ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/11 rup. 10-14
  • Nimba wipfuza ubuzima n’amahoro, nugende wisunga impwemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimba wipfuza ubuzima n’amahoro, nugende wisunga impwemu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ntibatsindwa n’urubanza”
  • Ingene Imana “yatsindishije igicumuro mu mubiri”
  • Ushobora gute kugenda wisunga impwemu?
  • Twitwararike ivy’Impwemu Maze Tubeho!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • “Kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Turakeneye ukwigumya
    Turirimbire Yehova
  • Nunanire “impwemu y’isi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/11 rup. 10-14

Nimba wipfuza ubuzima n’amahoro, nugende wisunga impwemu

‘Ntugende wisunga umubiri, ahubwo ugende wisunga impwemu.’​—ROM. 8:4.

1, 2. (a) Gusamara utwaye umuduga vyateje akaga akahe? (b) Gusamara mu buryo bw’impwemu bishobora guteza iyihe ngeramizi?

“GUSAMARA utwaye umuduga bisigaye vyiraye kandi bisa n’uko birushiriza kwongerekana uko umwaka utashe.” Ivyo vyavuzwe n’umunyamabanga w’urwego rujejwe gutwara ibintu n’abantu muri Leta Zunze Ubumwe. Amatelefone ngendanwa ari mu bintu bishobora gusamaza umushoferi bikamubuza gukora ikintu yabwirizwa kuba ariko arakora, na co kikaba ari ugutwara umuduga. Ica gatatu kirenga c’abantu babajijwe ibibazo mw’itohoza rimwe ryagizwe, bavuze yuko bagonzwe canke bahatswe kugongwa n’umuduga wari utwawe n’umushoferi yariko arakoresha telefone ngendanwa. Gukora ibindi bintu uriko uratwara umuduga vyoshobora gusa n’uko ari ngirakamaro, mugabo birashobora gukwega akarambaraye.

2 Ikintu nk’ico coshobora kudushikira mu buryo bw’impwemu. Nka kurya nyene umushoferi asamaye akenshi atabona ivyapa vyerekana ko hariho ingeramizi, ni na ko umuntu asamaye mu buryo bw’impwemu ashobora kugwa mu kaga bitagoranye. Hamwe twokwirekerana tukava mu nzira ya gikirisu turimwo no ku bikorwa vya gitewokarasi turangura, ukwizera kwacu kwoshobora gusaba nk’ubwato. (1 Tim. 1:18, 19) Intumwa Paulo yaravuze ibijanye n’iyo ngeramizi igihe yagabisha abakirisu bagenziwe b’i Roma ati: “Kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri bivamwo urupfu, mugabo kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro.” (Rom. 8:6) None Paulo yashaka kuvuga iki? Twokwirinda gute “kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri” maze tukabandanya “kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu”?

“Ntibatsindwa n’urubanza”

3, 4. (a) Paulo yanditse ibijanye n’urugamba uruhe yarwana? (b) Ni kubera iki dukwiye kwitwararika ukuntu ivya Paulo vyari vyifashe?

3 Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, yaravuze ibijanye n’urugamba ubwiwe yarwana, ni ukuvuga intambara yari hagati y’umubiri wiwe n’umuzirikanyi wiwe. (Soma Abaroma 7:21-23.) Paulo ntiyariko arisigura canke yibabarira, nk’aho umengo yari aremerewe cane n’igicumuro ku buryo atari gushobora kwirwanira. Nakare, yari umukirisu ahumuye yarobanujwe impwemu, yari yaratowe kugira ngo abe “intumwa ku mahanga.” (Rom. 1:1; 11:13) Ni kubera iki none Paulo yanditse ivyerekeye urugamba yarwana?

4 Paulo yariko ariyemerera ko atari kwishoboza gukora ivyo Imana igomba gushika ku rugero yipfuza. Uti kubera iki? Yavuze ati: “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.” (Rom. 3:23) Kubera ko Paulo yakomoka kuri Adamu, yarashikirwa n’ingaruka igicumuro kigira ku mubiri munyagasembwa. Turashobora kumutahura kubera ko twese turi abanyagasembwa tukaba kandi tubwirizwa kurwana urugamba nk’urwo buri musi. Vyongeye, hariho ibintu vyinshi vyoshobora kudusamaza bikadukura muri ya ‘nzira ipfunganye ijana mu buzima.’ (Mat. 7:14) Ariko rero, Paulo ntiyihebuye kandi natwe ntitwihebura.

5. Paulo yakuye hehe imfashanyo n’impumurizo?

5 Paulo yanditse ati: “Ni nde azonkiza . . . ? Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu!” (Rom. 7:24, 25) Yaciye agira ico abwiye “abunze ubumwe na Kristu Yezu,” bano bakaba ari abakirisu barobanuwe. (Soma Abaroma 8:1, 2.) Yehova abicishije ku mpwemu nyeranda yiwe, arabagira abana biwe, akabahamagarira kuba “abaraganwa na Kristu.” (Rom. 8:14-17) Kuba bafise impwemu y’Imana bakaba kandi bizera inkuka y’incungu ya Kristu biratuma bashobora gutahukana intsinzi muri rwa rugamba Paulo yavuga, gutyo “ntibatsindw[e] n’urubanza.” Baragirwa abidegemvya “[ba]kava kw’itegeko ry’igicumuro rikaba n’iry’urupfu.”

6. Ni kubera iki abasavyi b’Imana bose bakwiye kwitwararika amajambo ya Paulo?

6 Naho amajambo Paulo yavuze yayabwiye abakirisu barobanuwe, ivyo yavuze ku bijanye n’impwemu y’Imana be n’inkuka y’incungu ya Kristu birashobora kugirira akamaro abasavyi ba Yehova bose naho boba bafise icizigiro ikihe. Naho Paulo yahumekewe kwandikira abakirisu barobanuwe iyo mpanuro, birahambaye ko abasavyi b’Imana bose batahura ivyo yanditse kandi bakihatira kuvyungukirako.

Ingene Imana “yatsindishije igicumuro mu mubiri”

7, 8. (a) Ni mu buryo ki Itegeko ryari “goyigoyi bivuye ku mubiri”? (b) Imana yaranguye iki ikoresheje impwemu yayo be n’incungu?

7 Mu kigabane ca 7 c’Abaroma, Paulo yaremeye icese ububasha igicumuro gifise ku mubiri munyagasembwa. Mu kigabane ca 8, yaragize ico avuze ku bubasha bw’impwemu nyeranda. Iyo ntumwa yarasiguye ingene impwemu y’Imana ishobora gufasha abakirisu mu rugamba barimwo rwo kurwanya ububasha bw’igicumuro kugira ngo bashobore kubaho bahuza n’ivyo Yehova agomba maze bashimwe na we. Paulo yarerekanye ko Imana ikoresheje impwemu yayo be n’inkuka y’incungu y’Umwana wayo, yaranguye ikintu rya Tegeko rya Musa ritari gushobora kurangura.

8 Itegeko, hamwe na ya mabwirizwa yaryo menshi, ryaratsindisha abacumuzi. Vyongeye, abaherezi bakuru ba Isirayeli bakora mu gihe c’Itegeko bari abanyagasembwa kandi ntibashobora gushikana ikimazi kibereye ku bw’igicumuro. Ku bw’ivyo, Itegeko ryari “goyigoyi bivuye ku mubiri.” Mugabo “mu kurungika Umwana wayo bwite mu mubiri usa n’uwucumura” no mu kumutangako incungu, Imana “ya[ra]tsindishije igicumuro mu mubiri,” gutyo iratsinda “Itegeko ata bubasha ryari rifise.” Ivyo biratuma abakirisu barobanuwe babonwa ko ari abagororotsi hishimikijwe ukuba bizera inkuka y’incungu ya Yezu. Bahimirizwa “[ku]tagenda bisunga umubiri, ahubwo [bakagenda] bisunga impwemu.” (Soma Abaroma 8:3, 4.) Egome, bategerezwa kubigira badahemuka gushika barangije ubuzima bwabo bwo kw’isi kugira ngo bahabwe “urugori rw’ubuzima.”​—Ivyah. 2:10.

9. Ijambo “itegeko” ryakoreshejwe mu Baroma 8:2 risobanura iki?

9 Paulo ntiyavuze gusa ibijanye n’“Itegeko,” yaranavuze ibijanye n“itegeko rya ya mpwemu” hamwe n’“itegeko ry’igicumuro rikaba n’iry’urupfu.” (Rom. 8:2) None ayo mategeko ni nyabaki? Ijambo“itegeko” rikoreshwa ng’aho ntiryerekeza ku mabwirizwa kanaka, nk’amwe yari mw’Itegeko rya Musa. Igitabu kimwe kivuga ko ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo itegeko muri uwo murongo risobanura ibintu vyiza canke bibi abantu bakora maze bikabagaba nk’itegeko. Rishobora kandi gusobanura ubuyobozi bahitamwo kubaho bisunga.

10. Ni mu buryo ki tugengwa n’itegeko ry’igicumuro be n’iry’urupfu?

10 Intumwa Paulo yanditse ati: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” (Rom. 5:12) Kubera ko twese twakomotse kuri Adamu, tugengwa n’itegeko ry’igicumuro n’iry’urupfu. Umubiri wacu munyacaha uguma uduhimiriza gukora ibintu bidahimbara Imana, ata kindi bivamwo atari urupfu. Mw’ikete Paulo yandikiye Abagalatiya, yavuze ko ibikorwa be n’ingeso nk’ivyo ari “ibikorwa vy’umubiri.” Yaciye yongerako ati: “Abaza barakora mwene ivyo [ntiba]zotorana ubwami bw’Imana.” (Gal. 5:19-21) Abantu nk’abo nta ho bataniye n’abagenda bisunga umubiri. (Rom. 8:4) Uravye ukuntu bakora ibintu be n’ukuntu babayeho, bisunga umubiri gusa. Mugabo none abakora ubusambanyi, abasenga ibigirwamana, abakora ivy’ubupfumu, canke abakora ibindi bicumuro bikomakomeye boba ari bo bonyene bagenda bisunga umubiri? Oya, kubera ko mu bikorwa vy’umubiri harimwo n’ivyo bamwebamwe boshobora kubona ko ari utunenge dusanzwe, nk’ishari, ugushangashirwa, amahane be n’inzigo. Ni nde yovuga yuko yavavanuye rwose no kugenda yisunga umubiri?

11, 12. Ni intunganyo iyihe Yehova yashizeho kugira ngo adufashe gutsinda itegeko ry’igicumuro n’iry’urupfu, kandi dutegerezwa gukora iki kugira ngo dutoneshwe n’Imana?

11 Ese ukuntu dushobora guhimbarwa no kuba Yehova yaratumye bishoboka ko dutsinda itegeko ry’igicumuro n’iry’urupfu! Yezu yavuze ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” Tubayeho mu buryo bwerekana ko dukunda Imana tukongera tukizera inkuka y’incungu ya Yezu Kristu, turashobora gukurwako ugutsindwa n’urubanza guturuka ku gicumuro twarazwe. (Yoh. 3:16-18) Twoshobora rero kuvuga nk’uko Paulo yavuze ati: “Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu!”

12 Ivyacu bimeze cokimwe no gukizwa indwara ikomeye. Nimba twipfuza gukira neza, dutegerezwa gukora ivyo umuganga atubwiye. Naho kwizera incungu bishobora gutuma tutaba tukigengwa n’itegeko ry’icaha be n’iry’urupfu, tuba tukiri abanyagasembwa n’abacumuzi. Harasabwa n’ibindi kugira ngo tugire amagara meza yo mu buryo bw’impwemu twongere dutoneshwe kandi duhezagirwe n’Imana. Ku bijanye no gushitsa “igisabwa kigororotse c’Itegeko,” Paulo aravuga kandi ko dutegerezwa kugenda twisunga impwemu.

Ushobora gute kugenda wisunga impwemu?

13. Kugenda twisunga impwemu bisobanura iki?

13 Igihe turiko turagenda, tuba turiko turatambuka tugana ahantu hanaka canke kw’ihangiro rinaka. Ku bw’ivyo, kugenda twisunga impwemu bisobanura ko tuguma dutera imbere mu vy’impwemu, ntibisobanura ko tuba abantu batagira agahaze mu vy’impwemu. (1 Tim. 4:15) Ku musi ku musi turakora uko dushoboye kwose kugira ngo dukurikize ubuyobozi buva ku mpwemu y’Imana. ‘Kugenda twisunga impwemu’ biratuma dushimwa n’Imana.​—Gal. 5:16.

14. “Abisunga umubiri” bameze gute?

14 Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, yaravuze kandi ibijanye n’imigwi ibiri y’abantu bashira imizirikanyi yabo ku bintu bitandukanye. (Soma Abaroma 8:5.) Umubiri uvugwa ng’aho si ngombwa ngo ube umubiri w’inyama n’amaraso. Muri Bibiliya, ijambo “umubiri” rimwe na rimwe rirakoreshwa mu kwerekeza ku kuntu umubiri wacu ari umunyacaha n’umunyagasembwa. Ukwo kuntu umeze ni kwo gutuma haba intambara hagati y’umubiri n’umuzirikanyi, iyo Paulo yavuze imbere y’aho. Ariko rero, “abisunga umubiri” baratandukanye na Paulo kuko batirirwa bararwana. Aho kurimbura ivyo Imana ibasaba no kwemera imfashanyo yatanze, usanga bafise agatima ko ‘gushira imizirikanyi yabo ku bintu vy’umubiri.’ Akenshi bibanda ku guhaza ivyipfuzo vyabo vy’umubiri. “Abisunga impwemu” bobo usanga bafise agatima ko gushira imizirikanyi yabo “ku bintu vy’impwemu,” ni ukuvuga ku ntunganyo no ku bikorwa vyo mu buryo bw’impwemu.

15, 16. (a) Gushira umuzirikanyi ku kintu bigira ico bikoze gute ku gatima umuntu afise? (b) Twovuga iki ku vyo abantu benshi bashirako imizirikanyi yabo muri iki gihe?

15 Soma Abaroma 8:6. Kugira ngo umuntu akore ikintu, caba ciza canke kibi, ategerezwa kugishirako umuzirikanyi wiwe. Abantu bama bashira imizirikanyi yabo ku bintu vy’umubiri, ntibateba gutsimbataza agatima kibanda gusa ku bintu vy’umubiri. Usanga ibintu nk’ivyo ari vyo gusa biyumvira, bitwararika, bikaba ari na vyo gusa biyumvamwo.

16 Abantu benshi batwarwa n’ibiki muri iki gihe? Intumwa Yohani yanditse ati: “Ikiri mw’isi cose​—icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho​—[ntigi]komoka kuri Data, ahubwo gikomoka mw’isi.” (1 Yoh. 2:16) Ivyo vyipfuzo usanga bigizwe n’ibintu nk’ubusambanyi, ukuba rurangiranwa be n’amatungo. Ibitabu, ibinyamakuru, amasinema, ibiganiro bica kuri televiziyo hamwe na Internet usanga vyuzuyemwo amakuru nk’ayo, ahanini kubera ko ari vyo abantu benshi bashirako imizirikanyi akaba ari na vyo bipfuza vy’ukuri. Ariko rero, “kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri bivamwo urupfu,” muri iki gihe rukaba ari urwo mu buryo bw’impwemu, muri kazoza na ho rukazoba ari urwo mu buryo bw’umubiri. Kubera iki? “Kubera ko kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri bivamwo ukwankana n’Imana, kuko umubiri utayobokera itegeko ry’Imana, eka mbere ntibinashoboka. Nuko rero abahuza n’umubiri ntibashobora gushimisha Imana.”​—Rom. 8:7,8.

17, 18. Dushobora gute kubandanya kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu, kandi nitwabigenza gutyo bizotuviramwo iki?

17 Ariko rero, “kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro,” ni ukuvuga kuzoronka ubuzima budahera muri kazoza, muri iki gihe na ho tukagira amahoro yo mu mutima tukongera tukagiranira amahoro n’Imana. Dushobora gute none kubandanya “kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu”? Twobigira mu kuguma dushira imizirikanyi yacu ku bintu vy’impwemu no mu gutsimbataza agatima ko gukunda ivy’impwemu. Uko tubigenza gutyo, turagira umuzirikanyi ‘uyobokera itegeko ry’Imana’ ukongera ‘ugahuza’ n’ivyiyumviro vyayo. Igihe dushikiwe n’ikigeragezo, ntidukekeranya ku bijanye n’ico dukwiye gukora. Turavyurirwa umutima wo guhitamwo mu buryo bubereye, ni ukuvuga mu buryo budateye kubiri n’impwemu.

18 Birahambaye rero ko dushira imizirikanyi yacu ku bintu vy’impwemu. Ivyo tubigira mu ‘gutubika imizirikanyi yacu ku bw’igikorwa,’ tugashingira ubuzima bwacu ku kwama dukora ibikorwa bijanye n’ivy’impwemu, nko kwama dusenga, dusoma Bibiliya twongera tuyiga, twitaba amakoraniro, no kwama tugira uruhara mu busuku bwa gikirisu. (1 Pet. 1:13) Aho kureka ngo ibintu vy’umubiri bidusamaze, nimuze dushire imizirikanyi yacu ku bintu vy’impwemu. Gutyo, tuzobandanya kugenda twisunga impwemu. Kubigenza gutyo bizotuma turonka imihezagiro, kuko kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu bivamwo ubuzima n’amahoro.​—Gal. 6:7, 8.

Woshobora kubisigura?

• Ni mu buryo nyabaki “itegeko ata bubasha ryari rifise,” kandi Imana yaritsinze gute?

• “Itegeko ry’igicumuro rikaba n’iry’urupfu” ni iki, kandi dushobora gute kurikurwako?

• Dutegerezwa gukora iki kugira ngo dutsimbataze agatima ko “kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu”?

[Amafoto ku rup. 12, 13]

Woba ugenda wisunga umubiri canke ugenda wisunga impwemu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika