Niwizigire Yehova we Mana y’“ibihe n’ibiringo”
“Ni yo ihindura ibihe n’ibiringo, igakura abami igashiraho abandi.”—DAN. 2:21.
WOKWISHURA GUTE?
Ivyaremwe hamwe n’ubuhanuzi bwarangutse vyerekana gute ko Yehova ari Ruheta mu gushinga no mu kwubahiriza igihe?
Kuba dukenguruka ko Yehova ari Imana y’“ibihe n’ibiringo” bikwiye gutuma dukora iki?
Ni kubera iki ibiba mw’isi be n’ivyo abantu bategekanya gukora ata co bihindura ku kirangamisi ca Yehova?
1, 2. Ni igiki cerekana ko Yehova atahura neza ibijanye n’igihe?
KERA cane imbere y’uko Yehova Imana arema umuntu, yarashizeho uburyo bwo kumenya igihe. Ku musi ugira kane w’irema, Imana yavuze iti: “Nihabeho ibitangamuco mu kirere c’amajuru kugira bitandukanye umurango n’ijoro; bizoba ibimenyetso bibe n’ivyo kwerekana ibiringo n’imisi n’imyaka.” (Ita. 1:14, 19, 26) Mu buryo buhuye n’ivyo Yehova agomba, ukwo nyene ni ko vyagenze.
2 Ariko rero, gushika n’ubu abanyasiyansi ntibaratahura neza ukuntu igihe kimeze. Inkoranyabumenyi imwe ivuga iti: “Igihe ni kimwe mu bintu vy’amayobera kuruta ibindi vyose vyo kw’isi. Nta muntu n’umwe ashobora kuvuga neza na neza ico ari co.” Yamara, Yehova aratahura neza ibijanye n’igihe. Na kare, ni “Umuremyi w’amajuru, . . . Uwabumvye isi akayihingura.” Vyongeye, Yehova ni “Umwe kuva mu ntango ahishura iherezo, kuva kera agahishura ibintu bitarakorwa.” (Yes. 45:18; 46:10) Kugira ngo turushirize kumwizera no kwizera Ijambo ryiwe Bibiliya, nimuze turimbure ingene ivyaremwe hamwe n’ubuhanuzi bwarangutse vyerekana ko Yehova ari Ruheta mu gushinga no mu kwubahiriza igihe.
IVYAREMWE BIRATUMA TURUSHIRIZA KWIZERA YEHOVA
3. Ni uburorero bumwebumwe ubuhe bw’ibintu bikurikiza neza igihe?
3 Ibintu vyinshi Yehova yaremye, vyaba bitobito cane canke bininibinini, birafise igihe ntabanduka bikurikiza. Nk’akarorero, twa duhimba inzatsa twitwa atome turanyiganga mu buryo budahindagurika. Mwene ya masaha adasanzwe akoresha utwo duhimba mu kugera umwanya ntiyigera ata isegunda na rimwe naho hoca imyaka imiliyoni 80. Imibumbe n’inyenyeri na vyo nyene birafise igihe ntabanduka bikurikiza mu kuzunguruka. Kuba abantu bashobora kumenya imbere y’igihe aho bizoba biherereye mu kirere vyarabafashije kumenya ibiringo vy’imyaka n’inzira bocamwo igihe bafata ingendo zo mu mazi. Yehova, we yahinguye ivyo bintu vyo kwizigirwa bidufasha kumenya igihe, mu vy’ukuri “yuzuye ingoga mu bubasha” kandi arabereye ko tumushemeza.—Soma Yesaya 40:26.
4. Kuba ibinyabuzima vyisunga igihe vyerekana gute ubukerebutsi bw’Imana?
4 Ibinyabuzima birakurikiza neza igihe. Ibiterwa n’ibikoko vyinshi birisunga ubushobozi bifise bwo kumenya ibihe. Nk’akarorero, inyoni nyinshi ziramenya zikoresheje itima igihe co gutangura kwimukira mu kandi karere. (Yer. 8:7) Abantu na bo nyene barafise ubushobozi bwo kumenya ibihe, akenshi bukaba bwisunga ikiringo c’amasaha 24 y’umurango n’ijoro. Mu gihe umuntu agiye mu kandi karere k’isi ari mu ndege, vyoshobora kumusaba imisi nk’ingahe kugira ngo umubiri wiwe umenyere ibihe vy’aho hantu. Ego cane, mu vyaremwe harimwo uburorero bwinshi bwerekana ko ya Mana y’“ibihe n’ibiringo” ifise ububasha n’ubukerebutsi. (Soma Zaburi 104:24.) Vyemere, umwe Ruheta mu gushinga no mu kwubahiriza igihe ni inkerebutsi akaba n’umunyabubasha kuruta abandi bose. Turashobora kwizera ko ashoboye kurangura ivyo agomba!
UBUHANUZI BWARANGUTSE KU GIHE BURAKOMEZA UKWIZERA KWACU
5. (a) Ni mu buryo bumwe gusa ubuhe dushobora kumenya ivyerekeye kazoza k’abantu? (b) Ni kubera iki Yehova ashoboye kumenyesha ibintu bizoba be n’igihe bizoberako?
5 Ivyaremwe biratwigisha vyinshi ku bijanye na ‘kamere za Yehova zitaboneka,’ mugabo ntivyishura ibibazo bihambaye, nk’iki kivuga ngo: Kazoza k’abantu ni akahe? (Rom. 1:20) Kugira ngo twishure ico kibazo, dutegerezwa kwiga ivyo Imana yahishuye mw’Ijambo ryayo Bibiliya. Igihe turisuzumye, turabona ubuhanuzi bwagiye buraranguka ku gihe. Yehova arashobora guhishura ibiraririye gushika kubera ko afise ubushobozi bwo kumenya atihenda ibizoba muri kazoza. Vyongeye, ivyo Ivyanditswe bivuga birashika ku gihe kubera ko Yehova Imana ashobora gutuma ibintu biba yisunze umugambi wiwe n’igihe yabishingiye.
6. Ni igiki cerekana ko Yehova yipfuza ko dutahura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse?
6 Yehova yipfuza ko abasavyi biwe batahura ubuhanuzi bwo mu Vyanditswe maze bakabwungukirako. Naho Imana itabona igihe nk’uko tukibona, turashobora gutahura imvugo ikoresha igihe ivuze yuko ikintu kinaka kizoba ku gihe kinaka,. (Soma Zaburi 90:4.) Nk’akarorero, igitabu c’Ivyahishuwe kiravuga ibijanye n’“abamarayika bane . . . bateguwe ku bw’iyo saha n’umusi n’ukwezi n’umwaka,” izo zikaba ari ingero z’umwanya dushobora gutahura. (Ivyah. 9:14, 15) Kubona ukuntu ubuhanuzi bwarangutse ku bihe vyashinzwe bikwiye gutuma turushiriza kwizera ya Mana y’“ibihe n’ibiringo” no kwizera Ijambo ryayo. Nimuze turimbure uburorero bukeyi.
7. Ubuhanuzi bwa Yeremiya bwerekeye Yeruzalemu na Yuda bwerekana gute ko Yehova ari Ruheta mu gushinga no mu kwubahiriza igihe?
7 Reka tubanze turimbure ivyabaye mu kinjana c’indwi B.G.C. “Mu mwaka ugira kane wa Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami wa Yuda,” ijambo ry’umwe Ruheta mu gushinga no mu kwubahiriza igihe “ryaje kuri Yeremiya ku bijanye n’abantu bose bo muri Yuda.” (Yer. 25:1) Yehova yaravuze imbere y’igihe yuko Yeruzalemu yotikijwe be n’uko Abayuda botwawe i Babiloni bakuwe mu gihugu ca Yuda. “[Bokoreye] umwami wa Babiloni imyaka mirongo irindwi” bari ng’aho. Ingabo z’Abanyababiloni zatikije Yeruzalemu mu 607 B.G.C., kandi Abayuda barajanywe koko i Babiloni bakuwe muri Yuda. Ariko none ni ibiki vyategerezwa gushika iyo myaka 70 irangiye? Yeremiya yashikirije ubuhanuzi bugira buti: “Ibi [ni] vyo Yehova avuze: ‘Imyaka mirongo irindwi niyarangira muri i Babiloni, nzobitaho, kandi nzoshitsa kuri mwebwe ijambo ryanje ryiza mu kubagarukana aha hantu.’” (Yer. 25:11, 12; 29:10) Ubwo buhanuzi bwarangutse ku gihe nyene cashinzwe, ni ukuvuga mu 537 B.G.C. inyuma y’aho Abamedi n’Abaperesi barekuriye Abayuda bakava i Babiloni.
8, 9. Ubuhanuzi bwa Daniyeli bwerekeye ukuza kwa Mesiya n’ishingwa ry’Ubwami bwo mw’ijuru bwerekana gute ko Yehova ari Imana y’“ibihe n’ibiringo”?
8 Rimbura ubundi buhanuzi bwerekeye abasavyi b’Imana bo mu bihe vya kera. Hagisigaye nk’imyaka ibiri ngo Abayuda bave i Babiloni, Imana yaravuze biciye ku muhanuzi Daniyeli yuko Mesiya yobonetse haciye imyaka 483 hatanzwe itegeko ryo gusubira kwubaka Yeruzalemu. Umwami w’Ubumedi n’Ubuperesi yatanze iryo tegeko mu 455 B.G.C. Haciye neza na neza imyaka 483, ni ukuvuga mu 29 G.C., Yezu w’i Nazareti yararobanujwe impwemu nyeranda igihe yabatizwa, gutyo aba Mesiya.a—Neh. 2:1, 5-8; Dan. 9:24, 25; Luka 3:1, 2, 21, 22.
9 Ubu na ho, nuzirikane ico Ivyanditswe vyari vyaravuze ku bijanye n’Ubwami. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekanye yuko Ubwami burongowe na Mesiya bwoshinzwe mw’ijuru mu 1914. Ku ruhande rumwe, Bibiliya yavyerekanye mu gutanga “ikimenyetso” c’ukuhaba kwa Yezu, bukerekeza ku gihe Shetani yokwirukanywe mw’ijuru, ivyo bikaba vyotumye isi igira amagorwa akomeye. (Mat. 24:3-14; Ivyah. 12:9, 12) Ku rundi ruhande, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarerekeje ku gihe nyezina, ni ukuvuga 1914, aho “ibihe vyashinzwe vy’amahanga [vyorangukiye]” maze Ubwami bugatangura kuganza mw’ijuru.—Luka 21:24; Dan. 4:10-17.b
10. Ni ibintu ibihe bizoshika ata kabuza ku gihe cashinzwe?
10 Himirije gushika ya “makuba akomeye” yavugwa na Yezu. Azokurikirwa n’Ingoma yiwe y’imyaka igihumbi. Nta gukeka ko ivyo bintu bizoshika ku gihe nyene cashinzwe. Igihe Yezu yari kw’isi, Yehova yari yaramaze gushinga ‘umusi n’isaha’ ivyo bintu vyoshikiyeko.—Mat. 24:21, 36; Ivyah. 20:6.
‘NIWICUNGURIRE UMWANYA UBEREYE’
11. Kuba tuzi ko tubayeho mu gihe c’iherezo bikwiye gutuma dukora iki?
11 Kuba tuzi ko Ubwami bwatanguye kuganza be n’uko tubayeho mu “gihe c’iherezo” bikwiye gutuma dukora iki? (Dan. 12:4) Abantu benshi barabona ukuntu ivyo kw’isi birushiriza kwunyuka mugabo ntibatahure yuko ivyo bintu bishitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekeye imisi ya nyuma. Boshobora kwitega yuko umusi uri izina ivy’iyi si bizodabangana canke bagashobora kwizigira yuko utwigoro abantu bagira hari ukuntu tuzotuma haba “amahoro n’umutekano.” (1 Tes. 5:3) Tweho bite? Nimba dutahura ko tubayeho mu gihe imisi ya nyuma y’ivy’isi ya Shetani yitereye cane, ntidukwiye none kwihatira gukoresha umwanya usigaye mu gukorera ya Mana y’“ibihe n’ibiringo” no mu gufasha abandi kuyimenya? (2 Tim. 3:1) Dukwiye gufata ingingo ziranga ubukerebutsi ku bijanye n’ukuntu dukoresha umwanya wacu.—Soma Abanyefeso 5:15-17.
12. Twokwigira iki ku vyo Yezu yavuze ku bijanye n’igihe ca Nowa?
12 ‘Kwicungurira umwanya ubereye’ ntivyoroshe mw’isi yuzuye ibisamaza. Yezu yagabishije ati: “Nk’uko imisi ya Nowa yari imeze, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera.” None imisi ya Nowa yari imeze ite? Vyari vyaravuzwe yuko isi y’ico gihe yovuyeho. Ico gihe, abantu b’ababisha bosomye nturi mu mazi y’umwuzure ukwiye kw’isi yose. Nowa wa “mwamamaji w’ubugororotsi” yaramenyesheje adahemuka ubutumwa bw’Imana abantu bo mu gihe ciwe. (Mat. 24:37; 2 Pet. 2:5) Ariko “ba[ra]rya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, . . . ntihagir[a] ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose.” Ni co gituma Yezu yagabishije abayoboke biwe ati: “Mwame mwiteguye kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.” (Mat. 24:38, 39, 44) Dutegerezwa kumera nka Nowa, aho kumera nk’abantu bo mu gihe ciwe. Ni igiki none kizodufasha kwama twiteguye?
13, 14. Ni igiki dukwiye kwibuka ku vyerekeye Yehova kizodufasha kumukorera tudahemuka mu gihe turindiriye ukuza kw’Umwana w’umuntu?
13 Naho Umwana w’umuntu azoza kw’isaha tutiyumvira, turakwiye kwibuka ko Yehova ari Ruheta mu gushinga no mu kwubahiriza igihe. Ibintu bishika kw’isi be n’ivyo abantu bategekanya gukora nta co bihindura ku kirangamisi ciwe. Yehova arashinga igihe ibintu bizoberako be n’ico bizovamwo kugira ngo ashitse ivyo agomba. (Soma Daniyeli 2:21.) Nkako, mu Migani 21:1 hatubwira hati: “Umutima w’umwami ni nk’imigezi y’amazi mu kuboko kwa Yehova. Aho bimuhimbaye hose ni ho awuhindukiriza.”
14 Yehova arashobora kuyobora ibintu kugira ngo ashitse umugambi wiwe ku gihe yashinze. Menshi mu mahinduka ahambaye yabaye kw’isi yarashikije ubuhanuzi, canecane mu bijanye n’igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose. Zirikana ibijanye na kwa gusenyuka kwa Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti be n’ivyavuyemwo. Ni bake biyumvira yuko ayo mahinduka ahambaye yo mu vya politike yari gushobora gushika bukwi na bukwi gutyo. Ariko rero kubera ayo mahinduka, inkuru nziza iriko iramamazwa mu bihugu vyinshi aho igikorwa cacu cari kibujijwe. Uko bishoboka kwose rero, nimuze twicungurire umwanya ubereye wo gukorera ya Mana y’“ibihe n’ibiringo” tudahemuka.
NIWIZERE KO YEHOVA ASHITSA UMUGAMBI WIWE KU GIHE
15. Twokwerekana gute ko twizera igihe hagize ibihindurwa mw’ishirahamwe?
15 Kubandanya kwamamaza Ubwami muri iyi misi ya nyuma, bisaba kwizera ko Yehova ashitsa umugambi wiwe ku gihe yashinze. Kubera ko ivyo kw’isi biguma bihindagurika, vyoshobora kuba ngombwa ko hagira ibihindurwa mu bijanye n’ukuntu turangura igikorwa co guhindura abantu abigishwa. Ishirahamwe ryoshobora rimwe na rimwe kugira ivyo rihinduye kugira ngo ridufashe kurangura neza igikorwa co kwamamaza Ubwami. Turerekana ko twizera ya Mana y’“ibihe n’ibiringo” mu gukora twisunga bimwe bishitse ayo mahinduka uko dukora tudahemuka tuyobowe n’Umwana wayo, we “mutwe w’ishengero.”—Ef. 5:23.
16. Ni kubera iki twokwizera ko Yehova azodutabara ku gihe nyaco?
16 Yehova yipfuza ko tumusenga igihe cose tuvyipfuza twizigiye duherejeko yuko “[azodutabara] ku gihe nyaco.” (Heb. 4:16) Ivyo none ntivyerekana yuko yitwararika mu buryo buranga urukundo umwe wese muri twebwe? (Mat. 6:8; 10:29-31) Turerekana ko twizigira Yehova Imana mu kumusenga tudahorereza tumusaba ngo adufashe maze tugakora duhuza n’amasengesho twatuye hamwe n’ubuyobozi aduha. Vyongeye, turibuka gusabira abo dusangiye ukwemera.
17, 18. (a) Yehova agiye gukorera iki abansi biwe? (b) Ni umutego uwuhe dutegerezwa kwirinda?
17 Iki si igihe co ‘guhungabanywa n’ukutizera’; ahubwo ni igihe co kuba abanyabubasha biciye ku kwizera. (Rom. 4:20) Abansi b’Imana, ari bo Shetani n’abo yosha, bariko baragerageza guhagarika igikorwa Yezu yashinze abayoboke biwe, na twebwe turimwo. (Mat. 28:19, 20) Naho Shetani atugabako ibitero, turazi yuko Yehova ari “Imana nzima, yo Mukiza w’abantu b’uburyo bwose, canecane w’abizigirwa.” “Arazi kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana.”—1 Tim. 4:10; 2 Pet. 2:9.
18 Yehova agiye gukuraho ivy’iyi si mbi. Naho tutazi ido n’ido ukuntu bizogenda be n’igihe nyezina bizoberako, turazi yuko igihe cashinzwe nicagera, Kristu azokuraho abansi b’Imana, maze ubusegaba bwa Yehova bukemezwa. Ese rero ukuntu twoba dukoze ikosa twibagiye ico “ibihe n’ibiringo” tubayemwo bisobanura! Nimuze ntitwigere tugwa mu mutego wo kwiyumvira yuko “ibintu vyose bibandanya neza na neza nko kuva mu ntango y’irema.”—1 Tes. 5:1; 2 Pet. 3:3, 4.
‘NURINDIRE’
19, 20. Ni kubera iki dukwiye kurindira Yehova?
19 Umugambi Yehova Imana yari afitiye abantu mu ntango warimwo n’uko bobayeho ibihe bidahera kugira bagume biga ibimwerekeye n’ivyerekeye ibintu vy’akaroruhore yaremye. Mu Musiguzi 3:11 hagira hati: “Ikintu cose [Yehova] yakigize ciza mu gihe caco. Mbere n’igihe kitagira urugero yagishize mu mutima wabo, ngo abantu ntibigere bubura igikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva ku ntango gushika kw’iherezo.”
20 Ese ukuntu duhimbarwa cane no kuba Yehova atigeze ahindura umugambi afitiye abantu! (Mal. 3:6) Ku Mana “ntihaba uguhinduka kw’izunguruka ry’igitutu.” (Yak. 1:17) Ibitutu biguma bihinduka kubera ukuzunguruka kw’isi, mugabo ukurengana kw’igihe nta co guhindura kuri Yehova. Ni “Umwami w’ibihe bidahera.” (1 Tim. 1:17) Nimuze rero ‘turindire Imana y’ubukiriro bwacu.’ (Mika. 7:7) Egome, “nimugire umutima rugabo, kandi umutima wanyu ukomere, yemwe abarindiriye Yehova mwese.”—Zab. 31:24.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba inyongera yo mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki, urupapuro rwa 197-199.
b Raba inyongera yo mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki, urupapuro rwa 215-218.
[Ifoto ku rup. 19]
Daniyeli yarizera ko ubuhanuzi bwatanzwe n’Imana buzoranguka
[Ifoto ku rup. 21]
Woba ukoresha neza umwanya mu gukora ivyo Yehova agomba?