Ibirimwo
15 Ntwarante 2011
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
2-8 Rusama 2011
Nuronke impwemu y’Imana, nturonke iy’isi
URUPAPURO 8
9-15 Rusama 2011
Niwizigire Yehova uko umuhero wegereza
URUPAPURO 12
16-22 Rusama 2011
URUPAPURO 24
23-29 Rusama 2011
URUPAPURO 28
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1 URUPAPURO 8-12
Ko abantu badukikuje bagaragaza impwemu y’isi, vyoba bishoboka yuko tutamera nka bo? Iki kiganiro kizodufasha kubona ingene impwemu y’isi yoshobora kutugirako akosho. Tuzokwihweza kandi ico twokwigira ku karorero ka Yezu ku bijanye no kuronka impwemu y’Imana.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 2 URUPAPURO 12-16
Kwizigira Yehova bisobanura iki? Muri iki kiganiro, tuzobona yuko bisobanura n’ibindi uretse kwemera gusa ivyo yasezeranye vyerekeye isi nshasha. Birimwo kwemera n’umutima wacu wose inzira ziwe n’ingingo mfatirwako ziwe muri ico gihe nyene tukamirira kure inzira be n’ingingo mfatirwako vyo mw’isi.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3, 4 URUPAPURO 24-32
Ivyo biganiro bizotwereka ingene Nowa n’umuryango wiwe na Musa be na Yeremiya bagumye biteguye kugira ngo barangure ibikorwa bari barashinzwe bakaba bazokwibonera ukuntu ivyo Imana yasezeranye biranguka. Uzobona ivyigwa wokura kuri abo bantu no ku gatima bagaragaje.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 Ntiwibeshe n’ivyiyumviro bitari vyo
20 Ntukigere uheba abo musangiye ukwemera