Inkuru y’ubuzima
Nariyegereje abantu banduta b’inkerebutsi
Nk’uko vyavuzwe na Elva Gjerde
Haraciye imyaka nka 70 umuntu yari yatugendeye i muhira iwacu ashikirije dawe iciyumviro cahinduye rwose ubuzima bwanje. Kuva kuri uwo musi w’intibagirwa, hari abandi bantu batari bake na bo nyene bagize ico bahinduye ku buzima bwanje. Muri ico kiringo cose, naratsimbataje ubugenzi bukomeye mpa agaciro kuruta ubundi bwose. Reka ndabibasigurire.
NAVUKIYE i Sydney muri Ostraliya mu 1932, nkaba navyawe n’abavyeyi bemera Imana mugabo bataja gusenga. Mawe yanyigishije yuko Imana yama inderetse, yiteguriye kumpana ndamutse nkosheje. Ivyo vyatumye ntinya Imana. Yamara, narakunda cane Bibiliya. Igihe mamawacu yaba atugendeye ku mpera z’imishamvu, yaranyiganira inkuru nyinshi zo muri Bibiliya zishimishije. Si je nabona araje.
Igihe nari umuyabaga, dawe yarasomye ibitabu mawe yari yarahawe n’umugore umwe ageze mu zabukuru yari Icabona ca Yehova. Ivyo yasomye muri ivyo bitabu vya gikirisu vyaramukoze ku mutima cane ku buryo yemera kwigana Bibiliya n’Ivyabona. Umusi umwe ku mugoroba ariko ariga Bibiliya, yaramfashe ndiko ndumviriza. Igihe yagira ansubize mu gitanda, uwo mushitsi yaciye avuga ati: “Ubona gute uretse Elva akaza akicara ng’aha?” Ico ciyumviro yashikirije ni co catumye ntangura kubaho mu buryo bushasha no kugiranira ubugenzi n’Imana y’ukuri Yehova.
Budakeye na kabiri, twe na dawe twaratanguye kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Ivyo yize vyaramuvyuriye umutima wo kugira ivyo ahinduye mu buzima bwiwe. Yaratanguye mbere gucungera ishavu ryiwe. Ivyo vyatumye mawe na musazanje mukuru Frank batangura kwitaba amakoraniro.a Twese uko turi bane twarateye imbere, mu nyuma turabatizwa tuba Ivyabona vya Yehova. Kuva ico gihe, abantu benshi banduta barangizeko akosho keza mu biringo bitandukanye vy’ubuzima bwanje.
MPITAMWO ICO NZOKORA
Igihe nari umuyabaga, nariyegereza abantu banduta bo mw’ishengero twarimwo. Umwe muri bo yari uwitwa Alice Place, wa mutamakazi dusangiye ukwemera yabaye uwa mbere mu kubwira inkuru nziza umuryango wacu. Yambereye nka nyokuru. Alice yaramenyereje mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza yongera arandemesha gukwiza ibisabwa kugira mbatizwe. Igihe nari mfise imyaka 15, narashikije iryo hangiro.
Nariyegereje kandi umugabo n’umugore bageze mu zabukuru ari bo Percy Dunham n’umukenyezi wiwe Madge [Margaret]. Kwifatanya na bo vyaragize ikintu kinini bikoze kuri kazoza kanje. Uti gute? Narakunda ibiharuro, kandi naripfuza cane kuzovyigisha. Percy na Madge bari barakoreye ubumisiyonari muri Letoniya mu myaka ya 1930. Igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yatera i Buraya, barasabwe kuja gukorera kuri Beteli yo muri Ostraliya, ikaba yari mu gace kari mu micungararo y’igisagara ca Sydney. Percy na Madge baranyitwararitse vy’ukuri. Barigana ibintu vyinshi biteye umunezero bari bariboneye mu gikorwa cabo c’ubumisiyonari. Narashoboye kwibonera neza yuko kwigisha Bibiliya vyompimbaye cane kuruta kwigisha ibiharuro. Naciye rero mpitamwo kuba umumisiyonari.
Umuryango wa Dunham warandemesheje kwitegurira umurimo w’ubumisiyonari mu gukora ubutsimvyi. Ku bw’ivyo, mu 1948 mfise imyaka 16, narifatanije n’abandi batsimvyi bakiri bato cumi bakorera bahimbawe mw’ishengero narimwo ry’i Hurstville mu gisagara ca Sydney.
Mu myaka ine yakurikiye, narakoreye ubutsimvyi mu bindi bisagara bine, vyose bikaba vyari muri Leta ya Nouvelle-Galles du Sud no mu ya Queensland. Umwe mu bo natanguye kwigisha Bibiliya yari Betty Law (ubu akaba yitwa Remnant). Betty, akaba yari umwigeme yitwararikana, yandusha imyaka ibiri. Twahavuye dukorana ubutsimvyi mu gisagara ca Cowra, cari nko ku bilometero 230 mu burengero bwa Sydney. Naho twakoranye igihe gito gusa, turacari abagenzi.
Maze kuba umutsimvyi adasanzwe, nimukiye i Narrandera, kino kikaba ari igisagara kiri ku bilometero 220 mu bumanuko bushira uburengero bwa Cowra. Twaciye dukorana n’uwitwa Joy Lennox (ubu akaba yitwa Hunter), akaba yari umutsimvyi w’umunyamwete na we nyene yandusha imyaka ibiri. Ni twe twenyene twari Ivyabona muri ico gisagara. Twe na Joy twabana n’abubakanye b’abakiranyi, ari bo Ray Irons n’umukenyezi wiwe Esther. Bo hamwe n’umuhungu wabo n’abakobwa babo batatu barashimishijwe n’ukuri. Hagati mu ndwi, Ray n’umuhungu wiwe bakorera hanze y’igisagara ahantu hororerwa intama hakanarimirwa ingano, Esther n’abo bakobwa na bo bakaraba ibijanye n’agahoteli ko muri ako karere. Imisi yose ku w’indwi, twe na Joy twarategurira ibifungurwa vyinshi cane umuryango wa Irons n’abantu nka 12 baba muri ako gahoteli, bose bakaba bari abagabo bakorera kw’ibarabara ry’indarayi baba bashonje cane. Ico gikorwa caradufasha kuronka igice c’amahera twariha aho twaba. Tumaze gusukura aho hantu, twaca dusereva umuryango wa Irons ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu biryoshe cane, ni ukuvuga inyigisho y’Umunara w’Inderetsi yagirwa buri ndwi. Ray na Esther be n’abana babo bane baraje mu kuri, akaba ari na bo batanguje ishengero rya Narrandera.
Mu 1951, naritavye ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye i Sydney. Ng’aho naragiye mu nama idasanzwe y’abatsimvyi bashimishwa n’igikorwa c’ubumisiyonari. Abantu barenga 300 ni bo bitavye iyo nama yabereye mw’ihema rinini. Nathan Knorr yari yavuye kuri Beteli y’i Brooklyn yarashikirije insiguro abo bantu maze arasigura mu buryo butomoye yuko vyihutirwa cane ko inkuru nziza yamamazwa mu mihingo yose yo kw’isi. Twarafashe nkama ibintu vyose yavuze. Mu nyuma benshi mu batsimvyi bari ng’aho baratanguje igikorwa c’Ubwami mu Bumanuko bwa Pasifike no mu tundi turere. Narahimbawe cane no kuba umwe mu bantu 17 bo muri Ostraliya batumiwe mu mugwi ugira 19 w’ishure rya Gileyadi ryabaye mu 1952. Icipfuzo canje co kuba umumisiyonari cagira kiranguke mfise imyaka 20 gusa!
NKENERA KUGIRA IVYO NDYOHOYE
Uretse ko inyigisho naronkeye mw’ishure rya Gileyadi be n’abo twifatanya ng’aho vyatumye nongereza ubumenyi bwo muri Bibiliya bikongera bigakomeza ukwizera kwanje, vyaranagize ikintu kinini bihinduye kuri kamere yanje. Nari nkiri muto, nkagira ivyipfuzo vyinshi kandi nari mfise agatima ko kwitega yuko mba umuntu atagira agahaze nkavyitega no ku bandi. Rimwe na rimwe nabona ibintu mu buryo burenze urugero. Nk’akarorero, igihe nabona umuvukanyi Knorr ariko arakina kigenzi urukino rw’umupira w’amaboko n’Abanyabeteli bakiri bato, vyarambabaje.
Abigisha bo mw’ishure rya Gileyadi, bose bakaba bari abagabo batahura ibintu kandi bazi utuntu n’utundi, bategerezwa kuba barabonye ko ntari norohewe. Baranyitwararitse bongera baramfasha guhindura ukuntu nabona ibintu. Buhorobuhoro, naratanguye kubona ko Yehova ari Imana y’urukundo kandi ikenguruka, aho kubona ko ari Imana idadaza kandi isaba ibirenze urugero. Bamwebamwe mu bo twigana na bo nyene baramfashije. Ndibuka igihe umwe muri bo yambwira ati: “Elva, erega Yehova ntari hariya hejuru afise ikimoko. Nta co uba witega ibirenze urugero ku bikwerekeye!” Ayo majambo yambwiye atarya umunwa yarankoze ku mutima.
Turangije ivyigwa, jewe hamwe na bane mu bo twigana twarungitswe gukorera muri Namibiya muri Afrika. Budakeye na kabiri twari dusigaye turongora inyigisho za Bibiliya 80. Narakunda Namibiya n’ubuzima bw’ubumisiyonari, mugabo nari narakundanye n’umusore twiganye mw’ishure rya Gileyadi, uno akaba yari yarungitswe gukorera mu Busuwisi. Haciye umwaka ndi muri Namibiya, narasanze mu Busuwisi uwo musore yari andeheje. Tumaze kwubakana, naramuherekeza mu gikorwa yakora co kugendera amashengero.
NSHIKIRWA N’INGORANE IKOMEYE
Tumaze imyaka itanu turi mu gikorwa co kugendera amashengero tunezerewe, twasabwe kuja gukorera kuri Beteli yo mu Busuwisi. Igihe nari mu muryango wa Beteli wo ng’aho, narahimbarwa cane no kuba nkikujwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi benshi banduta kandi bahumuye mu vy’impwemu.
Haciye igihe gito, narashikiwe n’ikintu camvunye umutima. Naramenye yuko umunega wanje yari amaze igihe ampemukira yongera ahemukira Yehova. Mu nyuma yarantaye. Wamenga ijuru ringuyeko! Simbona ukuntu nari kwihanganira ico kintu iyo ntagaragarizwa urukundo nkongera ngashigikirwa n’abagenzi banje banduta nikundira bo mu muryango wa Beteli. Barantega yompi igihe naba nkeneye guserura akari ku mutima bakongera bakareka nkaruhuka igihe naba ndabikeneye. Amajambo yirura bambwira be n’ibintu biranga ubuntu bankorera vyaranshigikiye muri ico gihe nari ndengewe n’umubabaro vyongera biramfasha kurushiriza kwiyegereza Yehova.
Naributse kandi amajambo yavuzwe imyaka nk’ingahe imbere y’aho n’abantu b’inkerebutsi banduta bari barakomejwe n’ibigeragezo. Muri ayo majambo harimwo n’ayavuzwe na Madge Dunham. Yarigeze kumbwira ati: “Elva, mu gikorwa urangurira Yehova, uzohura n’ibigeragezo vyinshi, mugabo ibigeragezo bibabaza kuruta ibindi vyose vyoshobora kuva ku bo ukunda. Igihe uzoba uri muri ivyo bigeragezo, uriyegereza Yehova. Uribuka yuko ari we ukorera, udakorera abantu b’abanyagasembwa!” Impanuro Madge yampaye zaranyoboye mu bihe bitoroshe vyinshi naciyemwo. Nariyemeje ko ntokwigeze ndeka ngo amakosa y’umunega wanje antandukanye na Yehova.
Mu nyuma, narafashe ingingo yo gusubira muri Ostraliya gukorerayo ubutsimvyi ndi hafi y’umuryango wanje. Igihe nari ku rugendo mw’ibahari nja i muhira, naza ndagiranira n’abo twari dufatanije urugendo ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya bishimishije. Muri abo bantu harimwo umugabo umwe yavuga make yaturuka muri Norveje yitwa Arne Gjerde. Yarashimishijwe n’ivyo yumvise. Mu nyuma, Arne yaratugendeye twe n’umuryango wanje i Sydney. Yarateye imbere n’ingoga mu vy’impwemu maze araza mu kuri. Mu 1963, twe na Arne twarubakanye, maze haciye imyaka ibiri, turibaruka umwana w’umuhungu yitwa Gary.
NONGERA KUBURA UWANJE
Twe na Arne hamwe na Gary twari dufise ubuzima bwo mu muryango buhimbaye kandi bumara akanyota. Bidatevye, Arne yaraguye inzu yacu kugira ngo abavyeyi banje bari bageze mu zabukuru baronke aho baba. Ariko rero, haciye imyaka itandatu twubakanye, twarashikiwe n’iyindi ngorane ikomeye yaduhungabanije. Arne basanze arwaye kanseri yo mu bwonko. Nama nja kumuraba buri musi mu bitaro mu gihe kirekire yamaze ariko aravurwa hakoreshejwe imishwarara (ivyo bita radiothérapie). Yaramaze igihe gito biriko biragenda neza, mu nyuma ivyiwe birunyuka maze afatwa n’indwara yonona ubwonko. Nabwiwe yuko asigaje amayinga makeyi gusa yo kubaho. Ariko rero, Arne yarabandanije kubaho. Amaherezo yarasubiye i muhira, aho nagiye ndamwitwararika gushika atoye mitende. Mu nyuma, yarasubiye gutambuka yongera arasubira gusukura ari umukurambere w’ishengero. Kuba yari afise agatima k’urweze akaba n’umuntu akunda kwitwengera, vyaramufashije gutora mitende vyongera biratuma ndushiriza kworoherwa no kumwitwararika ntatezura.
Haciye imyaka, mu 1986, amagara ya Arne yarasubiye kumera nabi. Ico gihe abavyeyi banje bari barapfuye. Twaciye rero twimukira mu karere k’imisozi iryoheye ijisho kitwa Blue Mountains kari inyuma y’igisagara ca Sydney, ivyo bikaba vyatumye turushiriza kwegera abagenzi bacu. Mu nyuma, Gary yarubakanye n’umwigeme mukirisu w’igikundiro yitwa Karin, maze badusaba yuko twobana na bo. Mu mezi nk’angahe, twese twarimukiye mu nzu yari hafi y’aho twe na Arne twari tumaze igihe tuba, umuntu akaba yarengana amabarabara makeyi gusa.
Mu mezi 18 ya nyuma y’ubuzima bwa Arne, yari aremvye cane ku buryo atashobora kuva mu gitanda kandi vyasaba ko aguma yitwararikwa. Kubera yuko ntashobora kuva i muhira muri ico kiringo nka cose, naramara amasaha abiri buri musi niga Bibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo. Muri ivyo biringo vyo kwiyigisha, nararonse impanuro nyinshi ziranga ubukerebutsi zijanye n’ukuntu nokwihanganira ingorane zanje. Vyongeye, abantu banduta bo mw’ishengero narimwo barangendera babigiranye urukundo, bamwebamwe muri bo bakaba bari barihanganiye ibigeragezo nk’ivyo. Ivyo vyarandemesha koko! Arne yapfuye muri Ndamukiza 2003, afise icizigiro ntakekeranywa c’izuka.
NDACASHIGIKIRWA MU BURYO BUHAMBAYE KURUTA UBUNDI
Nkiri muto, nari umuntu afise ivyipfuzo vyinshi. Mugabo nasanze ari gake ubuzima bugenda nk’uko umuntu aba avyiteze. Nararonse imihezagiro myinshi nongera ndashikirwa n’ibintu bibiri bibabaje cane: Narabuze uwo twari twubakanye kubera yahemutse, nongera ndabura uwo twasubiye kwubakana bitumwe n’indwara. Muri ico kiringo cose, nararonse ubuyobozi n’uruhoza ndabikuye ahantu hatari hake. Ndacashigikirwa mu buryo buhambaye kuruta ubundi n’“Umwe wa kera mu misi” ari we Yehova Imana. (Dan. 7:9) Impanuro ziwe zararyohoye kamere yanje zongera ziratuma nibonera ibintu biteye umunezero mu gikorwa c’ubumisiyonari. Igihe haba hadutse ingorane, ‘ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova bwaranshigikira, ivyo yiruza na vyo bigakuyakuya umutima wanje.’ (Zab. 94:18, 19) Vyongeye, abo mu muryango wanje be n’‘abagenzi nyakuri bavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa’ barangaragarije urukundo bongera baranshigikira. (Imig. 17:17) Benshi muri bo bari abantu banduta b’inkerebutsi.
Umwe sekuruza w’imiryango Yobu yabajije ati: “Mbega ubukerebutsi ntiburi mu basaza n’ugutegera kukaba mu bwinshi bw’imisi?” (Yobu 12:12) Nsubije amaso inyuma nkibuka ubuzima bwanje, ndashobora kwishura nti: “Egome.” Impanuro nahawe n’abantu banduta b’inkerebutsi zaramfashije, uruhoza ruva kuri bo ruranshigikira, ubugenzi twagiraniye na bwo buratuma ngira ubuzima burangwa agahimbare. Ndakenguruka kuba narabiyegereje.
Ubu mfise imyaka 80, nanje ubwanje nkaba nduta abandi. Ivyanshikiye vyatumye canecane mba umuntu atahura ivyo abandi bageze mu zabukuru bakeneye. Ndacakunda kubagendera no kubafasha. Ariko kandi ndahimbarwa no kwifatanya n’abakiri bato. Ingoga zabo ziratuma umuntu agira ico akoze, igishika cabo na co kikandukira. Igihe mbonye yuko abakiri bato banyituye ngo ndabaronse ubuyobozi canke ndabafashe, birampimbara kuba ari ho ndi ku bwabo.
[Akajambo k’epfo]
a Musaza wa Elva, ari we Frank Lambert, yarabaye umutsimvyi w’umunyamwete mu turere two muri Ostraliya two hagati mu gihugu. Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1983 (mu gifaransa), urupapuro rwa 110-112, kirigana ivyerekeye rumwe mu ngendo nyinshi zishimishije yagize zijanye no kwamamaza.
[Ifoto ku rup. 14]
Twe na Joy Lennox turiko turakorera ubutsimvyi i Narrandera
[Ifoto ku rup. 15]
Elva ari kumwe n’abo mu muryango wa Beteli wo mu Busuwisi mu 1960
[Ifoto ku rup. 16]
Aha nariko ndabungabunga Arne igihe yari arwaye