ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/10 rup. 7-12
  • Ibihe n’Ibiringo Biri mu Maboko ya Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibihe n’Ibiringo Biri mu Maboko ya Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibihe n’Ibiringo Yehova Yashinze
  • ‘Igihe Cagira Gishike’
  • “Igihe Gikwiye Gishitse”
  • Dufatira ku Biba—Si ku Guharura Ibihe
  • Niwizigire Yehova we Mana y’“ibihe n’ibiringo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ukuntu ubuhanuzi bwa Daniyeli bwavuze ivyerekeye ugushika kwa Mesiya
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Nitubeho Twisunga Ukwizera Ivyo Imana Yasezeranye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Yehova arazi kurokora abasavyi biwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/10 rup. 7-12

Ibihe n’Ibiringo Biri mu Maboko ya Yehova

“S’ivyanyu kumenya imisi cank’ibihe Data yashinze n’ububasha bgiwe wenyene.”—IVYAKOZWE 1:7.

1. Yezu yishuye gute ibibazo vy’intumwa ziwe vyerekeye ibihe?

Mbega ‘abanihishwa bakarizwa n’ibizira vyose bikorerwa’ mu Bitwa Abakirisu no kw’isi hose, bobura kwibaza igihe isi mbi izorangirira igasubirirwa n’isi nshasha itunganye y’Imana? (Ezekiyeli 9:4; 2 Petero 3:13) Imbere gatoyi y’uko Yezu apfa be n’inyuma y’aho azukiye, intumwa ziwe zaramubajije ibibazo vyerekeye ibihe. (Matayo 24:3; Ivyakozwe 1:6) Ariko rero mu kubishura, Yezu ntiyabahaye uburyo bwo guharura amatariki. Igihe kimwe yabahaye ikimenyetso kigizwe na vyinshi, ikindi gihe na ho avuga yuko ‘atari ivyabo kumenya ibihe canke ibiringo Se yashinze n’ububasha bwiwe wenyene.’—Ivyakozwe 1:7.

2. Ni kuki twoshobora kuvuga yuko Yezu atamye azi igihe Se wiwe yashinze ibintu vyobereyeko mu gihe c’iherezo?

2 Naho Yezu ari Umwana w’ikinege wa Yehova, na wene ntiyamye azi ingengabihe Se yashingiye ibiba. Mu buhanuzi yatanze bwerekeye imisi y’iherezo, Yezu yariyemereye yicishije bugufi ati: “Uwo musi cank’iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’Umwana w’Imana, atari Data gusa.” (Matayo 24:36) Yezu yaremeye n’umutima ukunze kwihangana ararindira ngo Se wiwe amuhishurire igihe nyaco c’uko ivy’iyi si mbi bisangangurwa.a

3. Ni ibiki dushobora kwigira mu nyishu Yezu yatanze ku biraba umugambi w’Imana?

3 Hari ibintu bibiri dushobora gutahurira mu kuntu Yezu yishuye ibibazo vyerekeye igihe ibintu vyorangukiyeko mu mugambi w’Imana. Ica mbere, ni uko Yehova afise ingengabihe akurikiza; hanyuma ica kabiri, ni uko we musa ari we ayishinga, kandi abasavyi biwe ntibitega kugira ico bamenyeshejwe gitomoye imbere y’igihe ku vyerekeye ibihe canke ibiringo yashinze.

Ibihe n’Ibiringo Yehova Yashinze

4. Amajambo y’Ikigiriki yahinduwemwo ngo “ibihe” n’ ‘ibiringo’ mu Vyakozwe 1:7 asobanura iki?

4 Amajambo “ibihe” n’ ‘ibiringo’ asobanura iki? Ivyo Yezu yavuze vyanditse mu Vyakozwe 1:7 birimwo imice ibiri y’igihe. Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwemwo ngo “ibihe” risobanura “igihe mu buryo bw’ukumara umwanya,” igihe kinaka kihaca (caba kirekire cabure kigufi). ‘Ibiringo’ ni uburyo bwahinduwemwo ijambo ryerekeza ku gihe cashinzwe canke cagenywe, ikiringo canke ikibariro kidasanzwe, kikarangwa n’ibintu binaka. Ku biraba ayo majambo abiri y’inkomoko, W. E. Vine avuga ati: “Mu Vyakozwe 1:7, ‘Se yarashinze mu bubasha bwiwe yiharije’ ibihe (chronos), uburebure bw’ibibariro, hamwe n’ibiringo (kairos), bikaba ari ibihe birangwa n’ibintu binaka biba.”

5. Ni ryari Yehova yamenyesheje Nowa ivy’umugambi wiwe wo guhonya isi yononekaye, kandi ni urubanza uruhe rurimwo zibiri Nowa yaranguye?

5 Imbere y’Umwuzure, Imana yarashingiye igihe kitarenga imyaka 120 isi yononekaye yari yazanywe n’abantu be n’abamarayika bagararije bakiha imibiri y’inyama. (Itanguriro 6:1-3) Nowa uwayobokera Imana, ico gihe yari amaze imyaka 480 y’amavuka. (Itanguriro 7:6) Nta mwana yari afise, kandi yagumye gutyo mu gihe c’iyindi myaka 20. (Itanguriro 5:32) Haciye igihe kirekire, inyuma y’aho abahungu ba Nowa bamariye kugera mu bigero hanyuma bakarongora, ni ho gusa Imana yamenyesheje Nowa ivy’umugambi yari ifise wo gukuraho ubukozi bw’ikibi kw’isi. (Itanguriro 6:9-13, 18) N’ico gihe nyene, naho Nowa yari yashinzwe urubanza rurimwo zibiri rwo kwubaka ubwato no kwamamariza ubutumwa abo mu gihe ciwe, Yehova ntiyamumenyesheje ingengabihe yashinze.—Itanguriro 6:14; 2 Petero 2:5.

6. (a) Nowa yerekanye ate yuko arekera ivy’ibihe mu maboko ya Yehova? (b) Dushobora gukurikira gute akarorero ka Nowa?

6 “Nowa” yaramaze igihe c’imyaka mirongo—kumbure igice c’ikinjana—“abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose [aba ari ko akora].” Nowa yabigenjeje atyo ‘abitumwe n’ukwizera,’ ata tariki itomoye azi. (Itanguriro 6:22; Abaheburayo 11:7) Yehova ntiyamumenyesheje ivyerekeye igihe nyaco ibintu vyoshikiyeko, gushika hasigaye umushamvu umwe ngo Isegenya ritangure. (Itanguriro 7:1-5) Ukwizigira gukomeye hamwe n’ukwizera Nowa yari afitiye Yehova, vyatumye ashobora kurekera ivy’igihe mu maboko y’Imana. Kandi ese ukuntu ategerezwa kuba yarakengurutse igihe yibonera ko Yehova amukingiye mu gihe c’Umwuzure, no mu nyuma agasohoka avuye mu bwato akaja kw’isi ihumanuwe! Twebwe none, ko dufise icizigiro nk’ico c’uko tuzohabuzwa, ntidukwiye kugaragaza none ukwizera Imana mwene ukwo?

7, 8. (a) Amahanga hamwe n’intwaro nganzasi vyaje kubaho gute? (b) Ni mu buryo ubuhe Yehova ‘yavumereye ibihe vyagenywe agashiraho n’imbibe z’aho abantu baba’?

7 Inyuma y’Umwuzure, benshi mu bakomoka kuri Nowa barahevye ugusenga Yehova kw’ukuri. Kubera ko bari bafise umugambi wo kwigumira ahantu hamwe, batanguye kwubaka igisagara n’umunara vyo kugiriramwo ugusenga kw’ikinyoma. Yehova yabonye yuko hari hageze ko aseruka. Yarayoberanije ururimi rwabo hanyuma “[kuva i Babeli] abasabagiri[za] mw isi yose.” (Itanguriro 11:4, 8, 9) Mu nyuma, imigwi y’abavuga indimi yaratsimbataye ivamwo amahanga, amwamwe muri yo arigarurira ayandi mahanga hanyuma acika intwaro ziganzira intara, eka mbere ziranavamwo n’intwaro nganzasi.—Itanguriro 10:32.

8 Mu buryo buhuye n’iranguka ry’umugambi wayo, rimwe na rimwe Imana yarashiraho imbibe zigabura amahanga, hamwe n’ahantu mu nyuma ihanga rinaka ryogejeje mu kwiganza muri ako karere canke ari intwaro nganzasi. (Itanguriro 15:13, 14, 18-21; Kuvayo 23:31; Gusubira mu Vyagezwe 2:17-22; Daniyeli 8:5-7, 20, 21) Intumwa Paulo yarerekeje kuri uwo muce w’ivy’ibihe n’ibiringo Yehova yashinze, igihe yabarira incabwenge z’Abagiriki z’i Atenayi ati: “Imana Rurema, yaremye isi n’ibirimwo vyose, . . . yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose, yashinze ibihe vy’imyaka ko bikūranwa uko yageze, icira abantu imbibe z’aho baba.”—Ivyakozwe 17:24, 26.

9. Yehova ‘yahinduye gute ibihe n’ibiringo’ ku vyerekeye abami?

9 Ivyo ntibisobanura yuko Yehova ari we atuma haba ivy’ukwigarurira intara n’uguhindura ibintu mu vya politike bigirwa hagati y’ibihugu. Yamara, arashobora guseruka igihe ahisemwo kubigenza gutyo, kugira ngo ashitse umugambi wiwe. Ni co gituma umuhanuzi Daniyeli, uwabwirizwa gushinga intahe yerekeye uguhinduka kw’Intwaro Nganzasi y’i Babiloni hamwe n’ugusubirirwa kwayo n’iy’Abamedi n’Abaperesi, yavuze ivya Yehova ati: ‘Akūranya imyanya n’ibihe; ni we akūra abami akimika abandi; ni we aha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse akabaha kumenya.”—Daniyeli 2:21; Yesaya 44:24–45:7.

‘Igihe Cagira Gishike’

10, 11. (a) Igihe Yehova yashinga igihe yohaburije abakomoka kuri Aburahamu abakuye mu buja, hari hagisigaye igihe kingana iki? (b) Ni igiki cerekana ko Abisirayeli batari bazi neza igihe bohaburijweko?

10 Hagisigaye ibinjana bine birenga, Yehova yarashinze umwaka utomoye, igihe yotetereje umwami w’Intwaro Nganzasi yo mu Misiri agakuza mu buja abakomoka kuri Aburahamu. Imana mu guhishurira Aburahamu umugambi wayo, yasezeranye iti: “Umenye neza yuk’uruvyaro rwawe ruzoba inyambukīra mu gihugu kitar’icabo, kandi bazokorera bene co, na bo bazobagirira nabi imyaka amajana ane; maz’iryo hanga bazokorera nzoricirakw’iteka: arikw amaherezo bazorivamwo, bakūyey’ubutunzi bginshi.” (Itanguriro 15:13, 14) Mu ncamake Sitefano yatanze y’ivyerekeye inkuru y’ivyabaye kuri Isirayeli, iyo yatangiye imbere y’Abanyekombe, yarerekeje kuri ico kiringo c’imyaka 400 avuga ati: “Arikw igihe c’isezerano kigira gishike, iry’Imana yasezeraniye Aburahamu, abantu baragwira, baba benshi muri Egiputa, gushitsa ah’uwundi mwami yimiye muri Egiputa atigeze kumenya ivya Yosefu.”—Ivyakozwe 7:6, 17, 18.

11 Uwo Farawo mushasha Abisirayeli yaciye abagira abaja. Igitabu c’Itanguriro nticaribwandikwe na Musa, naho nyene bisa n’uko inkuru y’imihango Yehova yahaye Aburahamu yari yagiye irahanahanwa ku munwa canke mu nyandiko. Naho vyari ukwo, biboneka yuko amakuru Abisirayeli bari bafise atatumye bashobora guharura ngo bamenye itariki itomoye bokuriwe mu gahahazo. Imana yari izi igihe yobahaburije, ariko uko bigaragara, abo Bisirayeli bariko baracumukura nta co bari baramenyeshejwe. Dusoma ngo: “Hashize igihe kirekire, umwami wa Egiputa aratanga: Abisirayeli banihishwa no kuba mu buja, barataka; ugutaka batakishwa n’ubgo buja kuradūga, gushika ku Mana. Imana yumva amaborogo yabo, yibuka isezerano ryayo yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo. Imana yitegereza Abisirayeli, ibona uko bameze.”—Kuvayo 2:23-25.

12. Sitefano yerekanye gute ko Musa yagize ico akora igihe Yehova yashinze kitarashika?

12 Ukwo kutamenya ivyerekeye igihe nyaco Isirayeli yohaburijweko turashobora kandi kukubonera mu ncamake Sitefano yashikirije. Igihe yavuga ivya Musa, yagize ati: “Maz’arikw aramara imyaka mirongwine avutse, haza iciyumviro mu mutima wiwe co kugendera bene wabo b’Abisirayeli. Abonye umuntu agirirwa nabi, aramutabara, ahōra iyo mpahazwa, yica wa Munyegiputa. Yibgira yukw ab’i wabo botahura kw Imana ibakirisha ukuboko kwiwe: ariko ntibabimenya.” (Ivyakozwe 7:23-25, ni twe duhiritse izo ndome.) Ngaho Musa yari agize ico akora hagisigaye imyaka 40 ngo ibihe Imana yashinze bishike. Sitefano yaradomye urutoke ku vy’uko Musa yategerejwe kurindira iyindi myaka 40 imbere y’uko Imana ‘ikirisha Abisirayeli ukuboko kwiwe.’—Ivyakozwe 7:30-36.

13. Ni mu buryo ki uko ivyacu vyifashe ari nka kumwe kw’ivy’Abisirayeli imbere y’uko bahabuzwa bakuwe mu Misiri?

13 Naho nyene ‘igihe cagira gishike c’uko isezerano riranguka,’ kandi uwo mwaka utomoye ukaba wari washinzwe n’Imana, Musa hamwe na Isirayeli yose babwirizwa kugaragaza ukwizwera. Kandi barinze kurindira igihe Yehova yagenye, bikaba biboneka ko batari bashoboye kugiharura imbere y’uko gishika. Na twebwe nyene turemera neza yuko uguhabuzwa kwacu tugakurwa mu vy’iyi si mbi kuriko kuregereza. Turazi yuko turi mu “misi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1-5) Ntidukwiye none kwerekana ukwizera kwacu kandi tukarindira igihe gikwiriye Yehova yashingiye umusi wiwe uhambaye, ivyo tukabigirana umutima ukunze? (2 Petero 3:11-13) Maze rero, nka kumwe kwa Musa n’Abisirayeli, nta cotubuza kuririmba ururirimbo rw’ubuninahazwa rwo guhabuzwa, ngo dushemeze Yehova.—Kuvayo 15:1-19.

“Igihe Gikwiye Gishitse”

14, 15. Tumenya gute ko Imana yari yarashinze igihe Umwana wiwe yoziriye kw’isi, kandi ni ibiki abahanuzi be n’abamarayika nyene bagumye bareretse?

14 Yehova yari yarashinze igihe Umwana wiwe w’ikinege yoziriye kw’isi ngo abe Mesiya. Paulo yanditse ati: “Maz’igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe.” (Ab’i Galatiya 4:4) Iryo ryari iranguka ry’isezerano Imana yari yaratanze ryo kurungika Urubuto—ni we ‘Shilo, uwo amahanga yokwumviye.’—Itanguriro 3:15; 49:10.

15 Abahanuzi b’Imana—eka mbere n’abamarayika—bagumye bari maso bareretse “ikiringo” Mesiya yoserukiyeko kw’isi hanyuma agakiza kagashobokera abantu b’abanyavyaha. Petero avuga ati “ivy’ako gakiza, abāvugishwa n’Imana, ari bo bāvuze ubuntu mwāgira muze muhabge, bārabirondera, bārabisesa, basesa igihe ic’ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa [n’im]pwemu [y]a Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire. . . . Ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.”—1 Petero 1:1-5, 10-12.

16, 17. (a) Ni ubuhanuzi ubuhe Yehova yakoresheje mu gufasha Abayuda bo mu kinjana ca mbere ngo barindire Mesiya? (b) Ubuhanuzi bwa Daniyeli bwakoze iki ku kurereka Mesiya kw’Abayuda?

16 Biciye ku muhanuzi wiwe Daniyeli—uno akaba yari afise ukwizera kutanyiganyiga—Yehova yari yaratanze ubuhanuzi buvugwamwo “amayinga mirongwirindwi.” Ubwo buhanuzi bwotumye Abayuda bo mu kinjana ca mbere bamenya yuko ukuboneka kwa Mesiya yari yarasezeranywe kwariko kuregereza. Igice kimwe c’ubwo buhanuzi cavuga giti: “Uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’amayinga ndwi; maze habah’ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri.” (Daniyeli 9:24, 25) Incabwenge z’Abayahudi, Abagatolika n’Abaporotisanti, nka bose baremera yuko ayo “mayinga” avugwa ngaho ari amayinga y’imyaka. Ayo “mayinga” 69 (imyaka 483) yo muri Daniyeli 9:25 yatanguye mu 455 B.G.C., igihe Umwami Aritazeruzi w’Umuperesi yaha Nehemiya uruhusha rwo “kuvyura no kwubaka Yerusalemu.” (Nehemiya 2:1-8) Yarangiye inyuma y’imyaka 483—ni ukuvuga mu 29 G.C., igihe Yezu yabatizwa hanyuma agasigwa impwemu yera, gutyo aba Mesiya, canke Kirisitu.—Matayo 3:13-17.

17 Ivy’uko Abayuda bo mu kinjana ca mbere boba canke batoba bari bazi neza aho iyo myaka 483 yatanguriye, ntibizwi. Mugabo igihe Yohani Umubatizi yatangura igikenurwa ciwe, “abantu bāri barorereye ibizoba, bose bakabūranisha imitima ngo kumbure Yohana yoba [ari] Kristo.” (Luka 3:15) Incabwenge zimwezimwe mu vya Bibiliya zivuga ko ico kintu abantu bari barorereye ari ico mu vyari vyaravuzwe mu buhanuzi bwa Daniyeli. Uwitwa Matthew Henry yaragize ico avuga kuri uwo murongo, ati: “Hano tubwirwa . . . ukuntu biciye mu gikenurwa no mu kubatiza kwa Yohani, abantu baboneyeho kwiyumvira ivya Mesiya, no kwiyumvira ko yari hafi cane gushika. . . . Ico gihe ya mayinga mirongo irindwi yariko arahera.” Igitabu Manuel Biblique canditswe mu rurimi rw’Igifaransa na Vigouroux, Bacuez be na Brassac, kivuga giti: “Abantu bari bazi yuko ayo mayinga mirongo irindwi y’imyaka yashinzwe n’igitabu ca Daniyeli yariko ararangira; nta muntu n’umwe yatangajwe no kwumva Yohani Umubatizi atangaza yuko ubwami bw’Imana bwari bwegereje.” Incabwenge y’Umuyahudi Abba Hillel Silver yanditse yuko hakurikijwe “urutonde abantu baharuriramwo ibihe” rwo muri iyo misi, “Mesiya yari yitezwe hagati y’umwaka wa 25 na 50 mu kinjana ca mbere G.C.”

Dufatira ku Biba—Si ku Guharura Ibihe

18. Naho ubuhanuzi bwa Daniyeli bwafashije Abayuda kumenya igihe Mesiya yari yitezwe ko yoziriyeko, ni ikimenyamenya ikihe cabajijuye kuruta, yuko Yezu yari we Mesiya?

18 Naho bigaragara ko urutonde rwo guharuriramwo ibihe rwafashije igisata c’Abayuda kugira iciyumviro co muri rusangi cerekeye igihe Mesiya yobonekeyeko, ibintu vyabaye mu nyuma vyerekana yuko rutafashije mu kujijura abenshi muri bo yuko Yezu ari we Mesiya. Hagisigaye igihe kiri munsi y’umwaka ngo Yezu apfe, yabajije abigishwa biwe ati: “Abantu bagira ngo ndi nde?” Basubijeyo bati: “Bagira ng’uri Yohana Umubatizi; abandi ng’uri Eliya; abandi ng’ur’umwe mu bāvugishwa n’Imana ba kera yazutse.” (Luka 9:18, 19) Nta nkuru zanditse dufise z’uko Yezu yoba yarigeze asubiramwo ivya ya mayinga y’ikigereranyo kugira ngo yemeze ko yari we Mesiya. Mugabo igihe kimwe yavuze ati: “Jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.” (Yohana 5:36) Ukwamamaza inkuru nziza kwa Yezu, ibitangaro yakoze, hamwe n’ibintu vyabaye igihe yapfa (wa mukorane, kwa gutantamuka kw’igihuzu co mu rusengero be na kwa kunyiganyiga kw’isi) ni vyo vyashinze intahe yuko yari we Mesiya yatumwe n’Imana, si urutonde runaka rwo guharuriramwo ibihe rwabihishuye.—Matayo 27:45, 51, 54; Yohana 7:31; Ivyakozwe 2:22.

19. (a) Abakirisu bomenye gute ko ugusangangurwa kwa Yeruzalemu kwari kwegereje? (b) Ni kuki Abakirisu ba mbere bahunze bavuye i Yeruzalemu bari bagikeneye ukwizera kunini?

19 Mu buryo nk’ubwo nyene, inyuma y’aho Yezu apfiriye, Abakirisu ba mbere nta buryo bahawe bwo guharura igihe iherezo ry’urunkwekwe rw’ivy’Abayuda ryoziriyeko. Ego niko, ubuhanuzi bwa Daniyeli bwerekeye ya mayinga y’ikigereranyo bwaracishijemwo ivy’isangangurwa rw’urwo runkwekwe. (Daniyeli 9:26b, 27b) Mugabo ivyo vyoshitse ya “mayinga mirongwirindwi” (455 B.G.C.–36 G.C.) amaze guhera. Mu yandi majambo, inyuma y’aho Abanyamahanga ba mbere bacikiye abayoboke ba Yezu mu 36 G.C., Abakirisu bari bararenganye ikiringo c’ivyari vyaravuzwe muri Daniyeli ikigabane c’ 9. Kuri bo, icoberetse ko urunkwekwe rw’ivy’Abayuda rugiye guhera vuba vyobaye ari ibintu biba, ntirwobaye urutonde rwo guharuriramwo ibihe. Ivyo bintu vyobaye, bikaba ari ivyari vyaramenyeshejwe na Yezu, vyatanguye gushika ku gaheta kavyo kuva mu 66 G.C., igihe amalegiyoni n’amalegiyoni y’Abaroma yatera Yeruzalemu hanyuma agaca yiyonjorora. Ivyo vyatumye Abakirisu b’intahemuka kandi bari maso b’i Yeruzalemu n’i Yudaya baboneraho akaryo ko ‘guhungira mu misozi.’ (Luka 21:20-22) Kubera ko ata bimenyetso bari bafise bibarongora vyo mu rutonde rw’ibihe, abo Bakirisu ba mbere ntibari bazi igihe isangangurwa rya Yeruzalemu ryoziriyeko. Ese ukuntu vyabasaba ukwizera kugira bate inzu zabo, imirima yabo, n’amahinguriro yabo hanyuma bakamara imyaka nk’ine bari hanze ya Yeruzalemu gushika ingabo z’Abaroma zigarutse mu 70 G.C. zigatikiza urunkwekwe rw’ivy’Abayuda!—Luka 19:41-44.

20. (a) Dushobora gute kwungukira ku karorero ka Nowa, Musa be n’ak’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Yudaya? (b) Ni igiki tuja kwihweza mu kiganiro gikurikira?

20 Nka kumwe kwa Nowa, Musa hamwe n’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Yudaya, muri iki gihe twebwe turashobora kugira ukwizigira, tukarekera ibihe n’ibiringo mu maboko ya Yehova. Ukuba twemera tudakeka ko turi mu gihe c’iherezo n’uko uguhabuzwa kwacu kwimirije, ntibishingiye gusa ku kurimbura urutonde rwo guharuriramwo ibihe, ahubwo bishingiye ku bintu bifadika biba mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya. Ikindi kandi, naho turi mu gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu, turacakeneye kugaragaza ukwizera kandi tukaguma turi maso. Dutegerezwa kubandanya tubaho turindiranye umushasharo vya bintu bikabura vyoshitse vyari vyaravuzwe mu Vyanditswe. Ico ni co tugiye kuraba mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Myandagaro 1996, urupapuro 30-1.

Isubiramwo

◻ Ku vyerekeye ibihe n’ibiringo Yehova yashinze, ni ibiki Yezu yabwiye intumwa ziwe?

◻ Nowa yamenye igihe Umwuzure wotanguriyeko hasigaye igihe kingana iki ngo bibe?

◻ Ni igiki cerekana ko Musa n’Abisirayeli batari bazi igihe nyaco bohaburijweko bagakurwa mu Misiri?

◻ Dushobora dute kwungukira ku turorero two muri Bibiliya twerekeye ivy’ibihe n’ibiringo Yehova yashinze?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 9]

Ukwizera kwa Nowa kwatumye ashobora kurekera ivy’ibihe mu maboko ya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika