Nunanire “impwemu y’isi”
“Ntitwaronse impwemu y’isi, ahubwo twaronse impwemu iva ku Mana.”—1 KOR. 2:12.
1, 2. (a) Muri kahise, ni kubera iki utunyoni twitwa iseke twashirwa mu bibanza vyacukurwamwo ibizuku mu Bwongereza? (b) Ni akaga akahe abakirisu bahanganye na ko?
MU MWAKA wa 1911, abategetsi bo mu Bwongereza baremeje itegeko ryari rigenewe gukingira ubuzima bw’abacukura ibizuku. Mu bibanza bicukurwamwo ibizuku, vyasabwa ko haguma utunyoni tubiri twitwa iseke. Uti ku bw’iyihe ntumbero? Haramutse hadutse umuriro mu kuzimu aho bacukura, abagiye gutabara bogiye batwaye utwo tunyoni. Utwo tunyoni dutoya turabangamirwa cane n’imyuka y’ubumara. Igihe umwuka wobaye urimwo ubumara, utwo tunyoni twociye twerekana ko tumerewe nabi, mbere tukaza turakoroka tuvuye ku kantu duhagararako mu tuzu twatwo. Iyo mburi baba baronse imbere y’igihe yaba ihambaye cane. Ubwoko bumwe bwo muri iyo myuka, ubusanzwe butagira ibara kandi ntibugire akamoto, burica mu gutuma utugingo ngengabuzima dutukura tutaronsa umubiri wa mwuka witwa ogisijeni. Abo bacukuzi bataburiwe ivy’ako kaga, bari gushobora guta ubwenge hanyuma bagapfa, batigeze banamenya ko ubumara buriko burabinjiramwo.
2 Mu buryo bw’impwemu, abakirisu barahura n’ibintu bimeze nk’ivy’abo bakozi bacukura ibizuku. Uti gute? Igihe Yezu yaha abigishwa biwe igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose, yari azi yuko abarungitse ahantu hateye akaga, higanziwe na Shetani be n’impwemu y’isi. (Mat. 10:16; 1 Yoh. 5:19) Yezu yari arajwe ishinga cane n’abigishwa biwe, ku buryo mw’ijoro ry’imbere yuko apfa yasenze Se wiwe ati: “Singusaba ngo ubakure mw’isi, ahubwo ngo ubarinde kubera wa mubi.”—Yoh. 17:15.
3, 4. Ni ingabisho iyihe Yezu yahaye abigishwa biwe, kandi ni kubera iki dukwiye kuyitwararika?
3 Yezu yaragabishije abayoboke biwe ku bijanye n’akaga koshikana umuntu ku gusinzira mu vy’impwemu amaherezo agapfa. Amajambo yavuze arafise insobanuro idasanzwe kuri twebwe tubayeho mu nsozero y’ivy’isi. Yahimirije abigishwa biwe ati: “Mugume muri maso . . . kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu.” (Luka 21:34-36) Ariko rero igishimishije, ni uko kandi Yezu yasezeranye yuko Se wiwe yobaronkeje impwemu nyeranda kugira ngo ibibutse ivyo bize yongere ibafashe kuguma bari maso no gukomera.—Yoh. 14:26.
4 Tuvuge iki ku bitwerekeye muri iki gihe? Iyo mpwemu nyeranda yoba n’ubu ikiriho kugira ngo idufashe? Nimba ikiriho, dutegerezwa gukora iki kugira ngo tuyironke? Impwemu y’isi ni iki, kandi ikora gute? Vyongeye, dushobora gute kunanira iyo mpwemu y’isi kandi tukererwa?—Soma 1 Abakorinto 2:12.
Woba uzohitamwo impwemu nyeranda canke impwemu y’isi?
5, 6. Impwemu nyeranda ishobora kudufasha gute, ariko dutegerezwa gukora iki kugira ngo tuyironke?
5 Impwemu nyeranda ntiyatanzwe gusa mu kinjana ca mbere. No muri iki gihe impwemu y’Imana iraboneka ata ngorane, kandi irashobora kuturonsa inguvu zo gukora ibigororotse ikongera ikadukomeza mu murimo turangurira Imana. (Rom. 12:11; Flp. 4:13) Irashobora kandi gutuma dutsimbataza kamere z’igikundiro, nk’urukundo, ubuntu be n’ukumera neza, izo zikaba ari zimwe mu zigize “ivyamwa vy’impwemu.” (Gal. 5:22, 23) Ariko rero, Yehova Imana ntahatira impwemu yiwe nyeranda ku batayishaka.
6 Vyoba biranga ubukerebutsi rero twibajije duti: ‘Nokora iki gukira ngo ndonke impwemu nyeranda?’ Bibiliya irerekana ko hariho ibintu bitari bike dukwiye kugira. Intambwe yoroshe kandi ihambaye dukwiye gutera ni ukuyisaba Imana. (Soma Luka 11:13.) Iyindi ntambwe ngirakamaro dukwiye gutera ni ukwiga Ijambo ryahumetswe n’impwemu y’Imana no gushira mu ngiro impanuro riduha. (2 Tim. 3:16) Ego ni ko, si umuntu wese apfa gusoma Bibiliya aca aronka impwemu y’Imana. Ariko rero igihe umukirisu w’umutima nziraburyarya yiga Ijambo ry’Imana, arashobora gutahura inyiyumvo be n’ivyiyumviro biserurwa muri iryo Jambo ryahumetswe. Birahambaye kandi ko twemera yuko Yehova Imana yagenye Yezu ngo abe uwumuserukira akaba ari na we yabicishijeko mu gutanga impwemu yiwe. (Kol. 2:6) Ku bw’ivyo rero, turakeneye guhuza ubuzima bwacu n’akarorero ka Yezu be n’inyigisho yatanze. (1 Pet. 2:21) Uko turushiriza kwihatira kuba nka Kristu ni ko tuzorushiriza kuronka impwemu nyeranda.
7. Impwemu y’isi yosha abantu gute?
7 Mu buryo butandukanye n’ubwo, impwemu y’isi irosha abantu igatuma bigana kamere za Shetani. (Soma Abanyefeso 2:1-3.) Impwemu y’isi ikora mu buryo butari buke. Nk’uko tubibona hirya no hino muri iki gihe, iraremesha agatima ko kugarariza ingingo mfatirwako z’Imana. Irakorereza “icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho.” (1 Yoh. 2:16) Ituma umuntu akora ibikorwa vy’umubiri nk’ubusambanyi, ugusenga ibigirwamana, ubupfumu, ishari, ugushangashirwa be n’akaborerwe. (Gal. 5:19-21) N’ikindi kandi, irakorereza amajambo y’abahuni asiga iceyi ibintu vyeranda. (2 Tim. 2:14-18) Ata gukeka, uko umuntu arushiriza kureka akoshwa n’impwemu y’isi, ni ko arushiriza kumera nka Shetani.
8. Twese duhanganye n’irihe hitamwo?
8 Ntibishoboka ko tuba ahantu akosho k’isi kadashika. Umuntu wese ategerezwa guhitamwo ikizoyobora ubuzima bwiwe, nimba ari impwemu nyeranda canke impwemu y’isi. Abaganzwa n’impwemu y’isi barashobora kuvavanura n’akosho kayo maze bakareka impwemu nyeranda ikayobora ubuzima bwabo. Ariko rero, n’igihushane c’ivyo kirashoboka. Abahoze bayoborwa n’impwemu nyeranda barashobora kugwa mu mutego w’impwemu y’isi. (Flp. 3:18, 19) Nimuze turimbure ukuntu twonanira impwemu y’isi.
Nubone ibimenyetso bikuburira hakiri kare
9-11. Ni ibimenyetso bimwebimwe ibihe bituburira yuko twoba turiko turoshwa n’impwemu y’isi?
9 Ba bacukuzi b’ibizuku bo mu Bwongereza twavuga mu ntango, barakoresheje utunyoni twitwa iseke kugira ngo tubaburire yuko hariho imyuka irimwo ubumara. Umucukuzi abonye inyoni ikorotse iva kuri ka kantu ihagararako mu kazu yaba irimwo, yaca amenya ko akwiye kugira ico akoze adatebaganye kugira ngo arokoke. None mu buryo bw’impwemu, ni ibimenyetso bimwebimwe ibihe vyo kutuburira hakiri kare, bitwereka yuko turiko turoshwa n’impwemu y’isi?
10 Igihe twatangura kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana maze tukegurira ubuzima bwacu Yehova, birashoboka ko twasoma Bibiliya tubishashaye. Birashoboka kandi ko twasenga dukobeje kandi kenshi. Vyongeye, twarahimbarwa no kwitaba amakoraniro y’ishengero, rimwerimwe ryose tukaribona nk’isôko ry’ukuruhurirwa mu vy’impwemu, nka kurya amazi amerera umuntu anyotewe. Iyo ngendo yaradufashije kuvavanura n’impwemu y’isi be no kuguma tuyirinda.
11 Twoba n’ubu tukigerageza gusoma Bibiliya buri musi? (Zab. 1:2) Twoba dutura amasengesho kenshi kandi avuye ku mutima? Twoba dukunda amakoraniro y’ishengero, tukayitaba yose buri ndwi? (Zab. 84:10) Canke twarahevye tumwetumwe muri utwo tumenyero twiza? Mu vy’ukuri, twoshobora kuba dufise ibintu vyinshi vyo gukora bidusaba umwanya be n’inguvu, kandi vyoshobora kuba urugamba kugumana mwene utwo tumenyero twiza two mu vy’impwemu. Ariko nimba twagiye turaheba tumwetumwe muri utwo tumenyero twiza twari dufise, ubwo ntivyoba biva ku kuba turiko turoshwa n’impwemu y’isi? Twoba twogira utwigoro dukomeye two gusubira kunagura utwo tumenyero twiza twigeze kuba dufise?
‘Ntimwigere muremerwa’
12. Ni impanuro iyihe Yezu yahaye abigishwa biwe, kandi kubera iki?
12 Ni ikindi kintu ikihe twokora kugira ngo tunanire impwemu y’isi? Igihe Yezu yahanura abigishwa biwe ‘kuguma bari maso,’ yari ahejeje kubaburira ku bijanye n’ingeramizi zimwezimwe zirashe. Yavuze ati: “Mwiyubare kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa no kurira agahokero no kunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabahwikira nk’umutego.”—Luka 21:34, 35.
13, 14. Vyoba vyiza twibajije ibibazo ibihe ku bijanye no kurya be no kunywa?
13 Niwiyumvire gatoyi ku bijanye n’iyo mburi. Yezu yoba yariko arabuza kurya no kunywa? Oyaye! Yari azi amajambo Salomo yanditse agira ati: “Ndazi yukw ata kintu [kigirira abantu] ikimazi kuruta kunezerwa no gukora ivyiza imisi yose bakiriho; kand’ikindi, yuk’ubuntu bg’Imana ar’uk’umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.” (Umus. 3:12, 13) Naho ari ukwo, Yezu yari azi yuko impwemu y’isi ituma abantu batigumya muri iyo mice.
14 Dushobora gute kumenya neza yuko impwemu y’isi itaronona ububasha bwacu bwo kubona ingeramizi ziri mu kurira agahokero be no mu kunywa birenze urugero? Dukwiye kwibaza duti: ‘Noba ndavyakira gute igihe nsomye impanuro muri Bibiliya canke mu bisohokayandikiro vyacu ku bijanye n’ubukunzi bw’inda? Noba mfise impengamiro yo guca nirengagiza iyo mpanuro nk’aho umenga nta co imaze canke irarenza urugero, kumbure mu gutanga ivyitwazo vy’igituma ndira agahokero?a Mbona gute impanuro zijanye n’ivy’inzoga, ukuyinywa ku rugero, nimba nsanzwe ndayinywa, be no kwirinda buhere “ukunywera akaborerwe”? Noba mfata minenegwe mwene izo mpanuro, nibaza ko ku bw’imvo zinaka, zitanyerekeye? Nimba abandi berekanye ko bahagaritswe umutima n’ukuntu nywa, noba ngerageza kwisigura canke ngatwarwa n’ishavu? Noba ndemesha abandi kudafatana uburemere izo mpanuro Bibiliya itanga?’ Vy’ukuri, agatima umuntu agaragaza ni ikintu cerekana nimba ariko aroshwa canke atariko aroshwa n’impwemu y’isi.—Gereranya n’Abaroma 13:11-14.
Mwirinde kugira amaganya ntabanyohe
15. Yezu yatugabishije ngo twirinde iyihe mpengamiro abantu bafise?
15 Iyindi ntambwe ihambaye yodufasha kunanira impwemu y’isi ni ugucungera amaganya yacu. Yezu yari azi yuko, kubera ko turi ibiremwa bidatunganye, dufise impengamiro yo kwiganyira ku bijanye n’ivyo dukenera mu buzima bwa misi yose. Yabwiye abigishwa biwe abigiranye urukundo ati: “Mureke [kwi]ganyira.” (Mat. 6:25) Birumvikana ko turazwa ishinga n’ibintu bihambaye nko guhimbara Imana, kwitwararika amabanga ya gikirisu tujejwe be no kuronsa imiryango yacu ivyo ikeneye. (1 Kor. 7:32-34) Ni igiki none dushobora kwigira ku mburi Yezu yatanze?
16. Impwemu y’isi igira ico ikoze gute ku bantu benshi?
16 Impwemu y’isi, iyishimika cane ku guhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho, iragira ico ikoze ku bantu benshi basinzikajwe n’amaganya. Isi ishaka ko twemera yuko amahera ari yo azana ugutekanirwa be n’uko agaciro k’umuntu katarabirwa kuri kamere z’ivy’impwemu afise, ahubwo ko karabirwa ku bwinshi be no ku bwiza bw’ivyo atunze. Abazimijwe n’ivyo vyiyumviro baratama mu kurondera ubutunzi kandi bama bafise amaganya kubera ko baba bashaka kuronka ibintu bigisohoka, binini kuruta ibindi kandi bihanitse kuruta ibindi. (Imig. 18:11) Ukubona ibintu nk’ukwo kutariko ku bijanye n’ibintu vy’umubiri kuratera amaganya ashobora kunigira mu menshi iterambere ryo mu vy’impwemu ry’umuntu.—Soma Matayo 13:18, 22.
17. Twoshobora gute kwirinda kunyohwa n’amaganya?
17 Turashobora kwirinda kunyohwa n’amaganya mu kugamburuka itegeko Yezu yatanze rigira riti: “Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi [bw’Imana].” Yezu adukura amazinda yuko nitwabigira, ibintu dukenera vy’ukuri tuzovyongerwa. (Mat. 6:33) None twokwerekana gute ko twizera uwo muhango? Uburyo bumwe ni ukubanza kurondera ubugororotsi bw’Imana, ni ukuvuga kubaho dukurikiza ingingo mfatirwako z’Imana zerekana ikibereye mu bijanye n’ivy’amahera. Nk’akarorero, turirinda kubesha igihe twuzuza inkaratasi zo kurihirako amakori canke kubesha mu tuntu twokwitwa ko ari dutoduto mu vy’urudandaza tuba dukora. Turakora ivyo dushoboye vyose kugira ngo dushitse amasezerano twagize mu vy’amahera, gutyo tukareka ‘Ego yacu ikaba Ego’ igihe turiha imyenda duheranye. (Mat. 5:37; Zab. 37:21) Ukuba imvugakuri mwene ukwo kwoshobora kudatungisha umuntu, ariko kuratuma yemerwa n’Imana, kugatuma agira ijwi ryo mu mutima ridahumanye, kandi igihambaye kuragabanya cane amaganya aba afise.
18. Ni akarorero keza akahe Yezu yadusigiye, kandi twungukira gute ku kumwigana?
18 Kubanza kurondera Ubwami birimwo kumenya ibihambaye kuruta ibindi mu buzima. Rimbura akarorero ka Yezu. Rimwe na rimwe yarambara impuzu nziza cane. (Yoh. 19:23) Yarafungura akanywa n’umuvinyu ari kumwe n’abagenzi beza. (Mat. 11:18, 19) Ariko rero mu buzima bwiwe, amatungo be n’ukwinezereza vyari nk’ibirungo vyo kwongereza uburyohe bw’ibifungurwa, atari nya bifungurwa ubwavyo. Imfungurwa za Yezu kwari ugukora ivyo Yehova agomba. (Yoh. 4:34-36) Ese ukuntu usanga ubuzima buhimbaye cane igihe twiganye akarorero ka Yezu! Turagira umunezero wo gufasha abantu bahahazwa kugira ngo baronke uruhoza ruva mu Vyanditswe. Turakundwa tukongera tugashigikirwa n’ishengero. Vyongeye turatuma umutima wa Yehova unezerwa. Igihe tuzi ibihambaye kuruta ibindi mu buzima, amatungo be no kwinezereza si vyo biheza ngo bituganze. Ahubwo, biba ibintu bidufasha gusenga Yehova. N’ikindi kandi, uko turushiriza gukora mu gikorwa gishigikira Ubwami bw’Imana, ni ko bishoboka ko tworushiriza kutaganzwa n’impwemu y’isi.
Nugume ‘uzirikana ivy’impwemu’
19-21. Dushobora gute kuguma ‘tuzirikana ivy’impwemu,’ kandi ni kubera iki dukwiye kubigira?
19 Umuntu abanza kwiyumvira imbere yo gukora. Ibintu benshi bavuga ko vyakozwe umuntu atabanje kwiyumvira kenshi usanga ari birya biba vyasunitswe n’ivyiyumviro vy’umubiri. Ku bw’ivyo, intumwa Paulo aratwibutsa igituma bikenewe ko turinda ivyiyumviro vyacu. Yanditse ati: “Abisunga umubiri bashira imizirikanyi yabo ku bintu vy’umubiri, mugabo abisunga impwemu bakayishira ku bintu vy’impwemu.”—Rom. 8:5.
20 Dushobora gute kwirinda ngo ivyiyumviro vyacu ntibiganzwe n’impwemu y’isi, ibikorwa vyacu na vyo ntibiheze ngo biganzwe na yo? Dutegerezwa gukingira imizirikanyi yacu, mu kuzibira ivyiyumviro vy’isi uko bishoboka kwose. Nk’akarorero, igihe duhitamwo uburyo bwo kwisamaza, ntitureka ngo imizirikanyi yacu yanduzwe n’ibiganiro biremesha ubusambanyi canke ubukazi. Turatahura yuko impwemu nyeranda, canke itanduye, y’Imana, idashobora kuba mu muzirikanyi wanduye. (Zab. 11:5; 2 Kor. 6:15-18) N’ikigeretseko, turatuma impwemu y’Imana iza mu mizirikanyi yacu biciye ku gusoma Bibiliya tudahorereza, ku gusenga, ku kuzirikana be no ku kwitaba amakoraniro. N’ikindi kandi, turakorana n’iyo mpwemu igihe tugira uruhara tudahorereza mu gikorwa ca gikirisu co kwamamaza.
21 Ata gukeka, dutegerezwa kunanira impwemu y’isi be n’ivyipfuzo vy’umubiri ikorereza. Ariko akigoro gakomeye tugira kugira ngo tubishikeko si impfagusa, kubera ko nk’uko Paulo abivuga, “kuzirikana ivy’umubiri bisobanura urupfu, mugabo kuzirikana ivy’impwemu bisobanura ubuzima n’amahoro.”—Rom. 8:6.
[Utujambo tw’epfo]
a Ubukunzi bw’inda buturuka ku gatima umuntu aba afise, karangwa n’umunoho canke ukurenza urugero mu kurya. Ku bw’ivyo rero, ntiburabirwa ku kuntu umuntu angana, ahubwo burabirwa ku gatima agaragaza ku bijanye n’ibifungurwa. Umuntu yoshobora kuba avyibushe bisanzwe, canke mbere yonze, mugabo akaba ari umukunzi w’inda. Ahandi na ho, mu bihe bimwebimwe usanga kuvyibuha cane biva ku ndwara, canke na ho, ukuba umuntu aturuka mu muryango munaka vyoshobora gutuma avyibuha birenze urugero. Igihambaye ni ukumenya nimba umuntu, ukwo yoba angana kwose, agira umunoho urenze urugero mu bijanye no gufungura.—Raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2004.
Woba uvyibuka?
• Kugira ngo turonke impwemu nyeranda dukwiye gukora iki?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe impwemu y’isi ishobora kugira ico idukozeko?
• Dushobora gute kunanira impwemu y’isi?
[Ifoto ku rup. 21]
Imbere yuko uja ku kazi canke kw’ishure, nusenge usaba impwemu nyeranda
[Amafoto ku rup. 23]
Dutegerezwa kuguma dufise imizirikanyi itanduye, kugumana ingeso nziza mu vy’ubudandaji be no kutarenza urugero mu kuntu twigenza