanyi na bashiki bacu bakiri bato bo hirya no hino kw’isi “[bi]tanga babikunze” kugira ngo bamamaze inkuru nziza y’Ubwami bwiwe mu turere turi iyo catawe! (Zab. 110:3; Imig. 27:11) Abo bakozi bose bitanga babikunze baraheza bagahezagirwa cane na Yehova.​—Imig. 10:22.

“Nta co twigeze dukena”

Igihe João Paulo n’umugore wiwe Noemi, baserura icipfuzo bafise co gukorera aho bikenewe kuruta ahandi, hari abababwiye amajambo yo kubaca intege. Bamwebamwe mw’ishengero baravuga ngo: “Mwoshobora kugira ingorane z’ivy’amahera mwimukiye mu gasagara gatoyi.” “Kubera iki mushaka kwimuka? Haracariho vyinshi vyo gukora mw’ishengero ryacu.” João Paulo avuga ati: “Ntivyari vyoroshe kutareka ngo izo mpanuro zitanganywe imvo nziza mugabo zivuna umutima ziduce intege.” Ariko rero muri iki gihe, João Paulo na Noemi, abamaze imyaka bakorera aho abamamaji bakenewe kuruta ahandi, barahimbawe kuba barumiye ku ngingo bafashe yo kwagura ubusuku bwabo. João Paulo asigura ati: “Igihe cose twe n’umukenyezi wanje tumaze ng’aha, nta co twigeze dukena. Vyongeye, ku bijanye n’ibintu bihambaye vy’ukuri, dufise ibiruta ivyo twari dufise imbere y’aha.” Noemi yongerako ati: “Akigoro twagize ntikabaye impfagusa.”

Kwironsa ibikubeshaho mu bisagara bitobito usanga bitoroshe. None abimukira mu turere turi iyo catawe baronka gute amahera yo kubabeshaho? Mu kwiyumvira ubuzi bokora. Hari abigisha icongereza canke urundi rurimi, abafasha abana mu vyigwa bahabwa kw’ishure, abakora ibikorwa bijanye no gushona canke gusiga irangi amazu kibure ubundi buzi ubwo ari bwo bwose bubasaba gukora imisi mikeyi mu ndwi. Ni igiki none abakorera aho bikenewe kuruta ahandi bahuriyeko? Imihezagiro bironkera ituma bibagira ingorane zibashikira!

Ingorane ijanye no gukumbura i muhira

Tiago avuga ati: “Haciye igihe gito nshitse mw’ishengero rishasha, naratanguye kwumva ncitse intege. Mu gisagara hari abamamaji bakeyi cane be n’ibintu vyo kwisamaza bike. Narakumbuye i muhira. Nari nzi ko mbwirizwa kugira ico nkoze kugira ngo niremeshe. Ku bw’ivyo, naratanguye kwihatira kumenyana neza n’abavukanyi hamwe na bashiki bacu bo mw’ishengero, kandi vyaramfashije! Nararonse abandi bagenzi, kandi budakeye na kabiri nari nsigaye mpimbawe cane kandi numva ko ari nk’aho ndi i muhira.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika