ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/11 rup. 6-10
  • “Ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe turi mu bintu bitoroshe
  • Igihe turondera gufata ingingo
  • Igihe turiko turanyinyana n’ibigeragezo
  • Dutsinde Ubugoyagoye bwa Muntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Turyohore amasengesho yacu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Ni kubera iki dukwiye gusenga ubudasiba?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Wonanira gute inyosha mbi?
    Be maso!—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/11 rup. 6-10

“Ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite”

“Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite.”​—IMIG. 3:5.

1, 2. (a) Ni ibintu ibihe vyoshobora kudushikira? (b) Igihe turi mu bintu bitoroshe, igihe turondera gufata ingingo yinaka, canke igihe turiko turanyinyana n’ikigeragezo, dukwiye kwishimikiza nde, kandi kubera iki?

UMUKORESHA wa Cynthiaa aramaze kwugara ibice bimwebimwe vy’ishirahamwe ryiwe kandi yarirukanye abakozi batari bake. Cynthia arabona yuko ari we ashikiriwe. Azobigenza gute none niyakurwa mu kazi? Azoriha gute ivyo akenera? Mushiki wacu yitwa Pamela aripfuza kwimukira ahakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi, mugabo yoba akwiye kubigira? Umusore yitwa Samuel arajwe ishinga n’ikindi kintu gitandukanye n’ivyo. Yatanguye kuraba amashusho yerekana ubushegabo akiri muto. Muri iki gihe aho Samuel afise imyaka 20 n’iyindi, arafise icipfuzo gikomeye co gusubira muri iyo ngeso. Ashobora gute none kunanira ico cipfuzo?

2 Wishimikiza nde igihe uri mu bintu bitoroshe, igihe urondera gufata ingingo zihambaye, canke igihe uriko uranyinyana n’ibigeragezo? Woba wishimikiza gusa inkomezi zawe, canke “[u]terera umuzigo wawe kuri Yehova”? (Zab. 55:22) Bibiliya ivuga iti: “Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi, kandi amatwi yiwe ari ku gutabaza kwabo.” (Zab. 34:15) Ese ukuntu bihambaye rero ko twizigira Yehova n’umutima wacu wose kandi ntitwishimikize ubwenge bwacu bwite!​—Imig. 3:5.

3. (a) Kwizigira Yehova bisaba iki? (b) Ni kubera iki bamwebamwe boshobora kugira agatima ko kwishimikiza ubwenge bwabo bwite?

3 Kwizigira Yehova n’umutima wacu wose bisaba ko dukora ibintu nk’uko abigomba. Ikintu nyamukuru codufasha kubigira ni uko tubandanya kumwiyegereza mw’isengesho tukongera tukamusaba ubuyobozi bwiwe tubikuye ku mutima. Ariko rero, abantu benshi birabagora kwishimikiza Yehova baherejeko. Nk’akarorero, mushiki wacu umwe yitwa Lynn yiyemerera ati: “Kwiga kwizigira Yehova mperejeko ni urugamba mbandanya kurwana.” Kubera iki? Avuga ati: “Nta migenderanire mfitaniye na dawe, kandi mfise mawe atigeze anyitwararika mu bijanye n’inyiyumvo canke ku mubiri. Ni co gituma nize kwibako hakiri kare.” Ukuntu Lynn yakuze vyatumye bitamworohera kugira uwo yizigira aherejeko. Ububangukirwe umuntu afise be n’ivyo yashitseko na vyo nyene birashobora gutuma yiyizigira. Umukurambere munaka yiheka ku tuntu n’utundi azi, yoshobora gutangura kwitwararika ibibazo bijanye n’ishengero atabanje kwiyegereza Imana mw’isengesho.

4. Ni ibiki tugira twihweze muri iki kiganiro?

4 Yehova yiteze ko tugira akigoro kavuye ku mutima ko kubaho duhuza n’amasengesho dutura no gukora duhuza n’ivyo agomba. Dushobora gute none kugira uburimbane hagati yo guterera kuri we ibituraje ishinga no kugira akigoro ko gutorera umuti ingorane zigoye? Ku bijanye no gufata ingingo, ni ibiki dutegerezwa kwiyubarako? Kubera iki bihambaye ko dutura isengesho igihe turiko turanyinyana n’ibigeragezo? Tugira twihweze ivyo bibazo mu kuzirikana ku burorero bwo mu Vyanditswe.

Igihe turi mu bintu bitoroshe

5, 6. Hezekiya yavyifashemwo gute igihe umwami wa Ashuri yamugirako iterabwoba?

5 Ku bijanye n’Umwami Hezekiya wa Yuda, Bibiliya ivuga iti: ‘Yagumye yumiye kuri Yehova. Ntiyakebeje ngo areke kumukurikira, mugabo yabandanije kugumya amabwirizwa yiwe, ayo Yehova yari yarategetse Musa.’ Ego cane, “[yarizigiye] Yehova Imana ya Isirayeli.” (2 Abm. 18:5, 6) Hezekiya yavyifashemwo gute none igihe Umwami Senakeribu wa Ashuri yarungika i Yeruzalemu abamuserukira, harimwo na Rabushake, bari kumwe n’ingabo nyinshi cane? Izo ngabo zikomeye z’Abashuri zari zamaze kwigarurira ibisagara vya Yuda bitari bike bikingijwe ibihome, kandi ico gihe Senakeribu yari yiyemeje gutera Yeruzalemu. Hezekiya yaragiye ku nzu ya Yehova maze atangura gusenga ati: “Ewe Yehova Mana yacu, turakwinginze udukize mu kuboko kwiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo mw’isi bumenye yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Mana wenyene.”​—2 Abm. 19:14-19.

6 Hezekiya yakoze ahuza n’isengesho yari yatuye. N’imbere y’uko aja ku rusengero gusenga, yategetse abantu kutagira ico bishura amajambo y’agacokoro ya Rabushake. Hezekiya yararungitse kandi abantu kuri Yesaya umuhanuzi, arondera impanuro yiwe. (2 Abm. 18:36; 19:1, 2) Hezekiya yarakoze ivyo yari ashoboye gukora vyose. Ico gihe, ntiyagerageje gutorera umuti iyo ngorane mu buryo budahuye n’ivyo Yehova agomba mu kurondera gushigikirwa na Misiri canke amahanga mabanyi. Aho kwishimikiza ubwenge bwiwe bwite, Hezekiya yarizigiye Yehova. Aho umumarayika wa Yehova amariye kwica abantu ba Senakeribu 185.000, Senakeribu yaciye “afata inzira aragenda” maze asubira i Ninewe.​—2 Abm. 19:35, 36.

7. Amasengesho Hana na Yona batuye aduhumuriza gute?

7 Hana, umukenyezi wa wa Mulewi Elikana, na we nyene yarishimikije Yehova igihe yari mu bintu bitoroshe bitumwe n’uko atashobora kuvyara akana. (1 Sam. 1:9-11, 18) Umuhanuzi Yona yarakuwe mu nda y’urufi aho amariye gusenga ati: “Natakambiye Yehova ndi mu marushwa yanje, na we aranyishura. Natabaje ndi mu nda y’ukuzimu. Warumvise ijwi ryanje.” (Yona 2:1, 2, 10) Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko naho twoba turi mu bintu bitoroshe gute, dushobora gutakambira Yehova ‘tumusaba ubutoni’!​—Soma Zaburi 55:1, 16.

8, 9. Hezekiya, Hana na Yona baseruye iki mu masengesho batuye Imana, kandi ivyo bitwigisha iki?

8 Uturorero twa Hezekiya, Hana, na Yona turatwigisha kandi icigwa gihambaye ku bijanye n’ikintu tudakwiye kwibagira igihe dusenga turi mu mukazo. Uko ari batatu baragize intuntu igihe bari mu bintu bitoroshe. Yamara, amasengesho batuye arerekana yuko batari barajwe ishinga gusa n’ibiberekeye be no gukurwa mu ngorane barimwo. Izina ry’Imana, ukuyisenga, hamwe n’ugukora ivyo igomba ni vyo vyari bihambaye kuruta ibindi kuri bo. Hezekiya yari ababajwe n’uko izina rya Yehova ryariko rirasigwa iceyi. Hana yasezeranye gutanga uwo muhungu nyene yipfuza cane ngo akorere ku taberenakulo i Shilo. Yona na we yavuze ati: “Ico naraganye, nzogishitsa.”​—Yona 2:9.

9 Igihe dusenga dusaba gukurwa mu bintu bitoroshe, vyoba vyiza dusuzumye imvo zituma dusenga. Twoba turazwa ishinga gusa no gukurwa muri iyo ngorane, canke tuguma twibuka Yehova n’umugambi wiwe? Imibabaro turimwo irashobora bitagoranye gutuma tuguma twiyumvira gusa ukuntu ivyacu vyifashe gushika n’aho twibagira kwitwararika ibintu vy’impwemu. Igihe dusenga Imana tuyisaba ngo idufashe, nimuze tugumize umutima kuri Yehova, ku kwezwa kw’izina ryiwe no ku kwemezwa kw’ubusegaba bwiwe. Kubigenza gutyo birashobora kudufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza n’igihe nyene ingorane zacu zidatorewe umuti nk’uko twari tuvyiteze. Twoshobora kuba dukeneye kwihanganira iyo ngorane tubifashijwemwo n’Imana, iyo ikaba ari yo nyishu y’amasengesho twatuye.​—Soma Yesaya 40:29; Abafilipi 4:13.

Igihe turondera gufata ingingo

10, 11. Yehoshafati yakoze iki igihe yari mu bintu atari azi ukuntu yobitorera umuti?

10 Ufata gute ingingo zihambaye mu buzima? Woba kumbure ubanza gufata ingingo hanyuma ugasenga Yehova umusaba ngo ahezagire iyo ngingo wafashe? Rimbura ivyo Yehoshafati umwami wa Yuda yakoze igihe ingabo zari zigize urunani z’Abanyamowabu n’Abamoni zaza kumutera. Yuda ntiyari ishoboye kuzirwanya. None Yehoshafati yari gukora iki?

11 Bibiliya ivuga iti: “Yehoshafati aca aratinya maze yiyemeza kurondera Yehova.” Yatangaje ko Yuda yose yisonzesha yongera akoraniriza abantu hamwe “kugira ngo basiguze Yehova.” Yaciye ahagarara mw’ishengero rya Yuda n’irya Yeruzalemu maze arasenga. Mu vyo yavuze, hari aho yatakamvye ati: “Ewe Mana yacu, mbega ntuzobashitsako urubanza? Kuko tudafise ububasha imbere y’iri sinzi rinini rije kudutera; kandi twebwe ntituzi ico turi bukore, mugabo ni wewe duhanze amaso.” Imana y’ukuri yarumvise isengesho rya Yehoshafati maze irabakiza ku gitangaro. (2 Ngo. 20:3-12, 17) Igihe turondera gufata ingingo, na canecane izoshobora kugira ico zikoze kuri kamere yacu y’ivy’impwemu, ntidukwiye none kwishimikiza Yehova aho kwishimikiza ubwenge bwacu bwite?

12, 13. Ni akarorero akahe Umwami Dawidi yatanze mu bijanye no gufata ingingo?

12 Dukwiye gukora iki igihe dushikiwe n’ibintu vyoshobora kuba bisa n’ivyoroshe gutorera umuti, kumbure kubera yuko ubuhanga twakuye mu vyadushikiye kera butuma duca tubona ukuntu twobitorera umuti? Inkuru yerekeye Umwami Dawidi iratuma tubona ico twokora. Igihe Abamaleki bagaba igitero ku gisagara ca Zikulagi, baratwaye abagore n’abana ba Dawidi hamwe n’ab’abagabo bari kumwe na we. Dawidi yarasiguje Yehova mu kuvuga ati: “Nome inyuma ako kagwi k’abambuzi?” Yehova yishuye ati: “Genda ubome inyuma, kuko utabura kubahamvya, ukagarura ivyo batwaye vyose.” Dawidi yaremeye, maze “arokora ivyo Abamaleki bari batwaye vyose.”​—1 Sam. 30:7-9, 18-20.

13 Haciye igihe Abamaleki bagavye ico gitero, Abafilisitiya baraje gutera Isirayeli. Dawidi yarongeye gusiguza Yehova maze arahabwa inyishu itomoye. Imana yavuze iti: “Duga, kuko ntabura gutanga Abafilisitiya mu maboko yawe.” (2 Sam. 5:18, 19) Haciye igihe gito ivyo bibaye, Abafilisitiya barongeye gutera Dawidi. None ico gihe ho yari kubigenza gute? Yari gushobora kwibwira ati: ‘Ikintu nk’ico carigeze kunshikira incuro zibiri. Reka nduge kurwanya abansi b’Imana, nk’uko nabigize ico gihe.’ Canke Dawidi yoba yari kurondera ubuyobozi buva kuri Yehova? Dawidi ntiyihetse ku buhanga yakuye mu vyari vyaramushikiye. Yarongeye kwitura Yehova mw’isengesho. Ese ukuntu ico kintu yakoze gitegerezwa kuba catumye ahimbarwa! Ubuyobozi yahawe ico gihe bwari butandukanye n’ubwo yari yarahawe imbere y’aho. (2 Sam. 5:22, 23) Igihe turi mu bintu canke mu ngorane tumaze gucamwo, dutegerezwa kwiyubara kugira ngo ntitwiheke gusa ku buhanga twakuye mu vyadushikiye kera.​—Soma Yeremiya 10:23.

14. Ni icigwa ikihe twokwigira ku kuntu Yosuwa n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli bavyifashemwo mu vyo bagiraniye n’Abanyagibeyoni?

14 Kubera ko twese turi abanyagasembwa, eka mbere n’abakurambere bazi utuntu n’utundi, turakeneye guhanga amaso Yehova kugira ngo aduhe ubuyobozi igihe turondera gufata ingingo. Rimbura ukuntu uwasubiriye Musa ari we Yosuwa hamwe n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli bavyifashemwo igihe begērwa n’Abanyagibeyoni b’abanyabwenge bari biyoberanije bakigira nk’abantu bavuye mu gihugu ca kure. Yosuwa n’abandi baciye bagiranira amahoro n’Abanyagibeyoni batabanje gusiguza Yehova, bagiranira isezerano na bo. Naho Yehova yahavuye ashigikira iryo sezerano, yariyemeje neza yuko ukwo kuba batarondeye ubuyobozi bwiwe kwandikwa mu Vyanditswe ku neza yacu.​—Yos. 9:3-6, 14, 15.

Igihe turiko turanyinyana n’ibigeragezo

15. Ni kubera iki isengesho rihambaye mu bijanye no kunanira ikigeragezo?

15 Kubera ko “itegeko ry’igicumuro” riri mu bihimba vyacu, dutegerezwa kurwanya bimwe bikomeye impengamiro dufise yo gukora igicumuro. (Rom. 7:21-25) Turashobora gutahukana intsinzi. Uti gute? Yezu yabwiye abayoboke biwe yuko isengesho rihambaye cane mu bijanye no kunanira ikigeragezo. (Soma Luka 22:40.) N’igihe nyene ivyipfuzo canke ivyiyumviro bibi bibandanije tumaze gusenga Imana, tuba dukeneye ‘kuguma dusaba Imana’ ubukerebutsi bwo guhangana n’ico kigeragezo. Dukurwa amazinda yuko “itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe.” (Yak. 1:5) Yakobo yandika kandi ati: “Hoba hari uwurwaye [mu buryo bw’impwemu] muri mwebwe? Nahamagare abagabo b’inararibonye b’ishengero baze kuri we, bamusengere, bamusige amavuta mw’izina rya Yehova. Kandi isengesho ry’ukwizera rizotuma uyo amerewe nabi akira.”​—Yak. 5:14, 15.

16, 17. Iyo turiko turarondera icodufasha kunanira ikigeragezo, ni ryari isengesho ryorushiriza kutugirira akamaro?

16 Naho isengesho rishobora kudufasha kunanira ikigeragezo, dutegerezwa kumenya yuko dukeneye gusenga ku gihe kibereye. Rimbura ivyashikiye umusore umwe avugwa mu Migani 7:6-23. Igihe buhwibiriye, aragendagenda mw’ibarabara ahazwi ko haba umugore w’igihumbu. Uwo musore ahubijwe n’ubushobozi uwo mugore afise bwo gutuma anyurwa be n’iminwa yiwe isosa, aca amukurikira nk’ishūri igiye gukererwa. Kubera iki uwo musore yari yagiye ng’aho? Kubera ko “atagira umutima,” ivyo bikaba bishaka kuvuga ko atari azi utuntu n’utundi, birashoboka ko yariko aranyinyana n’ivyipfuzo bibi. (Imig.7:7) Ni ryari isengesho ryari kurushiriza kumugirira akamaro? Ego ni ko, gusenga asaba kunanira ikigeragezo umwanya uwo ari wo wose igihe yari kumwe na nya mugore vyari kumugirira akamaro. Mugabo vyari kurushiriza kumubera vyiza iyo asenga igihe iciyumviro co kugendagenda muri iryo barabara catangura kumuzamwo.

17 Muri iki gihe, umugabo munaka yoshobora kuba ariko arita ku rutare kugira ngo yirinde kuraba amashusho yerekana ubushegabo. Ariko rero, dufate ko agiye mu mihora yo kuri Internet aho azi ko hari amashusho canke amasinema avyura inambu y’umubiri. Ubwo none ivyiwe ntivyoba bisa n’ivya wa musore avugwa mu Migani ikigabane ca 7? Mbega ukuntu uwo muntu yoba atanguye kugendagenda mu nzira iteye akaga! Kugira ngo umuntu ananire icipfuzo co kuraba amashusho yerekana ubushegabo, arakeneye kurondera gufashwa na Yehova biciye mw’isengesho imbere y’uko atangura kuja muri iyo nzira imushikana kuri Internet.

18, 19. (a) Ni kubera iki kunanira ikigeragezo bishobora kuba urugamba, mugabo ushobora kurutsinda gute? (b) Wiyemeje iki?

18 Ntivyoroshe kunanira ikigeragezo canke gutsinda ingeso mbi. Intumwa Paulo yanditse ati: “Umubiri urwanya impwemu mu vyo wipfuza, impwemu na yo ikarwanya umubiri.” Ku bw’ivyo, ‘ibintu nyene twashaka gukora si vyo dukora.’ (Gal. 5:17) Kugira ngo dutsinde urwo rugamba, dutegerezwa gusenga n’ubwira igihe ivyiyumviro bitabereye canke inyosha mbi bitanguye kuza mu muzirikanyi, hanyuma tugakora duhuza n’amasengesho dutura. Bibiliya ivuga yuko ‘ata kigeragezo cadushikiye atari igisanzwe gishikira abantu,’ kandi tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kuguma turi intahemuka kuri we.​—1 Kor. 10:13.

19 Twaba turi mu bintu bitoroshe, twaba turiko turarondera gufata ingingo ihambaye, canke turiko turanyinyana n’ikigeragezo, Yehova yaraduhaye ingabirano nziza igitangaza, iyo na yo akaba ari intunganyo y’agaciro yerekeye isengesho. Biciye kuri yo, turerekana ko tumwihekako. Turakwiye kandi kuguma dusaba Imana impwemu nyeranda yayo, iyituyobora ikongera ikadukomeza. (Luka 11:9-13) Nimuze rero twame twizigira Yehova aho kwiheka ku bwenge bwacu bwite.

[Akajambo k’epfo]

a Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

Woba uvyibuka?

• Ni igiki wigiye kuri Hezekiya, Hana na Yona mu bijanye no kwizigira Yehova?

• Uburorero bwa Dawidi na Yosuwa bushimika gute ku vy’uko dukeneye kwiyubara igihe turondera gufata ingingo?

• Ni ryari canecane dukwiye gusenga ku vyerekeye ibigeragezo?

[Ifoto ku rup. 9]

Mu bijanye no kunanira ikigeragezo, ni ryari isengesho rirushiriza kutugirira akamaro?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika